8 “Gehena”—Ikigereranyo c’ukurandurwa buhere
Mu giheburayo ni גי הנם (geh hin·nomʹ, ni ukuvuga “umubande wa Hinomu”);
Mu kigiriki ni γέεννα (geʹen·na); Mu kilatini ni ge·henʹna
“Gehena” bisobanura “umubande wa Hinomu,” kuko ari ijambo ry’ikigiriki rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo geh hin·nomʹ. Muri Yos 18:16, ahaboneka imvugo “umubande wa Hinomu,” mu mpinduro yitwa Septante hari ijambo “Gehena.” Riboneka incuro 12 mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, incuro ya mbere akaba ari muri Mt 5:22. Bibiliya y’isi nshasha irihindura ngo “Gehena” aho riboneka hose, hakaba ari muri Mt 5:22, 29, 30; 10:28; 18:9; 23:15, 33; Mr 9:43, 45, 47; Lk 12:5; Yak 3:6.
Umubande wa Hinomu wari uherereye mu burengero bushira ubumanuko bwa Yeruzalemu ya kera. (Yos 15:8; 18:16; Yr 19:2, 6) Mu gihe c’abami bo hanyuma bo mu muryango wa Yuda, hakoreshwa mu vyo gusenga ikimana Moleki c’abapagani, ico kimana kikaba cashikanirwa ibimazi vy’abantu, mu kubaturira mu muriro. (2Ng 28:3; 33:6; Yr 7:31, 32; 32:35) Kugira ngo ntihasubire gukoreshwa ivy’ugusenga mwene ivyo, Umwami w’umwizigirwa Yosiya yarahumanije aho hantu, na canecane igice citwa Tofeti.—2Bm 23:10.
Umusobanuzi umwe w’Umuyuda yitwa David Kimḥi (1160?-1235?), mu vyo yavuze kuri Zb 27:13, yatanze amakuru akurikira ya kahise ku bijanye na “Gehinomu”: “Kandi ni ahantu mu ntara ihana urubibe na Yeruzalemu; ni ahantu hashisha, bakaba bahata ibintu bihumanye be n’imivyimba. Vyongeye, hama hari umuriro utigera uzima wo guturira ibintu bihumanye be n’amagufa y’imivyimba. Ku bw’ivyo, urubanza ruzocirirwa abanyakibi, mu mvugo ngereranyo rwitwa Gehinomu.”
Umubande wa Hinomu wacitse inyabarega be n’ikibanza co gutuririramwo ibintu vyose vy’umwanda vy’i Yeruzalemu. Imivyimba y’ibikoko yatererwayo kugira ihire mu muriro waza urongerwamwo amazuku kugira ugume waka. N’imivyimba y’inkozi z’ikibi zishwe, izafatwa ko zitabereye guhambanwa iteka mu mva y’icibutso, ni yo yatererwa. Igihe mwene iyo mivyimba yaba iguye muri nya muriro, yaca isha igatokombera, ariko igihe yaba iguye ku nkombe ya nya kabande kagereza epfo, inyama zayo zaba ziriko zirabora zaravegema inyo, zino na zo zikaba zitashobora gupfa zidafyese inyama zose, zigasigaza ibikankara vyonyene.
Nta bikoko bizima canke abantu bazima vyatererwa muri Gehena kugira ngo biturirwe bibona canke ngo bibabarizweyo. Ni co gituma aho hantu hadashobora kugereranya akarere kataboneka aho imitima y’abantu ibabarizwa ibihe bidahera mu muriro buriro canke ngo igume iribwa n’inyo zidapfa. Kubera ko inkozi z’ikibi zapfuye zatabwayo zitaba zemerewe guhambanwa iteka mu mva y’icibutso igereranya icizigiro c’izuka, Yezu n’abigishwa biwe barakoresheje ijambo Gehena mu kugereranya ukurandurwa buhere, ukuzimanganywa mu vyo Imana yaremye, ari rwo “rupfu rwa kabiri,” igihano c’ibihe bidahera.
Gutyo rero, guta umuvyimba w’umuntu muri Gehena, vyafatwa ko ari co gihano kibi kuruta ibindi vyose. Kuri Gehena nyezina no ku nsobanuro yayo ni ho hakuwe ya mvugo y’ikigereranyo y’“ikiyaga c’umuriro cakishwa amazuku.”—Ivy 19:20; 20:10, 14, 15; 21:8.