ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 112
  • Ijuru ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ijuru ni iki?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Mw’ijuru hameze gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ijuru
    Be maso!—2016
  • Ivyo abantu bibaza ku baba mu karere k’impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Abaja mw Ijuru Ni Bande; Kubera Iki?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 112
Izuba rirasira hejuru y’ibicu

Ijuru ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

Muri Bibiliya ijambo “ijuru” rirerekeza ahanini ku bintu bitatu: (1) amajuru tubona; (2) akarere k’ibiremwa vy’impwemu; hamwe (3) no ku kibanza co hejuru canke c’iteka. Ibiba biriko biravugwa biradufasha kumenya insobanuro y’ukuri iyo ari yo.a

  1. Amajuru tubona. Ni ukuvuga mu kirere, harya umuyaga uhuhutira, inyoni zigurukira, aho tubona ibicu bivamwo imvura n’urubura, aho imiravyo irabiriza. (Zaburi 78:26; Imigani 30:19; Yesaya 55:10; Luka 17:24 ) Ashobora kandi gusobanura hejuru y’ibicu, aho “izuba n’ukwezi n’inyenyeri” biri.—Gusubira mu vyagezwe 4:19; Itanguriro 1:1.

  2. Akarere k’ibiremwa vy’impwemu. Imvugo “ijuru” rirerekeza kandi ku majuru ataboneka canke aho ibiremwa vy’impwemu biba. (1 Abami 8:27; Yohani 6:38) Aho ni ho Yehova Imana aba, nakare ni “Impwemu,” hamwe n’abamarayika yaremye. (Yohani 4:24; Matayo 24:36 ) Rimwe na rimwe, imvugo “amajuru” rirerekeza ku bamarayika b’abizigirwa, ari ryo “shengero ry’aberanda.”—Zaburi 89:5-7.

    Bibiliya kandi irakoresha imvugo “amajuru” mu kwerekeza gusa ku kibanza Yehova avyagiyemwo, ni ukuvuga ‘ahantu aba.’ (1 Abami 8:43, 49; Abaheburayo 9:24; Ivyahishuwe 13:6) Nk’akarorero, Bibiliya yari yaravuze ko Shetani n’amadayimoni yiwe botawe hanze y’ijuru ntibasubire kwinjira aho Yehova ari. Naho ari ukwo, bogumye baba mu karere k’ibiremwa vy’impwemu.—Ivyahishuwe 12:7-9, 12.

  3. Ikibanza co hejuru canke c’iteka. Ivyanditswe birakoresha ijambo “ijuru” mu kwerekeza ku kibanza co hejuru, canecane ku bijanye n’ubutegetsi. Ico kibanza gifiswe na:

    • Yehova Imana we Segaba wa vyose.—2 Ngoma 32:20; Luka 15:21.

    • Ubwami bw’Imana, ubutegetsi buzosubirira intwaro z’abantu. Bibiliya ivuga ko ubwo Bwami ari “amajuru mashasha.”—Yesaya 65:17; 66:22; 2 Petero 3:13.b

    • Abakirisu bakiri kw’isi mugabo bafise icizigiro co kuzoba mw’ijuru.—Abanyefeso 2:6.

    • Ubutegetsi bw’abantu bwishize hejuru ubugereranije n’abatwarwa babwo.—Yesaya 14:12-14; Daniyeli 4:20-22; 2 Petero 3:7.

    • Shetani n’amadayimoni ari na bo ubu baganza isi.—Abanyefeso 6:12; 1 Yohani 5:19.

Ijuru rimeze gute?

Mw’ijuru hari ibikorwa vyinshi. Hariyo abamarayika amamiliyoni amajana n’amajana ‘bashitsa ijambo rya Yehova.’—Zaburi 103:20, 21; Daniyeli 7:10.

Bibiliya idondora ijuru nk’ahantu h’umuco ukayangana. (1 Timoteyo 6:15, 16) Umuhanuzi Ezekiyeli yareretswe ijuru maze abona ‘hakaka.’ Daniyeli na we mu vyo yeretswe yabonye mw’ijuru “umugezi w’umuriro.” (Ezekiyeli 1:26-28; Daniyeli 7:9, 10) Mw’ijuru ni heranda kandi hasa neza cane.—Zaburi 96:6; Yesaya 63:15; Ivyahishuwe 4:2, 3.

Ukuntu Bibiliya idondora ijuru kurateye akoba. (Ezekiyeli 43:2, 3) Ariko rero, ntibishoboka ko abantu batahura neza ivy’ijuru kubera ko birengeye ivyiyumviro vyacu.

a Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ijuru” rishobora kuba rikomoka kw’ijambo risobanura ikibanza co “hejuru” canke “kininahaye.” (Imigani 25:3) Raba igitabu The New Brown, Driver, and Briggs Hebrew and English Lexicon of the Old Testament, urupapuro rwa 1029.

b Igitabu kimwe (Cyclopedia) canditswe na McClintock be na Strong kivuga ko ayo majuru mashasha avugwa muri Yesaya 65:17 asobanura “ubutegetsi bushasha, ubwami bushasha.”—Volume IV, urupapuro rwa 22.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika