UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 87-91
Guma ahihishije ha Musumbavyose
Abibera “ahihishije” ha Yehova barakingirwa mu vy’impwemu
Muri iki gihe, kugira ngo tube ahihishije ha Yehova dutegerezwa kumwiyegurira tukabatizwa
Abatizigira Imana ntibahazi
Abibera ahihishije ha Yehova barakingirwa ikintu cose n’umuntu wese vyogeramira ukwizera kwabo n’urukundo bafitiye Imana
Wa “mutezi w’inyoni” aragerageza kuducakira
Kubera ko inyoni ziyubara cane, ziragoye gucakira
Abatezi b’inyoni barihweza bitonze ivyo zikunda gukora maze bakiga amayeri yo kuzicakira
Shetani, wa “mutezi w’inyoni,” arihweza yitonze abasavyi ba Yehova maze akabatega imitego yobagwisha mu vy’impwemu
Ng’iyi imitego ine ikaze Shetani akoresha:
Gutinya abantu
Amaronko
Ukwisamaza kutabereye
Ingorane tugiranira n’abandi