Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Ni ibitabu bibiri ibihe umuntu akwiye kwigana n’abashimishwa?
Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha ni co gikoresho cacu nyamukuru co gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Naho gukoresha ikindi gisohokayandikiro mu gutanguza inyigisho za Bibiliya, nk’agapapuro k’inkuru nziza kabereye, ata ngorane birimwo, haba hakwiye kugirwa utwigoro mu maguru masha two guhindura hakigwa igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Haramaze kuboneka ivyiza bidasanzwe biva ku gukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu gutanguza inyigisho.
Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kimaze kurangira kandi umwigishwa akaba ariko aratera imbere, hakwiye guca higwa igitabu Senga Imana (Kol. 2:7). Ku rupapuro rwa 2 harasigura intumbero y’ico gitabu mu kugira hati: “Bibiliya ihimiriza abo bose bakunda Imana ngo ‘batahure uburebure bw’igihagararo n’ubw’amajepfo’ bw’ukuri kwiwe kw’agaciro (Abanyefeso 3:18). Iki gitabu categuwe kugira ngo ivyo ubishikeko. Turizigiye yuko kizogufasha gukura mu buryo bw’impwemu no kurushiriza kugira ibikenewe bituma ugendera muri ya nzira yaga ijana mu buzima budahera bwo mw’isi nshasha itunganye y’Imana”.
Mu gihe umwigishwa akwije ibisabwa kugira ngo abatizwe imbere y’uko ahetura ivyo bitabu vyompi, iyo nyigisho ikwiye kubandanya gushika igitabu kigira kabiri kirangiye. Naho uwo mwigishwa yoba amaze kubatizwa, uwumurongorera inyigisho yoshobora guharura umwanya, isubirayo be n’inyigisho ya Bibiliya. Umwamamaji aherekeje uwo murongozi kandi akaba yagize uruhara mu nyigisho, na we nyene arashobora guharura umwanya.