Ngoma za mbere
14 Umwami Hiramu+ w’i Tiro arungika intumwa kwa Dawidi, amurungikira n’ibiti vy’amasederi, abubakisha amabuye* n’ababaza ibiti, kugira ngo bamwubakire inzu*+. 2 Dawidi amenya rero ko Yehova yakomeje ubutegetsi bwiwe muri Isirayeli+, akamugira umwami akomeye ku neza y’abantu biwe b’Abisirayeli+.
3 Dawidi amaze gushika i Yeruzalemu yabira abandi bagore+, avyara abandi bahungu n’abakobwa+. 4 Aya ni yo mazina y’abana yavyariye i Yeruzalemu+: Shamuwa, Shobabu, Natani+, Salomo+, 5 Ibuhari, Elishuwa, Elipeleti, 6 Noga, Nefegi, Yafiya, 7 Elishama, Beliyada na Elifeleti.
8 Abafilisitiya bumvise yuko Dawidi yarobanujwe amavuta* ngo abe umwami wa Isirayeli yose+, bose baca baza kumuhiga+. Dawidi avyumvise, aca aja kubarwanya. 9 Abafilisitiya bashitse, batangura kugaba ibitero mu kiyaya ca Refayimu+. 10 Dawidi abaza Imana ati: «Nduge kurwanya Abafilisitiya? Uramfasha kubatsinda?» Yehova amwishura ati: «Duga ubarwanye, ndagufasha kubatsinda+.» 11 Nuko Dawidi aduga i Bayali-Perasimu+, ahatsindira Abafilisitiya. Maze Dawidi avuga ati: «Imana y’ukuri yaciye inzira mu bansi banje biciye kuri jewe, nka kurya amazi amena agaca inzira.» Ni co gituma aho hantu bahise Bayali-Perasimu*. 12 Abafilisitiya bata ng’aho imana zabo maze Dawidi ategeka ko baziturira+.
13 Mu nyuma Abafilisitiya bongera kugaba igitero mu kiyaya+. 14 Dawidi asubira guhanuza Imana, maze Imana y’ukuri imwishura iti: «Ntubatere uzananye imbere yabo. Ahubwo zunguruka uce inyuma yabo, murwanire imbere y’ibisaka* vy’imibaka+. 15 Niwumva urwamo nk’urw’abantu bariko baratambuka ruvugira hejuru ya nya bisaka, uce ugaba igitero. Imana y’ukuri izoba yakwitangiye imbere kugira igufashe kwica ingabo z’Abafilisitiya+.» 16 Nuko Dawidi agira nk’uko Imana y’ukuri imutegetse+. Bica ingabo z’Abafilisitiya kuva i Gibeyoni gushika i Gezeri+. 17 Dawidi aba rurangiranwa mu bihugu vyose, kandi Yehova atuma amahanga yose amutinya+.