“Mururumbe impwemu”
1. Igikorwa turangura co kwamamaza gikwiye kurangwa n’iki?
1 Nta muce n’umwe w’umurimo wa gikirisu turangura ukwiye kwama uri ha handi. Ahubwo riho, turemeshwa duti: “Mururumbe impwemu. Mushumbire Yehova.” (Rom. 12:11) Ariko rero, hariho ibintu vyinshi bishobora kugabanya umwete dufise mu busuku turangura. None dushobora gute “gukabura nk’umuriro” umwete be n’igishika dufitiye umurimo w’Ubwami turangura?—2 Tim. 1:6, 7.
2. Ukwiyigisha Bibiliya bifitaniye isano irihe no kurangura ubusuku tubigiranye umwete?
2 Ukwiyigisha Bibiliya: Umwamamaji w’Ubwami avyifatamwo neza ni uwukunda itegeko ry’Imana kandi ukuri arisangamwo kukamukora ku mutima cane. (Zab. 119:97) Iyo twize ukuri kwo muri Bibiliya mu kiringo co kwiyigisha, birakabura imitima yacu kandi bikongereza umwete dufise. Urukundo dukunda Uwatanze ukwo kuri be n’icipfuzo dufise co kubwira abandi inkuru nziza biratuvyurira umutima wo gushemeza Imana be no gutangaza ku mugaragaro izina ryayo. (Heb. 13:15) Mu vy’ukuri, kumenyesha inkuru nziza tubigiranye ubwira bigaragaza ko tuba dutahura cane akamaro kayo.
3. Ni gute impwemu y’Imana ishobora kugira ico ikoze mu busuku turangura?
3 Dusenge dusaba impwemu y’Imana: Inkomezi zacu bwite si zo zituma ubusuku turangura buvamwo ivyiza. Umwete nyakuri uva ku kuba impwemu y’Imana yisukira ata kiyitangira. (1 Pet. 4:11) Kwiyegereza Umwe atanga “intege” bizoturonsa inguvu zo mu buryo bw’impwemu zizodufasha gushinga intahe tudatinya. (Yes. 40:26, 29-31) Igihe intumwa Paulo yahangana n’abamurwanya mu busuku yarangura, “[yar]aronse imfashanyo iva ku Mana.” (Ibik. 26:21, 22) Impwemu ya Yehova itanga inkomezi irashobora kudufasha kururumba mu busuku turangura, akaba ari co gituma dukwiye gusenga tuyisaba.—Luka 11:9-13.
4. Umwete ushobora kuvamwo ivyiza ibihe, yamara ni ibintu ibihe dukwiye kwiyubarako?
4 Umwete ururumba dufitiye igikorwa co kwamamaza Ubwami akenshi uratuma abakirisu bagenzi bacu barushiriza kugira umwete. (2 Kor. 9:2) Mu cibare, usanga bishoboka cane ko abantu bakira neza ubutumwa buba butanganywe igishika n’ukujijuka. Yamara rero, umwete ukwiye kwama ujana n’ubugenge be n’ubwitonzi. (Tito 3:2) Mu bihe vyose, turagerageza gutera iteka umunyamuhana be no kwubahiriza uburenganzira bwiwe bwo kwihitiramwo.
5. Ni impanuro iyihe yahumetswe dukwiye kwihatira gukurikiza?
5 Kubera yuko turi abamamaji b’Ubwami, ese twokwama nantaryo ‘tururumba impwemu!’ Nimuze dutsimbataze umwete biciye ku kwiyigisha Bibiliya be no ku gusenga Yehova tubigiranye ubwira, uno akaba ashobora kuturonsa impwemu nyeranda y’ububasha. Muri ubwo buryo, turashobora kurangura ubusuku bwacu tubigiranye umwete kandi dufise “impwemu nyeranda n’ukujijuka gukomeye”!—1 Tes. 1:5.