ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 7
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Iherezo riraje (1-27)

        • Icago kidasanzwe (5)

        • Bazoshiburira amahera mu mabarabara (19)

        • Urusengero ruzohumanywa (22)

Ezekiyeli 7:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 5:11
  • +Yr 16:18; Ezk 16:43
  • +Ezk 6:13

Ezekiyeli 7:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 21:12; Dn 9:12

Ezekiyeli 7:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «rizokuvyukira.»

Ezekiyeli 7:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «urugori rw’amashurwe ruraje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zf 1:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2007, rup. 11

Ezekiyeli 7:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 34:21
  • +Yr 7:20; Ezk 5:13

Ezekiyeli 7:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 13:14
  • +Yes 66:6; Ezk 33:29

Ezekiyeli 7:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «urugori rw’amashurwe ruraje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zf 1:14

Ezekiyeli 7:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 59:6; Yr 6:7; Mik 6:12

Ezekiyeli 7:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga ko baba abagura ibintu canke ababigurisha, ata n’umwe azokwunguka kuko agatikizo kazoza kuri bose.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zf 1:18

Ezekiyeli 7:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «biciye kw’ikosa ryiwe.»

Ezekiyeli 7:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 4:5
  • +Yr 7:20; 12:12

Ezekiyeli 7:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:25
  • +Yr 14:18; Ezk 5:12

Ezekiyeli 7:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 59:11

Ezekiyeli 7:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga ko bazokwigirako umwanda muto kubera ubwoba.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 21:7

Ezekiyeli 7:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «batekerwa.»

  • *

    Bisigura ko bazomwa umushatsi kubera ikigandaro.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 3:24
  • +Yes 22:12

Ezekiyeli 7:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga ifeza zabo n’inzahabu zabo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 11:4; Zf 1:18

Ezekiyeli 7:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga ibintu vyabo vy’ifeza n’ivy’inzahabu.

  • *

    Ni ukuvuga ifeza zabo n’inzahabu zabo bakozemwo ibigirwamana.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 21:1, 7; Yr 7:30

Ezekiyeli 7:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Biboneka ko ari ikibanza kiri ahiherereye mu rusengero rwa Yehova.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 18:17
  • +2Ng 36:19; Int 1:10

Ezekiyeli 7:23

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni iminyororo y’imbohe.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 39:6, 7; Int 3:7
  • +2Bm 21:16; 24:3, 4; Yr 2:34; Ezk 9:9
  • +Yes 59:6; Mik 2:2

Ezekiyeli 7:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:48-51; Ezk 21:31; Hab 1:6
  • +Yr 6:12; Int 5:2
  • +Ezk 21:2

Ezekiyeli 7:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 57:21; Yr 8:15

Ezekiyeli 7:26

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nta nyigisho.»

  • *

    Canke «inama.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 21:1, 2; 37:17
  • +Zb 74:9; Int 2:9; Ezk 20:3

Ezekiyeli 7:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yambare.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 52:10
  • +Ezk 6:13

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 7:4Ezk 5:11
Ezk. 7:4Yr 16:18; Ezk 16:43
Ezk. 7:4Ezk 6:13
Ezk. 7:52Bm 21:12; Dn 9:12
Ezk. 7:7Zf 1:14
Ezk. 7:82Ng 34:21
Ezk. 7:8Yr 7:20; Ezk 5:13
Ezk. 7:9Yr 13:14
Ezk. 7:9Yes 66:6; Ezk 33:29
Ezk. 7:10Zf 1:14
Ezk. 7:11Yes 59:6; Yr 6:7; Mik 6:12
Ezk. 7:12Zf 1:18
Ezk. 7:14Yr 4:5
Ezk. 7:14Yr 7:20; 12:12
Ezk. 7:15Lw 26:25
Ezk. 7:15Yr 14:18; Ezk 5:12
Ezk. 7:16Yes 59:11
Ezk. 7:17Ezk 21:7
Ezk. 7:18Yes 3:24
Ezk. 7:18Yes 22:12
Ezk. 7:19Img 11:4; Zf 1:18
Ezk. 7:202Bm 21:1, 7; Yr 7:30
Ezk. 7:22Yr 18:17
Ezk. 7:222Ng 36:19; Int 1:10
Ezk. 7:23Yr 39:6, 7; Int 3:7
Ezk. 7:232Bm 21:16; 24:3, 4; Yr 2:34; Ezk 9:9
Ezk. 7:23Yes 59:6; Mik 2:2
Ezk. 7:24Gus 28:48-51; Ezk 21:31; Hab 1:6
Ezk. 7:24Yr 6:12; Int 5:2
Ezk. 7:24Ezk 21:2
Ezk. 7:25Yes 57:21; Yr 8:15
Ezk. 7:26Yr 21:1, 2; 37:17
Ezk. 7:26Zb 74:9; Int 2:9; Ezk 20:3
Ezk. 7:27Yr 52:10
Ezk. 7:27Ezk 6:13
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 7:1-27

Ezekiyeli

7 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Ewe mwana w’umuntu, Umukama Segaba Yehova abwiye igihugu ca Isirayeli ati: “Ng’iri iherezo! Iherezo riraje ku mpande zine z’igihugu. 3 Ubu rero iherezo riragushitseko. Nzogusukako ishavu ryanje, ndagucire urubanza nisunze ingeso zawe, ngire ico ndakubaza ku bijanye n’ibintu vyose bishisha wakoze. 4 Ijisho ryanje ntirizokwumvira akagongwe canke ngo ngire impuhwe+, kuko nzokuzanako ingaruka z’ingeso zawe, ushikirwe n’inkurikizi z’ibintu bishisha wakoze+. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”

5 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ehe icago! Icago kidasanzwe kiriko kiraza+. 6 Iherezo riraje. Iherezo rizoza. Rizoguhagurukira*. Ehe riraje! 7 Urashikiriwe* wa muntu uba mu gihugu. Igihe kiraje, umusi uri hafi+. Hari umuvurungano, si akaruru k’umunezero ku misozi.

8 Ubu vuba ngiye kukurekurirako uburake bwanje+. Nzogusukako ishavu ryanje ryose+, ndagucire urubanza nisunze ingeso zawe, ngire ico ndakubaza ku bijanye n’ibintu vyose bishisha wakoze. 9 Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe canke ngo ngire impuhwe+. Nzokuzanako ingaruka z’ingeso zawe, ushikirwe n’inkurikizi z’ibintu bishisha wakoze. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova ari je ndiko ndabahana+.

10 Ehe wa musi! Ehe uraje+! Nawe urashikiriwe*. Inkoni yashuritse kandi ukwita imbere kwanaze. 11 Ubukozi bw’ikibi bwakuze buba inkoni y’ububisha+. Baba bo canke ubutunzi bwabo canke amasinzi yabo canke ubukuru bwabo, nta kizorokoka. 12 Igihe kizoza, umusi ushike. Uwugura ntanezerwe n’uwugurisha ntagandare, kuko mfitiye uburake isinzi ryabo ryose*+. 13 Uwugurisha ntazogaruka ku vyagurishijwe, naho azoba yarusimvye, kuko ivyerekanywe bizoshikira isinzi ryose. Nta n’umwe azogaruka, kandi nta n’umwe azozigama ubuzima bwiwe kubera ikosa ryiwe*.

14 Urumbete rwavugijwe+, kandi bose biteguye, mugabo nta n’umwe aja ku rugamba, kuko mfitiye uburake isinzi ryose+. 15 Hanze hari inkota+, imbere hakaba ikiza n’inzara. Abo bose bari hanze y’igisagara bazokwicwa n’inkota, abari muri co bose na bo bicwe n’inzara n’ikiza+. 16 Abantu babo bazorokoka bagashobora guhunga, bazoja mu misozi kandi umwe wese muri bo azonihagira kubera ikosa ryiwe, nka kurya kw’inuma zo mu mibande+. 17 Amaboko yabo yose azoregarega, amavi yabo yose atembe amazi*+. 18 Bambaye amagunira+, bafatwa* n’ukujugumira. Bose bazomaramara, kandi imitwe yose izogira ubuhanza*+.

19 Bazoshiburira ifeza zabo mu mabarabara, inzahabu zabo na zo bazizinukwe. Zaba ifeza zabo canke inzahabu zabo, nta na kimwe kizobakiza ku musi w’uburake bwa Yehova+. Ntibazohaga canke ngo buzuze inda zabo, kuko ivyo bintu* vyabatsitaje bituma bakora amakosa. 20 Barishimiye ubwiza bw’ibisharizo vyabo kandi babikozemwo* ibishusho vyabo bishisha, ibigirwamana vyabo bisesemye+. Ni co gituma nzotuma babizinukwa*. 21 Nzobiha abanyamahanga babinyage, ndabihe ababisha bo kw’isi babisahure, babihumanye.

22 Nzobakurako amaso nirabire hirya+. Bazohumanya ikibanza canje cihishije*, kandi abambuzi bazokwinjirayo bagihumanye+.

23 Kora iminyororo*+, kuko igihugu cuzuye amaraso y’abacirwa imanza z’akarenganyo+, igisagara na co kikaba cuzuye ubukozi bw’ikibi+. 24 Nzozana abarusha abandi kuba babi mu mahanga+, bigarurire amazu yabo+. Nzozimanganya ubwishime bw’abakomeye, ibibanza vyabo vyeranda ndabihumanye+. 25 Nibaja mu maganya, bazorondera amahoro, mugabo nta yo bazoronka+. 26 Ivyago bizokurikira ibindi, n’amakuru akurikire ayandi. Abantu bazoja ku muhanuzi barondera kumenya ivyo yeretswe+, mugabo nta tegeko* rizoba rikiboneka ku muherezi, canke ngo impanuro* iboneke ku bashingantahe+. 27 Umwami azogandara+, umukuru yicwe* n’umwiheburo, kandi amaboko y’abanyagihugu azojugumira kubera ubwoba bwinshi. Nzobagirira ibihuye n’ingeso zabo, ndabacire urubanza nk’urwo baciriye abandi. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika