Ugukekeranya urashobora kugutsinda
“NTA nkeka”! “Nta gisivya”! “Nta kabuza”! Ushobora kuba umaze kwumva amajambo nk’ayo akatari gake. Yamara rero, mu buzima bwacu bwa misi yose, ni ibintu bike dushobora kumenya tudakeka. Ivyo mu buzima birahindagurika cane ku buryo kenshi twibaza niba hariho ikintu na kimwe twoshobora kumenya neza tudakekeranya. Amakenga be n’ugukekeranya bisa n’uko biri mu bigize ubuzima.
Birumvikana, abantu benshi baripfuza ko bo ubwabo be n’imiryango yabo botekanirwa bakagira n’agahimbare. Barakora cane bagatama kugira baronke ibintu bibaza ko bizotuma bagira agahimbare kandi bagatekanirwa, ivyo na vyo bikaba kenshi ari amahera be n’amatungo yo mu vy’umubiri. Ariko rero, nyamugigima, igihuhusi, isanganya, canke ubugizi bwa nabi bukaze birashobora guhitana mwene ayo matungo mu kanya isase. Indwara ikaze, ukwahukana canke ubushomeri birashobora guhindura ubuzima bukwi na bukwi. Ego ni ko, ibintu nk’ivyo vyoshobora kutagushikira. Yamara, kumenya yuko ikintu giteye ubwoba gishobora gushika umwanya uwo ari wo wose birabuza amahoro kandi bigatesha umutwe. Mugabo si ivyo gusa.
Ugukekeranya ni icitiranwa c’amakenga, kandi inyizamvugo imwe isobanura amakenga ko ari “ugukekeranya ku vyo umuntu yizera canke ku ciyumviro, gutuma akenshi umuntu adafata ingingo”. Vyongeye, nk’uko igitabu kimwe (Managing Your Mind) kibivuga, “gukekeranya ku kintu gihambaye ni ingorane nyamukuru ituma haba amaganya n’uguhagarika umutima”. Ugukekeranya kudatorewe umuti, kurashobora gutuma umuntu agira amaganya, umubabaro be n’ishavu. Egome, kurazwa ishinga n’ibishobora gushika canke ntibishike vyokwonona amagara yacu yo mu mutwe n’ayo mu buryo bw’umubiri.
Ico bivamwo, ni uko abantu bamwebamwe baja mu kundi kurenza urugero. Bameze nk’uwukiri muto wo muri Berezile yavuze ati: “Kubera iki worazwa ishinga n’ibigiye kuba? Uyu musi ni uyu musi, ejo na ho ni ejo”. Mwene aka gatima k’inkwezi y’akaziri ko kuvuga ngo “ni twīrīre, twinywere”, nta handi gashikana atari ku kuvunika umutima, ku mubabaro mwinshi hanyuma amaherezo no ku rupfu (1 Ab’i Korinto 15:32). Ikintu ciza rwose twogira ni uguhindukirira Umuremyi Yehova Imana, uwo Bibiliya ivuga ko “adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika” (Yakobo 1:17). Turamutse dusuzumye Ijambo ry’Imana Bibiliya, tuzoronka impanuro nziza be n’ubuyobozi bwiza vy’ukuntu twovyifatamwo mu bintu tutazi neza bishika mu buzima. Birashobora kandi kudufasha gutahura igituma hari ugukekeranya kwinshi cane.
Imvo ituma haba ugukekeranya
Ivyanditswe biradufasha kubona ubuzima nk’uko buri, bikongera bikadufasha gutsimbataza agatima kabereye ku bijanye n’ugukekeranya be n’igihe hari igihindutse. Naho ubucuti bwo mu muryango, ikibanza umuntu afise mu kibano, ubwenge afise, amagara meza n’ibindi bishobora gutuma atekanirwa ku rugero runaka, Bibiliya irerekana ko ibintu nk’ivyo tutobifata nk’ibizokwama gutyo canke ko tutokwitega kugira ubuzima butarimwo ingorane. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Mu gusiganwa, impayamaguru [s]i zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’abahanga kw atari bo batona”. Kubera iki? “[Kubera] ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose”. Ku bw’ivyo, Salomo yagabishije ati: “Nk’ukw amafi afatwa n’urusenga rw’ubugesera, kandi nk’ukw inyoni zifatwa n’umutego, uko ni kw abana b’abantu bafatwa n’umutego w’igihe c’ubugesera, kibaguyeko giturumbuka”.—Umusiguzi 9:11, 12.
Yezu Kirisitu na we nyene yaravuze ivy’igihe aho iyaruka ryose ry’abantu uko ryakabaye ryogize amaganya n’ubwoba birenze urugero. Akoresheje imvugo ituma umuntu yiha ishusho yavyo, yavuze ati: “Hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, kandi no mw isi hazoba imibabaro mu mahanga, bazotegekanishwa n’ukubomborana kw’ikiyaga n’imipfunda; kand’abantu bazogwishwa igihūmura n’ubgoba no kwitega ibigira bibe mw isi; kukw ivy’inkomezi vyo mw ijuru bizonyiganyizwa”. Yamara, Yezu yaravuze ikintu kiremesha abantu b’umutima nziraburyarya muri kino gihe. Yavuze ati: “Ni mwabona ivyo bibaye, muze mumenye yuk’ubgami bg’Imana buri hafi” (Luka 21:25, 26, 31). Muri ubwo buryo, aho gutinya kazoza ata wuzi uko kazoba kameze, turizera Imana idufasha kurengera ugukekeranya, tugahanga amaso kazoza keza igitangaza kandi gatekanye.
‘Tugire ivyizigiro vyuzuye’
Naho tudashobora kwemera tudakeka ikintu cose twumva, dusoma canke tubona, turafise imvo yumvikana yo kwizigira Umuremyi. Si Musumbavyose gusa ariko kandi ni umuvyeyi w’umunyarukundo yitwararika abana biwe bo kw’isi. Ku vyerekeye ijambo ryayo bwite, Imana yavuze iti: “Ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye”.—Yesaya 55:11.
Yezu Kirisitu yigishije ukuri kuva ku Mana, kandi benshi mu bamwumvirije barakwemeye bafise ukujijuka kandi badakekeranya. Nk’akarorero, umugwi umwe w’Abasamariya b’umutima nziraburyarya babwiye wa mugore yari yabaye uwa mbere mu kwumviriza Yezu bati: “Ubu ho ntitwizeye kubg’amajambo yawe gusa, kuko natwe twīyumviye kandi tumenye k’uyu ar’Umukiza w’isi vy’ukuri” (Yohana 4:42). Cokimwe no muri iki gihe, naho tubayeho mu bihe tutamenya ivy’ejo, ntidukwiye kwigera dukekeranya ku vyo twokwizera.
Ku biraba ivyo umuntu yizera mw’idini, abenshi bafise iciyumviro c’uko aho kugerageza kubitahura, dukwiye gusa kuvyemera. Ariko rero, Luka umwanditsi wa Bibiliya we, ntiyemera ico ciyumviro. Yaragize ubushakashatsi maze aratanga amakuru atagira agakosa kugira ngo abandi bashobore ‘kumenya ibintu vy’ukuri bidakekeranywa’ yanditse (Luka 1:4). Kubera ko incuti n’abagenzi tudasangiye ukwizera bashobora gutinya yuko amaherezo tuzosanga dutashe zirayoye kandi tukavunika umutima, birahambaye ko tuba abashoboye kuburanira ukwizera kwacu (1 Petero 3:15). Tuzi neza imvo y’ivyo twizera ni ho gusa dushobora gufasha abandi kwizigira Imana. Bibiliya idondora Yehova muri aya majambo: “Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya kandi y’Inyakuri”.—Gusubira mu vyagezwe 32:4.
Rimbura ayo majambo ya nyuma: “Iroranya kandi y’Inyakuri”. Ni ikimenyamenya ikihe dufise cotuma tudakekeranya kuri ivyo? Intumwa Petero yari yarajijutse bimwe bishitse kuri ivyo. Yabwiye intwazangabo y’Umuroma be n’abo mu nzu yiwe ati: “N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera” (Ivyakozwe 10:34, 35). Petero yavuze ayo majambo kubera ko yari ahejeje kwibonera ukuntu ukuboko kw’Imana ubwayo kwayoboye ibintu kugira ngo umuryango umwe wo mu Banyamahanga, abahora bafatwa ko bahumanye kandi batemewe, ucike uwemewe n’Imana. Cokimwe na Petero, na twebwe nyene turashobora kujijuka yuko Imana itarobanura abantu ku butoni kandi ko igororotse, igihe twibonera n’amaso yacu bwite “ishengero ryinshi” ry’abantu, ni ukuvuga abarenga ubu imiliyoni zitandatu, baturuka mu bihugu birenga 230 hirya no hino kw’isi bahevye ingendo yabo y’ubuzima bahorana maze bakagendera mu nzira y’ubugororotsi.—Ivyahishuriwe 7:9; Yesaya 2:2-4.
Twebwe abakirisu b’ukuri ntidushaka kuba abantu b’ishaka rirenze canke abantu bemeza ibintu ku nguvu, ahubwo riho dushaka kuba abantu bicisha bugufi kandi bakora ibitegereka. Ariko ntiwumve, ntidukekeranya ku vyo twizera be no ku vyo twiteze muri kazoza. Intumwa Paulo yandikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere ati: “Turagomba cane yuk’umuntu wese wo muri mwebge yerekana uwo mwete nyene w’ivyizigiro vyuzuye gushitsa kw iherezo” (Abaheburayo 6:11). Muri ubwo buryo nyene, inkuru nziza yo muri Bibiliya yaraduhaye “ivyizigiro vyuzuye”. Ivyo vyizigiro, ibishingiye mu buryo bukomeye kw’Ijambo ry’Imana, “nti[bi]tētereza”, nk’uko na Paulo yabisiguye.—Abaroma 5:5.
Vyongeye, twarajijutse mu buryo bwuzuye yuko kwigisha abandi inkuru nziza yo muri Bibiliya bishobora kubazanira ugutekanirwa no gutuma bagira icizigiro gikomeye mu buryo bw’impwemu, eka mbere no mu vy’akanyengetera be no mu vy’umubiri. Turashobora kwifatanya na Paulo mu kuvuga duti: “Ubutumwa bgacu [ntibwa]bashitseko ar’amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi n’[i]mpwemu [y]era, no kumara amazinda rwose”.—1 Ab’i Tesalonike 1:5.
Imihezagiro yo muri kino gihe iva ku gutekanirwa mu buryo bw’impwemu
Naho nyene tudashobora kwitega ugutekanirwa gushitse mu buzima bwo muri kino gihe, hariho ibintu twokora bigatuma tugira ubuzima buri hamwe kandi butekaniwe ku rugero runaka. Nk’akarorero, ukwifatanya ubudahorereza n’ishengero rya gikirisu ku makoraniro biratuma tugira itekane kubera ko tuhigishirizwa ingingo ngenderwako be n’imico bigororotse kandi vyiza. Paulo yanditse ati: “Wihanize abatunzi bo mu vy’iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe” (1 Timoteyo 6:17). Kubera ko benshi bize kwizigira Yehova aho kwizigira ibintu vy’umubiri canke ibinezereza vy’igihe gito, barashoboye kwikurako amaganya be n’imibabaro bahora bihanganira.—Matayo 6:19-21.
Mw’ishengero, turafise kandi ikivukano kirangwa igishika, kidufasha kikongera kikadushigikira mu buryo bwinshi. Igihe kimwe mu busuku bwiwe, intumwa Paulo be na bagenziwe bari bafatanije urugendo barumvise ‘baremerewe cane’ maze ‘barihebura ko batagikiza amagara yabo’. Ni hehe Paulo yakuye imfashanyo n’ugutabarwa? Ego ni ko, ukwizigira Imana kwiwe ntikwigeze guhungabana. Ariko rero, yararemeshejwe yongera arirurwa n’abakirisu bagenziwe bamufasha (2 Ab’i Korinto 1:8, 9; 7:5-7). Muri kino gihe, iyo hateye ivyago vy’ivyaduka canke ayandi makuba, abavukanyi bacu bakirisu bama ari bo batangura kuhaseruka kugira baronse abakirisu bagenzi babo be n’abandi bose bari mu nkenero, imfashanyo bakeneye mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu.
Ubundi buryo budufasha kuvyifatamwo neza mu bintu tutazi bishika mu buzima, ni isengesho. Turashobora kwama imisi yose twitura umuvyeyi wacu munyarukundo wo mw’ijuru igihe dushikiwe n’umukazo tutari twiteze. “Uhoraho azoba ubuhungiro bg’abadenderezwa, azoba ubuhungiro mu bihe vy’amagorwa” (Zaburi 9:9). Abavyeyi b’abantu boshobora kunanirwa gukingira abana babo. Ariko rero, Imana iriteguriye kudufasha gutsinda ubwoba be n’inyiyumvo tugira ku bijanye n’ugukekeranya. Turamutse dukoreye amaganya yacu Yehova mw’isengesho, turashobora guhera amazinda yuko ashobora “gukora ibirengeye cane ivyo dusaba n’ivyo twiyumvira vyose”.—Abanyefeso 3:20.
Woba witura Imana mw’isengesho ubudasiba? Woba warajijutse ko Imana yumva amasengesho yawe? Umukobwa umwe akiri muto w’i São Paulo yavuze ati: “Mawe yambwira ko nkwiye gusenga Imana. Mugabo naribaza nti: ‘Kubera iki noyaga n’umuntu n’ukumenya ntanazi’? Ariko rero, mu Migani 18:10 haramfashije gutahura yuko dukeneye imfashanyo iva ku Mana, kandi ko tubwirizwa kuganira na yo mw’isengesho”. Ico canditswe kivuga giti: “Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro”. Tuvugishije ukuri, twoshobora gute gutsimbataza ukwizigira Yehova nimba tudafise akamenyero ko kumuyagira? Kugira ngo twinovore imihezagiro iva ku gutekanirwa mu buryo bw’impwemu, turakeneye kugira akamenyero ko gutura isengesho rivuye ku mutima ku musi ku musi. Yezu yavuze ati: “Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu”.—Luka 21:36.
Ikindi kintu tutokekeranyako ni icizigiro cacu c’Ubwami bw’Imana. Raba aya majambo ari muri Daniyeli 2:44: “Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose”. Ico cizigiro kirakomeye kandi ni ikintu twokwemera tudakeka. Ivyo abantu basezerana kenshi ntibishika, ariko rero turashobora kwama twizigira ijambo rya Yehova. Aho kuba iyidashobora kwizigirwa, Imana imeze nk’igitandara dushobora kwizigira. Turashobora kwiyumva nk’uko Dawidi yiyumvise, we yavuze ati: “N’Imana igitandara canje; ni we nzohungirako. Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’umunara wanje wo guhungiramwo, n’ubgugamo bganje; ni wewe Mukiza wanje, unkiza umuryano w’abantu”.—2 Samweli 22:3.
Ca gitabu twavuga kigira kandi giti: “Uko umuntu arushiriza kwiyumvira ibintu bibi vyoshika, ni ko arushiriza kubona ko ari vyo, kandi ni ko birushiriza kumugora kubona ukuntu yohangana na vyo”. Ku bw’ivyo none, ni kubera iki tworeka amaganya be n’inkeka vyo muri iyi si bikaturemera? Aho kureka ngo bituremere, ibintu vyo mw’isi birimwo ugukekeranya tubisubirize ukwizigira ivyo Imana isezerana. Tugumye twizeye tutanyiganyiga imihango ya Yehova itabura kuranguka, dukurwa amazinda duti: “Ūmwizera wese ntazoterwa n’isoni”.—Abaroma 10:11.
[Iciyumviro ku rup. 29]
Ijambo ry’Imana rirakura amazinda umuryango w’abantu yuko uzoronka imihezagiro muri kazoza
[Iciyumviro ku rup. 30]
“Ūmwizera wese ntazoterwa n’isoni”
[Ifoto ku rup. 31]
Inkuru nziza y’Ubwami irazanira abantu ugutekanirwa