ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp17 no. 4 rup. 3
  • Ikibazo gitesha umutwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikibazo gitesha umutwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima Inyuma yo Gupfa—Abantu Bavyemerako Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Hoba Hariho Ubuzima Inyuma yo Gupfa?
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
  • Bitugendera gute iyo dupfuye?
    Be maso!—2015
  • Ubugingo Bibugendera Gute Iyo Umuntu Apfuye?
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
wp17 no. 4 rup. 3
Umugore afise irozari mu minwe, ariko arasenga ari imbere y’amabuji yaka

Abanywanyi b’amadini makurumakuru nka yose bemera ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA IVUGA IKI KU VYEREKEYE UBUZIMA N’URUPFU?

Ikibazo gitesha umutwe

ABANTU ntibabona kumwe ivyerekeye ubuzima n’urupfu. Bamwe biyumvira ko nibapfa bazobandanya kubaho mu bundi buryo canke mu kandi karere. Abandi biyumvira ko nibapfa bazosubira kuvukira mu kindi kiremwa. Hari n’abiyumvira ko umuntu apfuye, ivyiwe biba biheze.

Na wewe ushobora kuba ufise ukuntu ubitahura, bivanye naho wakuriye canke imico kama y’iwanyu. None ko abantu batabona kumwe ico kibazo gitesha umutwe, twokura hehe inyishu y’ukuri?

Indongozi z’amadini ziramaze imyaka amajana n’amajana zigisha ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa. Abanywanyi b’amadini makurumakuru nka yose, ni ukuvuga abakirisu, abahindu, abayahudi, abisilamu be n’abandi, bemera yuko hapfa ikibiribiri, umutima w’ubwenge na wo ugaca wigira kuba mu karere k’impwemu. Ababuda bobo bemera ko umuntu aza arapfa yongera avukira mu bindi biremwa incuro n’izindi, kugeza ashitse mu buhirwe ntangere bita Nirvana.

Abantu bariko barashira ibifungurwa ku mva z’ababo bapfuye

Izo nyigisho rero zatumye abantu benshi bemera yuko urupfu ari irembo rishikana mu bundi buzima. Abenshi baca babona ko urupfu ari intambwe ihambaye mu rukurikirane rw’ivyo umuntu acamwo mu buzima, be n’uko gupfa ari integuro y’Imana. None Bibiliya ibivugako iki? Turakwinginze usome ikiganiro gikurikira. Inyishu Bibiliya itanga hari aho yogutangaza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika