Ngoma za kabiri
28 Ahazi+ yari afise imyaka 20 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu. Ntiyakoze ivyo Yehova abona ko bigororotse, nka sekuruza Dawidi+. 2 Yagumye nyabuna akurikiza akarorero kabi k’abami ba Isirayeli+, akora n’ibishusho vy’ibigirwamana vyitwa Bayali bikozwe mu cuma*+. 3 Yaratanga ibimazi mu mubande wa mwene Hinomu*, bigafumba umwotsi. Yaraturiye n’abahungu biwe mu muriro+, yigana imigenzo ishisha y’amahanga+ Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli. 4 Yagumye kandi aja mu bibanza vyo gusengeramwo*+, ku mirambi no munsi y’ibiti bitotahaye vyose+, akahatangira ibimazi bigafumba umwotsi.
5 Yehova Imana yiwe yaciye areka aratsindwa n’umwami wa Siriya+. Abasiriya baramunesha, maze bafata imbohe nyinshi cane bazijana i Damasiko+. Vyongeye, Imana yararetse aratsindwa n’umwami wa Isirayeli, yica abantu biwe, inganda ziratikira. 6 Peka+ mwene Remaliya yishe mu Buyuda abantu 120.000 ku musi umwe, bose bakaba bari abagabo b’intwari. Bishwe kuko bahevye Yehova Imana ya ba sekuruza+. 7 Umurwanyi wo muri Efurayimu yitwa Zikiri na we yishe Mayaseya umuhungu w’umwami, yica n’uwari ajejwe ivyo ku kirimba* yitwa Azirikamu na Elikana uwagira kabiri havuye umwami. 8 N’ikindi kandi Abisirayeli barafashe benewabo bo mu Buyuda 200.000, babagira imbohe. Harimwo abagore, abahungu n’abakobwa. Vyongeye, barasahuye ibintu vyinshi cane hanyuma babijana i Samariya+.
9 Ariko hari umuhanuzi wa Yehova yariyo yitwa Odedi. Aja guhura n’ingabo zari zije i Samariya, azibwira ati: «Muribagiye ko Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu yabafashije gutsinda abo mu Buyuda kubera ko yari yabashavuriye+? Yamara mwaciye mubica n’ishavu ryinshi cane ku buryo rishika mw’ijuru. 10 Ubu rero abantu bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu mushaka kubagira abasuku banyu n’abasukukazi banyu+. Mwibaza ko ari mwe mwera imbere ya Yehova Imana yanyu? 11 Ndabasavye munyumvirize: nimurekure abo benewanyu mwagize imbohe kuko Yehova abafitiye ishavu rirurumba.»
12 Bamwe mu bakuru bo mu Befurayimu ari bo Azariya mwene Yehohanani, Berekiya mwene Meshilemoti, Yehizikiya mwene Shalumu na Amasa mwene Hadilayi, biyamiriza abari baje bavuye ku rugamba. 13 Bababwira bati: «Ntimuzane izo mbohe ng’aha, kuko vyotuma Yehova aduharurako icaha. Ivyo mugomba gukora bihava vyongereza ibicumuro vyacu, bitume Imana irushiriza kutubona nabi. Erega ibicumuro vyacu bisanzwe ari vyinshi kandi Imana ifitiye Isirayeli ishavu rirurumba.» 14 Nuko abo basoda bashikiriza abakuru n’ishengero ryose izo mbohe bafashe n’ivyo basahuye+. 15 Abagabo bari batowe* bafata izo mbohe, maze abari gusa bose babaha impuzu bazikuye mu vyari vyasahuwe. Nuko barabambika, babaha ibirato*, ivyo barya n’ivyo banywa n’amavuta yo kwisiga. Vyongeye, abafise intege nke bose babatwara ku ndogobwa maze babajana muri benewabo i Yeriko ca gisagara c’ibigazi, hanyuma basubira i Samariya.
16 Ico gihe umwami Ahazi atabaza abami ba Ashuri+. 17 Maze Abanyedomu bongera gutera Ubuyuda, batwara imbohe. 18 Abafilisitiya+ na bo batera ibisagara vyo mu karere ka Shefela+ no mu karere ka Negebu kari mu Buyuda. Baraheza bafata ibi bisagara: Beti-Shemeshi+, Ayaloni+, Gederoti, Soko n’udusagara tuhegukira*, Timuna+ n’udusagara tuhegukira na Gimuzo n’udusagara tuhegukira, hanyuma babayo. 19 Yehova yaracishije bugufi Ubuyuda kubera Ahazi umwami wa Isirayeli, kuko yaretse abo mu Buyuda bagakora ivyo bishakiye bigatuma bahemukira cane Yehova.
20 Umwami wa Ashuri yitwa Tilugati-Piluneseri+ yahavuye aza kumutera, amuteza ivyago+ aho kumufasha ngo amukomeze. 21 Vyagenze ukwo naho Ahazi yakokoye inzu ya Yehova n’inzu* y’umwami+ n’iz’abatware, ivyariyo akabiha umwami wa Ashuri. Mugabo nta co vyamumariye. 22 Kandi muri ico gihe umwami Ahazi yari mu vyago, yarushirije guhemukira Yehova. 23 Yaciye atangura gushikanira ibimazi imana z’i Damasiko+ zari zamutsinze+, avuga ati: «Ko imana z’abami ba Siriya ziriko zirabafasha, reka nanje ndazishikanire ibimazi kugira zimfashe+.» Mugabo zaramukwegeye, zikwegera n’Abisirayeli bose. 24 Vyongeye, Ahazi yegeranya ibikoresho vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, aca arabijanjagura+. Yugara imiryango y’inzu ya Yehova+, yiyubakira n’ibicaniro ahantu hose* i Yeruzalemu. 25 Kandi mu bisagara vyose vyo mu Buyuda, ahatunganya ibibanza vyo gusengeramwo ngo ahashikanire ibimazi izindi mana+, bifumbe umwotsi. Ababaza Yehova Imana ya ba sekuruza biwe.
26 Nayo ibisigaye ku bimwerekeye, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu Gitabu c’abami b’Ubuyuda n’aba Isirayeli+. 27 Nuko Ahazi arapfa, bamuhamba mu gisagara ca Yeruzalemu, ariko ntibamushira aho bahamba abami ba Isirayeli+. Umuhungu wiwe Hezekiya atangura kuganza mu kibanza ciwe.