Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 29 Myandagaro 2005. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 4 Mukakaro gushika ku ndwi itangura ku wa 29 Myandagaro 2005. [Ibimenyeshejwe: Aho ata marabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo, muzokenera kwigirira ubushakashatsi bwanyu kugira ngo mutore inyishu.—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 36-37.].
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Igihe tubwira abandi icizigiro cacu, dushobora gute gutuma ‘ukugira ibitegereka kwacu kumenywa n’abantu bose’, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye? (Flp. 4:5; Yak. 3:17, NW) [be rup. 251 ing. 1-3, uruzitiro]
2. Kumenya igihe co kwiyorosha bizodufasha gute kwererwa mu vyo tugirana n’abandi? [be rup. 253 ing. 1-2]
3. Ni kubera iki gukoresha ibibazo tubigiranye ubuhanga bihambaye igihe dufasha abandi kuzirikana ku kintu kinaka? [be rup. 253 ing. 3-4]
4. Ni ibintu ibihe dukwiye kurimbura kugira ngo dutume ivyo dushikiriza biba ibijijura? [be rup. 255 ing. 1-4, uruzitiro; rup. 256 ing. 1, uruzitiro]
5. Dukwiye kwama twibuka iki igihe dufashe ingingo yo gukoresha ibindi bimenyamenya kugira ngo dushigikire yuko Ivyanditswe bivuga ukuri? [be rup. 256 ing. 3-5, uruzitiro]
IKIGANIRO NO. 1
6. Ni ibimenyamenya bitomoye ibihe vyerekana yuko Yezu yabayeho? [w03 15/6 rup. 4-7]
7. Ni mu buryo ubuhe ‘akanwa k’abagororotsi kabakiza’, kandi ni gute inzu y’abagororotsi “ihagarara ishikamye”? (Imig. 12:6, 7) [w03 15/1 rup. 30 ing. 1-3]
8. Kubera ko Bibiliya itanditswe mu buryo igenda iradondagura ivyokorwa n’ibitokorwa, dushobora gute ‘gutegera ico Yehova ashaka ico ari co’? (Ef. 5:17) [w03 1/12 rup. 21 ing. 3–rup. 22 ing. 3]
9. Ni ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya izihe iyo zishizwe mu ngiro zishobora gufasha umuntu kuvyifatamwo neza mu bukene canke mu vy’ubutunzi? [w03 1/8 rup. 5 ing. 2-5]
10. Akarorero ka Yehova ko gutanga atitangiriye itama gakwiye gutuma dukora iki? (Mat. 10:8) [w03 1/8 rup. 20-2]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Rehobowamu ashobora gute kutubera akarorero ko kutuburira igihe turiko turondera impanuro kugira ngo dufate ingingo zihambaye? (1 Abm. 12:13, 14)
12. Kuba Salomo yarahaye Umwami Hiramu w’i Tiro ibisagara 20 mu gihugu c’i Galilaya vyoba vyari bihuje n’Ivyagezwe vya Musa? (1 Abm. 9:10-13)
13. Ni icigwa ikihe twokwigira ku kugambarara kw’ “umuntu w’Imana”? (1 Abm. 13:1-25)
14. Ni mu buryo ubuhe Umwami Asa w’Ubuyuda yerekanye ko afise umutima rugabo, kandi akarorero kiwe katwigisha iki? (1 Abm. 15:11-13)
15. Soma 1 Abami 18:21. Kubera iki abantu ata co bishuye Eliya igihe yabasaba gukurikira Yehova canke Bayali?