ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/05 rup. 3-5
  • Ikiringo c’Icibutso ni igihe c’ibikorwa vyiyongereye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikiringo c’Icibutso ni igihe c’ibikorwa vyiyongereye
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • ‘Nushingire intahe inogangije inkuru nziza’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • ‘Niwamamaze Ijambo ry’lmana mu Buryo Bushitse’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Niwamamaze wongere ushinge intahe inogangije
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Dukwize hose kamere nziza za Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 2/05 rup. 3-5

Ikiringo c’Icibutso ni igihe c’ibikorwa vyiyongereye

1. ‘Imisi mikuru yari yarashinzwe’ yamarira iki Abisirayeli batinya Imana?

1 Mu bihe vyo mu mwaka vyari vyarashinzwe, Abisirayeli bo mu gihe ca kera barahimbaza “imisi mikuru [ya Yehova ya]shinzwe” (Lew. 23:2). Gufata akanya ko kuzirikana ku kumera neza kw’Imana yabo vyatuma bagira umunezero mwinshi kandi bigatuma bagirira umwete ugusenga gutyoroye.—2 Ngo. 30:21–31:2.

2, 3. Ni kubera iki bibereye ko twongereza ibikorwa vyacu vyo mu vy’impwemu mu kiringo c’Icibutso, kandi tuzohimbaza Icibutso ryari?

2 Mu bihe vya none, uko umwaka utashe ibikorwa vya gitewokarasi turangura biteye umunezero birongerekana mu kiringo c’Icibutso. Ni igihe tuzirikana cane ku ngabirano y’agaciro ntangere Yehova yatanze ku bwacu, iyo na yo ikaba ari Umwana wiwe w’ikinege (Yoh. 3:16; 1 Pet. 1:18, 19). Uko tuzirikana ku rukundo Imana be n’Umwana wayo badukunze, turumva tuvyuriwe umutima wo gushemeza Yehova no kwihatira gukora ivyo agomba.—2 Kor. 5:14, 15.

3 Muri uwu mwaka, Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba zizohimbazwa ku wa kane igenekerezo rya 24 Ntwarante, izuba rirenze. Twokwongereza gute none uruhara tugira mu busuku muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama?

4, 5. (a) Ni igiki cafashije bamwebamwe kubwira inkuru nziza abantu benshi kuruta? (b) Ni igiki wasanze ari ngirakamaro mu cibare iwanyu?

4 Nushikire abantu benshi kuruta: Raba ukuntu woshikira abantu benshi bashoboka igihe uri mu busuku bwo mu ndimiro. Woba wotegekanya ivy’ukwamamaza inzu ku nzu igihe abantu benshi baba bari i muhira, nko ku muhingamo canke ku mugoroba? Niba hari abo mu nyigisho y’igitabu urimwo bipfuza kuja mu murimo imbere yo kwitaba inyigisho y’igitabu, umucungezi w’inyigisho y’igitabu yoshobora gutunganya ivy’uko haba ikoraniro rigufi ryo kuja mu murimo kugira mukorere mu cibare co mu micungararo.

5 Ubundi buryo bwo gushikira abantu benshi kuruta, ni mu gushinga intahe mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. Hari umuvukanyikazi wo mu Buyapani yagomba gukora ubutsimvyi bwo gufasha naho yakora akazi k’igihe cose. Umukurambere umwe yamugiriye inama yuko imisi yose imbere yo kuja ku kazi yoshobora kuza arashinga intahe hafi y’igituro c’amagariyamoshi. Amaze kwikuramwo ubwoba akarya umutima amenyo naho bamwebamwe mu baja ku mirimo yabo ya misi yose bamutyekeza, yaratanguje inzira y’ibinyamakuru ku bantu nka 40, aho hakaba harimwo abaja ku mirimo yabo ya misi yose, abakora mu bituro hamwe na bene amamangazini. Yatanga nk’ibinyamakuru 235 ku kwezi. Mu gufata akanya gatoyi ku musi ku musi akayaga n’abantu ivyiyumviro vyo mu Vyanditswe, yarashoboye gutanguza inyigisho za Bibiliya zitandatu.

6. Urwaruka rwoshobora gute kwongereza ibikorwa rurangura vyo mu vy’impwemu?

6 Uturyo two gushinga intahe: Hariho ibihe vyo mu mwaka aho usanga abamamaji benshi b’abanyeshure bari mu buruhuko. Ivyo vyoshobora kuba ibihe vyiza vyo gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Vyongeye, urwaruka rukirisu rwoshobora kwongereza ibikorwa rurangura mu gushinga intahe kw’ishure. Woshobora gutangazwa n’ukuntu abo mwigana boba bashashaye kumenya ivyo wemera. Kubera iki mu gihe c’ibiganiro bishikirizwa mw’isomero, canke igihe kw’ishure baba basavye kugira ivyo mwanditse ku bintu kanaka utoca ufatiraho akaryo ko gushinga intahe? Abandi barashoboye gushinga intahe bakoresheje amavidewo yacu. Hari abatanguje inyigisho za Bibiliya n’abo bigana mw’isomero maze barabafasha gutera imbere gushika aho biyegura barabatizwa. Ubwo ni uburyo bwiza bwo “gushemeza izina rya Yehova”.—Zab. 148:12, 13, NW.

7. (a) Umuvukanyi umwe yashoboye gute kuboneraho akaryo ko gushinga intahe ku bandi? (b) Woba nawe hari ikintu nk’ico uragira?

7 Mu vyo wama ukora ku musi ku musi, nurondere uturyo two kubwira abantu ivyerekeye Imana yacu nziza igitangaza be n’imihango myiza igitangaza yatanze. Hari umuvukanyi umwe atigera ahindura amagariyamoshi yama afata ku musi ku musi ashinga intahe ku bakozi bagenziwe igihe abonye ko bibereye. Nk’akarorero, mu gihe yaba arindiriye iyindi gariyamoshi ikurikira ku gituro kimwe, yama imisi yose amara iminuta nk’itanu ashinga intahe ku musore umwe. Ico vyavuyemwo, ni uko nya musore be n’uwo bakorana bemeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Biga Bibiliya igihe baba bari ku rugendo mw’igariyamoshi. Igihe kimwe, umutamakazi umwe yari yamye yumviriza ivyo bayaga yaregereye uwo muvukanyi hanyuma amusaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Uwo mutamakazi na we nyene ubu aragirirwa inyigisho ya Bibiliya mu misi aba yafashe igariyamoshi. Muri ubwo buryo, uwo muvukanyi aramaze kwigana n’abantu cumi batandukanye mw’igariyamoshi.

8. Ku batagishobora kurangura vyinshi kubera ubusaza canke ingorane z’amagara, ni umuce uwuhe w’umurimo woshobora kubafasha kwongereza uruhara bagira mu busuku?

8 Bite none hamwe woba utagishobora kurangura vyinshi kubera ubusaza canke ingorane z’amagara? Hoshobora kuba hakiriho uburyo worushiriza gushemeza Yehova. Woba uragerageza gushinga intahe ukoresheje telefone? Niba utabona neza ingene wobigenza, bibwire umucungezi wawe w’inyigisho y’igitabu. Yoshobora kuraba ko hagira abamamaji mukorana bakoresha ubwo buryo. Mukoranye, umwe wese arashobora kugira ivyo yigiye kuri mugenziwe kandi mugafashanya gushinga intahe iri n’ico ivamwo. Inama nziza tugirwa z’uburyo bwo gushinga intahe dukoresheje telefone ushobora kuzisanga mu Gikorwa dukorera Ubwami (mu gifaransa) co muri Ruhuhuma 2001, urupapuro rwa 5-6.

9. Dushobora gute gufasha abatohoji ba Bibiliya gukwiza ibisabwa kugira bifatanye n’ishengero mu busuku burangurirwa ku mugaragaro?

9 Kwitaba Icibutso vyoshobora kuvyurira abashasha ishaka ryo kurushiriza gushemeza Yehova. Urashobora kubafasha kwikuramwo ubwoba ubwo ari bwo bwose boba bafise ku bijanye n’ukugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, mu kubayagira ivyabonywe mu murimo wo mu ndimiro biremesha no mu kubamenyereza buhorobuhoro gusigura inyigisho zo muri Bibiliya no kuburanira ukwizera kwabo (1 Pet. 3:15). Niba umutohoji wa Bibiliya aseruye icipfuzo co gutangura kwamamaza inkuru nziza, nubiyage n’umucungezi muhagarikizi. Azoringaniza ivy’uko hagira ababonana n’uwo mutohoji kugira barabe ko yoba akwije ibisabwa maze aheze yifatanye n’ishengero mu busuku burangurirwa ku mugaragaro. Urazi ukuntu bitegerezwa kuba binezereza umutima wa Yehova kubona abashasha baja ku ruhande rwiwe ku bijanye na ca kibazo kiraba ivyaremwe vyose!—Imig. 27:11.

10. (a) Urutonde rwiza rushobora gute kudufasha gukora ubutsimvyi bwo gufasha? (b) Woba warashoboye kuringaniza ivyo gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu kiringo c’Icibutso co mu mwaka uheze? Wabigenjeje gute?

10 Woba ushobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha? Amasaha 50 asabwa ku batsimvyi bafasha akwiye gufatanwa uburemere (Mat. 5:37). Ivyo bisobanura yuko uzokenera kuraba ukuntu womara incahagati y’amasaha 12 mu murimo wo mu ndimiro ku ndwi ku ndwi. Hoba hari rumwe mu ntonde zo gukora ubutsimvyi bwo gufasha ziri ku rupapuro rwa 5 ruhuje n’uko ivyawe vyifashe? Niba ata na rumwe, woba ushobora kuringaniza urutonde ruzotuma ukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama? Saba Yehova ahezagire utwigoro ugira mu kwongereza ibikorwa vy’umurimo urangura.—Imig. 16:3.

11. Abakurambere n’abakozi b’ishengero bashobora gute gufata mu mugongo abatsimvyi bafasha?

11 Abakurambere n’abakozi b’ishengero bazoshigikira bimwe bishitse utwigoro ugira ngo utume iki kiringo c’Icibutso kiba rimwe mu mashemezo adasanzwe ahabwa Yehova. Vyoshoboka ko benshi muri bo bazoba bariko bakora ubutsimvyi bwo gufasha. Mu gihe vyoba bikenewe, abakurambere bazoringaniza ivy’uko habaho ayandi makoraniro yo gusohoka mu ndimiro, nko ku muhingamo, ku migoroba yo ku misi y’impera y’umushamvu, no ku mpera z’umushamvu. Kugira ngo abakurambere bashinge aho ayo makoraniro azobera be n’isaha azoberako hamwe n’uwuzoba ahari kugira ayayobore, boshobora kuvugana n’abamaze kugira intunganyo zitomoye zo gukora ubutsimvyi be n’abariko baravyiyumvira. Abakurambere bazogerageza gutunganya ibintu kugira ngo hazobe hariho abandi bamamaji mukorana mu misi no mu masaha wageneye umurimo. Gutyo, intunganyo ntabanduka zoshobora gushingwa maze hagashobora kurangurwa ivyiza vyinshi.—Imig. 20:18.

12. Ni igiki kituvyurira umutima wo kwama dushemeza Yehova?

12 Nukore uko ushoboye kwose: Niba udashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha bitewe n’ukuntu ivyawe vyifashe, niwibuke ko Yehova yemera utwigoro tugira be n’ukwitanga kwacu ‘bivanye n’ivyo dufise atari ivyo tudafise’ (2 Kor. 8:12). Turafise vyinshi cane vyo gukengurukira Yehova. Dawidi yanditse bikwiriye ati: “Nzokwama mpimbaza Uhoraho ibihe vyose, ishimwe ryiwe rizoba mu kanwa kanje urudaca” (Zab. 34:1). Ese natwe twogira uwo mwiyemezo nyene muri iki kiringo c’Icibutso!

[Box on page 3]

Uzokwongereza gute igikorwa cawe?

◼ Niwamamaze igihe abantu baba bari muhira

◼ Nushinge intahe mu bibanza bihuriramwo abantu benshi

◼ Nushinge intahe ku kazi canke kw’ishure

◼ Nushinge intahe ukoresheje telefone

◼ Nukore uri umutsimvyi mufasha

[Chart on page 5]

Intonde ushobora kurabirako kugira ukore ubutsimvyi bwo gufasha—Ingene ushobora gutegekanya kumara amasaha 12 mu murimo wo mu ndimiro ku ndwi ku ndwi

Mu gitondo—kuva ku wa mbere gushika ku wa gatandatu

Ku w’iyinga hoshobora gusubirira uwundi musi uwo ari wo wose.

Umusi Ikiringo Amasaha

Ku wa mbere Mu gitondo 2

Ku wa kabiri Mu gitondo 2

Ku wa gatatu Mu gitondo 2

Ku wa kane Mu gitondo 2

Ku wa gatanu Mu gitondo 2

Ku wa gatandatu Mu gitondo 2

Amasaha yose hamwe: 12

Imisi ibiri yuzuye

Woshobora guhitamwo imisi ibiri iyo ari yo yose mu mushamvu. (Bivanye n’imisi wahisemwo, amasaha yose hamwe uru rutonde rushobora kugira ni 48 gusa ku kwezi.)

Umusi Ikiringo Amasaha

Ku wa gatatu Umusi wose 6

Ku wa gatandatu Umusi wose 6

Amasaha yose hamwe: 12

Imigoroba ibiri be no ku wa gatandatu no ku w’iyinga

Woshobora guhitamwo imigoroba ibiri iyo ari yo yose mu ndwi.

Umusi Ikiringo Amasaha

Ku wa mbere Ku mugoroba 1 n’igice

Ku wa gatatu Ku mugoroba 1 n’igice

Ku wa gatandatu Umusi wose 6

Ku w’iyinga Igice c’umusi 3

Amasaha yose hamwe: 12

Imigoroba itatu no ku wa gatandatu

Ku w’iyinga hoshobora gusubirira uwundi musi uwo ari wo wose.

Umusi Ikiringo Amasaha

Ku wa mbere Ku muhingamo 2

Ku wa gatatu Ku muhingamo 2

Ku wa gatanu Ku muhingamo 2

Ku wa gatandatu Umusi wose 6

Amasaha yose hamwe: 12

Urutonde rw’umurimo nigiriye

Fata ingingo y’amasaha uzomara mu kiringo kimwekimwe cose c’umusi.

Umusi Ikiringo Amasaha

Ku wa mbere

Ku wa kabiri

Ku wa gatatu

Ku wa kane

Ku wa gatanu

Ku wa gatandatu

Ku w’iyinga

Amasaha yose hamwe: 12

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika