ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/3 rup. 18-21
  • “Gushika urupfu rudutandukanije”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Gushika urupfu rudutandukanije”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Guhangana n’ukwo kubura
  • Ukuntu bamwebamwe bavyifashemwo neza
  • Kugira ubuzima buri n’ico buvuze inyuma y’ukubura
  • Abapfakazi n’abapfakare bakeneye iki? Wobafasha gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ukuntu wokwihangana igihe upfakaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Noshobora Kubaho Gute Mfise Intuntu?
    Iyo Uwo Wakunda Apfuye
  • Icofasha abatuntujwe n’ukubura
    Be maso!—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/3 rup. 18-21

“Gushika urupfu rudutandukanije”

NI ABUBAKANYE bangahe basubiyemwo ayo majambo baryohewe ku musi wabo w’ubugeni, kumbure bakabivuga batiyumvira ko bishobora gushika? Ubusaza, indwara canke amasanganya ni ibintu bikunze gushika bigashobora guhitana mu buryo buteye agahinda ubuzima bw’umwe mu bubakanye bikundanira, bigatuma uwuba asigaye muri abo agira irungu n’intuntu.​—Umusiguzi 9:11; Abaroma 5:12.

Ibitigiri vyerekana yuko hafi igice c’abagore bafise imyaka 65 canke irenga ari abapfakazi. Kukaba nkako, kubera ko abagore bashobora gushikirwa n’ugupfakara incuro zitatu kuruta abagabo, akabonge gaterwa no kubura uwo mwubakanye kiswe akabonge k’abagore. Ivyo ntibisobanura yuko abagabo bobo badatuntura. Ikizwi ni uko abantu amamiliyoni bamaze gushikirwa n’ico kintu gitesha umutwe. Woba none uri umwe muri abo?

Waba uri umugabo canke umugore ushikiwe n’ico kintu, ni igiki ushobora gukora? Hoba hari ico Bibiliya yofasha mu bijanye no kwihanganira intuntu nk’iyo? Abapfakazi n’abapfakare bamwebamwe bavyifashemwo neza gute? Naho ata muti n’umwe uhari ushobora gukora igihe cose ivyo bishitse, hariho ingingo ngenderwako n’ivyiyumviro bishobora gufasha.

Guhangana n’ukwo kubura

Naho hari abibaza yuko kurira ari icerekana ubugoyagoye canke mbere bakabona ko ari ikintu conona, umuhinga mu vy’inyifato z’abantu Dogoteri Joyce Brothers, akaba ubwiwe ari umupfakazi, asanisha amarira n’ikintu gifasha bimwe vyihuta mu bijanye n’inyiyumvo. Mu vy’ukuri, kurira ni kimwe mu bintu bisanzwe bigize ikiringo c’intuntu kandi birafasha kugabanya umubabaro. Ntuterwe isoni n’uko bishitse ukarira. Akarorero keza mu bijanye n’ivyo turagasanga muri Bibiliya. Aburahamu yari umuntu afise ukwizera gukomeye kandi yaratewe agateka ko kwitwa umugenzi w’Imana. Yamara, igihe umukenyezi wiwe yikundira yapfa, yaciye ‘aza kumuririra, no kumuborogera.’​—Itanguriro 23:2.

Naho ari ibisanzwe kwumva wipfuza kumara umwanya uri ukwa wenyene, ntukwiye kwigunga. Mu Migani 18:1 hatugabisha hati: “Uwigungira ukwiwe aba arondera ivyo yiharije gusa.” Ahubwo nyabuna, nurondere gushigikirwa n’incuti be n’abagenzi b’abanyempuhwe. Mu bijanye n’ivyo, intunganyo nziza igitangaza iriho ni ishengero rya gikirisu, aho usanga abagabo bahumuye mu vy’Imana bashobora kugushigikira no kuguhanura mu gihe bikenewe.​—Yesaya 32:1, 2.

Bamwebamwe basanze kwishura amakete n’amakarata bandikirwa yo kubafasha umubabaro ari ikintu gifasha. Ako karyo karashobora gukoreshwa mu kwandika ibintu vyiza wibuka ku bijanye n’uwo mwari mwubakanye be n’ibihe mwamaranye. Gukoraniriza hamwe amafoto, amakete be n’utuntu wiyandikiye bimukwibutsa ukabigira nk’igitabu vyoshobora na vyo nyene kugufasha kugira agahengwe.

Ni ibisanzwe ko umuntu aherutse kubura yumva abuze ico afata be n’ico areka, mugabo kuguma wumiye ku rutonde rwawe be n’ibikorwa wari usanzwe ukora birashobora gufasha. Nk’akarorero, nimba ufise umwanya wageneye kuryamirako, kuvyukirako, gufungurirako canke gukorerako udukorwa tunaka, nugerageze kuguma uwubahiriza. Nutegekanye hakiri kare ivyo uzokora igihe uzoba ubaye nk’uwurengerwa n’ukwo kubura, mu mpera z’imishamvu be no ku misi idasanzwe, nk’uwo kwibuka umusi w’ubugeni bwanyu. Birahambaye na canecane ko wubahiriza urutonde rw’ivyo usanzwe ukora mu bijanye no gusenga.​—1 Abakorinto 15:58.

Biroroshe ko umuntu afata ingingo zitari nziza igihe ari mu mukazo ujanye n’inyiyumvo. Kumbure abantu babitumwe n’imvo mbi boshobora mbere kugerageza kwungukira ku kuntu ivyawe vyifashe. Ku bw’ivyo, niwirinde gufata ingingo gihutihuti, nko ku bijanye n’ivyo kugurisha inzu yawe, kugira umugambi munaka uhambaye w’ivy’amahera, kwimuka canke gusubira kwubaka urwawe. Hari umugani urimwo ubukerebutsi ugira uti: “Ivyiyumviro vy’umunyamwete bizana ubukenuke gusa, arik’umuntu wese ahutagiza bimuzanira ubukene gusa.” (Imigani 21:5) Amahinduka ayo ari yo yose ahambaye yo mu buzima nk’ayo, akwiye kurindirizwa gushika urushirije guturura mu vy’inyiyumvo.

Kumenya ingene ukoresha ivyegukira uwo mwari mwubakanye birashobora kuba ibibabaza cane, na canecane igihe muba mwari mumaze imyaka myinshi mubana, ariko ni kimwe mu bigize ikiringo c’intuntu. Kwigizayo ikintu nk’ico birashobora gutuma umara igihe kirekire utuntuye kandi bitari bikenewe. (Zaburi 6:6) Hari abashima kubigira ari bonyene; abandi bakabona ko bifasha kuba bari kumwe n’umugenzi somambike babwira ivyo bibutse bitewe n’ico gikorwa. Woshobora kandi kurondera gufashwa n’umugenzi canke incuti mu bijanye no kwitwararika ivyerekeye urupapuro urwo ari rwo rwose rusabwa, nk’akarorero kuronka urupapuro rwemeza ko uwo muntu yapfuye, kubimenyesha inzego za leta, amabanki, be n’amashirahamwe atanga ingurane; guhindura impapuro zijanye n’ibintu binaka bimwitirirwa kugira ngo bikwegukire, be no kuriha amahera yo kwa muganga.

Uribuka yuko tuba mw’isi yononekaye mu vy’inyifato runtu. Kubera yuko ubu uri wenyene, utwigoro ugira kugira ngo ugume utanduye twoshobora kugeragezwa. Nta gukeka ko ivyo intumwa Paulo yavuze bibereye muri iki gihe kuruta ikindi gihe cose, akaba yavuze ati: “Umwe wese muri mwebwe ameny[e] kuganza urwavya rwiwe bwite mu kwezwa no mw’iteka, atari mu nambu y’umubiri y’intahomwa nk’iyo ayo mahanga atazi Imana afise.” (1 Abanyatesalonika 4:4, 5) Ku bw’ivyo, biraranga ubukerebutsi wirinze amavidewo, ibitabu be n’imiziki bivuga ivy’urukundo canke ivy’ibitsina.

N’ikiruta vyose, nutahure yuko bisaba umwanya kugira ngo umuntu asubirane. Ikinyamakuru kimwe (USA Today) kivuga yuko ivyigwa vyagizwe n’Igisata c’ubushakashatsi bw’ivy’imibano co muri Kaminuza y’i Michigan vyerekana yuko uwuba yabuze uwo bubakanye akeneye n’imiburiburi amezi 18 kugira atangure gusubirana ku mubiri no mu bwenge. Nusenge Imana uyisaba ukwihangana, kuno kukaba gukomezwa n’ugutsimbataza ivyamwa vy’impwemu. (Abagalatiya 5:22, 23) Naho woshobora kuba atari kwo uvyiyumvira muri uwo mwanya, buri musi ibintu bizoza birarushiriza kugenda neza uko igihe kiza kirahaca.

Ukuntu bamwebamwe bavyifashemwo neza

Uwitwa Anna, uwari amaze imyaka 40 yubatse kandi ahimbawe, kuba yari aherutse kubura umunega wiwe vyaramubabaje cane. Avuga ati: “Nabuze mawe mfise imyaka 13, hanyuma mbura dawe na basazanje babiri hamwe na murumunanje. Yamara ndashobora kuvuga ntabesha yuko ata n’umwe muri abo bantu nabuze yambabaje cane nk’umunega wanje. Wamenga ncitsemwo kubiri. Nararengewe n’umubabaro.” Ni igiki none camufashije kwihanganira uwo mubabaro? Agira ati: “Naratunganije igitabu kinini kigizwe n’udukete be n’udukarata twuzuyemwo amajambo meza cane arangwamwo urukundo n’ugukenguruka kamere nziza zose Darryl yari afise. Kamwekamwe kose kavuga ibintu bimwerekeye bidasa n’ibiri mu kandi. Ndizigiye ntakeka ko Yehova na we nyene amwibuka be n’uko azomuzura mu gihe c’izuka.”

Uwitwa Esther afise imyaka 88, aragira ico avuze ku bijanye n’ivyamufashije ati: “Inyuma y’imyaka 46 twari tumaranye, ingorane ikomeye kuruta izindi nagize ryabaye irungu. Ariko narabonye ko kuguma mfise vyinshi nkora mu bijanye n’ivy’Imana vyamfashije cane. Sinahagaritse akamenyero kanje ko kwitaba amakoraniro y’ishengero, kubwira abandi ubutumwa bwo muri Bibiliya be no kuyisoma jewe ubwanje. Kutigungira ukwanje na vyo nyene vyaramfashije. Ndagerageza kwifatanya n’abagenzi bantega ugutwi. Ntibama bafise amajambo yo kumpumuriza bambwira, mugabo ndakenguruka cane kuba bampebera umwanya wabo bakongera bakantega yompi.”

Uwitwa Robert, uno akaba yabuze umukenyezi wiwe ahitanywe na kanseri bamaze imyaka 48 bubakanye, yigana ati: “Biragoye cane kwihanganira ukubura uwo mwubakanye muba mwarashobora kuyaga, gufatira ingingo hamwe, gufatana ingendo n’uturuhuko mukongera mukaza murabwirana ivyaba vyabashikiye ku musi ku musi. Rwarabaye urugamba, mugabo ico niyemeje si ugutana n’akabando ahubwo nyabuna ni ukubandanya ubuzima. Kuguma nkoresha umubiri n’ubwenge vyaramfashije. Isengesho na ryo nyene ryaratumye mpumurizwa bimwe bikomeye.”

Kugira ubuzima buri n’ico buvuze inyuma y’ukubura

Naho nyene kubura uwo mwubakanye wikundira ari kimwe mu bintu bitesha umutwe kuruta ibindi vyoshobora gushikira umuntu, si ryo herezo ry’ubuzima. Ugerageje kubona ibintu mu buryo bwiza, woshobora guca uboneraho akaryo ko kugira uruhara mu bikorwa wahora uronkera akanya gato, nko kwisamaza canke gufata ingendo. Ivyo bikorwa birashobora kugufasha kwimara irungu. Ku bantu bamwebamwe, hoshobora guca haboneka akaryo ko kugira uruhara mu busuku bwa gikirisu bimwe birushirije kuba ibishitse. Umuntu ntabura kugira umunezero n’ugushira akanyota biva ku gufasha abandi muri ubwo buryo kuko Yezu yavuze ati: “Gutanga kurimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ibikorwa 20:35.

Ntiwiyumvire ko utazokwigera usubira kugira agahimbare. Numenye udakeka yuko Yehova Imana akwitwararika igihe umwituye. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yavuze ati: “[Yehova] ashigikira . . . umupfakazi.” (Zaburi 146:9) Bireza umutima kumenya yuko Bibiliya itadondora gusa ko Yehova ari “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose” ariko kandi ivuga ku bijanye na Yehova iti: “Upfumbaturura igipfunsi cawe, ugahāza ukwifuza kw’ibiriho vyose.” (2 Abakorinto 1:3; Zaburi 145:16) Vy’ukuri, ya Mana y’urukundo Yehova irashoboye gufasha abarondera ko ibafasha babigiranye ubwira, irafise umutima ukunze wo kubikora kandi iriteguriye kubigira. Ese wokwiyumva nk’uko Abisirayeli bo mu gihe ca kera biyumva, abaririmvye bati: “Ndunamurira amaso yanje ku misozi: Ugutabarwa kwanje kuzova hehe? Ugutabarwa kwanje kuva k’Uhoraho yaremye ijuru n’isi.”​—Zaburi 121:1, 2.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 19]

Abantu amamiliyoni baragize intuntu n’irungu bivuye ku kubura abo bubakanye. Woba uri umwe muri abo?

[Uruzitiro ku rup. 21]

Tuvuge iki ku bijanye no gusubira kwubaka?

Bibiliya ivuga yuko urupfu rutuma ubucuti bwo mu mubano w’ababiranye buhera, gutyo uwusigaye muri abo bubakanye akaba afise uburenganzira bwo gusubira kwubaka urwiwe. (1 Abakorinto 7:39) Naho ari ukwo, ingingo nk’iyo ni iyo umuntu yifatira ku ruhande rwiwe. Yamara rero, birahambaye yuko abana bamenya ingingo umuvyeyi wabo aba yafashe kandi bakamushigikira aho bishoboka. (Abafilipi 2:4) Nk’akarorero, uwitwa Andrés, yabanje kurwanya ivy’uko se wiwe yosubira kwubaka. Yarakunda nyina wiwe cane rwose kandi yumva ko ata wundi muntu akwiye kumusubirira mu kibanza. Avuga ati: “Ariko sinatevye gutahura ko dawe yari yafashe ingingo nziza. Kwubaka vyatumye asubira kugira umunezero. Yaciye atangura gukora ibintu yari amaze igihe adakora nko gufata ingendo. Kandi ntiwumve, ndakengurukira uwo mukenyezi wiwe mushasha kuba amwitwararika neza mu buryo bw’umubiri no mu vy’inyiyumvo.”

[Amafoto ku rup. 20, 21]

Kuguma ufise ivyo ukora be no gusenga Imana uyisaba ukwihangana birafasha mu bijanye no gusubirana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika