17 “Impwemu yanje iracitse+, imisi yanje irazimye;
Itongo ry’abapfuye ni je rigenewe+.
2 Ncitse agatwengo vy’ukuri+,
Kandi mu bugarariji bwabo ni ho ijisho ryanje ryatse indaro.
3 Ndakwinginze ushire ingwati yanje iwawe+.
Ni nde wundi twohana ukuboko+ ngo anyishinge?
4 Kuko wugaye umutima wabo ngo ntugire ukwiyubara+.
Ni co gituma utabashira hejuru.
5 Azobwira abagenzi gutora imituri yabo,
Mugabo amaso y’abahungu biwe azogwabira+.
6 Yangize iciro ry’umugani+ ku bisata vy’abantu,
Ku buryo nsigaye ndi uwo gucirwa mu maso+.
7 Ijisho ryanje ritera ribona ivyijiji kubera umwikomo+,
Ibihimba vyanje vyose na vyo bimeze nk’igitutu.
8 Abagororotse barabiraba bumiwe,
Mbere n’intungane igashegeshwa kubera umuhuni.
9 Umugororotsi aguma agumije inzira yiwe+,
N’uw’iminwe idahumanye+ aguma yongerekana mu nkomezi+.
10 Ariko mwese mwoshobora gutangura. Jako, ndabinginze,
Kuko ata nkerebutsi mbona muri mwebwe+.
11 Imisi yanje irarenganye+, imigambi yanje iratekurutse+,
Ni yo vyipfuzo vy’umutima wanje.
12 Ijoro baguma barishira mu kibanza c’umurango+, ngo:
‘Umuco uri hafi kuza kuko hari umwiza.’
13 Ninaguma ndindiriye, ukuzimu ni kwo nzu yanje+;
Mu mwiza+ ni ho nsasa uburiri bwanje.
14 Nzosemerera mbwira icobo+ nti: ‘Ni wewe dawe!’
N’urunyo+ nti: ‘Ni wewe mawe na mushikanje!’
15 None se ivyizigiro vyanje biri hehe+?
Kandi ivyizigiro vyanje, ni nde abibona?
16 Bizomanuka bije ku bihindizo vy’ukuzimu,
Igihe twese hamwe tuzotegerezwa kumanuka mu mukungugu+.”