Ingene twokoresha ca gitabu ‘Urukundo rw’Imana’ mu kurongora inyigisho za Bibiliya
1. Intumbero y’igitabu ‘Urukundo rw’Imana’ ni iyihe?
1 Ese ukuntu twahimbawe cane kw’Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Tuyoborwa n’impwemu y’Imana” igihe twaronka ca gitabu “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”! Nk’uko vyamenyeshejwe, ico gitabu ni ikidufasha kumenya no gukunda ingingo mfatirwako za Yehova zijanye n’ukuntu twokwigenza, si ico kutwigisha inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. Ico gitabu ntituzogitanga mu busuku bw’inzu ku nzu.
2. Ico gitabu kizokoreshwa gute kandi kuri bande?
2 Ico gitabu ni co abigishwa ba Bibiliya bazokwiga ubugira kabiri bahejeje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Niwamize ku muzirikanyi yuko abantu badatera imbere kumwe mu vy’impwemu. Inyigisho imwimwe yose ikwiye kurongorwa bivanye n’urugero umwigishwa agezako mu gutahura. Niwiyemeze neza ko ivyo muriko muriga bitahurika neza. Muri rusangi, ico gitabu ntigikwiye gukoreshwa mu gutanguza inyigisho za Bibiliya n’abantu bashobora kuba bamaze kwiga ibitabu bitari bike ariko bakaba batitaba amakoraniro kandi bakaba baboneka ko badashima kubaho bisunga ukuri bize muri Bibiliya.
3. Dukwiye gukora iki nimba ubu hari inyigisho turiko turarongora mu gitabu Senga Imana?
3 Nimba ubu uriko urarongora inyigisho mu gitabu Senga Imana kandi hakaba hasigaye ibigabane bikeyi ngo kirangire, woshobora guhitamwo kurangiza ico gitabu hanyuma ukaremesha uwo mwigana kwisomera ku giti ciwe igitabu ‘Urukundo rw’Imana.’ Canke naho, vyoba vyiza kuruta muciye muja muri ico gitabu gishasha maze mugatangurira ku ntango. Nk’uko bisanzwe bigenda ku gitabu Ivyo Bibiliya yigisha, murashobora kuganira ku mayagwa y’inyongera canke ntimuyaganireko.
4. Dukwiye gukora iki nimba uwo twigana Bibiliya yabatijwe imbere yuko arangiza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha be n’igitabu ‘Urukundo rw’Imana’?
4 Nimba umwigishwa yabatijwe ataraheza ivyo bitabu vyompi, iyo nyigisho yoshobora guca ibandanya gushika igitabu ‘Urukundo rw’Imana’ kirangiye. Naho nyene uwo mwigishwa yoba yarabatijwe, woshobora gutanga kuri raporo umwanya umara uriko uramurongorera inyigisho, amasubirayo ugira, hamwe n’iyo nyigisho. Mwajanye n’umwamamaji kandi akaba yagize uruhara muri iyo nyigisho, yoshobora na we nyene guharura uwo mwanya.
5. Igitabu ‘Urukundo rw’Imana’ coshobora gute gukoreshwa mu gufasha abamamaji bamaze igihe kinaka batagira uruhara mu busuku?
5 Nimba umwe mu bagize komite y’umurimo y’ishengero ari we yagusavye kurongorera inyigisho ya Bibiliya umuntu yahororokewe mu gikorwa co kwamamaza, woshobora gusabwa kurimbura ibigabane binaka vyo mu gitabu ‘Urukundo rw’Imana.’ Ntibikenewe ko inyigisho nk’izo zimara igihe kirekire ziriko zirayoborwa. Mbega intunganyo nziza zerekeye ico gitabu gishasha, icagenewe kudufasha kuguma “mu rukundo rw’Imana”!—Yuda 21.