Imfashanyo itabura guseruka
1. Umuntu ashobora gute kugoyagoya mu vy’impwemu?
1 Ana, umuvukanyikazi afise umugabo atizeye kandi akora akazi kamufatira cane, yasanze kwitaba amakoraniro ya gikirisu adahorereza, kuja mu busuku be no kwiga Ijambo ry’Imana bimubera urugamba. Naho yari agikunda Yehova, yarahororokewe. N’umunezero mwinshi, yarakirije yompi imfashanyo yo mu vy’impwemu yahawe n’abakurambere bitwararika abandi.
2. Ni mu buryo ubuhe umukirisu wese agaragaza ko ari imfashanyo itabura guseruka?
2 Iyo umuntu yemeye imfashanyo yo mu vy’impwemu itangwa biciye kw’ishengero rya gikirisu, aba yerekanye ko yiheka kuri Yehova ubwiwe. Mu kwigana ukuntu Yezu Kirisitu yitwararika abandi abigiranye urukundo, abakurambere b’ishengero bararondera uturyo two kuremesha no gufasha mu buryo ngirakamaro abo baba bafise ingorane mu vy’impwemu (1 Tes. 5:14). Kenshi na kenshi, ijambo ryiza riremesha rishingiye ku Vyanditswe bihumuriza rishobora kuba ari ryo gusa rikenewe. Kwibwiriza gufasha abo bishika bakamara igihe kinaka bacitse intege ni ikintu gikwiye kwitwararikwa n’abakirisu bose, si igikorwa c’abakurambere gusa. Nta gukeka ko umwe wese muri twebwe yakomejwe n’“Ijambo rivuzwe [“ku gihe kibereye”, NW]”, umuntu yabanje kurizirikanako neza.—Imig. 25:11; Yes. 35:3, 4.
3, 4. Gufasha abandi bisaba iki, kandi ivyo twoshobora kubigira gute?
3 Niwibwirize: Kugira twerekane ko twitwararika abari n’ico bakeneye tubigiranye urukundo, bisaba ko twibwiriza kandi tukabigirana ishaka. Igihe Yonatani yamenya ko Dawidi ari mu maganya, ‘yaraharugutse aja iyo Dawidi ari i Horeshi, aramuremesha’ (1 Sam. 23:15, 16). Igihe ufasha abandi, nubigire wengenga. Amajambo umuntu avuze abitumwe n’uko yitwararika abandi vy’ukuri, aravamwo ibintu vyiza cane. Ikindi kandi, Yezu yaratanze akarorero gatomoye kerekana ko umwete be n’akigoro umuntu agira afise intumbero kanaka, ari vyo bikenerwa mu kugarura umuvukanyi canke umuvukanyikazi wacu (Luka 15:4). Kugira icipfuzo gikomeye co gusahiriza abandi bizotuma tubandanya gufasha mbere no mu gihe iterambere ry’uwo dufashije ridaciye ryibonekeza.
4 Urazi ukuntu biremesha igihe twibwirije tugatumira abandi, nk’abo turi kumwe mu nyigisho y’igitabu, kugira tujane mu busuku! Igihe tuba turiko turafasha umusavyi wa Yehova dusangiye ukwizera ngo aje mu busuku, twoshobora gukoresha ako karyo nyene tukamukomeza. Umwanya uteye umunezero nk’uyo mumarana mu murimo wa Yehova uraremesha cane abariko barasubira kugira uburimbane mu vy’impwemu.
5. Mu bihe bimwebimwe, ni imfashanyo iyihe abakurambere bashobora gutanga?
5 Intunganyo iranga urukundo: Abatari bwamare igihe bariko baragira uruhara mu gikorwa co kwamamaza canke ata gihe bari bwamare bifatanya n’ishengero, boshobora gukenera iyindi mfashanyo kugira bakomeze ukwizera kwabo. Hashobora kuba hakenewe gusa ko barongorerwa inyigisho ya Bibiliya nko mu gitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri, mu gitabu Niwiyegereze Yehova canke mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Kubera ko abo bantu baba baramaze kubatizwa, inyigisho nk’iyo ntikunze kumara igihe kirekire. Komite y’umurimo y’ishengero irakwiye kwama iraba abakwiye kwungukira kuri iyo ntunganyo.—Raba Inyishu ku Bibazo Vyanyu mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 1998 canke Akumba k’Ibibazo mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2000.
6. Umuvukanyikazi umwe yasubiye gute kugira intege mu vy’impwemu?
6 Umwe Ana twavuga mu ntango, yaremeye n’umutima ukunze ivyo abakurambere bamubariye ko umuvukanyikazi ahumuye mu vy’impwemu amurongorera inyigisho ya Bibiliya. Iyo nyigisho yarongowe incuro zine gusa kugira ngo Ana asubire kwiyegereza Yehova. Yarasubiye kwitaba amakoraniro y’ishengero yongera arasubira kugira icipfuzo co gushemeza Yehova Imana ku mugaragaro. Uwo muvukanyikazi ahumuye yaramufashije kandi mu busuku mu kujana nawe kurongora izindi nyigisho za Bibiliya gushika amaze gukomera bimwe bihagije ku buryo ashobora kwamamaza inzu ku nzu. Imfashanyo iranga ubuntu ni co kintu yari akeneye kugira asubire kubandanya mu vy’impwemu!
7. Ni ivyiza ibihe biva ku gukomeza abandi mu buryo bw’impwemu?
7 Gukomeza abari n’ico bakeneye bizanira imihezagiro bose. Uwo aba ariko arafashwa aragira umunezero mu kwiyegereza Yehova no mu kugira uruhara mu mirimo itandukanye y’ishirahamwe ryiwe. Abakurambere baranezerezwa no kubona uwo muntu ariko aratera imbere mu vy’impwemu (Luka 15:5, 6). Mu gihe abagize ishengero bose bitwararikana babigiranye urukundo, bituma barushiriza kwunga ubumwe (Kol. 3:12-14). Ewe kuntu dufise imvo nziza zotuma twigana Yehova, we mfashanyo itabura guseruka!—Ef. 5:1.