Ezekiyeli
7 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Ewe mwana w’umuntu, Umukama Segaba Yehova abwiye igihugu ca Isirayeli ati: “Ng’iri iherezo! Iherezo riraje ku mpande zine z’igihugu. 3 Ubu rero iherezo riragushitseko. Nzogusukako ishavu ryanje, ndagucire urubanza nisunze ingeso zawe, ngire ico ndakubaza ku bijanye n’ibintu vyose bishisha wakoze. 4 Ijisho ryanje ntirizokwumvira akagongwe canke ngo ngire impuhwe+, kuko nzokuzanako ingaruka z’ingeso zawe, ushikirwe n’inkurikizi z’ibintu bishisha wakoze+. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”
5 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ehe icago! Icago kidasanzwe kiriko kiraza+. 6 Iherezo riraje. Iherezo rizoza. Rizoguhagurukira*. Ehe riraje! 7 Urashikiriwe* wa muntu uba mu gihugu. Igihe kiraje, umusi uri hafi+. Hari umuvurungano, si akaruru k’umunezero ku misozi.
8 Ubu vuba ngiye kukurekurirako uburake bwanje+. Nzogusukako ishavu ryanje ryose+, ndagucire urubanza nisunze ingeso zawe, ngire ico ndakubaza ku bijanye n’ibintu vyose bishisha wakoze. 9 Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe canke ngo ngire impuhwe+. Nzokuzanako ingaruka z’ingeso zawe, ushikirwe n’inkurikizi z’ibintu bishisha wakoze. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova ari je ndiko ndabahana+.
10 Ehe wa musi! Ehe uraje+! Nawe urashikiriwe*. Inkoni yashuritse kandi ukwita imbere kwanaze. 11 Ubukozi bw’ikibi bwakuze buba inkoni y’ububisha+. Baba bo canke ubutunzi bwabo canke amasinzi yabo canke ubukuru bwabo, nta kizorokoka. 12 Igihe kizoza, umusi ushike. Uwugura ntanezerwe n’uwugurisha ntagandare, kuko mfitiye uburake isinzi ryabo ryose*+. 13 Uwugurisha ntazogaruka ku vyagurishijwe, naho azoba yarusimvye, kuko ivyerekanywe bizoshikira isinzi ryose. Nta n’umwe azogaruka, kandi nta n’umwe azozigama ubuzima bwiwe kubera ikosa ryiwe*.
14 Urumbete rwavugijwe+, kandi bose biteguye, mugabo nta n’umwe aja ku rugamba, kuko mfitiye uburake isinzi ryose+. 15 Hanze hari inkota+, imbere hakaba ikiza n’inzara. Abo bose bari hanze y’igisagara bazokwicwa n’inkota, abari muri co bose na bo bicwe n’inzara n’ikiza+. 16 Abantu babo bazorokoka bagashobora guhunga, bazoja mu misozi kandi umwe wese muri bo azonihagira kubera ikosa ryiwe, nka kurya kw’inuma zo mu mibande+. 17 Amaboko yabo yose azoregarega, amavi yabo yose atembe amazi*+. 18 Bambaye amagunira+, bafatwa* n’ukujugumira. Bose bazomaramara, kandi imitwe yose izogira ubuhanza*+.
19 Bazoshiburira ifeza zabo mu mabarabara, inzahabu zabo na zo bazizinukwe. Zaba ifeza zabo canke inzahabu zabo, nta na kimwe kizobakiza ku musi w’uburake bwa Yehova+. Ntibazohaga canke ngo buzuze inda zabo, kuko ivyo bintu* vyabatsitaje bituma bakora amakosa. 20 Barishimiye ubwiza bw’ibisharizo vyabo kandi babikozemwo* ibishusho vyabo bishisha, ibigirwamana vyabo bisesemye+. Ni co gituma nzotuma babizinukwa*. 21 Nzobiha abanyamahanga babinyage, ndabihe ababisha bo kw’isi babisahure, babihumanye.
22 Nzobakurako amaso nirabire hirya+. Bazohumanya ikibanza canje cihishije*, kandi abambuzi bazokwinjirayo bagihumanye+.
23 Kora iminyororo*+, kuko igihugu cuzuye amaraso y’abacirwa imanza z’akarenganyo+, igisagara na co kikaba cuzuye ubukozi bw’ikibi+. 24 Nzozana abarusha abandi kuba babi mu mahanga+, bigarurire amazu yabo+. Nzozimanganya ubwishime bw’abakomeye, ibibanza vyabo vyeranda ndabihumanye+. 25 Nibaja mu maganya, bazorondera amahoro, mugabo nta yo bazoronka+. 26 Ivyago bizokurikira ibindi, n’amakuru akurikire ayandi. Abantu bazoja ku muhanuzi barondera kumenya ivyo yeretswe+, mugabo nta tegeko* rizoba rikiboneka ku muherezi, canke ngo impanuro* iboneke ku bashingantahe+. 27 Umwami azogandara+, umukuru yicwe* n’umwiheburo, kandi amaboko y’abanyagihugu azojugumira kubera ubwoba bwinshi. Nzobagirira ibihuye n’ingeso zabo, ndabacire urubanza nk’urwo baciriye abandi. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”»