135 Shemeza Yehova!
Nimushemeze izina rya Yehova.
Yemwe basavyi ba Yehova, nimumushemeze+,
2 mwebwe mukorera mu nzu ya Yehova,
mu bigo vy’inzu y’Imana yacu+.
3 Shemeza Yehova kuko Yehova ari mwiza+.
Nimuririmbire amashemezo izina ryiwe kuko ari vyiza.
4 Kuko Yehova yitoreye Yakobo,
akitorera Isirayeli ngo ibe ihanga ryiwe ridasanzwe+.
5 Emwe, ndazi neza ko Yehova ahambaye.
Umukama wacu arahambaye kuruta izindi mana zose+.
6 Ico Yehova ashatse cose aragikora+,
haba mw’ijuru, kw’isi, mu biyaga, mbere no mu kuzimu hose.
7 Atuma ibicu biduga bivuye ku mpera y’isi.
Arungika imiravyo ikazanana n’imvura,
agasohora umuyaga awukuye mu bigega vyiwe+.
8 Yarahoneje imfura zose zo mu Misiri,
abantu hamwe n’ibitungwa+.
9 Yakoreye ibimenyetso n’ibitangaro hagati ya Misiri+,
kugira ahane Farawo n’abasuku biwe bose+.
10 Yaratikije amahanga menshi+
yongera yica abami bakomeye+, ari bo
11 Sihoni umwami w’Abamori+,
Ogi umwami wa Bashani+,
hamwe n’ubwami bwose bw’i Kanani.
12 Yaratanze igihugu cabo ngo kibe intoranwa,
intoranwa y’abantu biwe ari bo Bisirayeli+.
13 Ewe Yehova, izina ryawe ryamaho ibihe vyose.
Ewe Yehova, icubahiro cawe camaho uko urunganwe rukurikira urundi+.
14 Yehova azoburanira abantu biwe+
kandi azokwumvira ikigongwe abasavyi biwe+.
15 Ibigirwamana vy’amahanga ni ifeza n’inzahabu,
kandi vyakozwe n’amaboko y’abantu+.
16 Bifise umunwa ariko ntibivuga+.
Bifise amaso ariko ntibibona.
17 Bifise amatwi ariko ntivyumva.
Nta mpemu ziri mu mazuru yavyo+.
18 Ababikora bazomera nka vyo+,
eka mbere n’abavyizigira bose+.
19 Ewe nzu ya Isirayeli, shemeza Yehova!
Ewe nzu ya Aroni, shemeza Yehova!
20 Ewe nzu ya Lewi, shemeza Yehova+!
Yemwe abatinya Yehova, nimushemeze Yehova!
21 Ese Yehova yoshemezwa i Siyoni+,
we yibera i Yeruzalemu+!
Shemeza Yehova+!