Ngoma za kabiri
7 Salomo akirangiza gusenga+, umuriro umanuka uvuye mw’ijuru+, uturira ishikanwa riturirwa n’ibindi bimazi. Ubuninahazwa bwa Yehova buca bwuzura iyo nzu+. 2 Abaherezi ntibashoboye kwinjira mu nzu ya Yehova kuko ubuninahazwa bwa Yehova bwari bwuzuye inzu ya Yehova+. 3 Abisirayeli bose babonye uwo muriro umanutse, bakabona n’ubuninahazwa bwa Yehova kuri iyo nzu, baca barunama mu maso hashika hasi ku mabuye ashashe. Maze bakengurukira Yehova «kuko ari mwiza, urukundo* rwiwe rukaba rwamaho ibihe vyose.»
4 Umwami n’abantu bose bashikanira Yehova ibimazi+. 5 Umwami Salomo ashikanira Imana inka 22.000 n’intama 120.000. Ni ukwo vyagenze igihe umwami n’abantu bose binjira inzu y’Imana y’ukuri+. 6 Abaherezi bari bahagaze mu bibanza bakoreramwo, cokimwe n’Abalewi bari bafise ibicurarangisho bakoresha mu kuririmbira Yehova+. (Umwami Dawidi yakoze ivyo bicurarangisho kugira aze arabikoresha mu gukengurukira Yehova igihe yaba ariko aramushemeza biciye kuri bo*, «kuko urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose.») Abaherezi bariko bavuza inzumbete n’ijwi rirenga+ bari imbere y’Abalewi, Abisirayeli bose na bo bahagaze.
7 Maze Salomo yeza igice co hagati c’ikigo cari imbere y’inzu ya Yehova. Ni ho yaciye ashikanira amashikanwa aturirwa+ n’ibihimba binuze vy’ibimazi vyo gusangira. Yabigize kubera ko igicaniro c’umujumpu+ yari yarakoze kitakwiwemwo ibimazi biturirwa, amashikanwa y’intete+ n’ivyo bihimba binuze+. 8 Ico gihe Salomo agira umusi mukuru wamaze imisi indwi+ ari kumwe n’Abisirayeli bose. Ryari ishengero rinini cane ryaje riva i Lebo-Hamati* no gushika ku mwonga* wa Misiri+. 9 Bamaze imisi indwi bari mu vyo gushikiriza Imana nya gicaniro, bamara n’iyindi misi indwi bagira umusi mukuru. Mugabo ku musi ugira umunani* bagira ikoraniro ridasanzwe+. 10 Ku musi ugira 23 w’ukwezi kugira indwi, umwami asezera abantu. Baca barataha banezerewe+ kandi baryohewe mu mutima kubera ivyiza vyose Yehova yakoreye Dawidi, Salomo n’ihanga ryiwe Isirayeli+.
11 Nuko Salomo arangiza kwubaka inzu ya Yehova n’ikirimba* ciwe+. Ikintu cose yari yipfuje gukora ku bijanye n’inzu ya Yehova be n’ikirimba ciwe yaragikoze neza+. 12 Maze Yehova abonekera Salomo+ mw’ijoro, amubwira ati: «Numvise isengesho ryawe, kandi natoye aha hantu ngo habe ahanje, habe inzu itangirwamwo ibimazi+. 13 Ninugara ijuru ntihagwe imvura, canke nkategeka ibihori guhonya igihugu, canke nkarungika ikiza mu bantu banje, 14 maze abantu banje bitirirwa izina ryanje+ bakicisha bugufi+ bagasenga, bakandondera*, bagaheba ingeso zabo mbi+, nzoheza ndabumve ndi mw’ijuru ndabababarire igicumuro cabo, nkize igihugu cabo+. 15 Ubu rero nzogumiza ijisho ku basengera ng’aha, numvirize n’amasengesho yabo+. 16 Iyi nzu nayitoye nongera ndayeza kugira ngo yame yitirirwa izina ryanje+, kandi nzoyamizako ijisho n’umutima+.
17 Nawe niwigenza neza nka so Dawidi, ugakora ivyo nagutegetse vyose kandi ukagamburuka amabwirizwa yanje n’ingingo nashinze+, 18 nanje rero nzokomeza ubwami bwawe+ nk’uko nabisezeraniye so Dawidi+, nti: “Mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwuganza Isirayeli+.” 19 Mugabo nimwantera akagere, mukareka gukurikiza amabwirizwa n’amategeko nabahaye, mugatangura gusenga* izindi mana no kuzunamira+, 20 nzorandura rero Abisirayeli mu gihugu nabahaye+, n’iyi nzu nejeje ngo yitirirwe izina ryanje ndayihebe, imve mu maso. Izosigara igayitse*, ibe n’akamenyo imbere y’amahanga yose+. 21 Iyi nzu wubatse izosigara ari ibihomvagurike. Uwuzoyica iruhande wese azoyiraba yumirwe+, abaze ati: “Mbe basha iki gihugu n’iyi nzu Yehova yabihoye iki+?” 22 Bazomwishura bati: “Abantu bahaba barahevye Yehova+ Imana ya ba sekuruza yabakuye mu gihugu ca Misiri+, baja ku zindi mana, barazunamira barazisenga*+. Ni co catumye abateza ibi vyago vyose+.”»