Ku bw’urwaruka
Nuburanire ivyo wemera wajijutseko!
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.
Abantu nyamukuru bavugwamwo: Yeremiya, Ebedumeleki, Umwami Zedekiya
Incamake: Yeremiya ararwanywa bimwe bikaze igihe atangaza ubutumwa bw’Imana buvuga yuko abantu b’i Buyuda bakwiye kwishikana ku Bakaludaya.
1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA YEREMIYA 38:1-5.
Wibaza ko Yeremiya yumva amerewe gute igihe yariko abwira ubutumwa abantu b’i Buyuda?
_______
Wibaza ko Yeremiya yiyumva gute wiyumviriye ijwi yakoresheje igihe yariko aratangaza imburi ya Yehova?
_______
NURUSHIRIZE KWIMBA.
Ni ibiki Yeremiya ategerezwa kuba yari yarajijutseko vyatumye ashobora gutangaza ubutumwa nk’ubwo busaba kugira ubutinyutsi?
_______
2 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA YEREMIYA 38:6-13.
Ugerageje kwiyumvira, nudondore ingene ico cobo co kubikamwo amazi cari kimeze, ni ukuvuga ubwaguke bwaco, ubwimbike bwaco be n’akamoto kaco.
_______
Ni ibiki Yeremiya ashobora kuba yariyumviriye igihe yatangura ‘kudibira mu vyondo’? (Subira usome umurongo wa 6.)
_______
NURUSHIRIZE KWIMBA.
Ukoresheje ibikoresho vy’ubushakashatsi woronka, rondera ikintu utari uzi ku bijanye n’ivyobo vyo kubikamwo amazi vyakoreshwa mu bihe vya Bibiliya.
_______
Ni igiki Ebedumeleki ategerezwa kuba yari yarajijutseko catumye arondera kurokora Yeremiya? (Subira usome umurongo wa 7-9.)
_______
Ni kubera iki Zedekiya yohejwe bitagoranye, ubwa mbere akoshwa n’abaganwa, mu nyuma na ho akajijurwa na Ebedumeleki? (Subira usome umurongo wa 5 n’uwa 10.) None ivyo vyerekana iki ku bijanye n’ukuntu uwo mwami yari ameze? Ni kubera iki wovuga ko ata bujijutsi yari afise?
_______
Muri iyo nkuru, ni bande berekanye ko bari bafise ukujijuka gukomeye, kandi ni nde yerekanye ko atari agufise? Kubera iki wishuye gutyo?
_______
3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Umutima rugabo.
_______
Ukujijuka.
_______
Ukuntu Yehova akingira abamugamburukira ata bwoba.
_______
Igihe uri mu bintu bitoroshe, ni gute kuba ufise ukujijuka bishobora kugira ico bikoze ku bushobozi ufise bwo gukora ibigororotse?
_______
4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
_______
NIMBA UDAFISE BIBILIYA, NUYISABE IVYABONA VYA YEHOVA CANKE UYISOME KU MUHORA WA INTERNET, KURI www.watchtower.org