ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/6 rup. 26-30
  • ‘Nuhitemwo ubuzima ubone kubaho’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nuhitemwo ubuzima ubone kubaho’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abisirayeli bari bafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo
  • Uburyo bwo guhitamwo neza
  • ‘Muze mubibamenyeshe’
  • Ni we wihitiramwo kazoza kawe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Yehova aratureka tukihitiramwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ijambo rya Yehova ryama riranguka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bavukira mw’ihanga ryatoranijwe n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/6 rup. 26-30

‘Nuhitemwo ubuzima ubone kubaho’

‘Mbashize imbere ubuzima n’urupfu, umugisha n’umuvumo; nuko nimuhitemwo ubuzima, kugira ngo mubone kubaho’.​—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 30:19.

1, 2. Ni mu buryo ki umuntu yaremwe mw’ishusho y’Imana?

“TUREME umuntu mw ishusho yacu, ase natwe”. Ayo majambo Imana yavuze tuyasanga mu kigabane ca mbere ca Bibiliya. Rero, nk’uko mw’⁠Itanguriro 1:26, 27 habivuga, “Imana irema umuntu mw ishusho yayo, mw ishusho y’Imana ni ho yamuremye”. Ku bw’ivyo, umuntu wa mbere yari atandukanye n’ibindi biremwa vyose vyo kw’isi. Yasa n’Umuremyi wiwe, akaba yari ashoboye kwigana Imana mu kuzirikana, mu kugaragaza urukundo, ubutungane, ubukerebutsi n’ububasha. Yari afise ijwi ryo mu mutima ryamufasha gufata ingingo zomugiriye akamaro kandi zohimbaye Se wiwe wo mw’ijuru (Abaroma 2:15). Muri make, Adamu yari afise ubushobozi bwo kwihitiramwo. Igihe Yehova yitegereza ukuntu uwo mwana wiwe wo kw’isi aremwe, yavuze ku bijanye n’ico gikorwa yakoze ati: “[Ni] vyiza cane”.​—Itanguriro 1:31; Zaburi 95:6.

2 Kubera ko dukomoka kuri Adamu, na twebwe nyene twaremwe mw’ishusho y’Imana, tukaba rero dusa na yo. Ariko none, twoba vy’ukuri dushobora kwihitiramwo ivyo dukora? Naho Yehova ashoboye kumenya imbere y’igihe ibizoba, ntiyandikira umwumwe wese muri twebwe akantu kose azokora be n’ibizomushikira. Ntiyigeze ashima ko abana biwe bo kw’isi babaho bashikirwa n’ivyo ngo yoba yarabandikiye. Kugira ngo dutahure neza igituma bihambaye ko dukoresha ubushobozi dufise bwo kwihitiramwo mu buryo bubereye, reka tubanze tugire ico twigiye kw’ihanga rya Isirayeli.​—Abaroma 15:4.

Abisirayeli bari bafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo

3. Ibwirizwa rya mbere ryo muri ya Mabwirizwa Cumi ni irihe, kandi Abisirayeli b’intahemuka bahisemwo gute kurigamburuka?

3 Yehova yabwiye Abisirayeli ati: “Nd’Uhoraho Imana ya[nyu], ya[ba]kūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja” (Gusubira mu vyagezwe 5:6). Mu 1513 B.G.C., ihanga rya Isirayeli ryarabohowe ku gitangaro rirakurwa mu buja bwo mu Misiri, gutyo rero rikaba ata mpamvu n’imwe ryari rifise yo gukekeranya kuri ayo majambo. Muri rya bwirizwa rya mbere ryo muri ya Mabwirizwa Cumi, Yehova, abicishije ku muvugizi wiwe Musa, yavuze ati: “Ntukagire izindi mana umbangikanya” (Kuvayo 20:1, 3). Ico gihe, ihanga rya Isirayeli ryahisemwo kugamburuka. Baribanze kuri Yehova we musa babikunze.​—Kuvayo 20:5; Guharūra 25:11.

4. (a) Ni ihitamwo irihe Musa yashiriyeho Abisirayeli? (b) Ni ihitamwo irihe dushobora kugira muri iki gihe?

4 Haciye imyaka nka 40, Musa yaribukije ashimitse irindi yaruka ry’Abisirayeli ibijanye n’ihitamwo bategerezwa kugira ico gihe. Yavuze ati: “Uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona bizobāgiriza, yuko mbashize imbere ubu[zima] n’urupfu, umugisha n’umuvumo; nuko ni muhitemw’ubu[zima], kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu” (Gusubira mu vyagezwe 30:19). No muri iki gihe, na twebwe turashobora kwihitiramwo. Ni vyo, turashobora guhitamwo gukorera Yehova tudahemuka dufise icizigiro co kuzoronka ubuzima budahera, canke tugahitamwo kumugambararira maze tugashikirwa n’ingaruka zavyo. Zirikana ku burorero bubiri bw’abantu bagize amahitamwo atandukanye.

5, 6. Ni ihitamwo irihe Yosuwa yagize, kandi ryavuyemwo iki?

5 Mu 1473 B.G.C., Yosuwa yararongoye Abisirayeli abashikana muri ca Gihugu c’Isezerano. Mu majambo akomeye Yosuwa yavuze ahimiriza iryo hanga ryose imbere y’uko apfa, yabinginze ati: “Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’imana z’Abamori ben’iki gihugu murimwo” (Ni twe dushimitse.). Maze, ku biraba umuryango wiwe, yaciye abandanya ati: “Jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho”.​—Yosuwa 24:15.

6 Imbere y’aho, Yehova yari yarahimirije Yosuwa kugira umutima rugabo no gushira amanga, amutegeka kudakevya ngo ntiyumvire Ivyagezwe vy’Imana. Ahubwo riho, mu gihe Yosuwa yokwamye arimbura igitabu c’Ivyagezwe ku murango no mw’ijoro, ivyiwe vyogenze neza (Yosuwa 1:7, 8). Kandi ukwo ni ko vyamugendeye. Ihitamwo Yosuwa yagize ryatumye aronka imihezagiro myinshi. Yavuze ati: “Nta kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho yasezeraniye ab’inzu ya Isirayeli kitāshitse: ariko vyose vyarasohoye”.​—Yosuwa 21:45.

7. Mu gihe ca Yesaya, ni ihitamwo irihe Abisirayeli bamwebamwe bagize, kandi ni ingaruka izihe vyavuyemwo?

7 Raba ukuntu ivyo bitandukanye n’uko ibintu vyari vyifashe muri Isirayeli haciye imyaka nka 700. Ico gihe, Abisirayeli benshi bariko bakurikiza imigenzo ya gipagani. Nk’akarorero, ku musi urangiza umwaka, abantu barahurira hamwe ku meza biteretse imfungurwa ziryoshe z’ubwoko bwinshi be n’umuvinyu uryoshe. Ukwo ntikwari uguhurira hamwe gusanzwe kw’abagize umuryango. Vyari ibirori bijanye n’ivyo gusenga vyaha icubahiro ibigirwamana bibiri vya gipagani. Umuhanuzi Yesaya yaranditse ukuntu Imana yabona ubwo buhemu, ati: “Mwebge abantaye jewe Uhoraho, mukibagira umusozi wanje wera, mugatereka Gadi, mugaturiraniriza Meni”. Babona ko umwimbu baba baronse muri uwo mwaka batawukesha umuhezagiro wa Yehova ariko ko bawukesha ugutururuza “Gadi”, imana y’Ibahati, be na “Meni”, imana ngo yandikira umuntu ibizomushikira. Ariko mu vy’ukuri, ingendo yabo y’ubugarariji be n’ihitamwo bagize ni vyo vyabakwegeye ivyari biraririye kubashikira. Yehova yavuze ati: “Nzobashirirah’inkota, mwese muzokwunamira kwicwa: kukw igihe nahamagara mutitavye, n’igihe navuga mutumvise; ariko mugakora ivyo mbona kw ari bibi, mukitoraniriza ibitannezera” (Yesaya 65:11, 12). Ihitamwo bagize ritaranga ubukerebutsi ryabakwegeye uguhona, kandi ya mana ngo yandikira umuntu ibizomushikira be na ya mana y’Ibahati, ntizashoboye kubibuza.

Uburyo bwo guhitamwo neza

8. Nk’uko bivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 30:20, guhitamwo neza bisaba iki?

8 Igihe Musa yahimiriza Abisirayeli guhitamwo ubuzima, yarerekanye intambwe zitatu babwirizwa gutera. Yavuze ati: “Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata” (Gusubira mu vyagezwe 30:20). Reka turimbure imwimwe muri izo ntambwe kugira ngo tubone guhitamwo neza.

9. Dushobora gute kugaragaza ko dukunda Yehova?

9 Gukunda Yehova Imana yacu: Duhitamwo gukorera Yehova kubera ko tumukunda. Turigira ku burorero bwo kutuburira bwo mu gihe ca Isirayeli, maze tugatsinda ibintu vyose bitwosha gukora ubushegabo tukongera tukirinda uburyo bwo kubaho bwotuma tugwa mu mutego w’iyi si wo guhahamira amaronko (1 Ab’i Korinto 10:11; 1 Timoteyo 6:6-10). Tuguma twumiye kuri Yehova kandi tukabandanya kwitondera ivyo yashinze (Yosuwa 23:8; Zaburi 119:5, 8). Imbere y’uko Abisirayeli binjira muri ca Gihugu c’Isezerano, Musa yabahimirije ati: “Rāba ndabigishije amabgirizwa n’amatēka ashinzwe, nk’uk’Uhoraho Imana yanje yangeze, kugira ngw abe ari ko muzogenza mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire. Nuko muze muvyitondere, mubishitse, kukw ivyo ari vyo bizogaragariza ayandi mahanga ubgenge bganyu n’ubunyarutsi bganyu, igihe azokwumva ayo mabgirizwa yose” (Gusubira mu vyagezwe 4:5, 6). Ubu ni co gihe c’uko tugaragaza ko dukunda Yehova mu gushira imbere ivyo agomba mu buzima bwacu. Nta gukeka ko nitwahitamwo kubigenza gutyo, tuzohezagirwa.​—Matayo 6:33.

10-12. Turimbuye ivyabaye mu gihe ca Nowa, ni ivyigwa ibihe tuhakura?

10 Kwumvira Imana: Nowa yari “umwigisha w’ivyo kugororoka” (2 Petero 2:5). Hafi abantu bose bariho imbere y’uko wa Mwuzure waba kw’isi yose utera baratwawe n’ibindi, “ntibagira ico bamenya” ku bijanye n’imburi Nowa yatanga, ni ukuvuga ntibayitaho. None inkurikizi yabaye iyihe? “Umwuzure wa[raje] ubatwara bose”. Yezu yabuye yuko mu gihe cacu, ni ukuvuga mu gihe c’“[“ukuhaba”, NW] kw’Umwana w’umuntu”, ibintu vyobaye bimeze nk’ukwo nyene. Ivyabaye mu gihe ca Nowa ni imburi ikomeye ku bantu bo muri iki gihe bahitamwo kutumvira ubutumwa bw’Imana.​—Matayo 24:39.

11 Abatwengera mw’ijigo imburi zitangazwa n’abasavyi b’Imana bo mu gihe ca none barakwiye kumenya ibizobashikira batazumviye. Ku biraba abo bantu, intumwa Petero yavuze ati: “Biyobagiza ibigirankana yuko kera hār’amajuru, n’isi yakūwe mu mazi n’ijambo ry’Imana, rikayirema mu mazi. Ivyo vyatumye isi ya kera amazi ayirengera, iratikira: arikw amajuru y’ubu, bo n’isi, iryo jambo ryabibīkiye kuzosha, kugira ngo birindwe gushitsa ku musi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana”.​—2 Petero 3:3-7.

12 Raba ukuntu Nowa n’abo mu nzu yiwe bagize ihitamwo ritandukanye n’iry’abo bantu. “Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, amaze kubūrirwa n’Imana ibitaribgaboneke, akabāza ubgato”. Kuba yarumviye imburi vyatumye abo mu nzu yiwe barokoka (Abaheburayo 11:7). Ese natwe twoba abantu bihutira kwumva ubutumwa bw’Imana hanyuma tugaca tubwumvira mu kubugamburuka!​—Yakobo 1:19, 22-25.

13, 14. (a) Ni kubera iki bihambaye cane ko ‘twifatanya na Yehova akaramata’? (b) Ni mu buryo ki dukwiye kureka Yehova, we “Mubumvyi wacu”, akatubumbabumba?

13 Kwifatanya na Yehova akaramata: Kugira ngo ‘duhitemwo ubuzima tubone kubaho’, ntidutegerezwa gusa gukunda Yehova no kumwumvira, ariko kandi dutegerezwa ‘kwifatanya na we akaramata’, ni ukuvuga kubandanya dukora ivyo agomba. Yezu yavuze ati: “Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubu[zima] bganyu” (Luka 21:19). Mu vy’ukuri, ihitamwo tugira muri ivyo ni ryo rihishura ikiri mu mutima wacu. Mu Migani 28:14 hagira hati: “Hahirwa umuntu yama yiyubara; arik’uwikomantaza umutima azogwa mu vyago”. Akarorero kamwe k’umuntu yikomantaje umutima ni aka Farawo wa mwami wa Misiri ya kera. Uko Misiri yaza iratezwa kimwekimwe muri vya Vyago Cumi, ni ko Farawo yakomantaza umutima wiwe aho gutinya Imana. Yehova si we yatumye Farawo yanka kwumvira, ahubwo riho yararetse uwo mutegetsi w’ubwibone arihitiramwo. Uko biri kwose, ivyo Yehova agomba vyararangutse, kubera yuko intumwa Paulo yasiguye ku bijanye n’ukuntu Yehova yabona Farawo, ati: “Icatumye nguhagarika n’ukugira ngo nkwerekanirek’ubushobozi bganje, kandi ngw izina ryanje rivugwe hose mw isi yose”.​—Abaroma 9:17.

14 Haciye ibinjana n’ibindi Isirayeli ibohowe igakurwa mu bubasha bwa Farawo, umuhanuzi Yesaya yavuze ati: “Uhoraho, uri Data wa twese; tur’ibumba, nawe ur’umubumvyi wacu; twese tur’igikorwa c’intoke zawe” (Yesaya 64:8). Uko tureka Yehova akatubumbabumba biciye ku kwiyigisha Ijambo ryiwe no ku kurishira mu ngiro, ni ko tugenda buhorobuhoro turambara wa muntu musha. Turaheza tukarushiriza kuba abagwaneza no kuba abantu boroshe kubumbabumbwa, maze kwifatanya na Yehova akaramata tudahemuka bikatworohera kuruta, kubera yuko twipfuza vy’ukuri kumuhimbara.​—Abanyefeso 4:23, 24; Ab’i Kolosayi 3:8-10.

‘Muze mubibamenyeshe’

15. Twisunze ibivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 4:9, ni ibintu bibiri ibihe Musa yibukije Abisirayeli ko bategerezwa gukora?

15 Igihe rya hanga rya Isirayeli ryari ryimirije kwinjira muri ca Gihugu c’Isezerano, Musa yaribwiye rikoraniye hamwe ati: “Ariko kimwe gusa, mwiyubare, mugire umwete wo kwirinda mu mitima, mwoye kwibagira ivyo amaso yanyu yiboneye, vyoye kuva mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho; ariko muze mubimenyeshe abana banyu n’abuzukuru banyu” (Gusubira mu vyagezwe 4:9). Kugira ngo Yehova Imana yabo abahezagire gutyo batunge batunganirwe muri ico gihugu bari bagiye kwegukira, hariho ibintu bibiri yabasavye bategerezwa gushitsa. Bategerezwa kutibagira ibintu bitangaje biboneye Yehova yari yarakoze, bagategerezwa no kuvyigisha abobakomotseko. Twebwe abasavyi b’Imana muri iki gihe, dutegerezwa kubigenza nk’ukwo nyene niba dushaka ‘guhitamwo ubuzima ngo tubone kubaho’. None ni ibiki tumaze kwibonera Yehova yadukoreye?

16, 17. (a) Ni ibiki abamisiyonari bamenyerejwe muri rya Shure ry’i Gileyadi bashoboye kurangura mu gikorwa co kwamamaza Ubwami? (b) Ni abantu abahe woba uzi n’ubu bakiri abanyamwete muri ico gikorwa?

16 Turahimbarwa cane no kubona ukuntu Yehova yahezagiye igikorwa turangura co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Kuva aho rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower ritanguriye mu 1943, abamisiyonari baragiye imbere abandi mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa mu bihugu vyinshi. Gushika n’ubu, abo iryo shure ryatanguye gusohora baracarangurana umwete ico gikorwa co kwamamaza Ubwami, naho bitereye mu myaka kandi bamwebamwe amagara akaba atakibakundira. Akarorero keza kamwe ni ak’uwitwa Mary Olson, yasohotse iryo Shure ry’i Gileyadi mu 1944. Igikorwa ciwe c’ubumisiyonari yagitanguriye mu gihugu ca Uruguay, hanyuma muri Kolombiya, ubu na ho akaba ariko agikorera muri Porto Rico. Naho umuvukanyikazi Olson atagishoboye kurangura vyinshi kubera ingorane z’amagara ziterwa n’uko yitereye mu myaka, umwete afitiye ico gikorwa wowo uracari wose. Kubera yuko azi igisupanyoli, arategekanya umwanya buri ndwi kugira yifatanye n’abamamaji b’aho mu busuku bwo mu ndimiro.

17 Umuvukanyikazi umwe w’umupfakazi yitwa Nancy Porter, uwasohotse rya Shure ry’i Gileyadi mu 1947, n’ubu aracabandanya gukorera mu mazinga ya Bahamas. Na we nyene ni umumisiyonari abandanya kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Umuvukanyikazi Porter avuga mu nkuru yiwe y’ubuzimaa, ati: “Kwigisha abandi ukuri kwo muri Bibiliya ni ikintu kidasanzwe candonkeje umunezero. Biramfasha gutunganya neza ivy’impwemu ku buryo ubu mfise ubuzima burimwo urutonde kandi butekanye”. Igihe umuvukanyikazi Porter be n’abandi basavyi b’intahemuka batereje akajisho inyuma bakibuka kahise kabo, ntibibagira ivyo Yehova amaze kubagirira. Tweho bite? Twoba dukenguruka kubona Yehova yarahezagiye igikorwa c’Ubwami mu karere tubamwo?​—Zaburi 68:11.

18. Igihe dusomye inkuru z’ubuzima z’abamisiyonari, ni igiki dushobora kuhungukira?

18 Turanezerezwa cane n’ivyo abo bavukanyi n’abavukanyikazi bamaze igihe kirekire basukurira Yehova baranguye, n’ubu bakiriko. Gusoma inkuru zabo z’ubuzima biraturemesha kubera yuko igihe tubonye ivyo Yehova yagiriye izo ntahemuka bikomeza umwiyemezo wacu wo kubandanya tumukorera. Izo nkuru ziryoshe dusanga mu Munara w’Inderetsi, woba uzisoma igihe cose zisohotse ukongera ukazizirikanako?

19. Abavyeyi bakirisu bashobora gute gukoresha neza inkuru z’ubuzima zisohorwa mu Munara w’Inderetsi?

19 Musa yaribukije Abisirayeli yuko babwirizwa kutibagira ibintu vyose Yehova yari yarabakoreye, yongera arabibutsa yuko bidakwiye kuva mu mitima yabo imisi yose bobaye bakiriho. Yaciye ababwira n’ikindi kintu botegerejwe gukora mu kuvuga ati: “Muze mubimenyeshe abana banyu n’abuzukuru banyu” (Gusubira mu vyagezwe 4:9). Inkuru z’ubuzima usanga zikora ku mutima cane. Abakiri bato bataragera mu bigero barakenera uburorero bwiza. Abavukanyikazi b’abirebange barashobora kwigira ku karorero k’abavukanyikazi bitereye mu myaka b’intahemuka, abo usanga inkuru zabo z’ubuzima ziganwa mu Munara w’Inderetsi. Abavukanyi n’abavukanyikazi bakorera mu vyibare vyo mu gihugu cabo usanga ababibamwo bavuga urundi rurimi, bararonka uturyo twiyongereye two kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Yemwe bavyeyi bakirisu, mubona gute mukoresheje inkuru z’ubuzima z’abamisiyonari b’intahemuka basohotse rya Shure ry’i Gileyadi be n’iz’abandi, kugira ngo muvyurire abana banyu umutima wo guhitamwo kubaho bakora umurimo w’igihe cose?

20. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo ‘duhitemwo ubuzima’?

20 Ariko none, umwe wese muri twebwe ashobora gute ‘guhitamwo ubuzima’? Ashobora kubigira mu gukoresha neza ya ngabirano ntangere dufise yo kwihitiramwo kugira ngo yereke Yehova ko amukunda no mu kubandanya akora uko ashoboye kwose mu murimo yadushinze, magingo akiduteye ako gateka kadasanzwe. ‘Kuko’, nk’uko Musa yabivuze, Yehova ari we ‘buzima bwacu n’ukuramba kwacu’.​—Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Joyeuse et reconnaissante malgré une perte déchirante” casohowe mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ruheshi 2001, ku rupapuro rwa 23-27.

[Woba uvyibuka?

• Ni ibiki wigiye ku burorero twaciye irya n’ino bw’abantu bagize amahitamwo atandukanye?

• Ni intambwe izihe dutegerezwa gutera kugira ngo ‘duhitemwo ubuzima’?

• Ni ibintu bibiri ibihe duhimirizwa gushitsa?

[Ifoto ku rup. 26]

‘Mbashize imbere ubuzima n’urupfu’

[Ifoto ku rup. 29]

Kwumvira Imana vyatumye Nowa n’abo mu nzu yiwe barokoka

[Ifoto ku rup. 30]

Uyu ni Mary Olson

[Ifoto ku rup. 30]

Uyu ni Nancy Porter

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika