ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp17 no. 4 rup. 4-7
  • Ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubuzima n’urupfu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubuzima n’urupfu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • BIBILIYA IRATANGA INYISHU ITOMOYE
  • INYIGISHO YA GIPAGANI ITSIMBATARA
  • “UKURI KUZOBAGIRA ABIDEGEMVYA”
  • Uburyo Wemera Izuka Bukomeye ku Rugero Rungana Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Abapfuye bari hehe?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ubuzima Inyuma yo Gupfa—Abantu Bavyemerako Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ni ibiki vy’ukuri bishikira umuntu iyo apfuye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
wp17 no. 4 rup. 4-7
Ikiziga kiri mu kinogo

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ICO BIBILIYA IVUGA KU VYEREKEYE UBUZIMA N’URUPFU

Ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubuzima n’urupfu

Inkuru yigana ivy’irema iri mu gitabu c’Itanguriro, ivuga ko Imana yabwiye umuntu wa mbere Adamu iti: “Igiti cose co muri uwo murima urashobora kukiryako ugashira ipfa. Mugabo ku vyerekeye igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, ntuze ukiryeko, kuko umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza.” (Itanguriro 2:16, 17) Ayo majambo arerekana mu buryo butomoye yuko iyo Adamu agamburukira Imana atari gupfa, ahubwo ko yogumye yibera mw’itongo rya Edeni.

Adamu na Eva barashaje

Ikibabaje ni uko Adamu atagamburukiye Imana ngo aheze yibereho ibihe bidahera. Yahisemwo kurenga itegeko ry’Imana mu kurya icamwa yari yaramubujije, agihawe n’umugore wiwe Eva. (Itanguriro 3:1-6) N’ubu turashikirwa n’ingaruka z’ico kintu yakoze. Intumwa Paulo yabisiguye muri aya majambo, ati: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” (Abaroma 5:12) Uwo “muntu umwe” si uwundi atari Adamu. None ico gicumuro cari nyabaki, kandi kubera iki cakweze urupfu?

Ico gicumuro Adamu yakoze ni ukurenga kw’itegeko ry’Imana n’ibigirankana. (1 Yohani 3:4) Nk’uko Imana yabibwiye Adamu, ingero y’icaha ni urupfu. Iyo Adamu n’abamukomotseko baguma bumvira itegeko ry’Imana, ntibocumuye kandi ntibokwigeze bapfa. Imana ntiyaremye abantu kugira bapfe, ahubwo yabaremye kugira babeho, mbere ibihe bidahera.

Nta wohakana ko urupfu ‘rwakwiye ku bantu bose,’ nk’uko Bibiliya ibivuga. Ariko none, muri twebwe hoba hari ikintu kibandanya kubaho tumaze gupfa? Abenshi ni ko bavuga. Mugabo rero ivyo nta ho bitaniye no kuvuga ko Imana yahenze Adamu. Uti gute? Nimba hari ikintu kituvamwo iyo dupfuye maze kikabandanya kubaho mu kandi karere, urupfu ntirwoba rukiri ingero y’icaha nk’uko Imana yabivuze. Bibiliya ivuga yuko “bidashoboka ko Imana ibesha.” (Abaheburayo 6:18) Mu bisanzwe, Shetani ni we yabeshe igihe yabwira Eva ati: “Haba namba ntimuzopfa.”​—Itanguriro 3:4.

Ivyo bituma twibaza duti: ‘Nimba inyigisho y’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa ari ikinyoma, none iyo umuntu apfuye bigenda gute?’

BIBILIYA IRATANGA INYISHU ITOMOYE

Inkuru yo mw’⁠Itanguriro ivuga ivy’irema, igira iti: “Nuko Yehova Imana abumba umuntu mu mukungugu w’ubutaka araheza ahuhira mu mazuru yiwe impemu y’ubuzima, maze nya muntu aba umuntu muzima.” Imvugo ngo “umuntu muzima” yavuye mw’ijambo ry’igiheburayo nefeshi (ne’phesh), risobanura ngo “ikiremwa gihumeka.”​—Itanguriro 2:7, akajambo k’epfo.

Bibiliya irerekana neza ko Imana yahaye Adamu “impemu y’ubuzima,” ari yo nguvu y’ubuzima, maze Adamu aca aba muzima. Ariko ntivuga ko Imana yamuhaye ico bamwe bita ngo umutima w’ubwenge udapfa. Kanatsinda, naho worara urarondera, nta na hamwe muri Bibiliya wosanga iyo mvugo ngo “umutima w’ubwenge udapfa.”

None ko Bibiliya itavuga yuko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, amadini yakuye hehe iyo nyigisho? Vyose vyatanguriye mu Misiri ha kera. Reka tubirabe.

INYIGISHO YA GIPAGANI ITSIMBATARA

Umuhinga mu vya kahise w’Umugiriki yitwa Herodote wo mu kinjana ca gatanu imbere ya Kristu, yavuze ko Abanyamisiri ari bo “bantu batanguye kuvuga ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa.” Abanyababiloni na bo nyene wasanga bemera ico ciyumviro naho batagishimikako cane. Igihe umwami w’Ubugiriki Alegizandere Mukuru yigarurira akarere k’Abarabu mu 332 imbere ya Kristu, abafilozofe b’Abagiriki bari baratsimbataje iyo nyigisho. Bidatevye, yaciye ikwiragira mu karere kose katwarwa n’Ubugiriki.

Nta na hamwe muri Bibiliya wosanga imvugo ngo “umutima w’ubwenge udapfa”

Mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, utudumbi tubiri nyamukuru tw’idini ry’Abayuda, ni ukuvuga Abaseni n’Abafarizayo, twigisha ko hapfa ikibiribiri, umutima w’ubwenge ukabandanya kubaho. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The Jewish Encyclopedia) kivuga giti: “Inyigisho ivuga ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa yinjiye mu Bayuda igihe batangura kwumva ivyiyumviro vy’Abagiriki, na canecane filozofiya ya Pulato.” Umuhinga mu vya kahise w’Umugiriki Josèphe, na we nyene yabona ko iyo nyigisho itavuye mu Vyanditswe vyeranda, mugabo ko ari “ukwemera kw’Abagiriki,” akayifata nk’icegeranyo c’imigani n’ibitito.

Uko imico y’Abagiriki yagenda irakwiragira hose, abiyita abakirisu na bo nyene bahavuye bemera iyo nyigisho ya gipagani. Umuhinga mu vya kahise yitwa Jona Lendering yavuze ati: “Iciyumviro ca Pulato c’uko umutima wacu wigeze kuba ahantu heza cane mugabo ubu ukaba uba mw’isi mbi, caratumye filozofiya yiwe ivangana n’inyigisho za gikirisu bitagoranye.” Ukwo rero ni ko inyigisho ya gipagani y’uko ngo dufise umutima w’ubwenge udapfa yinjiye mu madini yitwa ngo ni ay’abakirisu, irahava ija mu nyigisho zayo nyamukuru.

“UKURI KUZOBAGIRA ABIDEGEMVYA”

Mu kinjana ca mbere, intumwa Paulo yagabishije abakirisu ati: “Ijambo ryahumetswe rivuga ritomora yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ukwizera, bagakurikira amajambo y’amahumekano azimiza be n’inyigisho z’amadayimoni.” (1 Timoteyo 4:1) Emwe, kwabaye ukuri nk’ukurima! Inyigisho ivuga ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa ni imwe gusa muri izo “nyigisho z’amadayimoni.” Ntishingiye kuri Bibiliya, ahubwo ikomoka mu madini ya kera y’abapagani no mu mafilozofiya y’abantu.

Ariko igishimishije, Yezu yavuze ati: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yohani 8:32) Kumenya neza ukuri kwo muri Bibiliya, biratuma tuvavanura n’inyigisho be n’imigenzo bisiga iceyi Imana usanga bishigikirwa n’amadini menshi. Vyongeye, ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana kuratubohora imigenzo be n’ibintazi bifitaniye isano n’urupfu.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Abapfuye bari hehe?”

Imana ntiyaremye umuntu ngo abe kw’isi imyaka 70 canke 80 gusa, hanyuma ngo ace aja kuba mu kandi karere ibihe bidahera. Umuremyi yashaka nyabuna ko abantu boba ng’aha kw’isi ibihe bidahera, bamugamburukira nk’abana biwe. Uwo mugambi udasanzwe Imana ifitiye abantu urerekana ko ibakunda cane, kandi ntuzobura kuranguka. (Malaki 3:6) Amajambo umwanditsi wa zaburi yavuze araduhumuriza. Agira ati: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​—Zaburi 37:29.

Wipfuza kumenya ibindi Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubuzima n’urupfu, raba ikigabane ca 6 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka no kuri www.pr418.com

Abantu boba bashobora kubaho ibihe bidahera?

Mu myaka mikeya iheze, abashakashatsi baramenyesheje ko bubuye mu mazi ibiterwa bavuga ko bimaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi. Bishobora kuba ari vyo biramba cane kuruta ibindi binyabuzima vyose vyo kw’isi. Ivyo biterwa ni ivyo mu bwoko bw’ivyitwa Posidonia oceanica, bikaba ari vyo vyiganje munsi y’ikiyaga Mediterane, mu gace kari hagati ya Espanye na Shipre.

Nimba ibiterwa bishobora kuramba gutyo, abantu bo bite? Abanyasiyansi bamwebamwe biga ibijanye n’ugusaza babona ko abantu bashobora kuramba cane. Nk’akarorero, igitabu kimwe kivuga ibijanye n’ico kintu, cemeza ko caciye mu mizi “amaterambere atandukanye siyansi igezeko” mu bijanye no kuramba. Igisigaye rero, ni ukurindira tukaraba nimba iterambere mu vya siyansi rizohava rituma abantu baramba kuruta.

Naho ari ukwo, iterambere mu vya siyansi si ryo rizotuma abantu bashobora kubaho ibihe bidahera. Bibiliya yerekana ko Umuremyi wacu Yehova Imana, ari we azotuma bishoboka. Ivuga iti: “Iwawe [ni] ho hari isôko ry’ubuzima.” (Zaburi 36:9) Yezu na we yabwiye Imana mw’isengesho ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Ego cane, akigoro tugira ko kumenya no guhimbara Yehova Imana n’Umwana wiwe Yezu Kristu, ntikazobura kuvamwo imihezagiro y’ibihe bidahera.

Ibiterwa vyo mu mazi

Abashakashatsi bavuga ko ibiterwa bimwebimwe vyo mu mazi vy’ubu bwoko bimaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi

ABAPFUYE BARI HEHE?

Yezu arazuye Lazaro

Muri make, Bibiliya ivuga ko abapfuye bari mu mva, bakaba barindiriye izuka. (Yohani 5:28, 29) Ntibariko barababara, kuko “abapfuye, [ata] co bazi namba.” (Umusiguzi 9:5) Mu vyo Yezu yigishije, urupfu yarugereranije n’itiro rinini. (Yohani 11:11-14) Ntidukwiye rero gutinya abasinziriye mu rupfu, canke ngo tubashikanire ibimazi kugira ngo tubatururuze. Ntibashobora kudufasha canke kutugirira nabi, kuko mu kuzimu “ata gikorwa, canke umugambi, canke ubumenyi, canke ubukerebutsi” biriyo. (Umusiguzi 9:10) Ariko igishimishije, Imana izokuraho urupfu burundu biciye kw’izuka.​—1 Abakorinto 15:26, 55; Ivyahishuwe 21:4.

Igituma wokwizigira ibivugwa muri Bibiliya

Turashobora kwizigira ata mazinda yuko Bibiliya ivuga ukuri. Uti kubera iki? Rimbura ivyiyumviro bikurikira:

  • Iryubi be n’agakono k’irangi

    Uwo ikomokako: Bibiliya igizwe n’ibitabu 66 vyanditswe n’abantu nka 40, mu kiringo c’imyaka 1600. Yanditswe kuva mu 1513 imbere ya Kristu gushika mu 98 inyuma ya Kristu. Naho ari ukwo, ibiri muri yo vyose birahuza. Ivyo vyerekana ko ikomoka ku Mana Mushoboravyose. Ni yo yahishuriye abo bantu ivyo banditse muri Bibiliya.

  • Inkingi

    Irahuza na kahise: Inkuru zivugwa muri Bibiliya zirahuza neza n’ivyo abahinga mu vya kahise bubuye. Igitabu kimwe (A Lawyer Examines the Bible) kigira giti: “Inkuru zivugwa mu bitabu vy’urukundo, mu bitito be n’inkuru z’ikinyoma, usanga zidatomora aho ibintu vyabereye canke ikiringo vyabereyeko, . . . inkuru zo muri Bibiliya zozo ziradomako neza amatariki be n’igihe ibintu vyabereyeko.”

  • Atome

    Irahuza na siyansi: Naho Bibiliya atari igitabu ca siyansi, igihe ivuga ibintu bijanye na siyansi, usanga idahusha naho iba yabivuze kera cane imbere y’uko abanyasiyansi bavyubura. Nk’akarorero, mu gitabu c’​Abalewi ikigabane ca 13 n’ica 14, haravugwamwo amategeko atandukanye Abisirayeli bahawe ku bijanye n’isuku be no gushira umurwayi ukwa wenyene igihe arwaye indwara yandukira. Aho hari kera cane abantu bataragira ico bamenya ku bijanye n’imigera be n’ukwanduzanya indwara. Bibiliya iravuga kandi ko isi ari umubumbe be n’uko yenena mu kirere, ivyo abanyasiyansi bakaba babitahuye haciye imyaka amajana n’amajana Bibiliya yarabivuze.​—Yobu 26:7; Yesaya 40:22.

Ubwo ni uburorero bukeya gusa bwerekana ko Bibiliya ivuga ukuri, igihe ivuga iti: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu.”​—2 Timoteyo 3:16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika