ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/5 rup. 14-15
  • Nuburanire ivyo wemera wajijutseko!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuburanire ivyo wemera wajijutseko!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ugusangangurwa kw’i Sodomu n’i Gomora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yezu ananira ibigeragezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yezu akiza abantu ku gitangaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Bararukarihije rurabamwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/5 rup. 14-15

Ku bw’urwaruka

Nuburanire ivyo wemera wajijutseko!

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.

Abantu nyamukuru bavugwamwo: Yeremiya, Ebedumeleki, Umwami Zedekiya

Incamake: Yeremiya ararwanywa bimwe bikaze igihe atangaza ubutumwa bw’Imana buvuga yuko abantu b’i Buyuda bakwiye kwishikana ku Bakaludaya.

1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA YEREMIYA 38:1-5.

Wibaza ko Yeremiya yumva amerewe gute igihe yariko abwira ubutumwa abantu b’i Buyuda?

_______

Wibaza ko Yeremiya yiyumva gute wiyumviriye ijwi yakoresheje igihe yariko aratangaza imburi ya Yehova?

_______

NURUSHIRIZE KWIMBA.

Ni ibiki Yeremiya ategerezwa kuba yari yarajijutseko vyatumye ashobora gutangaza ubutumwa nk’ubwo busaba kugira ubutinyutsi?

_______

2 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA YEREMIYA 38:6-13.

Ugerageje kwiyumvira, nudondore ingene ico cobo co kubikamwo amazi cari kimeze, ni ukuvuga ubwaguke bwaco, ubwimbike bwaco be n’akamoto kaco.

_______

Ni ibiki Yeremiya ashobora kuba yariyumviriye igihe yatangura ‘kudibira mu vyondo’? (Subira usome umurongo wa 6.)

_______

NURUSHIRIZE KWIMBA.

Ukoresheje ibikoresho vy’ubushakashatsi woronka, rondera ikintu utari uzi ku bijanye n’ivyobo vyo kubikamwo amazi vyakoreshwa mu bihe vya Bibiliya.

_______

Ni igiki Ebedumeleki ategerezwa kuba yari yarajijutseko catumye arondera kurokora Yeremiya? (Subira usome umurongo wa 7-9.)

_______

Ni kubera iki Zedekiya yohejwe bitagoranye, ubwa mbere akoshwa n’abaganwa, mu nyuma na ho akajijurwa na Ebedumeleki? (Subira usome umurongo wa 5 n’uwa 10.) None ivyo vyerekana iki ku bijanye n’ukuntu uwo mwami yari ameze? Ni kubera iki wovuga ko ata bujijutsi yari afise?

_______

Muri iyo nkuru, ni bande berekanye ko bari bafise ukujijuka gukomeye, kandi ni nde yerekanye ko atari agufise? Kubera iki wishuye gutyo?

_______

3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Umutima rugabo.

_______

Ukujijuka.

_______

Ukuntu Yehova akingira abamugamburukira ata bwoba.

_______

Igihe uri mu bintu bitoroshe, ni gute kuba ufise ukujijuka bishobora kugira ico bikoze ku bushobozi ufise bwo gukora ibigororotse?

_______

4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

_______

NIMBA UDAFISE BIBILIYA, NUYISABE IVYABONA VYA YEHOVA CANKE UYISOME KU MUHORA WA INTERNET, KURI www.watchtower.org

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika