Kuvayo
17 Hanyuma ikoraniro ryose rya bene Isirayeli riva mu gahinga ka Sini+ intambwe ku yindi, izo bagize hisunzwe itegeko rya Yehova+, baraheza bakambika i Refidimu+. Ariko aho nta mazi yariho abantu bonywa.
2 Nuko abantu baja mu vyo gutonganya Musa, ngo+: “Duhe amazi tunywe.” Mugabo Musa ababwira ati: “Kubera iki muntonganya? Kubera iki muguma mugeza Yehova+?” 3 Abantu babandanya kunyoterwa amazi aho hantu, baguma bidodombera Musa ngo: “Kubera iki watuduganye ukadukura mu Misiri kugira ngo utwicishe inyota twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu+?” 4 Amaherezo Musa aririra Yehova ati: “Aba bantu ndabagire nte? Hasigaye gato bakantera amabuye+!”
5 Maze Yehova abwira Musa ati: “Rengana uje imbere y’abantu+, utware bakeyi mu bagabo b’inararibonye ba Isirayeli na ya nkoni yawe wakubitisha uruzi Nili+. Yitware mu kuboko kwawe, ugume ugenda. 6 Ehe mpagaze imbere yawe hariya ku gitandara i Horebu. Nawe uze gukubita ku gitandara, amazi ave muri co, abantu banywe+.” Nuko Musa agira kuno mu maso y’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli. 7 Nya hantu ahita Masa+ na Meriba*+, kubera bene Isirayeli bamutonganije no kubera bagejeje Yehova+, bavuga ngo: “Yehova ari hagati muri twebwe canke nta wuhari+?”
8 Hanyuma Abamaleki+ baraza ngo barwane na Isirayeli i Refidimu+. 9 Musa aca abwira Yosuwa+ ati: “Dutorere abagabo hanyuma usohoke+, urwane n’Abamaleki. Ejo nzohagarara kw’isonga ry’umurambi, mfise ya nkoni y’Imana y’ukuri mu kuboko kwanje+.” 10 Maze Yosuwa agira nk’uko Musa yari amubwiye+, kugira arwane n’Abamaleki. Hanyuma Musa na Aroni na Huru+ baduga kw’isonga ry’umurambi.
11 Kandi Musa yapfa kuduza ukuboko kwiwe, Abisirayeli bakanesha+, mugabo apfuye kumanura ukuboko kwiwe, Abamaleki bakanesha. 12 Amaboko ya Musa aremerewe, bafata ibuye barishira munsi yiwe, na we aryicarako; Aroni na Huru bashigikira amaboko yiwe, umwe hino uwundi hirya, ku buryo amaboko yiwe aguma gushika izuba rirenze. 13 Gutyo Yosuwa atsinda Amaleki n’abantu biwe akoresheje ubugi bw’inkota+.
14 Yehova buno abwira Musa ati: “Andika ibi mu gitabu+ bibe icibutso, wongere ubimenyeshe mu matwi ya Yosuwa, uti: ‘Nzohanagura buhere ukwibukwa kwa Amaleki munsi y’amajuru+.’” 15 Hanyuma Musa yubaka igicaniro*, acita Yehova-nisi, 16 avuga ati: “Kubera ko hari ukuboko kuriko kurarwanya intebe y’ubwami+ ya Ya*+, Yehova azorwana intambara na Amaleki uva kw’iyaruka uja ku rindi+.”