ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/10 rup. 26-30
  • Turarokorwa mu mitego ya wa mutezi w’inyoni

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turarokorwa mu mitego ya wa mutezi w’inyoni
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ugutinya abantu
  • Umutego wo guhahamira amaronko
  • Umutego wo kwisamaza mu buryo bwonona
  • Umutego werekeye ukudahuza ivyiyumviro
  • Turaronkera ugukingirwa “mu bgigobeko bg’Īsumba vyose”
  • Guma ahihishije ha Musumbavyose
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Yehova Ni We Buhungiro Bwacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • “Nimurwanye Shetani”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Kuba aba Yehova ni ubuntu tutari dukwiriye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/10 rup. 26-30

Turarokorwa mu mitego ya wa mutezi w’inyoni

“[Yehova] ni we azogukiza umutego w’umutezi w’inyoni”.​—ZABURI 91:3, NW.

1. Wa “mutezi w’inyoni” ni nde, kandi ni kubera iki ateye akaga?

ABAKIRISU b’ukuri bose barageramiwe n’umwansi arondera kubarotsa, uwo mwansi akaba afise ubwenge be n’uruyeri birengeye ivy’abantu. Muri Zaburi 91:3 (NW), uwo mwansi avugwa ko ari “umutezi w’inyoni”. None uwo mwansi ni nde? Iki kinyamakuru carerekanye kuva ku nomero yaco yo ku wa 1 Ruheshi 1883 yuko uwo mutezi w’inyoni ata wundi atari Shetani wa Mubesheranyi. Uwo mwansi w’umunyabubasha, abigiranye uruyeri aragira utwigoro kugira ngo ayovye yongere acakire abasavyi ba Yehova nka kurya nyene umutezi w’inyoni agerageza kuzicakira.

2. Ni kubera iki Shetani agereranywa n’umutezi w’inyoni?

2 Mu bihe vya kera, abantu bafata inyoni kubera uturirimbo twazo dukwegera be n’amubi yazo y’amabara meza. Barazifata kandi kugira ngo bazifungure canke bazitangeko ibimazi. Ariko rero, inyoni zisanzwe ari uturemwa twiyubara kandi dutinya cane, usanga tugoye gufata. Ni co gituma umutezi w’inyoni wo mu bihe vya Bibiliya yategerezwa kubanza kwiga yitonze ukuntu inyoni yipfuza gutega zaba zimeze be n’ivyo zakunda kugira. Amaze kubimenya yaca rero yiyumvira uburyo bwihishije yokoresha kugira ngo azicakire. Mu kugereranya Shetani n’umutezi w’inyoni, Bibiliya iradufasha gutahura uburyo akoresha kugira ngo aducakire. Wa Mubesheranyi ariga umwumwe wese muri twebwe uko ameze, akihweza ivyo dukunda gukora be n’ingene tumeze, maze agaca adutega imitego yihishije kugira ngo agerageze kudufata turi bazima (2 Timoteyo 2:26). Gufatwa na we bishikana ku gupfa mu vy’impwemu kandi amaherezo birashobora kudushikana ku gusangangurwa. Ku bw’ivyo rero, kugira ngo dushobore kwikingira turakeneye kumenya imitego itandukanye uwo “mutezi w’inyoni” akoresha.

3, 4. Ni ryari uburyo Shetani akoresha bumera nk’ubw’intambwe? Ni ryari bumera nk’ubw’imamba?

3 Umwanditsi wa Zaburi akoresheje uburyo bwo gusanisha bwibonekeza neza, aragereranya kandi uburyo Shetani akoresha hamwe n’uburyo umugunza w’intambwe canke imamba bikoresha (Zaburi 91:13). Nka kurya kw’intambwe, rimwe na rimwe Shetani aragaba ibitero vy’imbonankubone akoresheje uruhamo canke agakoresha intwaro kugira ngo zirwanye abasavyi ba Yehova (Zaburi 94:20). Ivyo bitero bimeze nk’ivy’intambwe vyoshobora gukubita hasi bake mu basavyi b’Imana. Ariko rero, akenshi cane ivyo bitero vy’imbonankubone ntibishika ku ntumbero yavyo, ahubwo usanga bituma abasavyi b’Imana barushiriza kwunga ubumwe. Tuvuge iki none ku bitero vya Shetani birushirije kuba ivyihishije bimeze nk’ivy’imamba?

4 Wa Mubesheranyi arakoresha ubwenge bwiwe burengeye ubw’abantu kugira ngo agabe ibitero vy’uruyeri kandi vyonona bimeze nk’ivy’inzoka y’ubumara ikomora iri ahantu hihishije. Mu kubigenza gutyo, yarashoboye kwonona ubwenge bwa bamwebamwe mu basavyi b’Imana, arabayovya baja mu gukora ivyo agomba aho gukora ivyo Yehova agomba, kandi ivyo vyabaviriyemwo ingaruka zibabaje. Duhiriwe duhishije, ntituyobewe imigabo ya Shetani (2 Abakorinto 2:11). Nimuze turimbure ine mu mitego akoresha imeze nk’iy’“umutezi w’inyoni”.

Ugutinya abantu

5. Ni kubera iki umutego wo “gutinya abantu” ufata cane?

5 Wa “mutezi w’inyoni” arazi ko abantu basanzwe bafise icipfuzo co kwemerwa no gushimwa n’abandi. Abakirisu ntibigira ba sindabinezwe ku bijanye n’ivyiyumviro be n’inyiyumvo vy’abantu babakikuje. Kubera yuko wa Mubesheranyi azi ivyo, arashobora gufatira kuri ukwo kuntu bitwararika ingene abandi bababona. Nk’akarorero, akoresheje umutego wo “gutinya abantu”, aratuma abasavyi b’Imana bamwebamwe batakaza uburimbane muri ivyo (Imigani 29:25). Mu gihe abasavyi b’Imana bokwifatanya n’abandi mu gukora ivyo Yehova yiyamiriza canke bakareka gukora ivyo Ijambo ry’Imana ribategeka bivuye ku gutinya abantu, baba baguye mu mutego wa wa “mutezi w’inyoni”.​—Ezekiyeli 33:8; Yakobo 4:17.

6. Ni akarorero akahe kerekana ukuntu uwukiri muto yoshobora kugwa mu mutego wa wa “mutezi w’inyoni”?

6 Nk’akarorero, uwukiri muto yoshobora kworohera umukazo w’abanyeshure bigana bigatuma atumura agatabi. Uwo munyeshure ashobora kuba atigeze agira iciyumviro co gutumura itabi igihe yaja kw’ishure kuri uwo musi. Ariko rero hadaciye n’umwanya, ng’uyo ariko akora ikintu kimwononera amagara kandi kidahimbara Imana (2 Abakorinto 7:1)! None yakwegakwezwe gute? Kumbure yifatanije n’abagenzi babi atinya ko bomutyekeza atagize ivyo bashaka. Yemwe bakiri bato, ntimureke ngo wa “mutezi w’inyoni” abakwegakwege maze ngo abacakire! Kugira ngo ntahave abafata muri bazima, nimwirinde kudohoka mbere no mu tuntu dutoduto. Nimufate nka nkama ingabisho Bibiliya itanga yo kwirinda abagenzi babi.​—1 Abakorinto 15:33.

7. Shetani yoshobora gute gutuma abavyeyi bamwebamwe batakaza uburimbane mu vy’impwemu?

7 Abavyeyi bakirisu bitwararika ibintu barafatana uburemere ibanga bafise rishingiye ku Vyanditswe ryo kuronsa imiryango yabo ivyo ikeneye mu vy’umubiri (1 Timoteyo 5:8). Ariko rero, Shetani ararondera gutuma abakirisu batakaza uburimbane mu bijanye n’ivyo. Kumbure bamwebamwe barakunda gusiba amakoraniro kubera yuko borohera umukazo bashirwako n’abakoresha babo babasaba gukora amasaha yiyongereye. Boshobora gutinya gusaba agakonje kugira ngo bitabe ibiringo vyose vy’ihwaniro ry’intara ngo basenge Yehova bari kumwe n’abavukanyi babo. ‘Ukwizigira Uhoraho’ ni kwo gushobora kudukingira uwo mutego (Imigani 3:5, 6). N’ikindi kandi, kwama twibuka yuko twese turi abo mu nzu ya Yehova kandi ko yiyemeje kutwitwararika, biradufasha kugumana uburimbane bwacu. Bavyeyi, mwoba mwizigira yuko Yehova, mu buryo bumwe canke mu bundi, azobitwararika hamwe n’imiryango yanyu ni mwakora ivyo agomba? Canke wa Mubesheranyi yoba azobacakira muri bazima agatuma mukora ivyo agomba kubera yuko mutinya abantu? Turabasavye muzirikane kuri ivyo bibazo mujanisha n’isengesho.

Umutego wo guhahamira amaronko

8. Ni mu buryo ubuhe Shetani akoresha umutego wo guhahamira amaronko?

8 Shetani arakoresha kandi umutego wo guhahamira amaronko. Akenshi usanga ivy’ubudandaji vy’iyi si biremesha imigambi yo kurondera gutunga ningoga na ningoga, iyo na yo ikaba yoshobora mbere no gukwegakwega bamwebamwe mu basavyi b’Imana. Rimwe na rimwe, abantu boshobora kuremeshwa bati: “Nukore wivuye inyuma. Niwamara kuronka ibikwiye, uzoshobora kwijandajandira wongere uryohererwe ubuzima. Mbere uzoshobora no gukora ubutsimvyi”. Abakirisu bamwebamwe bironderera inyungu z’ivy’umubiri ku bavukanyi babo mw’ishengero, boshobora kuvuga mwene ayo majambo aranga ukwiyumvira kutabereye. Nurimbure witonze ivyo bakuremesha kugira. Ubwo ivyo si nka vya vyiyumviro vya wa mutunzi w’“imburabwenge” avugwa mu mugani wa Yezu?​—Luka 12:16-21.

9. Ni kubera iki abakirisu bamwebamwe boshobora kugwa mu mutego wo kwipfuza ibintu?

9 Shetani arayobora iyi si yiwe mbi ku buryo ikwegera abantu mu vyo kwipfuza ibintu. Amaherezo ico cipfuzo kirashobora kwinjira mu buzima bw’umukirisu, kikanyoha rya jambo maze kigatuma riba “ikirumbirane” (Mariko 4:19). Bibiliya ituremesha yuko igihe dufise ivyo kurya be n’ivyo kwambara, ivyo bikwiye kutubumba (1 Timoteyo 6:8). Ariko rero, abatari bake baragwa mu mutego wa wa “mutezi w’inyoni” kubera yuko batiyerekezako ubwabo iyo mpanuro ngo bayishire mu ngiro. Ubwishime bwoba ari bwo butuma bumva ko bategerezwa kwumira ku buryo bunaka bwo kubaho? Bite tweho ubwacu? Icipfuzo dufise co gutunga ibintu coba gituma ivyungura ugusenga kw’ukuri tubishira mu kibanza ca kabiri (Hagayi 1:2-8)? Ikibabaje ni uko mu gihe ivy’ubutunzi vyari vyifashe nabi hariho abemeye kureka ivy’impwemu bikahasinzikarira kugira ngo bigumanire uburyo bwo kubaho basanzwe bamenyereye. Mwene ako gatima ko guhahamira amaronko gatuma wa “mutezi w’inyoni” atamba agatarika.

Umutego wo kwisamaza mu buryo bwonona

10. Ni ukwisuzuma ukuhe umwumwe wese mu bakirisu akwiye kugira?

10 Ubundi buhinga wa “mutezi w’inyoni” akoresha ni ugutitura ubushobozi abantu basanzwe bafise bwo gutandukanya iciza n’ikibi. Uburyo bwo kwiyumvira bumeze nk’ubwo abantu b’i Sodomu n’i Gomora bari bafise ni bwo busigaye bwiganziye nyinshi mu nzego z’ivy’ukwinezereza. Mbere n’amakuru yerekanwa kuri televiziyo canke ayasohorwa mu binyamakuru arashimika cane ku bukazi, kandi abayasohora barondera kwunguka mu kunezereza abantu babereka amashusho abakwegera y’ivy’ubuhumbu. Vyinshi mu bintu vyo kwisamaza vyerekanwa mu bimenyeshamakuru biratitura ubushobozi abantu bafise bwo “gutandukanya iciza n’ikibi” (Abaheburayo 5:14). Ariko rero, niwibuke aya majambo Yehova yavuze biciye ku muhanuzi Yesaya, na yo akaba agira ati: “Bazobona ibara, abīta ikibi iciza, iciza bakacīta ikibi” (Yesaya 5:20). Wa “mutezi w’inyoni” yoba yarononye abigiranye uruyeri ivyiyumviro vyawe akoresheje ubwo buryo bwo kwisamaza bwonona? Birahambaye cane ko umwumwe wese muri twebwe yisuzuma.​—2 Abakorinto 13:5.

11. Ni ingabisho izihe zatanzwe n’iki kinyamakuru ku bijanye no kurorera udukino two kuri televiziyo?

11 Haraheze imyaka hafi 25, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi kigabishije mu buryo buranga urukundo abo mu nzu y’abizera ku bijanye n’ibiganiro vyo kuri televiziyoa. Ehe raba aya majambo yavuzwe ku bijanye n’ingaruka idashoka yibonekeza udukino dukundwa n’abantu benshi twerekanwa kuri televiziyo tugira ku bantu: “Ukurondera urukundo bituma inyifato iyo ari yo yose ifatwa nk’iyisanzwe. Nk’akarorero, umwigeme umwe afise inda y’ishushu abwira umugenzi wiwe ati: ‘None ko nkunda Victor. Jewe ntaco bintwaye. . . . Kuba mfise inda yiwe bindutira ibindi bintu vyose!’. Uriko wumva avuga gutyo, muri ico gihe nyene hakaba hariko haravuga akaziki kayengera birakugora gushoka ubona ko iyo ngendo yiwe ari mbi cane. Mbere na wewe nyene urakunda Victor, gutyo ugaca ubona ko uwo mwigeme ivyo ariko aravuga vyumvikana. Mu yindi mvugo ni nk’aho umutahura. Hari umuntu yahora arorera mwene utwo dukino mugabo yahavuye abona ububi bwatwo, yavuze ati: ‘Biratangaje kubona ukuntu umuntu aca atangura gufata ibintu nk’ibisanzwe. Ego ni ko turazi yuko ubuhumbu ari bubi . . . . Mugabo nasanze mu bwenge nariko ndabugiramwo uruhara’”.

12. Ni ibintu ibihe vyerekana ko ingabisho yerekeye ibiganiro bimwebimwe vyo kuri televiziyo ibereye muri kino gihe?

12 Kuva igihe ivyo biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi vyasohorwa, mwene ivyo biganiro vyo kuri televiziyo vyonona umutima vyagiye biragwirirana cane. Mu mihingo itari mike, mwene ivyo biganiro vyerekanwa amasaha 24 kuri 24. Abagabo, abagore, be n’imiyabaga myinshi, barakunda kugaburira imitima yabo n’imizirikanyi yabo mwene ivyo bintu vyo kwinezereza. Ariko rero, twebwe ntidukwiye kwihenda mu kugira ivyiyumviro bitari vyo. Kwoba ari ukwibesha hamwe twokwiyumvira yuko ivyo kwisamaza vyataye ubuntu vyovyo atari bibi ubigereranije n’ibintu dusanzwe twibonera mu buzima. Ubwo umukirisu yoshobora vy’ukuri gusigura igituma ahitamwo kwinezereza mu kurorera abantu atokwigeze yiyumvira gutumira mu nzu yiwe?

13, 14. Abantu bamwebamwe bavuze gute ukuntu bungukiye ku ngabisho zijanye n’ibintu vyerekanwa kuri televiziyo?

13 Abantu benshi bafashe nka nkama iyo ngabisho y’“umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” baraharonkeye ivyiza vyinshi (Matayo 24:45-47). Bamaze gusoma ibiganiro birimwo izo mpanuro zidakikiriza zishingiye kuri Bibiliya, bamwebamwe barandikiye ishirahamwe kugira ngo bavuge ukuntu vyabafashijeb. Hari uwiyemereye ati: “Nari maze imyaka 13 niziziwe no kuraba utwo dukino. Niyumvira yuko ata co bizongira kubera ko nitaba amakoraniro ya gikirisu kandi nkaba rimwe na rimwe naragira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Mugabo naratanguye kubona ibintu nk’uko vyaremeshwa n’utwo dukino two mw’isi yuko igihe umugabo agufata nabi canke ukumva umenga ntagukunda, kurenga ibigo biba vyumvikana, ko nakare aba ari we yavyikwegeye. Maze kubona ko ari ivyumvikana, narafashe iyo ngendo mbi hanyuma ndacumura kuri Yehova no ku wo twari twubakanye”. Uwo mukenyezi yaraciwe mw’ishengero. Mu nyuma yarikubise agashi, arigaya, maze aragarukanwa mw’ishengero. Ivyo biganiro vyatanga ingabisho ku bijanye n’utwo dukino twerekanwa kuri televiziyo vyaramuhaye inkomezi zo kwirinda kwinezereza akoresheje ibintu Yehova yanka.​—Amosi 5:14, 15.

14 Uwundi musomyi utwo dukino twari twaragizeko ingaruka, yavuze ati: “Narakoroye amosozi igihe nasoma ivyo biganiro kubera yuko naciye mbona ko umutima wanje utari ugitunganiye Yehova bimwe vyuzuye. Naciye nsezeranira Imana yanje ko ntagisubira kuba umuja w’utwo dukino”. Uwundi mukenyezi mukirisu, amaze gukenguruka ivyo biganiro, yariyemereye yuko yari yariziziwe n’utwo dukino maze aca yandika ati: “Nahora nibaza . . . nimba ubucuti mfitaniye na Yehova bwari kwononekara. Ubwo none aberekanwa muri utwo dukino nari kubagira abagenzi nkabandanya kandi kuba umugenzi wa Yehova?”. None nimba mwene utwo dukino twerekanwa kuri televiziyo twarononye imitima y’abantu mu myaka 25 iheze, muri kino gihe ho wumva tugira ingaruka zingana gute (2 Timoteyo 3:13)? Dutegerezwa kuba maso ku bijanye n’ubwoko bwose bw’umutego Shetani akoresha wo kwinezereza kwonona, twaba udukino two kuri televiziyo, udukino two kuri videwo turimwo ubukazi, canke imiziki y’ubuhumbu yerekanwa mu mavidewo.

Umutego werekeye ukudahuza ivyiyumviro

15. Bamwebamwe bafatwa gute na wa Mubesheranyi ari bazima?

15 Shetani arakoresha ibijanye n’ukudahuza ivyiyumviro bwa mutego kugira ngo atume abasavyi ba Yehova birema ibice. Turashobora kugwa muri uwo mutego naho twoba dufise uduteka tw’umurimo tumeze gute. Hariho abafatwa ari bazima na wa Mubesheranyi kubera yuko bareka ukudahuza ivyiyumviro kugatosekaza amahoro n’ubumwe be n’ugusagamba kwo mu vy’impwemu kwiza igitangaza Yehova yashizeho.​—Zaburi 133:1-3.

16. Shetani yagumye agerageza gute gutosekaza ubumwe bwacu abigiranye uruyeri?

16 Mu kiringo ca ya Ntambara ya mbere y’isi yose, Shetani yaragerageje gusenyura ishirahamwe rya Yehova ryo kw’isi akoresheje ibitero vy’imbonankubone, ariko vyaramutaye ku w’amazi (Ivyahishuwe 11:7-13). Kuva ico gihe, yagumye akora abigiranye uruyeri kugira ngo atosekaze ubumwe bwacu. Igihe turetse ukudahuza ivyiyumviro kugatuma ducanamwo, tuba dusasiye indava wa “mutezi w’inyoni”. Bigenze gutyo, vyoshobora gutuma impwemu nyeranda idakorera muri twebwe, eka mbere no mw’ishengero. Ivyo bishitse, Shetani yotamba agatarika kubera yuko, amahoro be n’ubumwe vy’ishengero bitosekaye mu buryo ubwo ari bwo bwose, ivyo bigira ingaruka mbi ku gikorwa co kwamamaza inkuru nziza.​—Abanyefeso 4:27, 30-32.

17. Abafise ivyo batumvikanako bakwiye gukora iki kugira ngo babitorere umuti?

17 None wokora iki mu gihe woba ufise ico utumvikanako n’umukirisu mugenzawe? Ego ni ko ibintu ntivyama bimeze cokimwe. Ariko rero, naho hoshobora kuba hari imvo nyinshi zituma haba ingorane, nta mvo n’imwe iriho yotuma ukutumvikana kudatorerwa umuti (Matayo 5:23, 24; 18:15-17). Impanuro dusanga mw’Ijambo ry’Imana ni izahumetswe kandi ntizigira agahaze. Igihe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishizwe mu ngiro ntivyigera biba impfagusa. Zama zizana ivyiza!

18. Ni kubera iki kwigana Yehova bishobora kudufasha gutunganya ivyo tudahurizako n’abandi?

18 Yehova “[a]gabirije guharira” kandi aratanga “uguharirwa nyakwo” (Zaburi 86:5; 130:4, NW). Igihe tumwiganye tuba twerekanye ko turi abana biwe bakundwa (Abanyefeso 5:1). Twese turi abacumuzi kandi turakeneye rwose uguharirwa kuvuye kuri Yehova. Ku bw’ivyo rero, dutegerezwa kugaba mu gihe twokwumva dufise impengamiro yo kudaharira uwundi muntu. Twoshobora kumera nka wa mushumba avugwa mu mugani wa Yezu, yanse guharira umushumba mugenziwe yari amufitiye umwenda muto cane uwugereranije n’uwo shebuja yari yamuhebeye. Igihe shebuja yabimenya, yaciye aterera mw’ibohero uwo mushumba atahariye mugenziwe. Yezu yasozereye uwo mugani mu kuvuga ati: “Ukwo nyene ni ko na Data wo mw’ijuru azobagirira, umwe wese muri mwebwe natababarira umuvukanyi wiwe bivuye ku mutima” (Matayo 18:21-35). Kuzirikana kuri ico kigereranyo be no kwibuka ingene Yehova aduharira abikunze incuro nyinshi, nta nkeka ko bizodufasha igihe tuzoba turiko turagerageza gutunganya ivyo tudahurizako n’umuvukanyi wacu.​—Zaburi 19:14.

Turaronkera ugukingirwa “mu bgigobeko bg’Īsumba vyose”

19, 20. “Ubgigobeko” be n’“igitūtu” vya Yehova, dukwiye kubibona gute muri bino bihe bigoye?

19 Tubayeho mu bihe bigoye. Ata gukeka, Shetani yari kuba yaramaze kuduherengeteza iyaba Yehova atadukingira mu buryo buranga urukundo. Ku bw’ivyo rero, kugira ngo twirinde gucakirwa na wa “mutezi w’inyoni”, dutegerezwa kuguma ahantu h’ikigereranyo dukingirirwa, ni ukuvuga “[tukaba] mu bgigobeko bg’Īsumba vyose”, ivyo bigatuma ‘tuguma mu gitutu c’Iyishobora vyose’.​—Zaburi 91:1.

20 Ese twokwama tubona ivyibutswa vya Yehova be n’ubuyobozi bwiwe ko ari ibidukingira, ntitwigere tubona ko ari ibituzitira! Twese turageramiwe n’umwansi afise ubwenge burengeye ubw’abantu, uwo akaba arondera kuturotsa. Hamwe tutoronka imfashanyo iranga urukundo iva kuri Yehova, nta n’umwe yomucaruka (Zaburi 124:7, 8). Nimuze rero dusabe Yehova aturokore mu mitego ya wa “mutezi w’inyoni”.​—Matayo 6:13.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Umunara w’lnderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ntwarante 1983, urupapuro rwa 3-7.

b Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ntwarante 1984, urupapuro rwa 23.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki “gutinya abantu” ari umutego wonona?

• Wa Mubesheranyi akoresha gute umutego wo guhahamira amaronko?

• Shetani yacakiye gute bamwebamwe akoresheje umutego wo kwisamaza mu buryo bwonona?

• Ni umutego uwuhe wa Mubesheranyi akoresha kugira ngo atosekaze ubumwe bwacu?

[Ifoto ku rup. 27]

Bamwebamwe baraguye mu mutego wo “gutinya abantu”

[Ifoto ku rup. 28]

Woba uriko urinezereza ukoresheje ivyo Yehova yanka?

[Ifoto ku rup. 29]

Wokora iki mu gihe woba ufise ico utumvikanako n’umukirisu mugenzawe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika