ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/9 rup. 18-22
  • Tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubukazi bwongera gucumukuza abantu
  • Turumvira imburi Yehova atanga
  • Guma ugendana n’Imana mu bihe bidurumbanye
  • “Tweho ntitur’abo mu biyonjorora”
  • Igituma dukwiye kwitwararika icatumye Imana itonesha Nowa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ubu birihutirwa rwose ko tuguma tugavye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/9 rup. 18-22

Tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu

“Tweho tuzogendera mw izina [“rya Yehova”, “NW”] Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira”.​—MIKA 4:5.

1. Ku vyerekeye ukwigenza runtu, ibintu vyari vyifashe gute mu misi ya Nowa, kandi Nowa yerekanye gute ko atameze nk’abandi?

UMUNTU wa mbere avugwa muri Bibiliya ko yagendanye n’Imana ni Henoki. Uwugira kabiri ni Nowa. Iyo nkuru itubwira iti: “Nowa yar’umugororotsi, ntiyagira agasembga mu gihe c’urunganwe rwiwe: kandi Nowa yagendana n’Imana” (Itanguriro 6:9). Mu gihe ca Nowa, umuryango w’abantu muri rusangi wari warataye ugusenga gutyoroye. Ibintu vyarunyutse biba bibi gusumba, aho abamarayika b’ibihemu bahuza imibiri n’abagore kandi bitari bijanye n’uburyo baremwe, hanyuma bakavyara abana bitwa Abanefili, ni ukuvuga “abahizi” canke “ba rurangiranwa”, bo muri iyo misi. Ntibitangaje kubona isi yaruzuye ubukazi (Itanguriro 6:2, 4). Naho vyari ukwo, Nowa wewe ntiyagira agasembwa canke amahinyu, kandi yari “umwigisha w’ivyo kugororoka” (2 Petero 2:5). Igihe Imana yamutegeka kubaza ubwato bwo kurokora ubuzima, Nowa abigiranye ukugamburuka ‘yabigenjeje atyo: uko Imana yamubariye kwose aba ari ko akora’ (Itanguriro 6:22). Ego cane, Nowa yaragendanye n’Imana.

2, 3. Ni akarorero keza akahe Nowa yadusigiye muri iki gihe?

2 Paulo yarashizemwo Nowa mu rutonde yagize rw’ivyabona b’intahemuka igihe yandika ati: “Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, amaze kubūrirwa n’Imana ibitaribgaboneke, akabāza ubgato bgo kurokora abo mu nzu yiwe, kandi ni kwo kwamuhaye gutsindisha abari mw isi, no kuragwa ukugororoka kuzanwa n’ukwizera” (Abaheburayo 11:7). Mbega akarorero keza igitangaza! Kubera ko Nowa yari yizigiye adakeka yuko ivyo Yehova yavuze vyorangutse, yarakoresheje umwanya wiwe, inguvu ziwe n’ubutunzi bwiwe kugira ashitse ivyo Imana yamutegetse. Muri ubwo buryo nyene, abantu benshi muri iki gihe baratera umugongo uturyo bari kuronka muri iyi si two gutunga, maze bagakoresha umwanya wabo, inguvu zabo be n’ubutunzi bwabo mu kugamburuka amategeko ya Yehova. Ukwizera kwabo kuribonekeza, kandi kuzotuma bo ubwabo hamwe n’abandi baronka ubukiriro.​—Luka 16:9; 1 Timoteyo 4:16.

3 Kugaragaza ukwizera bitegerezwa kuba bitoroheye Nowa n’umuryango wiwe, nk’uko nyene bitoroheye sekuruza wa Nowa ari we Henoki, umwe twaca irya n’ino ivyiwe mu kiganiro c’imbere y’iki. Mu gihe ca Nowa cokimwe no mu gihe ca Henoki, abasavyi b’Imana b’ukuri bari inkehwa: abantu umunani gusa ni bo babaye intahemuka hanyuma bararokoka igihe c’Umwuzure. Nowa yarigisha ivyo kugororoka mw’isi yuzuye ubukazi n’ubuhumbu. Vyongeye, we n’umuryango wiwe bariko bubaka ubwato amahero bukozwe mu biti mu kwitegurira umwuzure wokwiye kw’isi yose, naho ata n’umwe muri bo yari bwigere abona umwuzure nk’uwo. Ivyo bitegerezwa kuba vyasa n’ibitumvikana na gato ku babitegereza.

4. Ni ikosa irihe Yezu yashize ahabona ryakozwe n’abo mu gihe ca Nowa?

4 Biri n’ico bivuze kubona igihe Yezu yerekeza ku misi ya Nowa atavuze ivyerekeye ubukazi, idini ry’ikinyoma canke ubuhumbu, naho ivyo bintu vyari vyabaye ndanse. Ikosa Yezu yashize ahabona ryari iry’uko abantu banse kwumvira imburi yariko iratangwa. Yavuze yuko ‘barya, bakanywa, bakarongora, bagashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bwa bwato’. Hari ikibi none cari mu kurya, kunywa, kurongora no gushingira? Bari bibereyeho mu buryo bwitwa ko ari ubusanzwe! Mugabo umwuzure wari wimirije, Nowa na we akaba yariko yigisha ivyo kugororoka. Ivyo yavuga be n’ukuntu yigenza vyari bikwiye kubabera imburi. Yamara, “ntibagi[ze] ico bamenya kugeza ah’umwuzure waziye ubatwara bose”.​—Matayo 24:38, 39.

5. Ni kamere izihe Nowa n’umuryango wiwe bari bakeneye?

5 Dutereje amaso inyuma kuri ivyo bihe, turabona yuko ingendo ya Nowa yaranga ubukerebutsi. Ariko rero, imbere y’uko Umwuzure utera, kugira ngo umuntu ntamere nk’abandi bose vyamusaba kugira umutima rugabo. Nowa n’umuryango wiwe vyabasavye kugira ukujijuka gukomeye kugira ngo babaze bwa bwato amahero bongere babwuzuze amoko atandukanye y’ibikoko vyovyaye ibindi. Vyoba none vyarashika bamwe muri abo bantu bakeya b’intahemuka bakipfuza kutibonekeza cane kugira ngo bibereho mu buryo bwitwa ko ari ubusanzwe? Naho vyashika bakagira ivyo vyiyumviro, bagumye ari intadohoka. Haciye imyaka myinshi cane, imyaka irengeye iyo uwo ari we wese muri twebwe azomara yihanganye muri uru runkwekwe rw’ibintu, ukwizera kwa Nowa n’umuryango wiwe kwaratumye barokoka mu gihe ca wa Mwuzure. Ariko rero, Yehova yarashikije urubanza ku bantu bose bari bibereyeho mu buryo bwitwa ko ari ubusanzwe ariko ntibitwararike kumenya ico ibihe bari babayemwo vyasobanura.

Ubukazi bwongera gucumukuza abantu

6. Inyuma y’Umwuzure, ibintu vyari bicifashe gute?

6 Amazi y’Umwuzure amaze guhwama, umuryango w’abantu warasubiye gutangura bushasha. Ariko rero, abantu bari bakiri abanyagasembwa, ari co gituma “imitima y’abantu” yabandanije “[kumogorera] gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo” (Itanguriro 8:21). N’ikindi kandi, naho nyene amadayimoni atari agishobora kwiyambika imibiri y’abantu, yari agikora yivuye inyuma. Isi y’abantu batubaha Imana ntiyatevye kugaragaza ko yari “muri wa Mubi”, kandi nk’uko biri no muri kino gihe, abasavyi b’Imana b’ukuri bǎtegerezwa kurwanya “ubugunge bga wa Murwanizi”.​—1 Yohana 5:19; Abanyefeso 6:11, 12.

7. Ubukazi bwarushirije kwongerekana gute mw’isi y’inyuma y’Umwuzure?

7 Guhera nko mu gihe ca Nimurodi, isi y’inyuma y’Umwuzure yarasubiye kwuzura ubukazi bwagirwa n’abantu. Kubera iyongerekana ry’abantu be n’iterambere mu vy’ubuhinga, ubwo bukazi bwagiye burushiriza kwongerekana. Kera hakoreshwa inkota n’icumu, umuheto n’umwampi, be n’umukogote. Muri ibi bihe vya vuba, haraje inkoho, vya muzinga, hanyuma haza ibikoho bikomakomeye hamwe n’ibindi birwanisho bikozwe mu buhinga buhanitse vyo mu ntango z’ikinjana ca 20. Intambara ya mbere y’isi yose yazanye ibindi birwanisho biteye ubwoba gusumba, nk’indege, burende, amato y’intambara be n’ivyuka vy’ubumara. Muri iyo ntambara, ivyo birwanisho vyaratikije abantu amamiliyoni. Hari uwari yiteze ivyo bintu none? Eka da!

8. Mu Vyahishuriwe 6:1-4 harangutse gute?

8 Mu mwaka wa 1914, Yezu yarimitswe aba Umwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, “umusi w’Umukama” uba uratanguye (Ivyahishuwe 1:10, UB). Mw’iyerekwa rivugwa mu gitabu c’Ivyahishuriwe, Yezu abonwa ari Umwami agendesha ifarasi y’igitare akagenda anesha. Akurikirwa n’abandi bantu bagendesha amafarasi, umwumwe wese akaba agereranya icago kimeze ukwaco gishikira abantu. Umwe muri abo bantu, agendesha ifarasi y’akagajo, akaba yahawe “gukūra amahoro mw isi, ngo bicane: kand’ahabga inkota ndende” (Ivyahishuriwe 6:1-4). Iyo farasi be n’uwuyigendesha bigereranya intambara, iyo nkota ndende na yo ikagereranya ukuntu intambara zo mu gihe ca none zitikiza inganda ku rugero rutari bwigere rushikwako muri kahise, hamwe n’ibirwanisho bikomakomeye bikoreshwa muri zo. Muri iki gihe, muri ivyo birwanisho bikomakomeye harimwo ibisasu ruhonyanganda, kimwekimwe cose kikaba gishobora guhonya abantu ibihumbi mirongo; hakabamwo ibikoho bishobora gutera ivyo bisasu aho bavyerekeje ku bilometero ibihumbi n’ibihumbi; hamwe n’ibirwanisho bicira ubumara be n’ibicira imigera bikozwe mu buhinga buhanitse vyagenewe gutikiza inganda.

Turumvira imburi Yehova atanga

9. Isi ya kino gihe ifitaniye isano irihe n’iyariho imbere y’Umwuzure?

9 Mu misi ya Nowa, Yehova yarahoneje abantu kubera ubukazi buhebuje bwagirwa n’abantu b’ababisha bashigikiwe n’Abanefili. Ubu ho ibintu vyifashe gute? Ubukazi buri muri iyi si bwoba ari buke ugereranije n’ubwariho ico gihe? Ihibambewe! Vyongeye, nk’uko vyari biri mu gihe ca Nowa, abantu muri iki gihe bishinga kuja mu vyabo, bakagerageza kwiberaho mu buryo bwitwa ko ari ubusanzwe, bakanka kwumvira imburi itangwa (Luka 17:26, 27). Hoba none hari imvo n’imwe yotuma umuntu akekeranya yuko Yehova azosubira guhonya abantu? Nta yo.

10. (a) Ni imburi iyihe itangwa akatari gake mu buhanuzi bwa Bibiliya? (b) Ingendo imwe rudende iranga ubukerebutsi twokurikira muri iki gihe ni iyihe?

10 Hagisigaye imyaka amajana ngo Umwuzure ushike, Henoki yaravuze ivy’isangangurwa ryoshitse mu gihe cacu (Yuda 14, 15). Yezu na we nyene yaravuze ivya ya “marushwa ahambaye” yimirije (Matayo 24:21). Hariho n’abandi bahanuzi babuye ivy’ico gihe (Ezekiyeli 38:18-23; Daniyeli 12:1; Yoweli 2:31, 32). Vyongeye, mu gitabu c’Ivyahishuriwe tuhasoma amajambo adondora neza na neza iryo sangangurwa rya nyuma (Ivyahishuriwe 19:11-21). Twebwe umwumwe ukwiwe, turigana Nowa gutyo tukamamaza ivy’ukugororoka twivuye inyuma. Turumvira imburi Yehova atanga tukongera tugafasha abandi tubigiranye urukundo ngo na bo nyene bayumvire. Ku bw’ivyo, turagendana n’Imana nka kumwe kwa Nowa. Nkako, birahambaye yuko uwo wese yipfuza ubuzima abandanya kugendana n’Imana. Dushobora gute kugendana n’Imana kandi duhangana n’imikazo myinshi ku musi ku musi? Turakeneye kwizera bimwe bikomeye yuko umugambi w’Imana uzoranguka.​—Abaheburayo 11:6.

Guma ugendana n’Imana mu bihe bidurumbanye

11. Ni mu buryo ubuhe twigana abakirisu bo mu kinjana ca mbere?

11 Mu kinjana ca mbere, abakirisu basizwe bavugwa ko bakurikira “Inzira” (Ivyakozwe n’intumwa 9:2). Ubuzima bwabo bwose bwari bushingiye ku kwizera Yehova na Yezu Kirisitu. Baragendeye mu nzira Shebuja wabo yari yarabaciriye. No muri iki gihe, abakirisu b’intahemuka ni ko babigenza.

12. Ni igiki cabaye Yezu amaze kugaburira ishengero ku gitangaro?

12 Ivy’uko bihambaye ko tugira ukwizera gukomeye bibonekera mu kintu kimwe cabaye mu gihe c’ubusuku bwa Yezu. Igihe kimwe, Yezu yaragaburiye ku gitangaro ishengero ry’abantu bashika nka 5.000. Abo bantu barajorewe bongera bararyoherwa. Mugabo raba ivyakurikiye. Dusoma duti: “Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’akwiye kuza mw isi. Yesu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamwimike, asubira ku musozi ari wenyene gusa” (Yohana 6:10-15). Muri iryo joro nyene yaciye afata urugendo aja ahandi hantu. Kuba Yezu yaranse ko bamwimika ntibibuze kuba vyaravunye umutima benshi. Kanatsinda, yari yarerekanye ko afise ubukerebutsi buhagije bwotuma aba umwami be n’uko afise ububasha bwo kuronsa abantu ivyo bakeneye mu vy’umubiri. Ariko rero, igihe Yehova yashinze c’uko aba Umwami nticari bwagere. Bitayeko, Ubwami bwa Yezu bwari kuba ubwo mw’ijuru, ntibwari kuba ubwo mw’isi.

13, 14. Benshi bagaragaje ko babona ibintu mu buhe buryo, kandi ukwizera kwabo kwageragejwe gute?

13 Ariko ico nticabujije ko iryo shengero rikurikira Yezu ryivuye inyuma, kandi nk’uko Yohani abivuga, ryamusanze “hakurya y’ikiyaga”. Ni kubera iki iryo shengero ryamukurikiye kandi yari ahejeje kwanka ko bamugira umwami? Benshi bagaragaje ko babona ibintu mu buryo bw’umubiri, bakavuga badoma urutoke ku mfungurwa Yehova yari yarahaye abantu igihe bari mu bugaragwa mu gihe ca Musa. Bashaka kwerekana ko Yezu yari akwiye kubandanya abaronsa imfungurwa. Yezu amaze kubona ivyiyumviro bibi bari bafise mu mitima, yaciye atangura kubigisha ukuri kwo mu vy’impwemu kwari kubafasha kubogora ivyiyumviro vyabo (Yohana 6:17, 24, 25, 30, 31, 35-40). Ivyo vyatumye bamwebamwe bamwidodombera, canecane aho atangiye ikigereranyo kigira giti: “N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni mutarya umubiri w’Umwana w’umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bu[zima] mwogira muri mwebge. Ūrya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, ni we afise ubu[zima] budashira, nanje nzomuzura ku musi w’iherezo”.​—Yohana 6:53, 54.

14 Ibigereranyo Yezu yakoresha kenshi vyaratuma abantu berekana ko boba canke batoba vy’ukuri bipfuza kugendana n’Imana. Ico kigereranyo na co nyene cari gifise iyo ntumbero. Catumye abantu bivumbura. Dusoma duti: “Nuko benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga, bat’Iryo jambo riragoye: har’uworyumva akarishobora?”. Yezu yaciye asigura yuko bari bakwiye kurondera gutegera insobanuro yo mu buryo bw’impwemu yari muri ayo majambo. Yavuze ati: “Impwemu ni zo zitera ubu[zima], umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubu[zima]”. Ariko naho avugiye ivyo benshi ntibamwumvirije, kandi inkuru ijanye n’ivyo ivuga iti: “Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibāba bakijana na we”.​—Yohana 6:60, 63, 66.

15. Bamwebamwe mu bayoboke ba Yezu babona ibintu mu buryo bwiza ubuhe?

15 Ariko rero, si abigishwa ba Yezu bose bivumbuye. Tuvugishije ukuri, abigishwa b’abagumyabanga ntibatahura neza ivyo Yezu yari yavuze. Mugabo bagumye bizigira Yezu batanyiganyiga. Umwe muri abo bigishwa b’abagumyabanga ari we Petero, yaraseruye inyiyumvo abagumanye na Yezu bose bari bafise igihe yavuga ati: “Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubu[zima] budashira” (Yohana 6:68)? Ese ukuntu ako ari agatima keza kakaba n’akarorero keza igitangaza!

16. Ni gute twoshobora kugeragezwa, kandi ni ukubona ibintu neza ukuhe dukwiye gutsimbataza?

16 Muri iki gihe, twoshobora kugeragezwa nk’uko abo bigishwa bo mu ntango bageragejwe. Ku bitwerekeye, twoshobora kuvunwa umutima n’uko ivyo Yehova yasezeranye bitaranguka ningoga nk’uko twebwe ubwacu twavyipfuza. Twoshobora kwumva yuko insobanuro z’Ivyanditswe zitangwa mu bitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya zigoye gutahura. Twoshobora kuvunwa umutima n’ukuntu umukirisu mugenzi wacu yigenza. None izo mvo canke izindi nk’izo zoba zikwiye gutuma tureka kugendana n’Imana? Oya nawe! Ba bigishwa bareka gukurikira Yezu bagaragaje ko babona ibintu mu buryo bw’umubiri. Dukwiye kwirinda kubigana.

“Tweho ntitur’abo mu biyonjorora”

17. Ni ibiki vyodufasha kubandanya kugendana n’Imana?

17 Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana” (2 Timoteyo 3:16). Biciye kuri Bibiliya, Yehova aratubwira atomora ati: “Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana” (Yesaya 30:21). Kwumvira Ijambo ry’Imana biradufasha ‘kuguma twirinze cane uburyo tugenda’ (Abanyefeso 5:15). Kwiga Bibiliya no kuzirikana ku vyo twiga bituma ‘tubandanya kugendera mu kuri’ (3 Yohana 3). Emwe, nk’uko Yezu yabivuze, ‘impwemu ni yo itera ubuzima, umubiri nta co umaze’. Ubuyobozi bumwe rudende bwo kwizigirwa budufasha kuyobora intambuko zacu ni ubuyobozi bwo mu vy’impwemu, tukaba tuburonka biciye mw’Ijambo rya Yehova, ku mpwemu yiwe no kw’ishirahamwe ryiwe.

18. (a) Ni ibintu bitaranga ubukerebutsi ibihe bamwebamwe bagira? (b) Ni ukwizera nyabaki dutsimbataza?

18 Muri iki gihe, abagira umwikomo kubera babona ibintu mu buryo bw’umubiri canke kubera ivyo bari biteze bitarangutse, akenshi baca baja mu vyo gukoresha cane ivyo isi itanga. Kubera badatahura yuko ibintu vyihutirwa, ntibabona ko bikenewe ‘kuguma bagavye’, maze bagaca bahitamwo kwikurikiranira imigambi yabo iranga ubwikunzi aho gushira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere (Matayo 24:42). Iyo ngendo ntiranga ubukerebutsi na gato. Raba ivyo intumwa Paulo yanditse: “Tweho ntitur’abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa” (Abaheburayo 10:39). Nka kumwe kwa Henoki na Nowa, tubayeho mu bihe bidurumbanye, ariko cokimwe na bo twaratewe agateka ko kugendana n’Imana. Tugendanye n’Imana, tuba twizigiye tudakeka yuko tuzokwibonera iranguka ry’ivyo Yehova yasezeranye, ububisha bukaranduranwa n’imizi, n’isi nshasha igororotse ikabaho. Mbega ibintu vyiza twiteze!

19. Mika adondora gute ingendo abasavyi b’Imana b’ukuri bakurikira?

19 Umuhanuzi Mika ahumekewe n’Imana, yarerekeje ku mahanga yo mw’isi, avuga yuko rimwerimwe ryose ‘rizogendera mw’izina ry’imana yaryo’. Maze arivuga akongera akavuga n’abandi basavyi b’intahemuka, ati: “Tweho tuzogendera mw izina [“rya Yehova”, NW] Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira” (Mika 4:5). Nimba umwiyemezo ufise ari nk’uwo wa Mika, nugume wiyegereje Yehova naho ibihe turimwo vyodurumbana gute (Yakobo 4:8). Ese umwe wese muri twebwe icipfuzo ciwe kivuye ku mutima coba ico kugendana na Yehova Imana yacu ubu no gushitsa ibihe bitazohera!

Wokwishura gute?

• Ni amasano ayahe ari hagati y’igihe ca Nowa n’iki gihe?

• Ni ingendo iyihe Nowa n’umuryango wiwe bakurikiye, kandi twokwigana gute ukwizera kwabo?

• Ni ukubona ibintu mu buryo butari bwo ukuhe bamwebamwe mu bayoboke ba Yezu bagaragaje?

• Abakirisu b’ukuri biyemeje gukora iki?

[Ifoto ku rup. 20]

Nk’uko vyari biri mu Misi ya Nowa, ni na ko abantu muri iki gihe batwarwa n’ibikorwa vyabo vya misi yose

[Ifoto ku rup. 21]

Twebwe abamamaji b’Ubwami “ntitur’abo mu biyonjorora”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika