ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/01 rup. 3-4
  • Urupfasoni Ni Kamere Iranga Abantu Bubaha Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urupfasoni Ni Kamere Iranga Abantu Bubaha Imana
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Tugaragaze imico myiza kuko turi abasuku b’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Kugira imico myiza vyoba bihambaye?
    Urwaruka ruribaza
  • Bavyeyi—Nimubere Abana Banyu Akarorero Keza
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Niwigishe abana bawe kwubaha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 8/01 rup. 3-4

Urupfasoni Ni Kamere Iranga Abantu Bubaha Imana

1 Urupfasoni ni imbonekarimwe muri iki gihe. Ni kuki ivyo ari ukwo bimeze? Abantu usanga bihuta ku buryo biyumvira gake ivyerekeye amajambo y’ishimikiro aranga urupfasoni, nk’ukuvuga ngo “Ndakwinginze,” “Urakoze” canke ngo “Urantunga.” Ijambo ry’Imana ryarabuye yuko urupfasoni rworushirije gutituka mu misi y’iherezo, igihe rivuga yuko abantu bobaye ‘bikunda gusa, birarira, bibona, badashima, badakunda n’ababo, batigarura, badakunda ivyiza kandi ari ibirandamuke.’ (2 Tim. 3:1-4) Mwene izo ngeso zose ziranga ukubura urupfasoni. Kubera Abakirisu ari abantu bibanga Imana, bategerezwa kuba maso kugira ngo ntibigane ukutubahana kuri muri iyi si.

2 Urupfasoni Ni Iki? Urupfasoni rushobora kudondorwa ko ari ukwitwararika inyiyumvo z’abandi, ugushobora kubana n’abandi mu mahoro. Ibigize urupfasoni ni ukwubahiriza abandi, ukugira umutima mwiza, indero nziza, ukwigengesera n’ukwitaho abandi. Izo kamere zishingiye ku rukundo umuntu akunda Imana na mugenzi we. (Luka 10:27) Nta co umuntu azigura, mugabo zifise agaciro kanini, zigatuma turyohora ubucuti dufitaniye n’abandi.

3 Yezu Kirisitu yaratanze akarorero keza utoraba. Yama nantaryo ashira mu ngiro rya Tegeko ry’Agakura, rigira riti: “Uko mugomba kw abantu babagirira, mube ari ko mubagirira namwe.” (Luka 6:31) None ntidutangazwa n’ukuntu Yezu yakorana n’abigishwa biwe mu buryo buranga ukubitaho n’urukundo? (Mat. 11:28-30) Urupfasoni rwiwe ntirwava ku mategeko yanditse mu bitabu bishinga uburyo bwo kugira urupfasoni. Rwava ku mutima uzira uburyarya kandi mwiza. Dutegerezwa kwihatira kwigana akarorero kiwe keza.

4 Ni ryari Abakirisu bakeneye kugira urupfasoni? Hoba ari mu bihe bidasanzwe gusa, igihe bashaka kuboneka neza? Rwoba rukenewe igihe gusa bihatira kugira akosho ku bandi? Oya! Dukwiye kugaragaza urupfasoni igihe cose. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe dukwiye kwitwararika canecane ico kintu igihe tuba turi kumwe n’abandi bo mw’ishengero?

5 Ku Ngoro y’Ubwami: Ingoro y’Ubwami ni ikibanza dusengeramwo. Tuba twitavye ubutumire twahawe na Yehova Imana. Muri ubwo buryo, tuba turi abashitsi. (Zab. 15:1) Twoba turi abashitsi b’intangakarorero igihe tuja ku Ngoro y’Ubwami? Twoba twitwararika bimwe bibereye uburyo twambara n’uburyo twitunganya? Nta nkeka ko dukwiye kwirinda gupfa ukwo twisharije, canke kwishariza birenze urugero. Baba bitavye amahwaniro canke amakoraniro y’Abakirisu agirwa ku ndwi ku ndwi, abasavyi ba Yehova bavugwa neza kubera baboneka mu buryo bubereye abavuga ko batinya Imana. (1 Tim. 2:9, 10) Ni co gituma tugaragaza ko twitwararika kandi twubaha mu buryo bukwiriye Nyene kudutumira wo mw’ijuru hamwe n’abandi bashitsi aba yatumiye.

6 Ubundi buryo twerekana urupfasoni mu bijanye n’amakoraniro, ni mu gushika ku gihe. Tuvugishije ukuri, ivyo ntivyama vyoroshe. Bamwebamwe bashobora kuba baba kure canke bafise imiryango minini bategerezwa gutegura. Ariko rero vyarabonetse yuko mu mashengero amwamwe abamamaji barenga ibice 25 kw’ijana bamenyereye gushika ururirimbo n’isengesho bitangura bimaze kurangira. Iyo ni ingorane ikomeye. Vyoba vyiza twibutse yuko urupfasoni rufitaniye isano n’ukuntu twitwararika inyiyumvo z’abandi. Yehova, umwe adutumirana ubugwaneza, yaringanije ayo mazimano yo mu vy’impwemu ku bw’ineza yacu. Tugaragaza ko dukenguruka kandi ko twitwararika inyiyumvo ziwe mu gushika ku gihe. Ikigeretseko, gushika dutevye ku makoraniro birasamaza kandi vyerekana yuko tutubahiriza abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bamaze gushika.

7 Igihe dukoranye, twoba turaba abashasha baje? Kubaha ikaze biri mu bigize urupfasoni. (Mat. 5:47; Rom. 15:7) Ukubaramutsa n’ubugwaneza, kubakora mu minwe n’igishika, kubamwenyurira, naho ari ibintu bitobito biragira ico biterereye ku kintu kiranga ko turi Abakirisu nyakuri. (Yoh. 13:35) Umugabo umwe, amaze kuza ku Ngoro y’Ubwami ari bwo bwa mbere, yavuze ati: “Ku musi umwe nahuye n’abantu ntari nzi na gato barushirije kuba abanyarukundo vy’ukuri, kuruta abo twari twarigeze guhura bose mw’idini narerewemwo. Vyaribonekeza ko nari ntoye ukuri.” Ico vyavuyemwo, yarahinduye uburyo bwiwe bwo kubaho, maze haciye amezi indwi arabatizwa. Egome, urupfasoni rurashobora kugira ivyo rukoze ku rugero ruhambaye kuruta!

8 Nimba twakirana urupfasoni abantu tutazi duhuye, none ntidukwiye kugira nk’ukwo nyene ‘canecane ku bo mu nzu y’abizera’? (Gal. 6:10) Ingingo ngenderwako ica ikora ni iyi: “Umuntu wese aze yubahe umutāma [canke umutamakazi].” (Lew. 19:32) Ntidukwiye kwigera twirengagiza abantu mwene abo ku mitororokano yacu.

9 Kwumviriza Neza: Mu gihe c’amakoraniro y’ishengero, abasuku b’Imana b’Abakirisu baratanga insiguro kugira ngo baduhe ingabirano zitwubaka zo mu vy’impwemu. (Rom. 1:11) Nta nkeka ko ata rupfasoni twoba twerekanye mu gihe twotura ingiga, tugahekenyanga ibazoka tuganyaguza, tukaguma tuza turongoreranira n’umuntu yicaye hafi yacu, tukagira ingendo zidakenewe tuja kwa surwumwe, tugasoma amayagwa atajanye n’ibiriko birashikirizwa, canke tukaja mu bindi bintu mu gihe c’ikoraniro. Abakurambere bakwiye kuba intangakarorero muri ivyo. Urupfasoni rwa gikirisu ruzodusunikira ku kugaragariza icubahiro kibereye urya ashikiriza insiguro be n’ubutumwa ashikiriza bushingiye kuri Bibiliya, mu kumutega yompi n’umutima umwe.

10 Ikigeretseko, bivuye ku kwubaha uwushikiriza insiguro be n’abumviriza, dukwiye kubuza ivyuma vyo kuvugiramwo be na za telefone zo mu minwe ngo ntibiciremwo amakoraniro yacu.

11 Urupfasoni n’Abana: Abavyeyi bakwiye nantaryo kuraba inyifato abana babo bagira. Mu gihe umwana mutoyi atanguye kurira canke ntagume hamwe mu gihe c’ikoraniro, kandi ivyo bikaba bigora abandi, vyoba vyiza bamutwaye hanze ningoga kugira ngo bamuhoze. Rimwe na rimwe ivyo vyoshobora kugora, mugabo nitwibuke yuko ivyo vyerekana ko witwararika inyiyumvo z’abandi. Abavyeyi bafise utwana dutoyi dusa n’ututaguma hamwe, kenshi bahitamwo kwicara inyuma kugira ngo basamaze abantu bake bashoboka nivyakenerwa ko bava hasi mu gihe c’ikoraniro. Birumvikana ko abasigaye bashobora kwerekana ko bitwararika imiryango bimwe bibereye mu kuyisigira intebe z’inyuma kugira ngo ibe ari ho yicara, mu gihe ivyipfuza.

12 Abavyeyi bategerezwa kandi kwitwararika inyifato abana babo bagira imbere y’amakoraniro n’inyuma yayo. Abana ntibakwiye kwirukanga imbere muri iyo nyubakwa, kubera ko ivyo bishobora gutera amasanganya. Kwirukanga inyuma y’Ingoro y’Ubwami na vyo nyene birashobora kuba ingeramizi, na canecane mu migoroba igihe haba hatakibona neza. Kuvuza urwamo hanze birashobora kugora ababanyi, bigatuma babona nabi ugusenga kwacu. Abavyeyi bagira akigoro bashirutse ubute kugira ngo bacungere abana babo haba mu Ngoro y’Ubwami canke inyuma yayo, barakwiye gushimirwa kubera ivyo vyongerereza agahimbare ko kuba turi hamwe dufatanye mu nda.—Zab. 133:1.

13 Ku Nyigisho y’Igitabu: Turakenguruka ubwakiranyi bw’abavukanyi batanga inzu zabo ku bw’amakoraniro y’ishengero. Igihe tuyitavye, turakeneye kwerekana yuko twubahiriza ibintu vyabo. Dukwiye guhanagura neza ibirato vyacu imbere yuko twinjira, kugira ngo twirinde kwanduza hasi canke kwanduza ivyo bahashashe. Abavyeyi bakwiye gucungera abana babo, bakaraba neza yuko baguma ahagenewe kugirirwa inyigisho y’igitabu muri iyo nzu. Naho uwo mugwi woba ari mutoyi kandi tukaba twimereye nk’abagenzi, ntidukwiye kwigira ivyo dushaka mu mazu y’abandi. Umuvyeyi afise umwana akiri mutoyi akwiye kumuherekeza igihe agiye kwa surwumwe. Ikindi kandi, kubera yuko inyigisho y’igitabu ari ikoraniro ry’ishengero, dukwiye kwambara nk’uko duhora twambara igihe tugiye ku Ngoro y’Ubwami.

14 Urupfasoni Rurahambaye: Kugira urupfasoni rwa gikirisu ntibiboneka neza gusa mu busuku bwacu, ahubwo kandi biraremesha ubucuti bwiza n’abandi. (2 Kor. 6:3, 4, 6) Kubera dusenga ya Mana ihimbawe, dukwiye kubona ko vyoroshe kumwenyura no kuba abakeye mu maso, eka tugakora utuntu dutoduto turanga umutima mwiza dutera umunezero abandi. Kubera turi abantu bubaha Imana, izo kamere ziranga urupfasoni zizoshariza ubuzima bwacu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika