Woba ushobora kwigana Finehasi igihe ushikiwe n’ibintu bitoroshe?
KUBA umukurambere w’ishengero ni agateka kadasanzwe. Ariko rero, Ijambo ry’Imana riremera icese ko abakurambere bashikirwa n’ibintu bitoroshe. Rimwe na rimwe usanga babwirizwa gutunganya ibibazo bijanye n’ababa bakoze ibibi aho “[ba]ca imanza za Yehova.” (2 Ngo. 19:6) Canke umucungezi kanaka yoshobora gushingwa igikorwa yumva ko adashoboye nk’uko vyashikiye Musa, uwabajije yicishije bugufi ku bijanye n’igikorwa yari ashinzwe gukora, ati: “Jewe ndi nde ngo nje kwa Farawo?”—Kuv. 3:11.
Ivyanditswe, abavyanditse bakaba bari bayobowe na za nguvu nyene zikora zigena abakurambere, birimwo uburorero bw’abacungezi bavyifashemwo neza mu bigeragezo. Finehasi yari mwene Eleyazari akaba n’umwuzukuru wa Aroni, ku bw’ivyo akaba yobaye umuherezi mukuru. Ibintu bitatu vyabaye mu buzima bwiwe birerekana ko abakurambere bo muri kino gihe bategerezwa guhangana n’ibintu bitoroshe babigiranye umutima rugabo, ugutahura kwimbitse, n’ukwiheka kuri Yehova.
“Aca arahaguruka”
Finehasi yari umusore igihe Abisirayeli bari bakambitse mu Biyaya vya Mowabu. Bibiliya yigana iti: “Abantu batangura gushurashura n’abakobwa ba Mowabu. . . . Maze abantu batangura kurya no kwunamira imana zabo.” (Guh. 25:1, 2) Yehova yarateje ikiza cica abo bacumuzi. Woba ushobora kwiyumvira ukuntu ubwo bukozi bw’ikibi be n’ikiza bwakweze bitegerezwa kuba vyarababaje Finehasi?
Iyo nkuru ibandanya iti: “Ehe umugabo umwe wo muri bene Isirayeli araza, kandi yari azanye hafi ya bene wabo umugore w’Umumidiyanikazi mu maso ya Musa no mu maso y’ikoraniro ryose rya bene Isirayeli, mu gihe bariko baririra ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro.” (Guh. 25:6) None umuherezi Finehasi yari gukora iki? Yaboneka yuko akiri muto, uwo mucumuzi w’Umwisirayeli na we akaba yari umukuru yaja imbere abandi mu bijanye no gusenga.—Guh. 25:14.
Ariko Finehasi yatinya Yehova, ntiyatinya abantu. Igihe yakubita ijisho abo babiri, yaciye ubwo nyene atora icumu aca akurikira nya mugabo mw’ihema maze abatobekeranya bompi. Yehova yabonye gute umutima rugabo wa Finehasi be n’ukwo kuntu yaciye agira ico akoze? Yaciye ahagarika ico kiza yongera arahezagira Finehasi mu kumusezeranira yuko ubuherezi bwogumye mu muryango wiwe “gushika igihe kitagira urugero.”—Guh. 25:7-13.
Ego ni ko, muri kino gihe abakurambere bakirisu ntibakoresha ubukazi. Ariko rero nka kumwe kwa Finehasi, bategerezwa kuba biteguye kugira ico bakoze no kugira umutima rugabo. Nk’akarorero, uwitwa Guilherme yari amaze amezi makeyi gusa ari umukurambere igihe yasabwa kuja muri komite ncarubanza. Urwo rubanza rujanye n’ubukozi bw’ikibi rwari rwerekeye umukurambere yari yaramufashije igihe yari akiri muto. Guilherme avuga ati: “Kuba nari muri iyo komite vyaranteye ubuyega. Sinatora agatiro mw’ijoro. Naguma niyumvira ukuntu notunganya ico kibazo ntarinze kureka ngo inyiyumvo zanje zimbuze kubona ibintu mu buryo bw’impwemu. Namaze imisi itari mike nsenga, nongera ndagira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya.” Ivyo vyaramufashije kugira umutima rugabo yari akeneye kugira ngo atunganye ico kibazo kidasanzwe maze afashe mu vy’impwemu uwo muvukanyi wiwe yari yakoze ikosa.—1 Tim. 4:11, 12.
Iyo abakurambere bakoranye umutima rugabo n’ukudatebagana igihe ibiba vyabaye mw’ishengero bisaba ko babigenza gutyo, baba babaye uburorero bw’ukwizera n’ukudahemuka. Ariko ntiwumve, n’abandi bakirisu barakwiye gukorana umutima rugabo, bakamenyesha abakurambere ubukozi bw’ikibi boba bamenye. Muri ubwo buryo nyene, bisaba ukudahemuka kugira ngo umuntu ahagarike imigenderanire aba afitaniye n’umugenzi canke incuti iciwe mw’ishengero.—1 Kor. 5:11-13.
Ingene ugutahura kwimbitse kwatumye ibara ritagwa
Ibikorwa biranga umutima rugabo Finehasi yakoze ntivyari ibintu yagira gihuruduka, nka kurya abakiri bato bakunda kubigira. Raba ukuntu yerekanye ugutahura kwimbitse, ni ukuvuga ukuntu yakoranye ukwiyubara n’ukwigengesera, igihe iyindi nkuru yamugwa mu matwi. Umuryango wa Rubeni n’uwa Gadi hamwe n’igice c’umuryango wa Manase yarubatse igicaniro hafi y’uruzi Yorodani. Abandi Bisirayeli biyumviriye ko cokoreshejwe mu gusenga kw’ikinyoma baca bitegurira kubagabako igitero ca gisirikare.—Yos. 22:11, 12.
None Finehasi yavyifashemwo gute? Finehasi, ari kumwe n’abakuru b’Abisirayeli, yarayaze abigiranye ukwiyubara ivy’ico kibazo n’abari bubatse ico gicaniro. Iyo miryango yari yagirijwe yarerekanye neza ukuntu ibintu vyifashe, irasigura ko ico gicaniro cari kigenewe vy’ukuri “igikorwa ca Yehova.” Ivyo vyatumye ibara ritagwa.—Yos. 22:13-34.
Igihe umukirisu yumvise ikirego canke amajambo atabereye ku vyerekeye uwo basangiye ukwemera, ese ukuntu vyoba biranga ubukerebutsi yiganye Finehasi! Ugutahura kwimbitse kuratuma tudashavurira abavukanyi bacu canke ngo tubavugeko amajambo ataranga umutima mwiza.—Imig. 19:11.
Ugutahura kwimbitse gushobora gute gufasha abakurambere kuvyifatamwo nka Finehasi? Jaime, uno akaba amaze imyaka irenga cumi ari umukurambere, avuga ati: “Igihe umwamamaji kanaka atanguye kuvuga ivyerekeye ingorane afitaniye n’uwundi muntu, nca nsaba Yehova ngo amfashe singire aho mpengamira ahubwo nshobore gutanga ubuyobozi bushingiye ku Vyanditswe. Mushiki wacu umwe yarigeze kumbwira ingorane yari afise yerekeye ukuntu umuvukanyi umwe ajejwe amabanga mu rindi shengero yari yamufashe. Kubera ko uwo muvukanyi yari umugenzi wanje akomeye, vyari kunyorohera kuyaga na we. Aho kubigenza gutyo, twe n’uwo mushiki wacu twarazirikanye ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zitari nke. Yaremeye kubanza kwivuganira n’uwo muvukanyi. (Mat. 5:23, 24) Mugabo ntibaciye ubwo nyene bagiranira amahoro. Naciye rero ndamuhimiriza kwihweza izindi ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Yarafashe ingingo yo gusubira gusenga ku vyerekeye ico kibazo no kwihatira kubabarira uwo muvukanyi.”
None vyavuyemwo iki? Jaime avuga ivyo yibuka ati: “Haciye amezi atari make, uwo mushiki wacu yaranyegereye. Yaransiguriye ko uwo muvukanyi yahavuye yicuza ivyo yari yaravuze. Yaratunganije ivyo gukorana n’uwo mushiki wacu mu busuku maze aramukeza. Iyo ngorane yaciye itorerwa umuti. Noba nari gushika ku kintu ciza nk’ico iyo nca nisuka muri ukwo kutumvikana na rirya nasa n’uwufise aho mpengamiye?” Bibiliya ihanura iti: “Ntuje gushingisha urubanza gihutihuti.” (Imig. 25:8) Abakurambere bafise ugutahura kwimbitse bararemesha babigiranye ubukerebutsi abakirisu bafitaniye ingorane gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe kugira barondere amahoro kandi bayashikire.
Yarasiguza Yehova
Finehasi yaratewe agateka ko kuba umuherezi w’igisata catowe n’Imana. Nk’uko twabibonye, yari afise umutima rugabo udasanzwe n’ugutahura kwimbitse kudasanzwe n’igihe nyene yaboneka ko akiri muto. Ariko rero, kuba yaravyifatamwo neza mu bintu bitoroshe vyavana n’uko yizigira Yehova.
Inyuma y’aho incoreke imwe y’umugabo w’Umulewi ifatiwe ku nguvu ikongera ikagandagurwa n’abagabo b’i Gibeya, bano bakaba bari abo mu muryango wa Benyamini, iyindi miryango yaciye irondera gutera Ababenyamini. (Abac. 20:1-11) Imbere y’uko iyo miryango ibarwanya yarasenze Yehova imusaba ngo ayifashe, ariko yaratsinzwe incuro zibiri, abantu bayo benshi bakaba barahasize ubuzima. (Abac. 20:14-25) Boba bari kwiyumvira ko amasengesho yabo ata co yabamariye? Yehova yoba yaripfuza vy’ukuri ko bakosora ico kibi cari cakozwe?
Finehasi abigiranye ukwizigira gukomeye, ico gihe akaba yari umuherezi mukuru wa Isirayeli, yarongeye kuhaseruka. Yasenze ati: “Nsubire gusohoka nje mu rugamba kurwanya bene Benyamini mwene wacu canke ndeke?” Yehova yaciye atanga Ababenyamini mu kuboko kwabo, kandi i Gibeya hatongozwa umuriro.—Abac. 20:27-48.
Ni icigwa ikihe none twohakura? Ingorane zimwezimwe zishika mw’ishengero usanga zigumaho naho abakurambere baba bagize utwigoro dukomeye bakongera bagasenga basaba ko Imana yofasha. Mu gihe ivyo bishitse, vyoba vyiza abakurambere bibutse amajambo ya Yezu agira ati: “Mugume musaba [canke musenga], muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa.” (Luka 11:9) N’igihe nyene isengesho ryosa n’iritevye kwishurwa, abacungezi barashobora guhera amazinda yuko Yehova azoryishura ku gihe we abona ko kibereye.
Nk’akarorero, ishengero rimwe ryo muri Irilande ryari rikeneye cane Ingoro y’Ubwami, ariko uwari ajejwe ivy’ubwubatsi muri ako karere ntiyaborohereje. Yaranse kwemera imigero yose ijanye n’ikibanza abo bavukanyi bipfuza kwubakamwo. Vyaboneka yuko uwundi muntu wenyene yari gushobora kwemeza iyo migero yari uwari ajejwe ivy’ubwubatsi mu gihugu cose. Isengesho ryoba none ryari gufasha, nk’uko ryafashije mu gihe ca Finehasi?
Umukurambere umwe wo muri ako karere yigana ati: “Tumaze gusenga cane no kwinginga, twaragiye ku biro bikuru bijejwe ivy’ubwubatsi. Nabwiwe yuko hociye kumbure amayinga atari make ntarabonana n’uwo ajejwe ivy’ubwubatsi mu gihugu. Ariko rero, twarashoboye kubonana na we iminuta itanu. Amaze kubona ya migero yari yasubiwemwo, yaciye aduha uruhusha rwo kubandanya, kandi kuva ico gihe wa muntu yari ajejwe ivy’ubwubatsi muri ako karere yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo adufashe. Ico kintu cabaye caratumye turushiriza gutahura ububasha isengesho rifise.” Egome, Yehova azokwishura amasengesho avuye ku mutima aturwa n’abakurambere bamwihekako.
Finehasi yari ajejwe ibanga riremereye muri Isirayeli ya kera; yamara abigiranye umutima rugabo, ugutahura kwimbitse hamwe n’ukwiheka ku Mana, yarashoboye kuvyifatamwo neza mu bintu bitoroshe. Vyongeye, kuba Finehasi yaritwararika ishengero ry’Imana abigiranye umwete, vyatumye ashimwa na Yehova. Haciye nk’imyaka 1.000, Ezira yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Finehasi mwene Eleyazari, kera ni we yari indongozi yabo. Yehova yari kumwe na we.” (1 Ngo. 9:20) Ese vyomera gutyo ku bijanye n’abo bose baja imbere abandi mu basavyi b’Imana muri iki gihe, egome ku bijanye n’abakirisu bose bayikorera badahemuka.