ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/08 rup. 11
  • Inyishu ku bibazo vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku bibazo vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twokoresha ca gitabu ‘Urukundo rw’Imana’ mu kurongora inyigisho za Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Igitabu ivyo Bibiliya yigisha—Ni igitabu nyamukuru kidufasha kurongora inyigisho za Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Fasha abandi bagamburuke ivyo Bibiliya yigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Inyishu ku bibazo vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 1/08 rup. 11

Inyishu ku bibazo vyanyu

◼ Ni ibitabu bibiri ibihe umuntu akwiye kwigana n’abashimishwa?

Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha ni co gikoresho cacu nyamukuru co gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Naho gukoresha ikindi gisohokayandikiro mu gutanguza inyigisho za Bibiliya, nk’agapapuro k’inkuru nziza kabereye, ata ngorane birimwo, haba hakwiye kugirwa utwigoro mu maguru masha two guhindura hakigwa igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Haramaze kuboneka ivyiza bidasanzwe biva ku gukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu gutanguza inyigisho.

Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kimaze kurangira kandi umwigishwa akaba ariko aratera imbere, hakwiye guca higwa igitabu Senga Imana (Kol. 2:7). Ku rupapuro rwa 2 harasigura intumbero y’ico gitabu mu kugira hati: “Bibiliya ihimiriza abo bose bakunda Imana ngo ‘batahure uburebure bw’igihagararo n’ubw’amajepfo’ bw’ukuri kwiwe kw’agaciro (Abanyefeso 3:18). Iki gitabu categuwe kugira ngo ivyo ubishikeko. Turizigiye yuko kizogufasha gukura mu buryo bw’impwemu no kurushiriza kugira ibikenewe bituma ugendera muri ya nzira yaga ijana mu buzima budahera bwo mw’isi nshasha itunganye y’Imana”.

Mu gihe umwigishwa akwije ibisabwa kugira ngo abatizwe imbere y’uko ahetura ivyo bitabu vyompi, iyo nyigisho ikwiye kubandanya gushika igitabu kigira kabiri kirangiye. Naho uwo mwigishwa yoba amaze kubatizwa, uwumurongorera inyigisho yoshobora guharura umwanya, isubirayo be n’inyigisho ya Bibiliya. Umwamamaji aherekeje uwo murongozi kandi akaba yagize uruhara mu nyigisho, na we nyene arashobora guharura umwanya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika