ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 109
  • Umuhero w’isi uzoza ryari?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuhero w’isi uzoza ryari?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Umuhero w’isi: Hari abawutinya, abawushashaye, n’abarambiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ibibazo bine bijanye n’umuhero vyishurwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • “Umuhero” ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Iyi Si Yoba Izorokoka?
    Iyi si yoba izorokoka?
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 109
Kw’isaha yo ku ruhome, sasita igira igere

Umuhero w’isi uzoza ryari?

Inyishu Bibiliya itanga

Kugira tumenye igihe umuhero w’isi uzozira, dukeneye kubanza kumenya ingene Bibiliya ikoresha ijambo “isi.” Ijambo ry’ikigiriki koʹsmos rikunda guhindurwa ngo “isi,” kenshi rishaka kuvuga abantu, canecane barya batitaho ivyo Imana igomba. (Yohani 15:18, 19; 2 Petero 2:5) Hari n’igihe koʹsmos ryerekeza ku kuntu ikibano c’abantu gisanzwe gitunganijwe, aho twovuga nk’ibijanye n’ubudandaji, ivya politike, ivy’amadini n’ibindi.​—1 Abakorinto 7:31; 1 Yohani 2:15, 16.a

“Umuhero w’isi” ni iki?

Iyo mvugo iraboneka muri Bibiliya zitari nke. Ishobora kandi guhindurwa ngo “insozero y’ivy’isi.” (Matayo 24:3) Iyo mvugo ntisobanura ko isi izorandurwa canke abantu bose bayibako, ahubwo yerekana ko ukuntu ikibano c’abantu gitunganijwe ari vyo bizohera.​—1 Yohani 2:17.

Bibiliya yigisha ko “inkozi z’ikibi zizorandurwa” kugira ngo abantu beza bibere kw’isi. (Zaburi 37:9-11) Ivyo bizoba mu gihe c’“amakuba akomeye” azosozerwa n’intambara ya Harumagedoni.​—Matayo 24:21, 22; Ivyahishuwe 16:14, 16.

Umuhero uzoza ryari?

Yezu yavuze ati: “Nayo ivy’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa.” (Matayo 24:36, 42) Yongeyeko yuko umuhero uzoza giturumbuka, “kw’isaha [t]utiyumvira.”​—Matayo 24:44.

Naho tutazi neza na neza umusi n’isaha, Yezu yaraduhaye “ikimenyetso” kigizwe n’ibintu vyinshi vyobaye bikerekana ko turiko turegereza uwo musi. (Matayo 24:​3, 7-​14) Ico kiringo Bibiliya icita “igihe c’iherezo,” “imisi ya nyuma” canke “imisi y’iherezo.”​—Daniyeli 12:4; 2 Timoteyo 3:1-5; Bibiliya Yera.

Hoba hari ikizorokoka inyuma y’umuhero?

Ego. Isi ni ho izoba iri, kuko Bibiliya ivuga ko “[ita]zogenda inyiganyijwe gushika igihe kitagira urugero, emwe gushika ibihe bidahera.” (Zaburi 104:5) Kandi izokwuzurako abantu nk’uko nyene Bibiliya ibisezerana iti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zaburi 37:29) Imana izoca ituma kw’isi hamera nk’uko yavyipfuza mu ntango:

  • Iparadizo.​—Yesaya 35:1; Luka 23:43.

  • Umutekano n’ubuzima bwiza.​—Mika 4:4.

  • Akazi keza kuri bose.​—Yesaya 65:21-23.

  • Nta wuzoba akirwara canke ngo asaze.​—Yobu 33:25; Yesaya 33:24.

Abantu bari muri Paradizo bariko bararyoherwa ku kiyaga

a Muri Bibiliya zimwezimwe, ijambo ry’ikigiriki ai·onʹ na ryo nyene hari igihe rihindurwa ngo “isi.” Muri ico gihe rica risobanura cokimwe n’ijambo koʹsmos, ni ukuvuga ukuntu ikibano c’abantu gitunganijwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika