Nugirire umwete ugusenga kw’ukuri
“Ivyimburwa ni vyinshi mugabo abakozi ni bake.”—MAT. 9:37.
1. Wodondora gute ukuntu biba vyifashe igihe ibintu vyihutirwa?
URAFISE icete gikeneye ko umuntu munaka acihweza umusi urangiye. None ugira iki? Uca ucandikako ngo “BIRIHUTIRWA!” Uriko uraja kw’isango rihambaye ufitaniye n’umuntu, mugabo wacerewe. None ugira iki? Uca ubwira umushoferi uti: “Ndakwinginze unyaruke; BIRIHUTIRWA!” Egome, igihe ufise igikorwa utegerezwa gukora mugabo umwanya ukaba ukujanye, urashuha umutwe kandi ugahagarika umutima. Umubiri wawe uca utangura kugira inguvu zidasanzwe, maze ugakora unyaraguritsa n’inkomezi nyinshi uko bishoboka kwose. Ico gihe ibintu biba vyihutirwa!
2. Ni igikorwa ikihe cihutirwa kuruta ibindi vyose ku bakirisu b’ukuri muri iki gihe?
2 Ku bakirisu b’ukuri muri iki gihe, nta kintu na kimwe cihutirwa kuruta kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Mu gusubiramwo amajambo Yezu yavuze, umwigishwa Mariko yanditse yuko ico gikorwa gitegerezwa “kubanza” gukorwa, ni ukuvuga imbere y’uko iherezo riza. (Mrk. 13:10) Birumvikana yuko ari ukwo bikwiye kumera. Yezu yavuze ati: “Ivyimburwa ni vyinshi mugabo abakozi ni bake.” Ivyimburwa ntibishobora kurindira. Bitegerezwa kwimburwa imbere y’uko ikiringo c’iyimbura kirangira.—Mat. 9:37.
3. Benshi bakoze iki baravye ukuntu kwamamaza bikenewe mu buryo bwihutirwa?
3 Kubera ko igikorwa co kwamamaza gihambaye gutyo kuri twebwe, birabereye ko tugihebera umwanya mwinshi be n’inguvu nyinshi bishoboka tukongera tukacitwararika uko bishoboka kwose. Birashimishije kubona ivyo nyene ari vyo abavukanyi na bashiki bacu benshi bariko baragira. Bamwebamwe baroroheje ubuzima bwabo kugira ngo bakore ubusuku bw’igihe cose ari abatsimvyi canke abamisiyonari, kibure bakorere kuri imwe mu Mabeteri ari hirya no hino kw’isi. Usanga bafise vyinshi bakora. Boshobora kuba baragize ibintu vyinshi bahevye, bakaba kandi bafise ingorane nyinshi babwirizwa kwihanganira. Naho ari ukwo, Yehova arabahezagira cane. Baraduhimbara. (Soma Luka 18:28-30.) Abandi, kubera yuko badashobora kuba abamamaji b’igihe cose, baramara umwanya munini ushoboka bariko barakora ico gikorwa kirokora ubuzima, kino kikaba kirimwo no gufasha abana bacu kugira ngo baze barokoke.—Gus. 6:6, 7.
4. Ni igiki cohava gituma bamwebamwe batangura kureka kubona ko ibintu vyihutirwa?
4 Nk’uko tumaze kubibona, kubona ko ibintu vyihutirwa akenshi usanga bifitaniye isano n’umwanya ntabanduka, ni ukuvuga ikiringo kinaka kiri n’aho kigarukira. Tubayeho mu gihe c’iherezo, kandi hariho ibimenyamenya vyinshi bivyerekana, vyaba ibishingiye ku Vyanditswe canke kuri kahise. (Mat. 24:3, 33; 2 Tim. 3:1-5) Naho ari ukwo, nta n’umwe azi igihe nyezina iherezo rizozirako. Igihe Yezu yariko aravuga amakuru y’ido n’ido ajanye n’“ikimenyetso” coranze “insozero y’ivy’isi,” yavuze mu buryo butomoye ati: “Nayo ivy’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa.” (Mat. 24:36) Kubera ko ibintu vyifashe gutyo, bamwebamwe boshobora gusanga bigoye kuguma babona ko ibintu vyihutirwa uko umwaka utashe, na canecane mu gihe baba bamaze igihe kirekire babigira. (Imig. 13:12) Vyoba bishika ukabona ibintu gutyo? Ni igiki codufasha kubona ko ibintu vyihutirwa canke kuguma tubona ko vyihutirwa ku bijanye n’igikorwa Yehova Imana na Yezu Kristu bipfuza ko dukora muri iki gihe?
Rimbura ivyerekeye Karorero wacu Yezu
5. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu yerekanye ko abona yuko ubusuku bwihutirwa?
5 Mu bantu bose berekanye ko babona yuko umurimo barangurira Imana wihutirwa, nta gukeka ko Yezu Kristu ari we karorero ruheta. Imvo imwe yatuma abona ko ibintu vyihutirwa ni uko yari afise ibintu vyinshi vyo gukora mu kiringo c’imyaka itatu n’igice gusa. Naho vyari ukwo, mu bijanye n’ugusenga kw’ukuri Yezu yararanguye ibintu vyinshi kuruta ivyo uwundi muntu wese yigeze gukora. Yaramenyekanishije izina rya Se n’umugambi wiwe, aramamaza inkuru nziza y’Ubwami, arashira ku kabarore uburyarya bw’indongozi z’idini be n’inyigisho zabo z’ikinyoma, yongera arashigikira ubusegaba bwa Yehova gushika apfuye. Yarakoze atiziganya mu kugendagenda mu gihugu, yigisha abantu, abafasha yongera abakiza. (Mat. 9:35) Nta muntu n’umwe yigeze arangura ibintu vyinshi gutyo mu kiringo gito nk’ico. Yezu yarakoze uko ashoboye kwose.—Yoh. 18:37.
6. Ni igiki Yezu yitwararika cane mu buzima bwiwe?
6 Ni igiki catuma Yezu akora agatama mu busuku yarangura? Dufatiye ku buhanuzi bwa Daniyeli, Yezu yari azi igihe yabwirizwa kumara ariko ararangura igikorwa yashinzwe yisunze ikirangamisi ca Yehova. (Dan. 9:27) Ku bw’ivyo, nk’uko vyari vyaravuzwe, ubusuku bwiwe bwo kw’isi bwategerezwa kurangira ‘iyinga rigeze hagati,’ ni ukuvuga haheze imyaka itatu n’igice. Haciye igihe gito Yezu yinjiye i Yeruzalemu mu buryo buranga intsinzi mu mpeshi yo mu 33 G.C., yavuze ati: “Isaha irageze y’uko Umwana w’umuntu aninahazwa.” (Yoh. 12:23) Naho Yezu yari azi yuko urupfu rwiwe rwegereje, ntiyaretse ngo kibe ari co kintu yitwararika cane mu buzima bwiwe, ni ukuvuga ikintu nyamukuru gituma akora agatama. Ahubwo nyabuna, yaritwararika cane ibijanye no gukoresha akaryo kose yaba aronse mu gukora ivyo Se agomba no mu kugaragariza abandi urukundo. Urwo rukundo rwatumye atororokanya abigishwa yongera arabamenyereza, akaza arabarungika mu masekeza yo kwamamaza. Ivyo yabigize kugira ngo bashobore kubandanya igikorwa yari yaratanguye kandi boranguye mbere ibikorwa biruta ivyo yakoze.—Soma Yoh. 14:12.
7, 8. Abigishwa bavyakiriye gute igihe Yezu yahumanura urusengero, kandi ni kubera iki Yezu yakoze ico kintu?
7 Hari ikintu cabaye mu buzima bwa Yezu cerekanye bimwe bikomeye umwete yari afise. Hari mu ntango y’ubusuku bwiwe, mu kiringo ca Pasika yo mu 30 G.C. Yezu n’abigishwa biwe baraje i Yeruzalemu maze babona mu rusengero “abariko bagurisha inka n’intama n’inuma be n’abavunja amahera bari mu bibanza vyabo.” None Yezu yavyakiriye gute kandi vyagize ico bikoze gute ku bigishwa biwe?—Soma Yohani 2:13-17.
8 Ivyo Yezu yakoze be n’ivyo yavuze ico gihe vyaribukije mu buryo bubereye abigishwa biwe amajambo y’ubuhanuzi yo mw’izaburi imwe yanditswe na Dawidi, ayagira ati: “Umwete w’inzu yawe wa[ra]ndiye.” (Zab. 69:9) Kubera iki baciye bibuka ayo majambo? Kubera yuko umuntu asunikwa n’umwete nk’uwo ari we gusa yokoze ikintu carimwo akaga gakomeye nk’ako. Nakare, abakuru b’urwo rusengero, ni ukuvuga abaherezi, abanditsi be n’abandi, bari bashigikiye urwo rudandaza rw’akamaramaza rwo kwironderera inyungu rwariko rugirirwa ng’aho. Mu gushira ku kabarore imigambi yabo no mu kuyiburabuza, Yezu yariko ararwanya indongozi z’idini zariho ico gihe. Nk’uko abo bigishwa babibonye ata kwihenda, ‘umwete w’inzu y’Imana,’ ni ukuvuga umwete yari afitiye ugusenga kw’ukuri, waribonekeza cane. Ariko none umwete ni iki? Woba utandukanye n’agatima ko kubona ko ibintu vyihutirwa?
Itandukaniro riri hagati yo kubona ko ibintu vyihutirwa n’umwete
9. Wodondora gute ijambo umwete?
9 Inyizamvugo imwe ivuga yuko “umwete” ari “ugukora ikintu ubigiranye umushasharo n’ubwira,” igaca itanga ivyitiranwa bimwebimwe nk’ibi: icipfuzo gikomeye, ishaka be n’igishika. Mu vy’ukuri, izo mvugo zose zirashobora gukoreshwa mu kudondora ubusuku Yezu yaranguye. Ni co gituma Bibiliya imwe (Today’s English Version) ihindura uwo murongo ngo: “Kuyobokera inzu yawe, ewe Mana, birarurumba muri jewe nk’umuriro.” Birashimishije kubona mu ndimi zimwezimwe zo muri Aziya yo mu Buseruko, imvugo ikoreshwa mu kuvuga “umwete” igizwe n’ibice bibiri bisobanura ijambo ku rindi ngo “umutima ushushe,” nk’aho umutima woba uriko urarurumba. Ntibitangaje kubona abigishwa baciye bibuka amajambo ya Dawidi igihe babona ivyo Yezu akoze ku rusengero. Ariko none, ni igiki catumye umutima wa Yezu ururumba tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, bigatuma akora gutyo?
10. Ijambo “umwete” risobanura iki uravye ukuntu rikoreshwa muri Bibiliya?
10 Ijambo “umwete” ryakoreshejwe muri Zaburi ya Dawidi riva mw’ijambo ry’igiheburayo rikunda guhindurwa mu bindi bice vyo muri Bibiliya ngo “umunyeshari” canke umuntu apfuha, kibure “ishari” canke ugupfuha. Bibiliya y’isi nshasha rimwe na rimwe irihindura ngo ‘gusaba kwiheberwa wenyene gusa.’ (Soma Kuvayo 20:5; 34:14; Yosuwa 24:19.) Inyizamvugo imwe ya Bibiliya ivuga ku vyerekeye iyo mvugo iti: “Akenshi ikoreshwa mu bijanye n’imigenderanire iri hagati y’ababiranye . . . Nka kurya nyene ugupfuha kw’umugabo canke kw’umugore ari uburyo bwo kwemeza uburenganzira bumwegukira wenyene gusa, ni na ko Imana yemeza uburenganzira buyegukira yonyene gusa bwo kuyobokerwa n’abayo.” Gutyo ijambo umwete, uravye ukuntu rikoreshwa muri Bibiliya, ririmwo n’ibindi uretse ishaka canke igishika umuntu agirira igikorwa kinaka, nka bimwe abantu benshi bagaragariza urukino bakunda. Umwete Dawidi yari afise wari ipfuhe, ni ukuvuga ukutihanganira kurwanywa canke gusigwa iceyi, kwipfuza bimwe bikomeye gukingira izina ryiza canke gukosora ikibi kinaka.
11. Ni igiki cavyurira Yezu umutima wo kwihata abigiranye umwete?
11 Abigishwa ba Yezu ntibihenze mu guhuza amajambo ya Dawidi n’ivyo babonye Yezu akora ku rusengero. Yezu yarihase, atari kubera gusa yuko yari afise ikiringo ntarengwa yategerezwa kuranguramwo igikorwa yashinzwe, mugabo kubera yari afitiye umwete canke ipfuhe izina rya Se be n’ugusenga gutyoroye. Igihe yabona ukuntu izina ry’Imana ryari ryarasizwe iceyi be n’ukuntu ryari ryararogosweko, yaragize umwete canke ipfuhe mu buryo bubereye, maze aragira ico akoze kugira ngo akosore ico kintu. Igihe Yezu yabona abantu baciye bugufi bari barahahajwe n’indongozi z’idini, zino zikaba kandi zarabarya imitsi, umwete yari afise waramuvyuriye umutima wo kuruhurira abo bantu no kwagiriza bimwe bikomeye izo ndongozi z’idini z’agahahazo.—Mat. 9:36; 23:2, 4, 27, 28, 33.
Nugirire umwete ugusenga kw’ukuri
12, 13. Indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu zo muri iki gihe zakoze iki ku vyerekeye (a) Izina ry’Imana? (b) Ubwami bw’Imana?
12 Ukuntu ivy’idini vyifashe hirya no hino muri iki gihe, ni nk’uko vyari vyifashe mu gihe ca Yezu, canke bishobora kuba vyarunyutse. Nk’akarorero, niwibuke yuko ikintu ca mbere Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga basaba cari cerekeye izina ry’Imana. Yavuze ati: “Izina ryawe niryezwe.” (Mat. 6:9) Twoba tubona indongozi z’amadini, na canecane abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu, zigisha abantu kumenya izina ry’Imana no kuryeza ari kwo kuritera iteka? Aho kubigenza gutyo, baravuze Imana ukutari kwo babicishije ku nyigisho z’ikinyoma nk’Ubutatu, ivy’uko ngo umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, be n’inyigisho y’umuriro udahera, ivyo bikaba vyatumye Imana iboneka ko isiga ubwenge, igoye gutahura, ari inkazi, eka mbere ko ifise agatima k’ubunyamaswa. Vyongeye, barasize iceyi Imana biciye ku bikorwa vyabo vy’agaterasoni no ku bwiyorobetsi bwabo. (Soma Abaroma 2:21-24.) N’ikindi kandi, barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo bahishe izina ry’uruharo ry’Imana, mbere bararikura muri Bibiliya zabo. Gutyo barabuza abantu kwiyegereza Imana no kugiranira na yo ubucuti.—Yak. 4:7, 8.
13 Yezu yarigishije kandi abayoboke biwe gusenga basaba Ubwami bw’Imana. Yavuze ati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Mat. 6:10) Naho indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu zikunda gusubiramwo iryo sengesho, zararemesheje abantu gushigikira inzego z’ivya politike be n’izindi nzego z’abantu. Vyongeye, zirakengera abihatira kwamamaza no gushingira intahe ubwo Bwami. Ico bivamwo ni uko abantu benshi bivugisha ko ari abakirisu badacisha mu kanwa ibijanye n’Ubwami bw’Imana, icibagiwe co ni ukubwizera.
14. Abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu batituye gute Ijambo ry’Imana?
14 Mw’isengesho Yezu yatuye Imana, yavuze atomora ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.” (Yoh. 17:17) Vyongeye, imbere y’uko Yezu ava kw’isi, yarerekanye yuko yogenye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” kugira ngo aronse abantu biwe ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu. (Mat. 24:45) Naho abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bihutira kuvuga yuko bigisha Ijambo ry’Imana, boba barakoze badahemuka igikorwa Shebuja yabajeje? Uwokubesha. Basa n’abavuga yuko ivyo Bibiliya ivuga ari ibitito canke imigani. Aho kugira ngo abakuru b’amadini bagaburire umukuku wabo ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu, gutyo babahumurize bongere babamurikire, baragaje amatwi y’abemera bakoresheje inyigisho z’abantu. N’ikindi kandi, baratituye ingingo mfatirwako z’Imana zigenga inyifato runtu kugira ngo bazihuze n’ivyo bita ngo ni inyifato runtu nshasha.—2 Tim. 4:3, 4.
15. Wumva umerewe gute ku bijanye n’ibintu vyose abakuru b’amadini bakoze mw’izina ry’Imana?
15 Kubera ivyo bintu vyose vyakozwe, bikaba bivugwa yuko ngo vyakozwe mw’izina rya ya Mana yandikishije Bibiliya, abantu benshi b’imitima nziraburyarya baravunitse umutima canke baraheba rwose kwizera Imana be n’ivyo Bibiliya ivuga. Baratwawe na Shetani be n’isi yiwe mbi. Iyo ubonye ukongera ukumva ibintu nk’ivyo biriko birakorwa uko bukeye uko bwije, wumva umerewe gute? Kubera ko uri umusavyi wa Yehova, iyo ubonye ukuntu abantu basiga iceyi izina ry’Imana bakongera bakarirogotako, ntiwumva none uvyuriwe umutima wo gukora uko ushoboye kwose kugira ngo ukosore ico kibi? Iyo ubonye abantu b’umutima nziraburyarya bariko barahendwa bongera baribwa imitsi, ntiwumva none uvyuriwe umutima wo guhumuriza abo bantu bahahazwa? Igihe Yezu yabona abantu bo mu gihe ciwe bari “baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere,” ntibamuteye ikigongwe gusa. Yaciye “atangura kubigisha ibintu vyinshi.” (Mat. 9:36; Mrk. 6:34) Turafise imvo yumvikana yo kugirira umwete ugusenga kw’ukuri nka Yezu.
16, 17. (a) Ni igiki gikwiye kutuvyurira umutima wo kwihata mu busuku? (b) Ni igiki tuzorimbura mu kiganiro gikurikira?
16 Igihe turi abanyamwete mu busuku turangura, amajambo intumwa Paulo yavuze dusanga muri 1 Timoteyo 2:3, 4 aca agira insobanuro idasanzwe. (Soma.) Turakora cane mu busuku atari kubera gusa yuko turi mu misi y’iherezo, ariko kandi kubera dutahura yuko ari vyo Imana igomba. Igomba ko abantu bagira ubumenyi bwerekeye ukuri kugira ngo na bo nyene bamenye kuyisenga no kuyikorera maze bahezagirwe. Turavyurirwa umutima wo kwihata mu busuku, tutabitumwe ahanini n’uko igihe gisigaye ari gito, mugabo kubera ko twipfuza gutera iteka izina ry’Imana no gufasha abantu kumenya ivyo igomba. Turagirira umwete ugusenga kw’ukuri.—1 Tim. 4:16.
17 Kubera ko turi abasavyi ba Yehova, twarahezagiwe mu kumenya ukuri kwerekeye umugambi Imana ifitiye abantu n’isi. Turafise uburyo bwo gufasha abantu kuronka agahimbare no kugira icizigiro nyakuri ku bijanye na kazoza. Turashobora kubereka ico bokora kugira ngo bazorokoke isi ya Shetani niyatikizwa. (2 Tes. 1:7-9) Aho gushavura canke gucika intege kubera ko umusi wa Yehova usa n’uwutevye, turakwiye guhimbarwa n’uko tugifise umwanya wo kugirira umwete ugusenga kw’ukuri. (Mika 7:7; Hab. 2:3) Dushobora gute none gutsimbataza uwo mwete? Ivyo ni vyo tuzorimbura mu kiganiro gikurikira.
Woshobora kubisigura?
• Ni igiki cavyurira Yezu umutima wo gukora agatama mu busuku yarangura?
• Ijambo “umwete” risobanura iki uravye ukuntu rikoreshwa muri Bibiliya?
• Ni ibiki tubona muri iki gihe bikwiye kutuvyurira umutima wo kugirira umwete ugusenga kw’ukuri?
[Ifoto ku rup. 8]
Yezu yitwararika cane ibijanye no gukora ivyo Se agomba no kugaragariza abandi urukundo
[Ifoto ku rup. 10]
Turafise imvo yumvikana yo kugirira umwete ugusenga kw’ukuri