ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 34
  • Iterabwoba ryoba rizokwigera rihera?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iterabwoba ryoba rizokwigera rihera?
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imana ibona gute iterabwoba?
  • Igituma haba iterabwoba
  • Ingene iterabwoba rizovaho
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • ‘Ntimutinye canke ngo muranduke imitima’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ubukozi bw’ikibi buratugirira nabi twese
    Be maso!—2012
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 34
Uwukora mu vyo kuzimya umuriro ariko arafasha abarokotse abakura mu bihomvagurike vy’amazu.

Iterabwoba ryoba rizokwigera rihera?

Inyuma y’igitero ca ba gaterabwoba, ni ibisanzwe kwibaza uti: ‘Imana yoba ivyitaho? Kubera iki ibi bintu vyabaye? Iterabwobaa ryoba rizokwigera rihera? Ni ibiki vyomfasha kurengera ubwoba mfise?’ Bibiliya iratanga inyishu ziremesha z’ivyo bibazo.

Imana ibona gute iterabwoba?

Imana iranka ubugizi bwa nabi n’iterabwoba. (Zaburi 11:5; Imigani 6:16, 17) Na Yezu, intumwa y’Imana, yarahambariye abigishwa biwe igihe bagirira nabi abandi. (Matayo 26:50-52) Naho hari abivugisha ko bakora ibitero vy’ubugizi bwa nabi mw’izina ry’Imana, ntibarekurira kubikora. Nkako, ntiyumviriza n’amasengesho yabo.​—Yesaya 1:15.

Imana iritaho abari mu ngorane bose, harimwo n’abashikiwe n’ingaruka z’ibitero vya ba gaterabwoba. (Zaburi 31:7; 1 Petero 5:7) Bibiliya kandi irerekana ko Imana izokuraho ubugizi bwa nabi.​—Yesaya 60:18.

Igituma haba iterabwoba

Bibiliya irahishura imvo nyamukuru ituma haba iterabwoba. Igira iti: “Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Kuva kera, abantu bafise ububasha bamye bakoresha iterabwoba mu gukandamiza abandi. Hari abandi baca bakoresha iterabwoba kugira bihore ababagiriye nabi.​—Umusiguzi 7:7.

Ingene iterabwoba rizovaho

Imana isezerana kuzokuraho ubwoba n’ubugizi bwa nabi maze izane amahoro kw’isi. (Yesaya 32:18; Mika 4:3, 4)

  • Izokuraho igituma haba iterabwoba. Imana izokuraho intwaro z’abantu izisubirize n’intwaro yayo izoba iganza isi yose. Yezu Kristu Umutware w’iyo ntwaro azogirira neza abantu bose kandi azokuraho agahahazo n’ubugizi bwa nabi. (Zaburi 72:2, 14) Ico gihe nta n’umwe azoba agikora iterabwoba. Abantu“bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:10, 11.

  • Izokuraho ingaruka zose z’iterabwoba. Imana izokiza abantu ingaruka z’iterabwoba haba ku mubiri canke ku mutima. (Yesaya 65:17; Ivyahishuwe 21:3, 4) Mbere isezerana ko izozura abapfuye itume basubira kubaho mw’isi irangwa amahoro.​—Yohani 5:28, 29.

Bibiliya iraduha imvo zumvikana zituma twemera ko Imana igiye kubikora vuba. Yamara, woshobora kwibaza uti: ‘None ni kubera iki Imana itarakuraho iterabwoba?’ Kugira uronke inyishu y’ico kibazo, raba ividewo ivuga ngo Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’ingorane?

a “Iterabwoba” muri rusangi ryerekeza ku kugirira nabi abandi canke kubatera ubwoba ko uzobagirira nabi na canecane rikagirirwa abanyagihugu kugira bagire ubwoba maze ushike ku co wipfuza mu vya politike, mu vy’idini canke mu kibano. Ariko rero, abantu boshobora kutavuga rumwe ku bijanye n’uko igitero kanaka coba ari iterabwoba canke atari ryo.

Bibiliya irafasha abantu kwihangana

Ng’ibi ibintu bibiri Bibiliya ivuga ko vyoshobora kugufasha.

  • Nusenge Imana.​—Abafilipi 4:6, 7.

  • Nugumize ku mutima ubutumwa bw’icizigiro Bibiliya itanga.​—Abaheburayo 6:19.

Ushaka izindi mpanuro zishingiye kuri Bibiliya, nurabe ikiganiro kivuga ngo “Icogufasha kutarengerwa n’amaganya.”

Ivyabona vya Yehova bashikiwe n’iterabwoba barafashijwe kandi n’abo basangiye ukwemera. Raba uburorero bubiri:

  • Amashurwe bashize ahabereye igitero ca ba gaterabwoba kw’ishure ry’i Beslan mu Burusiya.

    Natalya n’umuhungu wiwe w’imyaka icenda Aslan bari kw’ishure ry’i Beslan mu Burusiya igihe ba gaterabwoba bitwaje ibirwanisho binjira kuri iryo shure maze bakanyuruza abantu barenga 1.000. Ikibabaje, abantu amajana barapfuye, benshi muri bo bakaba bari abana. Naho Natalya na Aslan barokotse, vyarabahahamuye. Raba icabafashije gusubirana.

  • Pablo na Sophie.

    Pablo na Sophie baraburiye umuhungu wabo muri ca gitero abihevyi bagira kuri ya minara miremire ibiri y’i New York. Raba iyi videwo yerekana icabafashije n’icafashije abandi bagizweko ibitero na ba gaterabwoba.

Bibiliya irafasha abantu guhinduka

Abantu benshi barababazwa n’akarenganyo be n’agahahazo kari mw’isi. Boshobora kubona ko ata kindi bokora atari ukuja mu vy’ubukozi bw’ikibi be n’ivya ba gaterabwoba. None abantu nk’abo boba bashobora guhinduka? Ego cane. Kugira urabe ukuntu ubutumwa bwo muri Bibiliya bwafashije bamwebamwe guhinduka, nusome ikiganiro kivuga ngo “Iterabwoba ryoba rizohera kw’isi?”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika