Ibibazo vy’abasomyi
Ni kubera iki igitigiri 144.000 kivugwa mu gitabu c’Ivyahishuriwe, Ivyabona vya Yehova bagifata uko kiri ntibagifate mu buryo bw’ikigereranyo?
Intumwa Yohani yanditse ati: “Numva igitigiri c’abadomwekw ikimenyetso, ngo n’ibihumbi ijana na mirongwine na bine” (Ivyahishuriwe 7:4). Muri Bibiliya, imvugo ngo “abadomwekw ikimenyetso” yerekeza ku mugwi w’abantu batorwa mu bandi kugira ngo bazoganzanye na Kirisitu mw’ijuru, baganze isi izoba yabaye Iparadizo (2 Ab’i Korinto 1:21, 22; Ivyahishuriwe 5:9, 10; 20:6). Igitigiri cabo ari co 144.000, gitahurwa uko kiri kubera imvo zitari nke. Imvo imwe tuyisanga mu bica bikurikira icanditswe c’Ivyahishuriwe 7:4.
Intumwa Yohani amaze kubwirwa mw’iyerekwa ivyerekeye uwo mugwi w’abantu 144.000, yareretswe uwundi mugwi. Yohani adondora uwo mugwi ugira kabiri ko ari “ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose”. Iryo shengero ryinshi ryerekeza ku bazorokoka “wa mubabaro mwinshi” ari yo marushwa ahambaye azosangangura iyi si mbi.—Ivyahishuriwe 7:9, 14, ni twe tubihiritse.
Ariko rero, raba ukuntu Yohani ahushanya umurongo wa 4 n’uwa 9 yo mu Vyahishuriwe ikigabane ca 7. Avuga yuko umugwi wa mbere, umwe w’“abadomwekw ikimenyetso”, ugizwe n’igitigiri kizwi. Ariko rero, umugwi wa kabiri, ni ukuvuga “ishengero ryinshi”, igitigiri c’abawugize ntikizwi. Dufise ivyo mu bwenge, gufata ico gitigiri 144.000 uko kiri birumvikana. Hamwe igitigiri 144.000 coba ari ic’ikigereranyo, gutyo kikaba cerekeza ku mugwi udaharurika koko, uguhushanya ibintu kuri muri iyo mirongo ibiri kwotakaza inguvu. Gutyo rero, amakikuro arerekana bimwe bikomeye yuko igitigiri 144.000 gitegerezwa gufatwa uko kiri.
Incabwenge zitandukanye z’ivya Bibiliya, iza kera n’iz’ubu, zashitse kuri ico ciyumviro nyene, yuko ico gitigiri gifatwa uko kiri. Nk’akarorero, umwanditsi w’inyizamvugo w’Umwongereza ari we Dogoteri Ethelbert W. Bullinger, mu kugira ico avuze ku Vyahishuriwe 7:4, 9, ubu hakaba haciye imyaka nka 100, yagize ati: “Ni ikintu cavuzwe kigaragara: ni igitigiri kizwi gihushanye n’igitigiri kitazwi co muri [ico] kigabane nyene” (igitabu The Apocalypse or “The Day of the Lord”, urupapuro 282). Muri iyi myaka ya vuba, umwigisha w’Isezerano Rishasha ari we Robert L. Thomas, Jr., wo kw’iseminari y’i Master muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yanditse ati: “Gufata yuko ico gitigiri ari ic’ikigereranyo yoba ari insobanuro idafashe”. Yongeyeko ati: “Ni igitigiri kizwi [kirya co mu Vyahishuriwe 7:4] gihushanye n’ikitazwi co mu Vyahishuriwe 7:9. Mu gihe ico gitigiri cofatwa mu buryo bw’ikigereranyo, nta gitigiri na kimwe co muri ico gitabu coheza ngo gifatwe uko kiri”.—Igitabu Revelation: An Exegetical Commentary, Imbumbe 1, urupapuro 474.
Bamwebamwe baharira bavuga yuko ngo kubera ko igitabu c’Ivyahishuriwe kirimwo imvugo y’ikigereranyo ihanitse, ngo ibitigiri vyose dusanga muri ico gitabu, dushizemwo n’igitigiri 144.000, bitegerezwa kuba ivy’ikigereranyo (Ivyahishuriwe 1:1, 4; 2:10). Ariko rero, ico ciyumviro biraboneka ko atari co. Ego ni ko, Mu Vyahishuriwe harimwo ibitigiri bitari bike vy’ikigereranyo, ariko kandi harimwo n’ibitigiri bifatwa uko biri. Nk’akarorero, Yohani aravuga ivyerekeye “amazina cumi n’abiri y’intumwa cumi na zibiri za wa Mwagazi” (Ivyahishuriwe 21:14). Biratomoye yuko igitigiri 12 kivugwa muri uwo murongo gifatwa uko kiri. Si ic’ikigereranyo. Ikindi kandi, intumwa Yohani yaranditse ivyerekeye “imyaka igihumbi” y’ingoma ya Kirisitu. Ico gitigiri gitegerezwa na co nyene gufatwa uko kiri, nk’uko umwihwezo wa Bibiliya witondewe uvyerekanaa (Ivyahishuriwe 20:3, 5-7). Gutyo rero, kugira ngo igitigiri co mu Vyahishuriwe gifatwe uko kiri canke gifatwe mu buryo bw’ikigereranyo bivana n’ibigikikije hamwe n’ibiriko biravugwa.
Iciyumviro c’uko igitigiri 144.000 gifatwa uko kiri be n’uko cerekeza ku gitigiri ntarengwa c’abantu, ni ukuvuga umugwi mutoyi ugereranije na rya “shengero ryinshi”, kirahuye kandi n’ibindi vyanditswe vyo muri Bibiliya. Nk’akarorero, mu nyuma mu vyo intumwa Yohani yerekwa, bamwe 144.000 badondorwa ko ari “abācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo” (Ivyahishuriwe 14:1, 4, ni twe tubihiritse.). Imvugo ngo “umushuzo” yerekeza ku bantu bakeyi barobanurwa bwa baserukizi. Ikindi kandi, igihe Yezu yari kw’isi, yaravuze ivyerekeye abazoganza hamwe na we mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru maze abita “ubusho buto” (Luka 12:32; 22:29, ni twe tubihiritse.). Kukaba nkako, abatowe mu bantu kugira ngo bazoganze mw’ijuru ni bake ubagereranije n’abazoba kw’isi izoba yabaye Iparadizo.
Gutyo rero, amakikuro y’Ivyahishuriwe 7:4 hamwe n’ibivugwa ahandi muri Bibiliya, biremeza yuko igitigiri 144.000 gitegerezwa gufatwa uko kiri. Cerekeza ku bazoganzanya na Kirisitu mw’ijuru, bakaganza isi y’iparadizo izoba yuzuyeko igitigiri kinini kandi kitazwi c’abantu bahimbawe, basenga Yehova Imana.—Zaburi 37:29.
[Akajambo k’epfo]
a Nimba ushaka kumenya ibindi ku bijanye na ya Ngoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi, raba igitabu La Révélation: le grand dénoument est proche! urupapuro rwa 289-290, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro ku rup. 31]
Igitigiri c’abazoba ba samuragwa mw’ijuru kigarukira ku bantu 144.000
[Ifoto ku rup. 31]
“Ishengero ryinshi” ntiriharurika
[Abo dukesha ifoto ku rup. 31]
Inyenyeri: Tuyikesha Anglo-Australian Observatory, ifoto yafashwe na David Malin