ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 26 rup. 122-rup. 125
  • Yarakosoye umwami

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yarakosoye umwami
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • Nathani—Yaraburaniye ugusenga gutyoroye adahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Igicumuro c’umwami Dawidi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Igihe “umutima umenetse, ujanjaguwe” urondeye guharirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 26 rup. 122-rup. 125

26 NATANI

Yarakosoye umwami

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

‘UMUNTU mwiza nk’urya yokora gute ibintu bibi nk’ivyo?’ Umuhanuzi Natani ashobora kuba yaribajije ikibazo nk’ico igihe yariko aragenda ku kirimba kuraba umwami Dawidi, umugenzi wiwe. Imbere y’aho, Yehova yari yatumye Natani ngo abwire Dawidi ikintu ciza cane cobaye muri kazoza: Mesiya yokomotse mu muryango wa Dawidi! (2 Sam. 7:​4, 12, 13) Ariko ico gihe hoho, Dawidi yari yakoze ibicumuro bikomeye. Yehova rero yashaka ko Natani akosora Dawidi.

Naho Dawidi yabikoze yinyegeje, Yehova yari yabibonye. Imana ishobora kuba yari yabwiye Natani ivyo Dawidi yari yakoze vyose. Igihe kimwe mw’ijoro, Dawidi yariko aragendagenda hejuru ku nzu maze abona umugore yariko ariyoga. Yarabonye ko «yari mwiza cane» aca aramutumako. Umwami yaramenye ko uwo mugore Batisheba yari yubakanye n’umusoda wiwe w’intahemuka yitwa Uriya Umuheti. Ariko Dawidi yararenze ibigo na Batisheba. Mu nyuma, Batisheba yaramenyesheje Dawidi ko yibungenze. Dawidi yaciye arondera kunyegeza ikibi yari yakoze. Yarategetse Uriya ngo asige abasoda bagenziwe ku rugamba maze aze kurarana n’umugore wiwe. (Gereranya na 1 Samweli 21:5.) Ariko Uriya yaranse kuja muhira iwe ngo aryamane n’umugore wiwe kandi asize abandi basoda ku rugamba. Dawidi yaciye ategeka umukuru w’ingabo ngo ashire Uriya aho yashobora kugwa ku rugamba. Kandi ukwo nyene ni ko vyagenze. Uriya amaze gupfa, Dawidi yaciye atwara Batisheba aba umugore wiwe.

Bibiliya ivuga iti: «Ivyo Dawidi yakoze bibabaza cane Yehova.» Yehova rero yaciye abwira umuhanuzi Natani ngo agende kubwira Dawidi ko ivyo yari yakoze vyari bibi cane. Natani ariko aragenda kuraba umwami Dawidi, ashobora kuba yaribaza ingene aza kuvyakira. Nakare, nimba Dawidi yaricishije Uriya, yokoreye iki Natani uwari agiye gushira ahabona ibicumuro vyiwe no kumukosora? Natani yaripfuza cane gukora ku mutima Dawidi, akamufasha gutahura ukuntu ivyo yari yakoze vyari bibi cane. Nta gukeka ko uwo muhanuzi yasenze cane ku bw’ico kintu. Yariyumviriye ikigereranyo yokoresha.

Natani yarabwiye Dawidi inkuru y’abagabo babiri baba mu gisagara kimwe. Umwe yari umutunzi afise intama nyinshi cane n’inka nyinshi cane. Uwundi yari umukene yifitiye akagazi k’intama kamwe gusa kandi yaragakunda cane. Mbere kaba mu nzu iwe kandi yarakitwararika cane. Umusi umwe wa mugabo w’umutunzi yararonse umushitsi atari yiteze, aca yipfuza kumubagira intama. Aho gutora imwe mu ntama ziwe, «[yatoye] ka kagazi k’intama ka wa mukene», arakabaga maze akazimana uwo mushitsi wiwe. Natani ahejeje kwigana iyo nkuru, Dawidi yaciye ashavura cane. Yaciye avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, umugabo yakoze ivyo akwiye gupfa!» Yashavujwe n’uko uwo mutunzi ‘atumviye impuhwe’ uwo mukene.

Natani yabwirijwe guhanura no gukosora mu buryo bukomeye umwami yakunda kandi yubaha

Natani yari yakoresheje akarorero keza cane. Dawidi ubwiwe yari yarabaye umwungere kandi yaranka akarenganyo. Natani rero abigiranye umutima rugabo, yaramutomoreye ico yashatse kuvuga ati: «Uwo mugabo ni wewe!» Dawidi ategerezwa kuba yaratangaye cane. Natani yaravuze ibintu bibi vyose Dawidi yari yakoze, ibintu vyose Yehova yari yabonye. Uwo muhanuzi yaciye amenyesha Dawidi ingingo Yehova yari yafashe: Ubwicanyi n’ivyago vyomaze imyaka n’iyindi bishikira umuryango wa Dawidi. None Dawidi yavyakiriye gute?

Umuhanuzi Natani ariko aravugana na Dawidi atekanye. Dawidi yunamitse umutwe ariko ararira cane.

Uwo mwami yaciye avuga ati: «Naracumuye kuri Yehova.» Dawidi yaricujije cane maze arigaya ivyo yari yakoze. Natani ategerezwa kuba yarahimbawe no kubwira Dawidi ko Yehova yamugiriye imbabazi. Yamubwiye ati: «Yehova na we arakubabariye, ntugipfuye.» Ariko, Dawidi yarashikiwe n’ingaruka zibabaje z’ico caha yakoranye na Batisheba. Umwana bavyaranye yarapfuye. Kandi umuryango wiwe waramaze imyaka myinshi urangwamwo ubukozi bw’ikibi n’ubuhemu.

Muri izo ngorane zose zamushikiye, Dawidi yagumye ari intahemuka kuri Yehova. Yarahumekewe kwandika amazaburi akora ku mutima avuga ibijanye no kwigaya hamwe n’imbabazi z’Imana. (Zaburi ya 32 n’iya 51) Uwo mwami yarasubiye kugiranira ubugenzi somambike na Yehova kandi mu buzima bwiwe bwose yagumye yumvira impanuro umuhanuzi Natani amuha. Dawidi yapfuye ari umusavyi wa Yehova w’umwizigirwa. (1 Abm. 9:4) Nta gukeka ko Natani yahimbawe no kuba yaragize umutima rugabo agahanura uwo mwami yari yakoze amakosa akomeye.

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • 2 Samweli 11:1–12:18

Ikibazo co kuganirako:

Natani yerekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Naho Natani yari mu banditse Bibiliya, nta na kimwe tuzi ku bijanye n’umuryango wiwe canke ukuntu yabayeho. Ivyo biduhishurira iki ku bimwerekeye? (w12 15/2 25 ing. 2-3)

  2. 2. Uriya yari Umuheti. Ni kubera iki none yari mu ngabo za Dawidi? (w24.04 31)

  3. 3. Natani yaravuze ubuhanuzi bwerekeye ivyago vyoshikiye umuryango wa Dawidi. Ubwo buhanuzi bwarangutse gute? (it «David» ing. 29-wcgr)

  4. 4. Natani yakoranye gute umutima rugabo mu myaka ya nyuma y’ingoma ya Dawidi? (w12 15/2 25 ing. 1) A

    Natani apfukamye imbere ya Dawidi, Dawidi na we akaba aryamye ku gitanda arwariyeko. Abishagi ahagaze impande y’igitanda Dawidi arwariyeko afise umubindi w’amazi.

    Ifoto A

Rondera ivyigwa wohakura

  • Akarorero ka Natani katwigisha iki mu bijanye n’ukuntu twofasha umugenzi yakoze igicumuro gikomeye?

  • Twokwigana gute Natani igihe twipfuza gukora ku mutima umuntu? B

    Udufoto: Inabibondo ariko aritegurira gukora ku mutima agakobwa kiwe. 1. Arasenga abigiranye ubwira ari wenyene. 2. Aratega yompi agakobwa kiwe yitonze, kakaba kariko karamubwira uko kiyumva.

    Ifoto B

  • Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Natani?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Natani niyazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

Ni mu buryo ubuhe ivyo Dawidi yakoze vyamubabaje ubwiwe, bikababaza abagenzi biwe, umuryango wiwe na Yehova Imana?

Mwibuke ko urukundo . . . Rutarondera inyungu zarwo bwite (1:14)

Nurabe icatumye impanuro ya Natani iba ngirakamaro.

«Niwemere gukosorwa wicishije bugufi» (Urukurikirane rwo kuri internet «Udukorwa tujanye no kwiga Bibiliya»-wcgr)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika