Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura ku wa 13 Myandagaro
Ururirimbo rwa 18 (162)
Imin. 13: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Aho amakaseti videwo aboneka nuremeshe umwe wese kuraba ya videwo yataziriwe ngo La Société du Monde Nouveau en action. Nimuvuge ivyerekeye “Porogarama Nshasha y’Umusi w’Iteraniro Ridasanzwe.” Nutangaze igenekerezo ry’umusi w’iteraniro ridasanzwe rizokurikira, kandi uhimirize bose kwitaba porogarama yose uko ingana. Nuremeshe abamamaji kugira ngo batumire abashasha bashimishijwe hamwe n’abiga Bibiliya.
Imin. 17: “Woba Ushaka Gukora Vyinshi?”a Nushiremwo inama zerekeye ingene umuntu yokora vyinshi kugira ngo ashinge intahe ku bantu bavuga indimi zitandukanye bari mu cibare canyu. Nutange insasanuro ngufi ku Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku 15 Ruheshi 1997, urupapuro 26-29.
Imin. 15: “Nugumize Ivyo Kwinezereza mu Kibanza Bibereye.” Umurongozi w’inyigisho y’igitabu aganire n’umugabo be n’umugore wiwe inyuma y’inyigisho. Navuge abigiranye ubugwaneza yuko ubuheruka atababonye mu murimo wo mu ndimiro canke ku makoraniro yo ku mpera y’umushamvu. Uwo mugabo n’umugore barasigura yuko ukuruhuka hamwe n’ibindi bikorwa vyabafatiriye. Umukurambere arihweza ivyiyumviro nyamukuru biri muri ico kiganiro, agafasha uwo mugabo n’umugore kubona yuko ivy’impwemu bikwiye nantaryo kuja mu kibanza ca mbere. Bano baraserura ko bakengurutse ku bw’ivyo bintu vyiza abibukije. Baremera yuko bagiye kuzoshira imbere ibintu bihambaye kuruta ibindi.—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku 1 Gitugutu 2000, urupapuro rwa 28-29.
Ururirimbo rwa 23 (200) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 20 Myandagaro
Ururirimbo rwa 16 (143)
Imin. 8: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 15: “Uri ‘Akābarore’!”b Nuvuge ibintu bimwebimwe vyashitse aho iwanyu vyatumye abantu bavuga amajambo meza ku vyerekeye igikorwa canke inyifato vy’Ivyabona vya Yehova.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ntwarante 1998, urupapuro rw’10 n’Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Nzero 1999, urupapuro rwa 32.
Imin. 22: “Urupfasoni Ni Kamere Iranga Abantu Bubaha Imana.” Umukurambere atange insiguro y’iminuta itanu kuva ku ngingo ya 1-5. Hanyuma nace aganira ivyibukijwe muri ico kiganiro n’uwundi mukurambere hamwe n’umukozi w’ishengero. Nibavuge ivyerekeye ukuntu umuntu yotsinda utumenyero tumwetumwe tw’ukutitwararika abandi dushobora gusamaza abantu ku makoraniro yacu kandi tukagabanya inyungu tuhakura. Barashimika ku kuntu ukwifatanya kwacu n’abandi ari ikintu kiremesha vy’ukuri igihe tugaragaza ko twitwararikana urukundo ineza y’abandi.—Flp. 2:4.
Ururirimbo rwa 3 (32) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 27 Myandagaro
Ururirimbo rwa 5 (46)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo z’umurimo wo mu ndimiro z’ukwezi kwa Myandagaro. Nushikirize iciyumviro kimwe canke bibiri ku kuntu igitabu Mtu Mkuu Zaidi gishobora gushikirizwa mu busuku muri Nyakanga.—Raba uburorero mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Ruheshi 1998, urupapuro rw’8 no mu Gikorwa Dukorera Ubwami (mu Gifaransa) co muri Kigarama 1994, urupapuro rw’8.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu. Nimwihweze kandi ahavuga hati: “Nutegekanye Umwanya wo Gutanga Ibinyamakuru.”
Imin. 25: “Uburyo bw’Ukugira Abantu Abayoboke Dukoresheje Igitabu Ubumenyi.” Inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1996. Insiguro ikuwe mu ngingo ya 12-16 y’iyo nyongera. Nushiremwo imyerekano ibiri y’inyigisho ya Bibiliya iriko irarongorwa. Umwerekano wa mbere werekane ingene umuntu amenyereza umutohoji gutegura icigwa mu gushimika canke mu guca umurongo ku majambo nyamukuru canke ku mungane y’ishimikiro ajanye neza n’inyishu y’ibibazo. Umwerekano ugira kabiri na wo werekane ico umuntu yovuga kugira ngo aremeshe umutohoji wa Bibiliya kwitaba Ikoraniro ry’Insiguro y’icese hamwe n’icigwa c’Umunara w’Inderetsi.
Ururirimbo rwa 11 (85) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 3 Nyakanga
Ururirimbo rwa 12 (113)
Imin. 8: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru Twa Gitewokarasi.
Imin. 17: “Ukwifatanya n’Abakirisu Bagenzi Bacu Bihambaye Ukungana Iki?”c Nushiremwo insasanuro ziri mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku 15 Nzero 1996, urupapuro rwa 22, musi y’agatwe kavuga ngo: “L’aide de la congrégation.”
Imin. 20: Igihe Umuntu Avuze . . . Ikiganiro hamwe n’imyerekano. Mu busuku, igihe abantu bavuze amajambo canke bakavyura ibibazo tutari twiteze, turakwiye kugerageza kwishura aho guhindura ico kibazo canke guhagarika ikiyago. Igitabu Kutoa Sababu kizodufasha kenshi ku bijanye n’ivyo. Niwerekane amajambo amwamwe akunda kuvugwa, maze usabe abamamaji bagire umwerekano w’ingene bishura bakoresheje amajambo ari mu gitabu Kutoa Sababu. Nk’akarorero: Umuntu avuze ati: ‘Sinemera Imana.’ (urupapuro rw’223-224) ‘Ni kuki mwebwe ataco muterera mu twigoro tugirwa kugira ngo ikibano kirushirize kuba ciza?’ (urupapuro rw’187-188) ‘Idini ryose urimwo ntaco ritwaye.’ (urupapuro 320) Nuremeshe bose gukoresha ivyo bintu biri mu gitabu Kutoa Sababu igihe havyutse ibintu batari biteze mu busuku.
Ururirimbo rwa 21 (191) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.