Yobu
3 Inyuma y’ivyo, Yobu afata ijambo, atangura kuvuma umusi yavukiyeko*+. 2 Avuga ati:
4 Uwo musi nucike umwiza.
Imana iri mw’ijuru ntikawiteho.
Umuco ntukawuboneshereze.
5 Umwiza w’umuzitanya* nuwegukire.
Igicu c’imvura nikibe hejuru yawo.
Ibituma umusi ucika umwiza nibiwutere ubwoba.
6 Iryo joro niricike umwijima+.
Ntirikabemwo umunezero mu misi igize umwaka,
kandi ntirigaharurwe mu misi igize amezi.
7 Emwe, iryo joro niricike ingumba,
ntiryigere ribamwo umunezero.
9 Inyenyeri zo ku mugoroba waryo nizicike umwijima.
Niririndire umuco wo ku murango riwubure,
ntiryigere ribona imishwarara yo mu mutwenzi.
11 Kubera iki ntapfuye nkivuka?
Kuki ntavuye mu nda ngaca ncikana+?
12 Kuki habonetse ibibero binyakira
hamwe n’amabere nonka?
13 Erega ubu mba niryamiye ata nkomanzi+.
Mba nisinziririye kandi niruhukiye+
14 ndi kumwe n’abami b’isi n’abajanama babo,
barya biyubakira inyubakwa, ariko ubu zikaba ari umusaka*,
15 canke kumwe n’abaganwa bari batunze inzahabu,
bakagira n’amazu yuzuye ifeza.
16 Kubera iki ntabaye nk’inda ikorotse,
nkamera nk’abana batigeze babona umuco?
18 Hariya imbohe zose hamwe ziritekaniye.
Ntizumva amajwi y’abazihindagiza ku bikorwa.
21 Kubera iki hari abipfuza urupfu ariko bakarubura+?
Barimba barurondera kuruta uko barondera itunga rinyegejwe,
22 kandi botamba bagatarika,
bakaryoherwa baramutse bashitse mu mva.
25 Ivyahora bintera ubwoba ni vyo vyanshikiye,
kandi ivyo nahora ntinya ni vyo vyambayeko.
26 Nta mahoro, nta gahengwe canke akaruhuko nigeze ndonka,
ariko ivyago biguma bikurakuranwa kuri jewe.»