Indinganizo Yacu Yoroheje yo Gutanga Ibisohokayandikiro
1 Iyo ndinganizo yoroheje yo gutanga ibisohokayandikiro ata mahera asabwe iramaze hafi amezi icenda ishizwe mu ngiro. None iyo ndinganizo yoba yararoraniwe? Amaraporo yo mu murimo wo mu ndimiro arahishura iyongerekana ry’ibinyamakuru vyatanzwe mu mice imwimwe. Mu buryo bw’ikigereranyo abantu amamiliyoni bariko barahabwa akaryo ko ‘kuza . . . kwakira amazi y’ubuzima ku buntu.’—Ivyah. 22:17.
2 Ariko rero, ntidutegerezwa gupfa uwo duhaye ibisohokayandikiro vyacu ngo ni uko avyakiriye, kandi ico si co cipfuzo cacu. Nka kurya nyene dukoresha n’ubukerebutsi ibintu vyacu bwite, umwamamaji wese ari n’ibanga ryo gukoresha n’ubukerebutsi ibisohokayandikiro aronka ata mahera atanze abihawe na Sosiyete biciye kw’ishengero ry’iwabo. Kuba Sosiyete ironsa abamamaji ibisohokayandikiro vyayo ata mahera batanze ntibisigura yuko ata mahera akoreshwa mw’ihingurwa be n’igabanganywa ryavyo. Twese turakwiye canecane gukenguruka agaciro k’ibisohokayandikiro vyacu mu gufasha abantu b’imitima y’inziraburyarya barondera ubumenyi nyakuri bwerekeye Yehova Imana n’Umwana wayo Yezu Kirisitu.—Yoh. 17:3.
3 None Sosiyete ishobora gute kuronsa bose ibisohokayandikiro vyayo ata mahera ibasavye? Amahera ategerezwa gukoreshwa mw’icapurwa be n’irungikwa ryavyo aboneka biciye ku ntererano. Abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye ni bo soko nyamukuru ry’ukwo gushigikira. Ivyabona vya Yehova ntibigeze bitega yuko abantu bo hanze baba ari bo bashigikira iki gikorwa cihutirwa cane co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Kuva kera hose eka canke ubu ntitwigeze tuja mu vyo gutoza amahera mu bantu. Ariko rero, turashima intererano ntonto zivuye ku bashimishijwe vy’ukuri be n’abantu bakenguruka duhura nabo mu ndimiro.