Porogarama Nshasha y’Umusi w’Iteraniro Ridasanzwe
Umutwe-shimikiro wa porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe ku bw’umwaka mushasha w’umurimo, urafise ishingiro rikomeye ryo mu Vyanditswe, ukaba uvuga ngo: “Mugamburukire Imana, Murwanye wa Murwanizi.” (Yak. 4:7) Ubwo ni ubuyobozi bukomeye ku bw’ibi bihe bigoye! Tugamburutse amabwirizwa y’Imana bituma duhangana nya guhangana na Shetani. Iyo porogarama izotwigisha ingene twohagarara dushikamye tukarwanya imigabo mibi Shetani afise yo kwonona ukwizera. Ni ibintu bimwebimwe ibihe vy’agaciro vyo mu vy’impwemu tuzoronkera kuri iryo teraniro?
Umucungezi w’umuzunguruko azokwerekana ingene “Uko Abagize Umuryango Bagaragaza Ukugamburuka Kuranga Ukwubaha Imana” bikomeza imiryango kugira ngo inanire imikazo y’iyi si. Insiguro ya mbere y’uwo musi izoshikirizwa n’umushitsi ikaba ivuga ngo “Ico Kurwanya wa Murwanizi Bisobanura,” akazosigura igituma n’ingene dukeneye gukora bimwe bikomeye kugira ngo turwanye intumbero za Shetani zo gusenyura kamere yacu y’ivy’impwemu. Ibice bibiri vyerekeye canecane ingene abakiri bato bategerezwa kuba maso ku migambi y’Umurwanizi. Abakirisu benshi ubu bakuze, igihe bari bakiri bato baranse kujana n’ivyipfuzo vy’iyi si. Tuzohimbarwa n’ukwumva bimwebimwe mu vyo biboneye ubwabo.
Abantu bose bagize ikibano barasabwa kugamburukira ubukuru. Ni co gituma insiguro isozera y’umushikirizansiguro w’umushitsi izoshira ahabona imice ine dutegerezwa kugaragazamwo ko tugamburikira Imana: (1) ku bategetsi, (2) mw’ishengero, (3) mu buzi bwo mw’isi, hamwe no (4) mu muryango. Ese ingene iyo porogarama ari ngirakimazi!
Abipfuza kubatizwa kuri uwo musi w’iteraniro ridasanzwe barakwiye kubimenyesha umucungezi muhagarikizi vuba bishoboka. Twese turakwiye gushira akamenyetso kw’itariki y’uwo musi ku kirangamisi cacu, maze tukishingira umugambi wo kwitaba porogarama yose y’iteraniro. Imihezagiro turonka izoba iy’ibihe bidahera mu gihe tugamburukira Yehova ibihe vyose.