ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/04 rup. 4
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 3/04 rup. 4

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 15 Ruhuh.

“Abantu benshi barateshwa umutwe n’ibintu bibi vyakozwe mw’izina ry’idini. Bamwebamwe bibaza ko idini ari yo muzi w’ingorane z’abantu. Woba urigera uvyibaza? [Rindira yishure. Maze uce usoma Ivyahishuriwe 18:24.] Iki kinyamakuru kirasuzuma ico Bibiliya ivuga kuri ico kibazo”.

Réveillez-vous! 22 Ruhuh.

“Abantu benshi barahimbarwa no kwiga ivyerekeye ibikoko, kandi bamwebamwe baranezerezwa no kubitunga. [Rindira agire ico abivuzeko.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino zimwezimwe mu ngorane zijanye n’ugutunga igikoko. Kirasigura kandi umuhango Imana itanga w’uko hazoba igihe, aho ibikoko vyose bizoba bibana mu mahoro hagati yavyo kandi bibana mu mahoro n’abantu”. Soma Yesaya 11:6-9.

Umunara w’Inderetsi 1 Ntwar.

“Igihe kimwe, Yezu Kirisitu bamubajije bati: ‘Ibgirizwa ry’imbere muri yose n’irihe?’ Raba ukuntu yishuye. [Soma Mariko 12:29, 30.] Woba urigera wibaza ico Yezu yashaka kuvuga? [Rindira yishure.] Ikiganiro kivuga ngo ‘Ingene twerekana urukundo dukunda Imana’ kirasuzuma ico ayo majambo azwi cane asigura”.

Réveillez-vous! 8 Ntwar.

“Harabaye igihe aho abantu benshi babaho bafise ubwoba bw’intambara ruhonyanganda. Woba wibaza ko intambara ruhonyanganda ishobora kwaduka muri iki gihe? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirasuzuma ibintu biherutse gushikwako bitwerekeye twese. Kirasigura kandi umuhango Bibiliya itanga w’uko hazoba isi, aho ubwoba butazoba bukihari”. Soma Zefaniya 3:13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika