ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/2 rup. 16-21
  • Dufashe Abandi Bamenye Ivyo Imana Isaba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dufashe Abandi Bamenye Ivyo Imana Isaba
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ntivyoroshe Ariko si Umutwaro
  • Twarahawe Ivyangombwa Bibereye ngo Dufashe Abandi
  • Twihweze Igikoresho Gishasha
  • Ingene twokoresha agatabu Inkuru nziza iva ku Mana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Igikoresho Gishasha co Gufasha Abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Woba Uriko Urakoresha Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? mu Gutanguza Inyigisho?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Niwigishe ukoresheje agatabu Inkuru nziza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/2 rup. 16-21

Dufashe Abandi Bamenye Ivyo Imana Isaba

“Mfise ikingōbēra: ntavuze [inkuru nziza, “NW”] nobona ibara.”—1 AB’I KORINTO 9:16.

1, 2. (a) Yehova adusaba kujamwo mu gikorwa nyabaki kirimwo bibiri? (b) Ni ibiki abantu b’umutima nzirabugunge bategerezwa kumenya kugira bacike abatwarwa b’Ubwami bw’Imana?

YEHOVA arafitiye abantu bose inkuru nziza. Ari n’Ubwami, kandi ashaka ko abantu bo mu mihingo yose bumva ivyabwo! Túmaze kumenya iyo nkuru nziza, Imana idusaba kuyisabikanya n’abandi. Ico ni igikorwa kirimwo bibiri. Ubwa mbere, dutegerezwa kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Igihe Yezu yamenyesha ivy’ “isozero ry’urunkwekwe rw’ibintu,” yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwiririzwa mw isi yose ituweko ngo ibe icabona ku mahanga yose; hanyuma maze umuhero uzoza.”—Matayo 24:3, 14, NW.

2 Uruhande rugira kabiri rw’ico gikorwa rurimwo ukwigisha abitaba neza iyamamazwa ry’ubwo Bwami. Yezu amaze kuzuka, yabwiye umugwi munini w’abayoboke biwe ati: “Nuko ni mugende, muhindure [abantu bo mu ma]hanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[’im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa [kw isozero ry’urunkwekwe rw’ibintu, NW].” (Matayo 28:19, 20) ‘Ibintu Kirisitu yari yarageze’ ntivyavuye kuri we; yigishije abandi kwubahiriza amabwirizwa y’Imana, ari vyo bisábwa. (Yohana 14:23, 24; 15:10) Kwigisha abandi ‘kwitondera ivyo Kirisitu yageze’ rero birimwo ukubafasha kumenya ivyo Imana isaba. Abantu b’umutima nzirabugunge bategerezwa gushitsa ivyo Imana isaba kugira bazocike abatwarwa b’Ubwami bwayo.

3. Ubwami bw’Imana ni iki, kandi ni igiki buzorangura gituma ubutumwa bwa nya Bwami buba inkuru nziza?

3 Ubwami bw’Imana ni iki? Kandi ni igiki buzorangura gituma ubutumwa bwabwo buba inkuru nziza nk’iyo? Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw ijuru. Ku mutima wa Yehova buri n’agaciro cane, kuko ari bwo buryo azokoresha mu kwerāza izina ryiwe, arikureko iceyi cose. Ubwo Bwami ni co gikoresho Yehova azokoresha kugira atume ukugomba kwiwe kugirwa kw isi nk’uko kugirwa mw ijuru. Ni co gituma Yezu yatwigishije gusenga ngo Ubwami bw’Imana buze kandi akaduhimiriza ngo tubuhe ikibanza ca mbere mu buzima bwacu. (Matayo 6:9, 10, 33) Woba ubona igituma kuri Yehova bihambaye rwose ko tubwira abandi ivyerekeye Ubwami bwiwe?

Ntivyoroshe Ariko si Umutwaro

4. Woshobora kugereranya ute yuko ibwirizwa rituriko ry’ugukwiririza inkuru nziza atari umutwaro?

4 Gukwiririza iyo nkuru nziza woba ari umutwaro? Habe n’intete! Tubigereranye: Serugo abwirizwa kuronsa abo mu rugo rwiwe ivyo bakeneye mu vy’umubiri. Ukunanirwa kugira ivyo bingana n’ugushibura ukwizera kwa gikirisu. Intumwa Paulo yanditse ati: “Umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera.” (1 Timoteyo 5:8) Iryo bwirizwa none ryoba ari umutwaro ku mugabo mukirisu? Si vyo ni yaba akunda urugo rwiwe, kuko ico gihe aheza agashaka kubaronsa ivyo bakeneye.

5. Naho igikorwa c’ugukwiririza n’uguhindura abantu abayoboke ari ibwirizwa, ni kubera iki dukwiye kugira akanyamuneza k’ukukijamwo?

5 Igikorwa c’ugukwiririza n’uguhindura abantu abayoboke na co nyene ni ibwirizwa, igisabwa, kikaba ari co ubuzima nyene bwacu buhagazeko. Paulo yabivuze muri ubu buryo: “Mfise ikingōbēra: ntavuze [inkuru nziza, NW] nobona ibara.” (1 Ab’i Korinto 9:16; gereranya na Ezekiyeli 33:7-9.) Ariko rero, imvo ituma dukwiririza ni urukundo, si igikorwa tubwirizwa gusa. Ubwa mbere na mbere turakunda Imana, ariko kandi tugakunda na bagenzi bacu, kandi turazi ukugene bihambaye ko bumva nya nkuru nziza. (Matayo 22:37-39) Irabaha icizigiro ca kazoza. Ubwami bw’Imana bugiye gushira mu buryo ivy’akarenganyo, gukuraho agahahazo kose, no kugarukana amahoro n’ubumwe—ivyo vyose bikaba ngo haboneke umuhezagiro udashira w’abiyorohereza ubutegetsi bwabwo butunganye. None ntiduterwa akanyamuneza, tukanyurīrwa, no gusabikanya n’abandi inkuru nziza nk’iyo?—Zaburi 110:3.

6. Ni kubera iki igikorwa c’ugukwiririza no guhindura abantu abayoboke atari icoroshe vy’ukuri?

6 Ubwo nyene, ico gikorwa c’ugukwiririza n’uguhindura abantu abayoboke vy’ukuri nticoroshe. Abantu ntibari cokimwe. Bose ntibashimishwa na bimwe kandi ubushobozi bafise si bumwe. Bamwe barigishijwe neza, ariko abandi usanga bize vy’intica ntikize. Ugusoma—ukwahoze ari induhukirwako ikundwa—ubu kenshi kubonwa ko ari imbizacuya. Ubuzirerudome, ubusigurwa ko ngo “umuntu aba yoshobora gusoma mugabo ntabibabare,” ni imbangamyi iguma ikura no mu bihugu nyene vyirya ngo bifise igitigiri kinini c’abazi gusoma n’ukwandika. None se abantu mwen’abo batarezwe kumwe kandi badashimishwa na bimwe dushobora kubafasha dute ngo bamenye ivyo Imana isaba?—Gereranya na 1 Ab’i Korinto 9:20-23.

Twarahawe Ivyangombwa Bibereye ngo Dufashe Abandi

7. Wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yaturonkeje gute ivyangombwa ngo dufashe abandi bamenye ivyo Imana isaba?

7 Igikorwa kigoye kiroroha mu gihe ufise ibikoresho bibereye canke ivyangombwa. Igikoresho kibereye gukoreshwa ku kazi kanaka uno musi gishobora guhindurwa canke mbere ejo kigasubirizwa ikindi kubera inkenero zidasiba guhinduka. Igikorwa-banga dushinzwe c’ukwamamaza ubutumwa bwerekeye Ubwami bw’Imana na co nyene ni ukwo. Mu myaka n’iyindi, “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) yaraturonkeje ibikoresho twari dukeneye nyene, ibisohokayandikiro biteguriwe canecane gukoreshwa mu kuyobora inyigo za Bibiliya zo ku muhana. (Matayo 24:45) Twararonkejwe rero ivyangombwa ngo dufashe abantu bo mu “mahanga yose n’imiryango yose . . . n’indimi zose” ngo bamenye ivyo Imana isaba. (Ivyahishuriwe Yohana 7:9) Rimwe na rimwe, ibikoresho bindi vyararonkejwe kugira bigume bishitsa inkenero zidasiba guhindagurika mu ndimiro y’isi. Reka turimbure uburorero bukeyi.

8. (a) Igitabu “Que Dieu soit reconnu pour vrai” caranguye uruhara ki mu vy’uguteza imbere iyigishwa ry’ivya Bibiliya? (b) Ni igikoresho giki c’igikorwa c’ukwigisha Bibiliya cabonetse mu 1968, kandi cari categuriwe iki canecane? (c) Igitabu Kweli cafashije gute mu gikorwa c’uguhindura abantu abayoboke?

8 Guhera mu 1946 gushika mu 1968, igitabu “Que Dieu soit reconnu pour vrai” carakoreshejwe nk’igikoresho c’ubukomezi mu vy’ukwigisha Bibiliya, kandi imyabu 19 250 000 yaco ikaba yarasohowe mu ndimi 54. Igitabu Kweli Iongozayo Kwenye Uzima wa Milele casohowe mu 1968 (1969 mu Giswahili), mu myaka myinshi carakoreshejwe bimwe vya kirumara mu kwigana Bibiliya n’abo bishimisha. Imbere yaho, warakunda gusanga bamwebamwe bigana n’Ivyabona vya Yehova imyaka n’iyindi batabatizwa. Ariko ico gikoresho cari categuriwe kwumvisha nya mutohoji, kumuremesha ngo akurikize ivyo ariko yiga. Vyavuyemwo iki? Igitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu kivuga icese giti: “Mu myaka itatu y’ubusuku yatanguye ku wa 1 Nyakanga 1968, igahera ku wa 31 Myandagaro 1971, igitigiri cose hamwe c’abantu 434 906 barabatijwe—ni ukuvuga abarenga incuro zibiri igitigiri c’ababatijwe mu myaka itatu y’ubusuku yaheruka!” Kuva ico gitabu Kweli gisohowe, carakwiragijwe bimwe bitangaje—ibitabu birenga 107 000 000 mu ndimi 117.

9. Ni umuce udasanzwe uwuhe igitabu Kubaho Ibihe Bidashira kirangura, kandi cakoze iki ku vy’igitigiri c’abavugiraheru b’Ubwami?

9 Mu 1982, igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi carabaye co gitabu ngenderwako gikoreshwa mu kurongōra inyigo za Bibiliya. Ico gikoresho kirimwo ibishushanyo biryoheye ijisho birenga 150, kimwekimwe kikagira insigurabishusho zumvikana zerekana mu buryo burashe inyigisho iri mu mashusho. Insohore y’Igikorwa Dukorera Ubwami (mu Congereza) co muri Gitugutu 1982 cavuze giti: “Mu myaka nka 20 twamaze dukoresha igitabu ‘Que Dieu soit reconnu pour vrai’ nka co gitabu ngenderwako c’ukwiga (guhera mu 1946 gushika hagati yo mu myaka y’1960), twarongeweko abavugiraheru b’Ubwami barenga 1 000 000. Maze abandi bamamaji 1 000 000 bǎrongeweko igihe igitabu Kweli Iongozayo Kwenye Uzima wa Milele caba co gitabu ngenderwako inyuma y’isohorwa ryaco mu 1968. Dúkoresheje igitabu gishasha cacu c’ukwiga, ari co Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi, twoba tuzobona iyongerekana nk’iryo mu vy’igitigiri c’abamamaji? Cane nyene, Yehova niyaba abigomba!” Biboneka ko Yehova yabigomba, kubera ko guhera mu 1982 gushika 1995, abarenga 2 700 000 bongewe ku gitigiri c’abavugiraheru b’Ubwami!

10. Igikoresho gishasha caronkejwe mu 1995 ni ikihe, kandi ni kubera iki gikwiye gushoboza abatohoji ba Bibiliya kugira iterambere ryo mu vy’impwemu ryiza rinyaruka?

10 “Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake.” (Matayo 9:37) Si ivy’imbeshere, iyimbura ni rinini. Haracariho vyinshi vy’ugukora. Mu bihugu bimwebimwe, abantu babwirizwa kurindirizwa ku rutonde rw’abagirirwa inyigo za Bibiliya. Nuko rero kugira ubumenyi bwerekeye Imana bukwiragire ningoga gusumba, mu 1995 wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) yararonkeje igikoresho gishasha, igitabu c’impapuro 192 gitaziriwe ngo Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira. Ico gikoresho nyagaciro ntigicumbika ku nyigisho z’ikinyoma. Gishikiriza ukuri kwa Bibiliya mu buryo ntahebuza. Twizigiye ko kizotuma abatohoji ba Bibiliya bagira iterambere ryo mu vy’impwemu ryiza rinyaruka. Ico gitabu Ubumenyi kiramaze kugira ico gikoze ku ndimiro y’isi, kikaba kimaze gucapurwamwo imyabu 45 500 000 mu ndimi 125, kandi kikaba kiriko gihibanurwa mu zindi ndimi 21.

11. Ni igikoresho kirumara nyabaki caronkejwe kugira gifashe kwigisha abatazi gusoma n’ukwandika canke basoma nabinabi, kandi ni mu buryo ki cafashije rwose mw iporogarama yacu y’ukwigisha yo ku mubumbe wose?

11 Rimwe na rimwe, wa “mushumba w’umwizerwa” yaratanze ibikoresho biteguriwe abantu kandondwa, canke bakeyi. Nk’akarorero twovuga iki ku bantu boba bakeneye gufashwa vyihariye kubera ivyo bakuriyemwo mu mico kama canke mu vy’idini? Twoshobora dute kubasahiriza ngo bamenye ivyo Imana isaba? Mu 1982 (1983 mu Kirundi) twararonse ico twari dukeneye—iboroshire y’impapuro 32 itaziriwe ngo Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare! Ico gisohokayandikiro c’ibishushanyo itimbi carabaye igikoresho kirumara mu vy’ukwigisha abatazi gusoma n’ukwandika canke basoma nabinabi. Kirimwo inshikirizo y’inyigisho z’ishimikiro zo mu Vyanditswe yoroshe kandi itagoye gutahura. Iyo boroshire Kuba kw’isi kuva isohorwa yarafashije rwose mw iporogarama yacu y’ukwigisha yo ku mubumbe wose. Imyabu irenga 105 100 000 yaracapuwe mu ndimi 239, bituma kiba co gisohokayandikiro Ishirahamwe Watch Tower ryahinguye gushika ubu gihibanuwe mu ndimi nyinshi gusumba!

12, 13. (a) Guhera mu 1990, wa “mushumba w’umwizerwa” yaronkeje inzira nshasha iyihe y’ugushikira abantu bakwiragiye bashobora kwumviriza? (b) Dushobora gukoresha dute amavidewo y’Ishirahamwe mu gikenurwa cacu co mu ndimiro? (c) Ni igikoresho gishashsa nyabaki caronkejwe ejobundi kugira gisahirize mu gikorwa cacu c’uguhindura abantu abayoboke?

12 Turetse ivyandikano, guhera mu 1990 wa “mushumba w’umwizerwa” yaraduhaye uburyo bw’ukwigisha butanga inzira nshasha y’ugushikira abantu bakwiragiye bashobora kwumviriza, ni ukuvuga amavidewokaseti. Mu kwa Gitugutu kw’uwo mwaka, harasohotse videwo imara iminuta 55 itaziriwe ngo Les Témoins de Jéhovah: un nom, une organisation—videwo ya mbere yakozwe n’Ishirahamwe Watch Tower. Inshikirizo y’akaroruhore, ntanganyigisho, iboneka mu ndimi 35, irerekana iyungungane ryo kw isi yose ry’abantu ba Yehova bitanze bashitsa ya mbwirizo Yezu yatanga y’ukuvugira aheru inkuru nziza mw isi yose. Iyo videwo canecane yateguriwe gusahiriza mu gikorwa dukora c’uguhindura abantu abayoboke. Abamamaji b’Ubwami ntibǎtebaganye gukoresha ico gikoresho gishasha mu gikenurwa co mu ndimiro. Bamwe barayitwara mu masaho yabo y’ibitabu, bakaguma bagabirije kuyerekana canke kuyitiza abantu bashimishwa. Ntivyatevye inyuma y’isohorwa ryayo, umucungezi umwe w’ingenzi yanditse ati: “Amavidewo yacitse uburyo bw’ikinjana ca 21 bw’ugushikira imizirikanyi n’imitima vy’amamiliyoni y’abantu, nuko icizigiro dufise ni uko iyo videwo yoba gusa ari iya mbere mu murongo muremure w’amavidewo Ishirahamwe rizokoresha kugira ryigize imbere igikorwa c’Ubwami co kw isi yose.” Si ivy’imbeshere, ayandi mavidewo menshi kuruta yararonkejwe, dushizemwo na rwa rukurikirane rw’ibihimba bitatu rwa ya mavidewo La Bible: un livre historique et prophétique, na Jehovah’s Witnesses Stand Firm Against Nazi Assault (Ivyabona vya Yehova Barashikamye ku Gitero c’Abanazi). Niba amavidewo y’Ishirahamwe aboneka mu rurimi rwawe, woba warayakoresheje mu gikenurwa cawe co mu ndimiro?a

13 Ejobundi ni ho twaronka igikoresho gishasha, ya boroshire Ivyo Imana Isaba Kuri Twebwe Ni Ibiki? ngo idusahirize mu gikorwa dukora c’uguhindura abantu abayoboke. Yasohowe kubera iki? Yokoreshwa gute?

Twihweze Igikoresho Gishasha

14, 15. Iboroshire Ivyo Imana Isaba yateguriwe bande, kandi irimwo ibiki?

14 Ico gisohokayandikiro gishasha Ivyo Imana Isaba Kuri Twebwe Ni Ibiki? categuriwe abantu basanzwe bemera Imana kandi bubaha Bibiliya. Abacungezi b’ingenzi hamwe n’abamisiyonari bamenyererejwe kuri Gileyadi bakoze imyaka itari mike mu bihugu biri mu nzira y’amajambere, barasahirije mu vy’itegura ry’iyo boroshire. Irimwo ivyigwa bigize intohozo ikwiye, igahwanya inyigisho ngenderwako za Bibiliya. Imvugo yayo iranonotse, iroroshe, kandi ntizigúra. Ubwo nyene, igisomwa cayo nticorohejwe birenze urugero. Ntishikiriza gusa “amata” ariko kandi “ivyo kurya bigumye” biva mw Ijambo ry’Imana mu buryo abantu benshi birushirije bakwiye gushobora gutahura.—Abaheburayo 5:12-14.

15 Mu myaka iheruka, abamamaji b’Ubwami bo mu bihugu bitari bimwe barasavye igisohokayandikiro nk’ico nyene. Nk’akarorero, ishami ry’Ishirahamwe Watch Tower muri Papouasie-Nouvelle-Guinée banditse bati: “Abantu baravurunganirwa n’inyigisho z’amadini zidahuza. Barakeneye ibivugwa vy’ukuri bitomoye biri muri make, bishigikiwe n’igitigiri kinaka c’ibisomwa vya Bibiliya bashobora kurondera mu Mabibiliya yabo bwite. Barakeneye inshikirizo itomoye kandi idoma urutoke ku vyo Imana isaba Abakirisu b’ukuri, hamwe n’imigenzo be n’ingeso itemereka [ku Mana].” Iyo boroshire Ivyo Imana Isaba ni yo nyene dukeneye kugira dufashe mwen’abo bantu bamenye ivyo Imana isaba.

16. (a) Ni bande canecane bashobora kwungukira ku nsiguro zoroshe zo muri iyo boroshire nshasha? (b) Abo mw iteritwari iwanyu boshobora gute kwungukira kw iboroshire Ivyo Imana Isaba?

16 None wokoresha ute ico gikoresho gishasha? Ubwa mbere ishobora gukoreshwa mu kwigana n’abantu batoroherwa n’ugusoma canke bashobora kuba batabikunda.b Abantu mwen’abo bashobora kwungukira ku nsiguro zoroshe ziri muri iyo boroshire. Aho amashami ya Watch Tower amariye gusubiramwo umwabu w’ico gisohokayandikiro yaronse imbere y’igihe, yanditse ibikurikira: “Iyo boroshire izoba rufasha cane mu mihingo myinshi y’igihugu usanga abantu badakunda gusoma cane.” (Berezile) “Hariho igitigiri kinaka c’inyambukira badashoboye gusoma ururimi kavukire rwabo, bagifise kandi ingorane y’ugusoma Igifaransa. Iyo boroshire ishobora gukoreshwa bwa gifashisho mu kwigana na mwen’abo.” (Ubufaransa) Woba uzi abantu mw iteritwari iwanyu boshobora kwungukira kuri iyo boroshire Ivyo Imana Isaba?

17. Iyo boroshire nshasha ishobora kuba rufasha mu buryo ki mu bihugu vyinshi, kandi kubera iki?

17 Ikigira kabiri, mu bihugu bitari bike, iyo boroshire ishobora kuba rufasha mu gutanguza inyigo za Bibiliya ku bantu batinya Imana ata kuraba amashure bize. Birumvikana, hakwiye kugirwa akigoro kugira umuntu atanguze urwigo mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira. Ariko mu bihe bimwebimwe, bishobora kworoha gutanguza urwigo mw iboroshire. Maze ku gihe kibereye, nya rwigo rukwiye kwimurirwa ku gitabu Ubumenyi, ca cifashisho cacu ngenderwako kandi twahisemwo. Ku biraba iryo koreshwa ry’iboroshire Ivyo Imana Isaba, amashami ya Watch Tower yanditse ati: “Gutanguza inyigo za Bibiliya biragoye, kandi utubero tw’ugutanguza urwigo dusa n’utwoboneka kuruta, mu gihe abamamaji batanguriye kw iboroshire.” (Ubudagi) “Iboroshire ya mwen’ubu bwoko izoba kirumara birushirije mu gutanguza inyigo za Bibiliya nshasha, izizoshobora kubandanirizwa mu gitabu Ubumenyi.” (Ubutaliyano) “Naho Abayapani usanga barīze cane, benshi bafise ubumenyi buke bw’ivya Bibiliya hamwe n’inyigisho zayo z’ishimikiro. Iyo boroshire ikwiye kuba nk’ibuye ntambukirwako ryiza rijana ku gitabu Ubumenyi.”—Ubuyapani.

18. Ni igiki dukwiye kwibuka ku vyerekeye ugushitsa ivyo Imana isaba?

18 Amashami y’Ishirahamwe yo hirya no hino kw isi yarasavye iyo boroshire, kandi haratanzwe uruhusha rw’ukuyihibanura mu ndimi 221. Ico gikoresho nikigaragare ko ari ic’agaciro mu kudufasha gusahiriza abandi kumenya ivyo Yehova Imana abasaba. Ku ruhande rwacu, nitwibuke yuko ugushitsa ivyo Imana isaba, dushizemwo na ya mbwirizo ngo dukwiririze kandi duhindure abantu abayoboke, biduha akaryo k’igiciro k’ukurangira Yehova ukuntu tumukunda cane. Egome, ivyo Imana idusaba si umutwaro namba. Ni bwo buryo bwiza bihebuje bw’ukubaho!—Zaburi 19:7-11.

[Utujambo tw’epfo]

a Igitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu kivuga kiti: “Amavidewokaseti ntabwo ariko asubirira ivyandikano canke ubukwiririji bw’imbonankubone. Ibisohokayandikiro vy’Ishirahamwe birabandanya gushitsa uruhara ruhambaye mu vy’ugukwiragiza inkuru nziza. Igikorwa c’inzu ku nzu c’Ivyabona vya Yehova kiguma ari umuce mvavyanditswe ushikamye w’igikenurwa cabo. Ariko rero, amavidewokaseti ubu aravyunganira nk’ibikoresho vy’agaciro vy’ugutsimbataza ukwizera mu mihango y’igiciro ya Yehova, bikanavyura ugukenguruka kubera ivyo ariko aratuma bikorwa kw isi muri iki gihe.”

b Niwaba ushaka insiguro y’ukugene ushobora kurongōra urwigo mw iboroshire Ivyo Imana Isaba, raba igihimbu, “Igikoresho Gishasha co Gufasha Abantu Kumenya Ivyo Imana Isaba,” ku rupapuro 9-10.

Woshobora Kubisigura?

◻ Yehova asaba abasuku biwe kuja mu gikorwa nyabaki kirimwo bibiri?

◻ Ni kubera iki ibwirizwa rituriko ryo gukwiririza no guhindura abantu abayoboke atari umutwaro kuri twebwe?

◻ “Wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yaronkeje ibikoresho biki vyo gukoresha mu gikorwa cacu c’ugukwiririza n’uguhindura abantu abayoboke?

◻ Iboroshire Ivyo Imana Isaba yateguriwe bande, kandi dushobora kuyikoresha dute mu gikenurwa cacu?

[Ifoto ku rup. 16]

Igikorwa cacu c’ugukwiririza n’uguhindura abantu abayoboke si umutwaro namba

[Amafoto ku rup. 18]

“Que Dieu soit reconnu pour vrai” (1946 [mu Congereza], gisubirwamwo mu 1952): 19 250 000 mu ndimi 54 (herekanywe Icongereza)

“Kweli Iongozayo Kwenye Uzima wa Milele” (1968 [mu Congereza]): 107 000 000 mu ndimi 117 (herekanywe Igifaransa)

“Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi” (1982 [mu Congereza]): 80 900 000 mu ndimi 130 (herekanywe Ikirusiya)

“Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira” (1995 [mu Congereza]): 45 500 000 mu ndimi 125 (herekanywe Ikidagi)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika