Twamamaze ata bwoba mu bibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji
1. Kubera iki tudakwiye kwihebura nimba kwamamaza mu bibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji bidutera ubwoba?
1 Kwamamaza mu bibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji vyoba bigutera ubwoba? Nimba bigutera ubwoba, rema ntiwihebure kuko na Paulo wa musuku w’intatinyurukamvye yabwirijwe ‘kugira ubutinyutsi’ kugira ngo yamamaze. (1 Tes. 2:2) Ng’ibi ibintu bimwebimwe bikunze gutuma abamamaji bahagarika umutima be n’ingene wovyifatamwo.
2. Kubera iki tudakwiye guhagarika umutima twibaza ko twohava tugora abahakorera?
2 Ubwo nciriyemwo abahakorera sinzoba ndabagoye? Mu bibanza vyinshi bikorerwamwo ivy’ubudandaji, kubera ko abahakorera bama biteguriye kwakira abahaje, usanga biteze ko hagira ababaciramwo mu bikorwa. Akenshi bakwakirana urupfasoni narirya baba babona ko ushobora kubashorera. Wambaye rupfasoni, ukaba umuntu w’igishika kandi ukabayagisha kigenzi, birashobora gutuma bagufatana icubahiro.
3. Twokwirinda gute kubuza amahoro abakiriya?
3 Vyoba bizoba ngombwa ko mvugira imbere y’abakiriya benshi? Nimba bishoboka, nujeyo igihe bataba bafatiriwe cane, nk’igihe baba ari ho bagitangura akazi. Rindira ko nyene ico kibanza canke umukozi aba ari wenyene, ubone kumuyagisha. Nuce make.
4. Twovuga iki igihe twamamaza mu bibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji?
4 Novuga iki? Nimba aho hantu hakorera abantu benshi, nuvugane n’umukoresha wabo. Woshobora kuvuga uti: “Abakora ivy’ubudandaji ntivyoroshe kubasanga i muhira; ni co gituma tubagendeye ng’aha mukorera. Ndazi ko muri ku kazi; ni co gituma nza guca make.” Kugira ngo ntibatwitiranye n’abakora ivy’ubudandaji, akenshi ni vyiza ko tutavuga ivy’intererano kiretse batubajije iyo amahera dukoresha mu gikorwa cacu ava. Bivanye n’ibihakorerwa, urashobora kubaza nyeneho nimba wovugana gatoyi n’abakozi. Nubayagishe nk’uko wayagishije shebuja wabo. Nimba umukozi asa n’uwufatiriwe, nuce make uce umusigira agapapuro k’inkuru nziza. Nimba bidashoboka ko uvugana n’abakozi, hari aho wokwemererwa gusiga ibinyamakuru canke ibitabu ahantu hashikira bose.
5. Ni imvo izihe zotuma twamamaza ata bwoba mu bibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji?
5 Yezu na Paulo baramamaza ata bwoba mu bibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji; nawe urashobora kubigira. (Mat. 4:18-21; 9:9; Ivyak. 17:17) Saba Yehova agufashe kugira umutima utekanye n’ubutinyutsi. (Ivyak. 4:29) Kubera ko ibibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji ari gake usanga biburamwo abantu, ubona gute ugerageje ubwo buryo bwo kwamamaza bwimbuka?