Yobu
19 Yobu aca yishura ati:
4 Asangwa narakoze ikosa,
ivyo ni jewe biraba.
5 Nimba mushaka kuguma munyiratako,
mukavuga ko ivyago vyanshikiye ndabibereye,
6 nimumenye rero ko Imana ari yo yanzimije,
ikamfatira mu rusenga rwayo rw’uruhigi.
7 Nguma nsemerera nti: “Narenganijwe”, ariko nta wunyishura+.
Nguma ntabaza, ariko nta butungane buhari+.
8 Inzira yanje yayizibije uruhome rw’amabuye, sinshobora kurengana.
Ibarabara ryanje yaryujujemwo umwiza+.
9 Yaranyatse ubuninahazwa bwanje,
inkura urugori ku mutwe.
10 Insenyagura impande zose gushika nzimanganye,
ikarandura icizigiro canje nka kurya kw’igiti.
12 Ingabo zayo zaziye icarimwe kunyugariza,
kandi zicumbitse irya n’ino y’ihema ryanje.
16 Ndahamagara umusuku wanje ntanyitabe.
Ndamutakambira ngo angirire impuhwe.
18 Mbere n’utwana dutoyi dusigaye tungaya.
Mpfa guhaguruka tugaca dutangura kunzomera.
23 Icompa amajambo yanje akandikwa!
Ese icompa akandikwa mu gitabu!
24 Ese iyaba yokwanditswe ku gitandara akagumaho,
akandikwa hakoreshejwe ikaramu* y’icuma n’ubutare bw’isasu!
26 Naho urukoba rwanje ruzoba rwasinzikaye,
nzobona Imana nkiri muzima.
27 Ubwanje nzoyibona.
Amaso yanje azoyibona, si ay’uwundi azoyibona+.
Ariko muri jewe numva ndengewe*.
28 Kuko muvuga muti: “Turiko tugutoteza gute+?”
Ukamenga ni jewe muzi w’ingorane.