ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/12 rup. 6-7
  • Icogufasha gutahura Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icogufasha gutahura Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGENE VYAGENDA KERA
  • INGENE BIGENDA MURI IKI GIHE
  • Umuhora wo kuri Internet udasanzwe
    Be maso!—2014
  • Ibirimwo
    Be maso!—2014
  • Ibirimwo
    Be maso!—2014
  • Ibirimwo
    Be maso!—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/12 rup. 6-7

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | URASHOBORA GUTAHURA BIBILIYA

Icogufasha gutahura Bibiliya

Dufate ko ugiye mu gihugu kanaka ari bwo bwa mbere. Urabona ibintu vyinshi utamenyereye, uri abantu, imico kama, ibifungurwa be n’amahera. Birumvikana ko bitobura kukuvuruga mu bwenge.

Woshobora kwumva umerewe gutyo nyene igihe usomye Bibiliya ari bwo bwa mbere. Ni nk’aho woba ugiye mu gihugu ca kera utari uzi. Muri ico gihugu urahasanga abantu bitwa Abafilisitiya n’imigenzo utamenyereye nko ‘gutantamura impuzu,’ canke ukamenya ibijanye n’ibifungurwa vyitwa manu be n’igiceri citwa idarakima. (Kuvayo 16:31; Yosuwa 13:2; 2 Samweli 3:31; Luka 15:9) Ivyo vyose vyoshobora kukuvuruga mu bwenge. Nka kurya bigenda igihe umuntu agiye mu gihugu kanaka ari bwo bwa mbere, ubwo ntiwoshima ko hagira umuntu agusigurira ivyo bintu?

INGENE VYAGENDA KERA

Igihe Bibiliya yatangura kwandikwa mu kinjana ca 16 imbere ya Kristu, abantu barafashijwe kuyitahura. Nk’akarorero, indongozi ya mbere y’ihanga rya Isirayeli ari yo Musa, ‘yaratanguye gusigura’ ivyari bimaze kwandikwa.​—Gusubira mu vyagezwe 1:5.

Inyuma y’ibinjana nka cumi, hari hakiriho abantu bashoboye kwigisha Ivyanditswe. Mu 455 imbere ya Kristu, umugwi munini w’Abayuda urimwo n’abana benshi, warakoraniye mu kibanza ca bose mu gisagara ca Yeruzalemu. Muri ico kibanza, abigisha Bibiliya ‘barasomye n’ijwi ryumvikana muri ico gitabu’ ceranda. Ariko barakoze n’ibindi. Barafashije abantu gutahura ivyariko birasomwa.​—Nehemiya 8:1-8.

Haciye ibinjana bitanu, Yezu Kristu yarakoze igikorwa nk’ico co kwigisha. Kukaba nkako abantu bamwita umwigisha. (Yohani 13:13) Yarigishije imigwi y’abantu n’umuntu umwumwe ukwiwe. Igihe kimwe yarigishije isinzi ry’abantu abashikiriza ya nsiguro izwi cane yatanga ari ku musozi kandi “amasinzi [yarajorejwe] n’uburyo yigisha.” (Matayo 5:1, 2; 7:28) Mu 33 Yezu yaraganiriye n’abigishwa biwe babiri igihe bari ku nzira baja mu gisagara kiri hafi ya Yeruzalemu, ‘arabasigurira Ivyanditswe.’​—Luka 24:13-15, 27, 32.

Abigishwa ba Yezu na bo nyene barigisha Ijambo ry’Imana. Igihe kimwe, umutegetsi umwe ava muri Etiyopiya yariko arasoma mu Vyanditswe. Umwigishwa yitwa Filipo yaramwegereye amubaza ati: “Uratahura vy’ukuri ivyo uriko urasoma?” Uwo Munyetiyopiya yishuye ati: “Mu vy’ukuri, noshobora gute kubitahura hatagize uwundongōra?” Filipo yaciye amusobanurira ivyo yariko arasoma.​—Ivyakozwe 8:27-35.

INGENE BIGENDA MURI IKI GIHE

Nk’uko abigisha ba Bibiliya ba kera babigira, muri kino gihe Ivyabona vya Yehova barigisha Bibiliya hirya no hino kw’isi mu bihugu 239. (Matayo 28:19, 20) Ku ndwi ku ndwi barafasha abantu barenga imiliyoni icenda gutahura Bibiliya. Benshi muri abo bantu usanga atari abakirisu. Ivyo vyigwa bitangwa ku buntu kandi umuntu arashobora kwigira iwe canke ahandi hantu hamworohereza. Mbere hari abiga bakoresheje telefone canke orodinateri.

Nimba wipfuza kwungukira kuri ivyo vyigwa, turagusavye witure Icabona ca Yehova uwo ari we wese. Uzobona ko Bibiliya atari ishamba, ahubwo ko ari “ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi,” kugira ngo ube “uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.”​—2 Timoteyo 3:16, 17.

Raba kuri www.pr418.com ividewo ivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

Raba kuri www.pr418.com ividewo ivuga ngo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya

Umuhora wacu

Umugore ari kuri jw.org ariko arafata akayi

Woshima kwirabira wewe ubwawe ibivugwa muri Bibiliya? Kugira ubishikeko ja ku muhora wa jw.org. Uwo muhora urawusangako amakuru yerekeye Bibiliya mu ndimi zirenga 700. Hari aho wohimbarwa no kumenya ibijanye n’ibiganiro nk’ibi:

Ibibazo abantu bakunda kubaza

  • Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

  • Kubera iki abantu bapfa?

  • Bigenda gute iyo upfuye?

(Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA)

Ingorane z’umuntu ku giti ciwe

  • Ico wokora igihe wishwe n’umubabaro

  • Ico wokora urwaye indwara idakira

  • Ingorane z’amahera be n’amadeni

(Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA)

Icofasha umuryango

  • Gufata ingingo mu mwumvikano

  • Ingene wotoza indero umwana wawe w’umuyabaga

  • Kwigisha abana ingingo zigenga inyifato runtu

(Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA >ABUBATSE BE N’ABAVYEYI)

Impanuro zerekeye imiyabaga

  • Ico wokora igihe hari uwukubuza amahoro

  • Ico wokora igihe hari uwugutoteza

  • Ingene wotsinda irungu

(Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IMIYABAGA)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika