ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 23 rup. 157-rup. 159 ing. 4
  • Gushira Ahabona Agaciro Ngirakimazi k’Amayagwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gushira Ahabona Agaciro Ngirakimazi k’Amayagwa
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Insiguro Iri n’Ico Yigisha Abakwumviriza
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Intangamarara Ivyura Ugushimishwa
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gutegura Insiguro Zishikirizwa Ishengero
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gutegura Insiguro Zishikirizwa Icese
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 23 rup. 157-rup. 159 ing. 4

ICIGWA CA 23

Gushira Ahabona Agaciro Ngirakimazi k’Amayagwa

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nufashe abakwumviriza babone ukuntu ikiganiro ushikiriza kiraba ubuzima bwabo, canke babone ingene bashobora kugikoresha mu buryo ngirakamaro.

Ni Kuki Bihambaye?

Iyo abantu batabona agaciro ngirakimazi k’ivyo uriko uravuga, boshobora kukwereka ko bitabashimisha, canke ubwenge bukigira ahandi, bakangaza imizirikanyi yabo.

WABA uriko ubwira umuntu umwe canke ubwira abantu benshi, ntibiranga ubukerebutsi kwibwira ko uwukwumviriza (abakwumviriza) aza (baza) gushimishwa n’ikiganiro cawe kubera gusa yuko wewe kigushimisha. Ubutumwa ushikiriza burahambaye, mugabo mu gihe udashoboye gushira ahabona agaciro ngirakimazi kabwo, hari aho kumbure utoshobora gutuma abakwumviriza baguma bashimishijwe igihe kirekire cane.

Ivyo ni ko bimera no ku bakwumviriza bari mu Ngoro y’Ubwami. Mu bwenge bashobora gutega ugutwi igihe ukoresheje ikigereranirizo canke icabonywe batari bwigere bumva. Mugabo mu bwenge boshobora kwigira ahandi igihe uvuga ibintu basanzwe bazi, canecane igihe udashoboye kuvyubakirako. Ukeneye kubafasha kubona igituma n’ingene ivyo uriko uravuga bibafitiye akamaro koko.

Bibiliya ituremesha kwiyumvira ibintu ngirakimazi. (Imig. 3:21) Yehova yarakoresheje Yohani Umubatizi kugira ngo ayobore abantu ku “bukerebutsi ngirakimazi bw’abagororotsi.” (Luka 1:17, NW) Ubwo ni ubukerebutsi bushingiye rwose ku gutinya Yehova kwiza. (Zab. 111:10) Abashima ubwo bukerebutsi barafashwa kumenya uko bovyifatamwo mu buzima muri iki gihe kandi bakaroranirwa, no gucakira ubuzima nyakuri, ari bwo buzima buhoraho bwo muri kazoza.—1 Tim. 4:8; 6:19.

Gutuma Insiguro Iba Ngirakimazi. Nimba ushaka ko insiguro yawe iba ngirakimazi, ntukazirikane gusa amayagwa, ahubwo kandi nuzirikane abakwumviriza. Ntubiyumvire bwa mugwi gusa. Uwo mugwi uba ugizwe n’abantu be n’imiryango. Hashobora kuba harimwo abakiri bato cane, imiyabaga, abakuze, hamwe na bakeyi bageze mu zabukuru. Hashobora kuba harimwo abashasha be n’abatanguye gukorera Yehova imbere y’uko wewe uvuka. Bamwe bashobora kuba bahumuye mu vy’impwemu; abandi bashobora kuba bacoshwa cane n’inyifato be n’imigenzo imwimwe y’isi. Ibaze uti: ‘Mbega aya mayagwa ngiye gushikiriza yoshobora gute kugira ico yunguye abanyumviriza? Nshobora gute kubafasha gutegera ico ashaka kwigisha?’ Hari aho wohitamwo kwihwabira umugwi umwe canke ibiri mu yivuzwe ngaho. Ariko rero ntuce wibagira abandi buhere.

Bite hoho hamwe woba ushinzwe gushikiriza inyigisho y’ishimikiro yo muri Bibiliya? Ushobora gute gutuma mwene iyo nsiguro iba ngirakamaro ku bantu baba basanzwe bemera iyo nyigisho? Niwihatire gukomeza ukujijuka bayifiseko. Uti gute? Mu kubafasha kuzirikana ku kimenyamenya Ivyanditswe bitanga kuri yo. Urashobora no kubafasha gutsimbataza ugukenguruka bafitiye iyo nyigisho yo muri Bibiliya. Ivyo bishobora kugirwa mu kwerekana ukuntu iyo nyigisho ijanye n’ibindi bintu biri mu bigize ukuri kwa Bibiliya, be n’ukuntu ijanye na kamere ya Yehova ubwiwe. Koresha uturorero, nk’ibintu vyabaye, twerekana ingene gutahura iyo nyigisho nyene vyagiriye akamaro abantu kandi bigahindura ukuntu babona kazoza.

Insobanuro ngirakimazi y’ukuntu ayo mayagwa yokurikizwa ntuyihe utujambo dukeyi mu nsozero y’insiguro yawe. Guhera mu ntango nyene, umuntu wese wo mu bakwumviriza akwiye kwiyumvamwo ko ivyo bintu bimwerekeye. Umaze gusasa uwo mushinge, nubandanye kwerekana insobanuro ngirakimazi igihe usigura imwimwe yose mu ngingo nkurunkuru zigize umutumba w’insiguro hamwe no mu nsozero.

Igihe werekana insobanuro y’amayagwa, raba neza yuko ubigira mu buryo bujana n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. Ivyo bisobanura iki? Bisobanura kubigira mu buryo buranga urukundo, kandi ukagaragaza impuhwe. (1 Pet. 3:8; 1 Yoh. 4:8) No mu gihe intumwa Paulo yarondera gutunganya ingorane zigoye zari i Tesalonike, yihwabiye ugushira ahabona imice y’iterambere ryo mu vy’impwemu ry’abavukanyi n’abavukanyikazi biwe b’Abakirisu. Yaranaseruye ko yizigiye yuko mu kibazo bariko bihweza, borondeye gukora ibigororotse. (1 Tes. 4:1-12) Mbega icitegererezo ciza twokwigana!

Insiguro yawe yoba igenewe kuvyurira abakwumviriza umutima wo kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza no kuyigisha abandi? Nukomeze ubushwashwanutsi n’ugushima bogirira ako gateka. Ariko rero mu gihe ugira ivyo, uragumiza mu muzirikanyi yuko urugero abantu bagezako mu vyo gushobora kugira uruhara muri ico gikorwa rugenda rutandukana, kandi na Bibiliya ivyo ntivyirengagiza. (Mat. 13:23) Ntutume abavukanyi bawe baremerwa n’inyiyumvo yo kwiyagiriza. Mu Baheburayo 10:24 haduhimiriza ‘kwohererezanya ku rukundo no ku bikorwa vyiza.’ Iyo twoherereje abandi ku rukundo, ibikorwa bishingiye ku mvo nziza bizokurikira. Aho kurondera kubaha amategeko ntarengwa yo kwisunga, niwemere icese yuko Yehova ashaka ko dukomeza mu bandi ‘ukwumvira Imana biciye mu kwizera.’ (Rom. 16:26) Dufise ivyo mu muzirikanyi, turondera gukomeza ukwizera, ni ukuvuga ukwizera kwacu bwite be n’ukw’abavukanyi bacu.

Gufasha Abandi Gutegera. Uko ushinga intahe ku bandi, ntubure gushira ahabona agaciro ngirakimazi k’inkuru nziza. Kugira ivyo bisaba ko urimbura ibiri mu mizirikanyi y’abantu bo mu cibare ukoreramwo. Ibibarimwo ushobora kubimenya gute? Urakurikirana amakuru kw’iradiyo canke kuri televiziyo. Raba ku rupapuro rwa mbere rw’ibinyamakuru vyo mw’isi. Si ivyo gusa, niwihatire gukwegera abantu binjire mu kiyago, hanyuma wumvirize igihe bavuga. Hari aho wosanga bariko banyinyana n’ingorane zibahanamiye, nk’ugukurwa mu kazi, ukuriha amahera y’inzu, ukurwara canke ukurwaza, urupfu rw’uwo mu muryango, ukugeramirwa n’ubukozi bw’ikibi, akarenganyo kagirwa n’umuntu w’umukuru, ugusambuka kw’umubano w’ababiranye, ukutumvirwa n’abana, n’ibindi. Mbega Bibiliya irashobora kubafasha? Nta gukeka.

Igihe utanguje ikiyago, ntihazobura ikibazo uzoba ufise mu muzirikanyi. Ariko rero, nimba nya muntu yerekanye yuko afise iyindi ngorane imuraje ishinga, ntiwitinye guca uganira na we kuri iyo ngorane nyene nimba ubishoboye, canke umusabe ko wogaruka umaze kuronka amakuru ngirakamaro ayerekeye. Birumvikana, turirinda ‘kwisuka mu bitaturaba,’ mugabo turashima kuganira n’abandi ku mpanuro ngirakimazi Bibiliya itanga. (2 Tes. 3:11) Biribonekeza, ikizorushiriza gukora abantu ku mutima canecane ni ukuntu impanuro ya Bibiliya ikora ku buzima bwabo.

Iyo abantu badashobora kubona ingene ubutumwa tubashikiriza bugira ico bubakozeko ubwabo, boshobora kwanka ico kiyago bidatevye. Naho botureka ngo tuvuge, mu gihe tudashoboye kwerekana agaciro ngirakimazi k’ico kiganiro, vyoshobora gusigura ko ubutumwa tubabwira ata kintu kinini buzokora ku buzima bwabo. Ahubwo, dushize ahabona agaciro ngirakimazi kabwo, ikiganiro cacu coshobora gutuma abantu bagira ico bahinduye mu buzima bwabo.

Igihe urongora inyigisho za Bibiliya, nubandanye gushira ahabona insobanuro ngirakimazi y’amayagwa. (Imig. 4:7) Nufashe abatohoji batahure impanuro, ingingo ngenderwako hamwe n’uturorero vyo mu Vyanditswe bibereka ingene bogendera mu nzira za Yehova. Nushimike ku vyiza biva ku kuzigenderamwo. (Yes. 48:17, 18) Ivyo bizotuma abatohoji bahindura ibikwiye guhindurwa mu buzima bwabo. Nububakemwo ugukunda Yehova be n’icipfuzo co kumuhimbara, kandi ureke ikibasunikira gushira mu ngiro impanuro yo mw’Ijambo ry’Imana kibiviremwo bo nyene.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Igihe utegura insiguro, nturimbure gusa amayagwa, ahubwo kandi nurimbure n’abazoba bakwumviriza. Nuyishikirize mu buryo buzobagirira akamaro koko.

  • Insobanuro ngirakimazi y’ayo mayagwa ntikwiye kubikwa ngo ivugwe mu nsozero gusa. Ikwiye kugaragarira mu nsiguro yawe yose.

  • Igihe witegurira gushinga intahe, nurimbure ibiri mu mizirikanyi y’abantu bo mu cibare ukoreramwo.

  • Igihe ushinga intahe, nutege abiri umuntu muganira, hanyuma uhuze ivyo umubwira n’ivyo avuze.

UMWIMENYEREZO: Nusubiremwo ibiri mu nomero z’Igikorwa Dukorera Ubwami ushobora kuronka, hanyuma urobanuremwo uburyo bumwe canke bubiri bwo gushikiriza inkuru nziza ubona ko bwoba ngirakimazi kuruta ubundi, kugira ubukoreshe mu cibare iwanyu. Nugerageze kubukoresha mu murimo wo mu ndimiro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika