ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 98
  • Nokora iki hamwe noba ndiko ndananirwa kw’ishure?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki hamwe noba ndiko ndananirwa kw’ishure?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo wokora
  • Wofasha gute umwana wawe kugira aronke amanota meza?
    Icofasha umuryango
  • Vyoba ari vyiza kwiba kugira uronke amanota meza?
    Be maso!—2012
  • Nokora neza gute kw’ishure?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 98
Abanyeshure benshi basohotse kw’ishure. Umukobwa umwe muri bo aracitse intege abonye amanota mabi yaronse mu kibazo.

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki hamwe noba ndiko ndananirwa kw’ishure?

“Hari abanyeshure bamwebamwe usanga biyicariye mw’ishure ata n’amakaye canke ibitabu bafise, bariko biyumviririza umuziki umwigisha ariko arigisha. Kandi abo banyeshure baribaza igituma bananirwa. Ariko hari abandi bameze nkanje biga uko bashoboye kwose, yamara bakaronka amanota mabi. Mvugishije ukuri, simbona igituma ivyo bintu bishika. Birambabaza kuronka amanota mabi igihe mba namaze indwi yose niga kandi nkaza ndaryama bwije.”​—Yolanda.

Woba umaze kwibaza nka Yolanda? Tuvugishije ukuri, kuronka amanota mabi birashobora gutuma ucika intege.

Abakiri bato bamwebamwe bananirwa kw’ishure boshobora kwumva umengo bohagarika kugira utwigoro ngo baronke amanota meza. Abandi boshobora guheba ishure. Naho wumva umengo wogerageza ubwo buryo bwompi, hariho ikindi kintu wokora. Raba ibintu bitanu wokora kugira uronke amanota meza.

  • Ivyo wokora

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Ivyo wokora

  • Nutonde imisi yose. Woshobora kwibwira uti: “Ivyo nta wutabizi.” Ariko uko usiba cane ni ko uzoronka amanota make.

    “Kw’ishure nigako, abanyeshure batitaho kuronka amanota meza ni bo bama basiba, kandi ivyo nta co bibamarira.”​—Matthew.

    Ingingo ngenderwako: “Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.”​—Abagalatiya 6:7.

  • Nukurikire buri cigwa uko ushoboye kwose. Gutonda ni vyiza ariko urakeneye no gukurikira icigwa kimwekimwe cose. Niwimure ivyigwa vyose. Nugerageze gukurikira umwigisha ariko arigisha. Nimba vyemewe, nubaze ibibazo akiriko arigisha.

    “Igihe tuba turiko turiga, ndabaza ibibazo vyinshi kubera nasanze umwigisha asigura neza kuruta igihe azi yuko hari umunyeshure atabitahura neza.”​—Olivia.

    Ingingo ngenderwako: “Mwitwararike ukuntu mwumviriza.”​—Luka 8:18.

  • Niwirinde gutirisha. Gutirisha ni ugukora amanyanga. Hari uburyo bwinshi bwo gutirisha kw’ishure. Uburyo bumwe ni ukwimura ivyo uwundi yakoze. Kurabira ku wundi si amanyanga gusa, ariko kandi bituma utamenya ibintu.

    “Igihe hari ivyo udatahura, ntiwigere wimura ivyo abandi bikoreye. Gutirisha nta na kimwe bikumarira. Ntivyigera bikwigisha kwironderera umuti w’ingorane, ahubwo bikumenyereza kwitega ivy’abandi.”​—Jonathan.

    Ingingo ngenderwako: “Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene.”​—Abagalatiya 6:4.

  • Nukore udukorwa two kw’ishure twose uhabwa. Nimba bishoboka, nukore udukorwa two kw’ishure imbere y’ibindi bintu canecane nk’ibijanye no kwisamaza.a Niwabigira ukwo, uzoryoherwa n’ako kanya ufashe ko kuruhuka.

    “Nakora udukorwa two kw’ishure imbere y’ibindi bintu kandi vyaramfashije kuronka amanota meza. Ntashe i muhira, akenshi narumva nshaka kuruhuka canke kwumviriza umuziki. Ariko naragerageje gutangura gukora udukorwa two kw’ishure hanyuma nkaruhuka.​—Calvin.

    Ingingo ngenderwako: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—Abafilipi 1:10.

  • Nurondere uwogufasha. Ntuterwe isoni no kwemera ko abandi bagufasha. Niwegere abavyeyi bawe bagufashe. Nubaze umwigisha wawe ukuntu woronka amanota meza. Rimwe na rimwe woshobora gusaba umwigisha canke uwundi munyeshure abizi agusigurire.

    “Niwegere umwigisha umusabe agusigurire yongere akubwire ico wokora kugira uronke amanota meza. Nta gukeka ko umwigisha azokorwa ku mutima no kuba wipfuza kumenya kandi azogufasha.”​—David.

    Ingingo ngenderwako: “Mu bajanama indiri haragira igishitsweko.”​—Imigani 15:22.

Umukobwa ariko avuza igitari mu cumba iwiwe.

Kugira ivyo uhinduye ngo uronke amanota meza bimeze nko kwiga kuvuza igicurarangisho. Naho bigoye biravamwo ivyiza.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Alexandra.

“Nimba wipfuza kumenya kw’ishure, urakwiye kumenya ko vyose bizovana n’akigoro uzokoresha.”​—Alexandra.

Elijah.

“Nubwire abigisha bawe umugambi ufise. Igihe nari kw’ishure narabaza abigisha ico nokora kugira ndonke amanota meza naho vyasaba gusubiramwo ibibazo canke gukora utundi dukorwa twiyongereye.”​—Elijah.

Mackenzie.

“Nugire ico ukoze wongere urondere uwogufasha. Akenshi abigisha bazokwipfuza kugufasha nibabona ko ugira akigoro kugira uronke amanota meza.”​—Mackenzie.

Isubiramwo: Nokora iki hamwe noba ndiko ndananirwa kw’ishure?

  1. Nutonde imisi yose.

  2. Nukurikire buri cigwa.

  3. Niwirinde gutirisha.

  4. Nukore udukorwa two kw’ishure twose uhabwa.

  5. Nurondere uwogufasha.

a Kugira urabe ibindi bintu vyogufasha kuryohora ukuntu wiga, nurabe ikiganiro kivuga ngo “Urwaruka ruribaza . . . Nokora iki kugira ndangize udukorwa two kw’ishure?”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika