ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr19 Munyonyo rup. 1-7
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2019
  • Udutwe
  • 4-10 MUNYONYO
  • 11-17 MUNYONYO
  • 18-24 MUNYONYO
  • 25 MUNYONYO–1 KIGARAMA
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2019
mwbr19 Munyonyo rup. 1-7

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

4-10 MUNYONYO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 YOHANI 1-5

“Ntimukunde isi canke ibiri mw’isi”

(1 Yohani 2:15, 16)

w05 1/1 10 ing. 13

Niwumire ku karorero Yezu yatanze

Hari abohava biyumvira yuko ibintu vyo mw’isi vyose atari bibi. Ego ivyo ni vyo, yamara isi be n’ibikwegakwega vyo muri yo birashobora kutubuza gukorera Yehova. Kandi nta kintu na kimwe mu vyo isi itanga cagenewe gutuma turushiriza kwiyegereza Imana. Kubera ico, dutsimbataje ugukunda ibintu vyo mw’isi, mbere n’ibintu ubwavyo vyoba atari bibi, tuba turi ahanyerera (1 Timoteyo 6:9, 10). Ikindi kandi, vyinshi cane mu bintu vyo mw’isi mu vy’ukuri ni bibi kandi birashobora kutwonona. Hamwe twororera amasinema canke ibiganiro vyo kuri televiziyo vyerekana ubukazi, uguhahamira amaronko, canke ubushegabo, ivyo bintu vyoshobora gucika ibintu ata co bitwaye, hanyuma bikatwosha nabi. Hamwe twokwifatanya n’abantu usanga ikintu ca mbere kibaraza ishinga ari ukwisununura mu kuntu babayeho canke ukurondera uturyo dutuma bagwiza itunga, ivyo bintu vyoshobora gucika ibihambaye kuruta ibindi kuri twebwe.​—Matayo 6:24; 1 Ab’i Korinto 15:33.

(1 Yohani 2:17)

w13 15/8 27 ing. 18

Murabe ukuntu mubwirizwa kumera

Ikindi kintu kidufasha kunanira “ibiri mw’isi” ni uko tuguma twibuka amajambo yahumetswe Yohani yanditse, ayagira ati: “Isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” (1 Yoh. 2:17) Ivy’iyi si ya Shetani bisa n’ibintu bitari ivy’uruhendo kandi bizokwamaho. Ariko rero, umusi uri izina bizohera. Nta kintu na kimwe isi ya Shetani itanga kizokwamaho. Kwibuka ico kintu bizodufasha kudatwarwa n’ibintu bikwegakwega vyiwe.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(1 Yohani 2:7, 8)

w13 15/9 10 ing. 14

Ivyibutsa vya Yehova ni ivyo kwizigirwa

Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu vyuzuyemwo ivyibutsa bidusaba gukundana. Yezu yavuze ko ibwirizwa rigira kabiri rihambaye kuruta ayandi yose ari “ugukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Mat. 22:39) Muri ubwo buryo nyene, mwene wabo na Yezu bari basangiye nyina ari we Yakobo yise urukundo “itegeko ry’i bwami.” (Yak. 2:8) Intumwa Yohani yanditse ati: “Bakundwa, sindabandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndabandikiye ibwirizwa rya kera mwaronse kuva mu ntango.” (1 Yoh. 2:7, 8) Iryo “bwirizwa rya kera” Yohani yariko aravuga ryari irihe? Yariko avuga ibwirizwa ryo gukundana. Ryari “irya kera” mu buryo bw’uko hari haciye imyaka mirongo Yezu aritanze, ni ukuvuga “kuva mu ntango.” Mugabo kandi ryari “rishasha” mu buryo bw’uko ryasaba kugaragaza urukundo ruranga ukwitanga, urwo abo bigishwa bokeneye kugaragaza bashikiwe n’ibintu batari bamenyereye. Twebwe abigishwa ba Kristu, ntidukenguruka none ingabisho zidufasha kwirinda gutsimbataza agatima k’ubwikunzi karanga iyi si, agashobora kwonona urukundo dukunda abandi?

(1 Yohani 5:16, 17)

it-2 491 ing. 1

Imbabazi

Birabereye yuko dusenga dusaba ko Imana yobabarira abandi, mbere tugasengera n’ishengero ryose. Ivyo Musa yarabigiriye ihanga rya Isirayeli, aratura ivyaha vyabo yongera arabasabira imbabazi, kandi Yehova yaramwumviye. (Gh 14:19, 20) Na Salomo ku musi wo kwegurira Imana urusengero, yarasavye Yehova ngo aze ababarire abasavyi biwe bishitse bagacumura maze bakigarura bagaheba ingendo yabo mbi. (1Bm 8:30, 33-40, 46-52) Ezira na we nyene yaraserukiye abandi mu kwatura ku mugaragaro ivyaha vy’Abayuda bari bavuye mu bunyagano. Iryo sengesho rivuye ku mutima kandi ryo gutakamba ryaratumye abantu bagira ico bakoze kugira Yehova abaharire. (Ezr 9:13–10:4, 10-19, 44) Yakobo yaremesheje uwurwaye mu vy’impwemu guhamagara abagabo b’inararibonye bo mw’ishengero kugira bamusengere, kandi “nimba yarakoze ibicumuro azobabarirwa.” (Yak 5:14-16) Ariko rero hariho “igicumuro kizana urupfu,” ni ukuvuga ugucumura ku mpwemu nyeranda ari kwo kuguma ucumura n’ibigirankana, ico kikaba ari igicumuro kitababarirwa. Umukirisu rero ntakwiye gusengera abakora ibicumuro mwene ivyo.​—1Yh 5:16; Mt 12:31; Heb 10:26, 27.

11-17 MUNYONYO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 YOHANI 1–YUDA

“Dutegerezwa kurwana kugira tugume mu kuri”

(Yuda 3)

w04 15/9 11-12 ing. 8-9

‘Nimubandanye kwironsa inkomezi mu Mukama’

Ntituyobewe imigabo ya Shetani kubera yuko Ivyanditswe bihishura amayeri yiwe nyamukuru (2 Ab’i Korinto 2:11). Mu kurwanya Yobu wa mugabo w’umugororotsi, Shetani yakoresheje ingorane z’ivy’ubutunzi zikomeye, ukubura abiwe, ukurwanywa n’umuryango, ugucumukura ku mubiri, be n’ukuvugwa nabi kudafise ishingiro kuvuye ku bigira ngo ni abagenzi biwe. Yobu yaragize intimba yongera yiyumvira yuko Imana yamukuyeko amaboko (Yobu 10:1, 2). Naho Shetani ubwiwe atotera izo ngorane muri iki gihe, mwene ayo magume aragira ico akoze koko ku bakirisu benshi, kandi Mucokoranyi arashobora kuyakoresha kugira ngo ashike ku co yipfuza.

Ingeramizi zo mu vy’impwemu zarongerekanye ningoga muri iki gihe c’iherezo. Tuba mw’isi aho ivy’ugukurikirana amaronko bipfukiranya amahangiro y’ivy’impwemu. Ibimenyeshamakuru ntibihengeshanya kwerekana yuko ivy’uguhuza ibitsina kutemewe ari isoko ry’ubuhirwe aho kuba ibitera intuntu yo mu mutima. Kandi benshi mu bantu bacitse “[a]bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana” (2 Timoteyo 3:1-5). Ubwo buryo bwo kwiyumvira burashobora kugeramira uburimbane bwacu bwo mu vy’impwemu kiretse “[turwaniye] cane ukwizera”.​—Yuda 3.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Yuda 4)

(Yuda 12)

it-1 879

Inzimano z’urukundo

Bibiliya ntivuga ido n’ido ibijanye n’izo nzimano z’urukundo kandi ntiyerekana incuro vyagirwa. (Yuda 12) Yaba Yezu Kristu canke intumwa ziwe, nta n’umwe yategetse ibijanye n’izo nzimano kandi biboneka ko kuzihimbaza bidakwiye gufatwa nk’itegeko canke ikintu gikwiye kwama kigirwa. Hari abavuga ko vyari ibiringo aho abakirisu batunze bategura inzimano maze bagatumira abakirisu bagenzi babo bakenye. Ivyo vyatuma impfuvyi, abapfakazi, abatunzi n’abakene binovorera hamwe inzimano nk’abavukana.

it-2 805

Igitandara

Irindi jambo ry’ikigiriki spi·lasʹ, biboneka ko ryerekeza ku gitandara canke ikibuye cihishije mu mazi. Yuda arikoresha mu kuvuga abantu bamwebamwe bari bisobetse mw’ishengero rya gikirisu bafise intumbero yo kuryonona. Kurya nyene ibitandara vyihishije vyageramira ubwato, ni ko n’abo bantu bari bateye akaga gakomeye mw’ishengero. Ku bijanye n’abo bantu, Yuda avuga ati: “Abo ni ibitandara bihishijwe munsi y’amazi mu nzimano zanyu z’urukundo igihe basangira namwe inzimano.”​—Yuda 12.

(Yuda 14, 15)

wp17.1 12 ing. 1

“Yari yahimbaye Imana rwose”

None ubwo buhanuzi bwa Henoki bwari ubuhe? Bwagira buti: “Ehe! Yehova yazananye n’aberanda biwe ibihumbi mirongo, gushitsa urubanza kuri bose, no gukubita intahe mu gahanga abatibanga Imana bose ku bikorwa vyabo vyose vy’ukutibanga Imana bakoze mu kutibanga Imana, no ku bintu vyose vy’akamaramaza abacumuzi batibanga Imana bayivuzeko.” (Yuda 14, 15) Urabona ko Henoki yakoresheje umwanya wa kahise, nk’aho Imana yari yamaze gushitsa ibivugwa muri ubwo buhanuzi. N’abahanuzi batari bake b’inyuma yiwe, ni ko babigenjeje. Muri make, uwo muhanuzi yariko avuga ibintu vyobaye ata gisivya, aca abidondora nk’aho vyari vyamaze kuba!​—Yesaya 46:10.

wp17.1 12 ing. 3

“Yari yahimbaye Imana rwose”

Ukwizera Henoki yagaragaje kurashobora gutuma twibaza nimba isi tubayemwo tuyibona nk’uko Imana iyibona. Urubanza Henoki yatangaje adatinya n’ubu ntirurahera. Rurerekeye isi ya kino gihe, nk’uko nyene rwari rwerekeye isi yo mu gihe ca Henoki. Nk’uko Henoki yari yabivuze, Yehova yarateje Umwuzure isi yo mu gihe ca Nowa. Ariko rero ako gatikizo kari imburi y’agatikizo gakomeye kuruta kimirije gushika. (Matayo 24:38, 39; 2 Petero 2:4-6) Nk’uko vyagenze ico gihe, Imana n’abamarayika bayo ibihumbi mirongo baracabangiriye gushitsa urubanza rugororotse rwaciriwe iyi si itibanga Imana. Twese turakwiye gushira ku mutima imburi Henoki yatanze, tukongera tukayibwira abandi. Incuti n’abagenzi boshobora kuturwanya. Vyonashika tukumva umengo turi ba nyamwigendako. Mugabo rero, kurya nyene Yehova atigeze aheba Henoki, ni ko atazoheba abasavyi biwe b’abizigirwa muri iki gihe!

18-24 MUNYONYO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAHISHUWE 1-3

“Ndazi ibikorwa vyawe”

(Ivyahishuwe 1:20)

w12 15/10 14 ing. 8

Ni agatima akahe werekana?

Kugira ngo twirinde ako gatima, turakwiye kwibuka yuko Bibiliya ivuga ko Yezu afise “mu kuboko kwiwe kw’ukuryo inyenyeri indwi.” Izo “nyenyeri” zigereranya abacungezi barobanuwe, mu buryo bwagutse na ho zikagereranya abacungezi bo mu mashengero. Yezu arashobora kuyobora izo “nyenyeri” ziri mu kuboko kwiwe mu buryo ubwo ari bwo bwose abona ko bubereye. (Ivyah. 1:16, 20) Ku bw’ivyo, kubera ko ari Umutwe w’ishengero rya gikirisu, arifatiye mu minwe inama z’abakurambere. Nimba uwo mu bagize inama y’abakurambere akeneye vy’ukuri gukosorwa, Umwe afise “amaso ameze . . . nk’urubeya rw’umuriro” azoraba yuko ivyo bikorwa ku gihe yashinze no mu buryo abona ko bubereye. (Ivyah. 1:14) Mu kurindira, tuguma tugaragariza icubahiro kibereye abagenywe n’impwemu nyeranda, kuko Paulo yanditse ati: “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazobibazwa; kugira ngo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko vyogirira nabi mwebwe.”​—Heb. 13:17.

(Ivyahishuwe 2:1, 2)

w12 15/4 29 ing. 11

Yehova aratuzigama ku bw’ubukiriro

Mw’iyerekwa rivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 2 n’ica 3, Yezu Kristu uwari yaninahajwe, aragendura amashengero indwi yo muri Aziya Ntoya. Iryo yerekwa rirahishura yuko Kristu atabona gusa ukuntu ibintu vyifashe muri rusangi mugabo ko abona ukuntu ikintu kimwekimwe cose cifashe. Mu bihe bimwebimwe, aranavuga abantu kanaka, kandi igihe cose avuze ishengero, ararikeza canke akarihanura yisunze uko ivyaryo vyifashe. None ivyo vyerekana iki? Muri iryo yerekwa, ayo mashengero indwi agereranya abakirisu barobanuwe inyuma ya 1914, kandi impanuro ayo mashengero yahawe ku bwa ngingo ziraraba amashengero yose y’abasavyi b’Imana bari hirya no hino kw’isi muri iki gihe. Ntitwoba rero twihenze dushitse ku ciyumviro c’uko Yehova abicishije ku Mwana wiwe, ariko arayobora abasavyi biwe abigiranye umwete. Dushobora gute none kwungukira kuri ubwo buyobozi?

w01 1/2 14-15 ing. 20

Nugume Ujana n’Ishirahamwe rya Yehova

Kuguma tujana n’ishirahamwe ritera rija imbere rya Yehova bisaba yuko twemera icese uruhara Yezu Kirisitu yashinzwe n’Imana rwo kuba “umutwe w’ishengero.” (Abanyefeso 5:22, 23) Ikindi kintu dukwiriye kubona, ni ikiri muri Yesaya 55:4, aho tubwirwa duti: “Rāba, [jewe Yehova] ndamutanze ngw abe icabona co gushingira intahe amahanga, ngw abe n’umukuru na segaba w’amahanga.” Nta nkeka, Yezu arazi ukuntu arongora ibintu. Arazi kandi intama ziwe n’ivyo zikora. Kukaba nkako, igihe yagenzura ya mashengero indwi yo muri Aziya Ntoyi, yavuze incuro zitanu ati: “Ndazi ibikorwa vyawe.” (Ivyahishuriwe 2:2, 19; 3:1, 8, 15) Yezu kandi arazi ibikorwa vyacu nk’uko Se wiwe Yehova abizi. Imbere y’ugushikiriza rya Sengesho ry’Akarorero, Yezu yavuze ati: “So a[ra]zi ivyo mukennye mutaramusaba.”​—Matayo 6:8-13.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Ivyahishuwe 1:7)

kr 226 ing. 8, 10

Ubwami bw’Imana bukuraho abansi babwo

Ubuhanuzi Yezu yavuze ku bijanye n’imisi ya nyuma burerekana yuko hari ibintu nka bingahe bikomeye bizoba mu gihe gishikana kuri Harumagedoni. Ibintu bibiri vya mbere tugira twihweze, vyompi biravugwa mu Njili ya Matayo, ya Mariko, n’iya Luka.​—Soma Matayo 24:29-31; Mrk. 13:23-27; Luka 21:25-28.

Uguca urubanza. Abansi bose b’Ubwami bw’Imana bazobwirizwa rero kubona vyanse bikunze ikintu kizobongerereza ububabare. Yezu avuga ati: “Bazobona Umwana w’umuntu aza mu bicu ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi.” (Mrk. 13:26) Ukwo kugaragaza ububasha mu buryo busiga ubwenge kizoba ari ikimenyetso c’uko Yezu yaje guca urubanza. Mu kindi gice c’ubwo buhanuzi nyene bw’imisi y’iherezo, Yezu aratanga n’ayandi makuru ajanye n’urubanza ruzocibwa ico gihe. Ayo makuru tuyasanga muri wa mugani w’intama n’impene. (Soma Matayo 25:31-33, 46.) Abashigikira Ubwami bw’Imana badahemuka bazocirwa urubanza rw’uko ari “intama” kandi ‘bazoraramika imitwe,’ kuko bazoba babona ko “ukurokoka kwa[bo] kuzoba kuriko kuregereza.” (Luka 21:28) Ariko abarwanya Ubwami bw’Imana bazocirwa urubanza rw’uko ari “impene” kandi ‘bazokwikubitagura ku gikiriza bishwe n’intuntu,’ kuko bazoba babona ko “ukurandurwa kw’ibihe bidahera” kubarindiriye.​—Mat. 24:30; Ivyah. 1:7.

(Ivyahishuwe 2:7)

w09 15/1 31 ing. 1

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ivyahishuwe​—Igice ca 1

2:7​—“Iparadizo y’Imana” ni iki? Kubera ko ayo majambo abwirwa abakirisu basizwe, iparadizo ivugwa muri ico canditswe itegerezwa kuba yerekeza ku hantu hameze nk’iparadizo ho mw’ijuru, ni ukuvuga aho Imana ubwayo ivyagiye. Abasizwe b’abizigirwa bazohabwa impera yo kurya “ku giti c’ubuzima.” Bazoronswa ukudapfa.​—1 Kor. 15:53.

25 MUNYONYO–1 KIGARAMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAHISHUWE 4-6

“Abagendera ku mafarasi bane”

(Ivyahishuwe 6:2)

wp17.3 4 ing. 3

Abagendera kuri za farasi zine ni bande?

None uwo agendera kw’ifarasi yera ni nde? Ikintu nyamukuru kidufasha kumumenya tugisanga muri ico gitabu nyene c’Ivyahishuwe. Mu kigabane ca 19, havuga ko yitwa “Jambo w’Imana.” (Ivyahishuwe 19:11-13) Iryo zina Jambo ryerekeza kuri Yezu Kristu, kubera ko Imana imukoresha nk’umuvugizi wayo. (Yohani 1:1, 14) Vyongeye, yitwa “Umwami w’abami n’Umukama w’abakama”, akongera akitwa “Mwizigirwa na Munyakuri.” (Ivyahishuwe 19:11, 16) Mu vy’ukuri, arabereye kuba umwami w’umurwanantambara, kandi ntiyigera akoresha nabi ububasha bwiwe. Yamara rero, hari ibibazo bica bivyuka.

wp17.3 4 ing. 5

Abagendera kuri za farasi zine ni bande?

None abagendera kuri izo farasi batanguye kugenda ryari? Urabona ko uwa mbere, ari we Yezu, atangura kugenda ahejeje kwambikwa urugori, akimikwa. (Ivyahishuwe 6:2) None Yezu yimitswe ryari ngo abe Umwami mw’ijuru? Igihe Yezu yazuka agasubira mw’ijuru, ntiyaciye yimikwa. Bibiliya yerekana nyabuna ko yaciye atangura ikiringo co kurindira. (Abaheburayo 10:12, 13) Yezu yarahaye abayoboke biwe ikimenyetso cobafashije kumenya yuko ico kiringo kirangiye be n’uko atanguye kuganza ari Umwami mw’ijuru. Yavuze ko ibintu vyociye birushiriza kwunyuka kw’isi atanguye kuganza. Hobayeho intambara, amapfa be n’indwara z’ibiza. (Matayo 24:3, 7; Luka 21:10, 11) Haciye igihe gito Intambara ya mbere y’isi yose itanguye mu 1914, vyaragaragaye yuko abantu bari binjiye mu kiringo kibi cane, ico Bibiliya yita “imisi ya nyuma.”​—2 Timoteyo 3:1-5.

(Ivyahishuwe 6:4-6)

wp17.3 5 ing. 2

Abagendera kuri za farasi zine ni bande?

Uwugendera kuri iyo farasi agereranya intambara. Urabona yuko Bibiliya ivuga ko akura amahoro kw’isi yose, atari mu bihugu bimwebimwe gusa. Mu 1914 haradutse intambara y’isi yose, rikaba ryari ryo rya mbere ibaye muri kahise k’abantu. Yahavuye ikurikirwa n’intambara ya kabiri y’isi yose, iyayogeje inganda kuruta. Raporo zimwezimwe zivuga ko abahitanywe n’intambara zitandukanye kuva mu 1914, baharurwa mu miliyoni zirenga 100! Vyongeye, abandi benshi cane barakomeretse bimwe bikomeye.

wp17.3 5 ing. 4-5

Abagendera kuri za farasi zine ni bande?

Ubukurikira Yohani avuga ati: “Ngize ntya, mbona ifarasi yirabura; kandi uwuyicayeko yari afise umunzane mu minwe. Maze numva ijwi nk’aho riri hagati ya vya binyabuzima bine rivuga riti: ‘Igemeri y’ingano kw’idenariyo, n’amagemeri atatu ya sayiri kw’idenariyo; kandi ntihagire ico ugira amavuta y’umwelayo n’umuvinyu.’”​—Ivyahishuwe 6:5, 6.

Uwugendera kuri iyo farasi agereranya amapfa. Iyo mirongo irerekana ko ibifungurwa vyokenye cane ku buryo igemeri y’ingano (amagarama 700) yoguzwe idenariyo imwe, uwo ukaba wari umushahara umukozi wo mu kinjana ca mbere yahembwa ku musi! (Matayo 20:2) Ico giceri nyene coguze amagemeri atatu ya sayiri (ibiro 2 n’amagarama 100), zikaba zari intete zifise agaciro ko hasi ugereranije n’ingano. None wumwa ivyo vyotunze umuryango munini? Abantu baca bahimirizwa kudasesagura ibifungurwa vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose bw’ico gihe, nk’amavuta n’umuvinyu.

(Ivyahishuwe 6:8)

wp17.3 5 ing. 8-10

Abagendera kuri za farasi zine ni bande?

Uwugendera kuri iyo farasi agereranya urupfu ruhitana abantu, bivuye ku ndwara z’ibiza be n’ibindi bintu. Inyuma gatoya ya 1914, ka kamangu ko muri Espanye karahitanye abantu amamiliyoni mirongo. Bivugwa ko abantu imiliyoni nka 500 bakarwaye. Ivyo bisobanura ko mu bantu bose bari kw’isi ico gihe, 1 kuri 3 yakarwaye!

Ariko rero ako kamangu yari intango gusa. Abahinga bavuga yuko mu kinjana ca 20, abantu amamiliyoni amajana bahitanywe n’ibihara. Naho ubuvuzi bwateye imbere, gushika n’ubu abantu amamiliyoni baracahitanwa na SIDA, igituntu be na malariya.

Baba abicwa n’intambara, amapfa canke ibiza, bose bahitanwa na Rupfu. Kuzimu na we aguma akumakuma ata gahengwe abahitanwa na Rupfu.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Ivyahishuwe 4:4) (Ivyahishuwe 4:6)

re 76-77 ing. 8

Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuru

Yohani yari asanzwe azi ko kera abaherezi ari bo bakorera mw’itaberenakulo. Ashobora rero kuba yaratangaye igihe yabona ivyo aca atwiganira, ati: “Kandi hirya no hino ya nya ntebe hari intebe z’ubwami mirongo ibiri na zine, kandi kuri izo ntebe z’ubwami mbona hicaye abakurambere mirongo ibiri na bane bambaye impuzu zo hejuru zera, ku mitwe yabo na ho hakaba ingori z’inzahabu.” (Ivyahishuwe 4:4) Ego cane, aho kubona abaherezi, abona abakurambere 24 bicaye ku ntebe z’ubwami kandi bambaye ingori. None abo bakurambere ni bande? Si abandi, ni abarobanuwe bo mw’ishengero rya gikirisu bazuwe bakaba bari mu kibanza co mw’ijuru Yehova yabasezeraniye. Ivyo tubibwirwa n’iki?

re 80 ing. 19

Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuru

None ivyo biremwa bigereranya iki? Ivyo umuhanuzi Ezekiyeli yeretswe biradufasha kuronka inyishu. Ezekiyeli yarabonye Yehova avyagiye ku mukogote wo mw’ijuru, ukaba wari kumwe n’ibinyabuzima bisa n’ivyo Yohani adondora. (Ezekiyeli 1:5-11, 22-28) Mu nyuma, Ezekiyeli yarasubiye kubona uwo mukogote wariko intebe y’ubwami uri kumwe na vya binyabuzima. Ariko ico gihe hoho yavuze ko ivyo binyabuzima ari abakerubi. (Ezekiyeli 10:9-15) Ivyo binyabuzima bine Yohani abona bitegerezwa kuba bigereranya abakerubi indiri b’Imana, ni ukuvuga ibiremwa bifise ikibanza co ku rwego rwo hejuru mu ndinganizo yayo y’abamarayika. Yohani ntatangara abonye abakerubi iruhande ya Yehova, kuko muri ya taberenakulo ya kera hariho abakerubi babiri b’inzahabu bahagaze ku murumyo w’isandugu y’isezerano, na yo ikaba yagereranya intebe y’ubwami ya Yehova. Hagati y’abo bakerubi ni ho ijwi rya Yehova ryatangariza amabwirizwa yahabwa ihanga ry’Abisirayeli.​—Kuvayo 25:22; Zaburi 80:1.

(Ivyahishuwe 5:5)

cf 36 ing. 5-6

“Ehe ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda!”

Bisanzwe bizwi ko intambwe irangwa n’umutima rugabo. Woba urigera uhuza amaso n’intambwe ikuze? Nimba bimaze gushika, birashoboka cane ko wari ukingiwe n’ikintu kigutandukanya na yo, nk’uruzitiro rw’aho itungiwe. Naho ari ukwo, ivyo birashobora kuba ibiteye ubwoba cane. Igihe uhanze amaso ico gikoko kinini kandi gikomeye na co kikaguhanga ayandi, ntiworuha wiyumvira ko intambwe yoterwa ubwoba n’ikintu ico ari co cose ngo ihunge. Bibiliya iravuga ko “intambwe ari yo ikomeye mu bindi bikoko kandi ikaba idasubira inyuma imbere y’umuntu n’umwe.” (Imigani 30:30) Umutima rugabo nk’uwo ni wo Kristu afise.

Reka turimbure uburyo butatu Yezu yagaragajemwo umutima rugabo nk’uw’intambwe: mu kuburanira ukuri, mu gushigikira ubutungane, no mu guhangana n’abamurwanya. Turaza kubona kandi ko twese dushobora kwigana Yezu mu kugaragaza umutima rugabo, twaba dusanganywe uburindutsi canke ata bwo dusanganywe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika