ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/5 rup. 3-5
  • Woba vy’ukuri uhimbarwa n’Ijambo ry’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba vy’ukuri uhimbarwa n’Ijambo ry’Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imigambi wokwishingira be n’ukuntu woyishikako
  • Umwanya utari uw’impfagusa
  • Nuhimbarwe n’Ijambo ry’Imana
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ugusoma Bibiliya—Ni Nzanakunguko Kandi Biranezereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Niwijukire Gusoma
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Wotangura gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/5 rup. 3-5

Woba vy’ukuri uhimbarwa n’Ijambo ry’Imana?

UWITWA Lorraine avuga ati: “Igihe natangura gusoma Bibiliya ntahorereza, nabona ko ari ikintu kindambira aho kubona ko ari ikintu gihimbaye. Kubera ko yari igoye gutahura, akenshi nasanga ndiko ndangaza ivyiyumviro.”

Abandi bariyemerera yuko na bo nyene igihe batangura gusoma Bibiliya bitabaryohera. Ariko rero, barumiye kw’ibanga kubera yuko bari bazi ko gusoma Ivyanditswe Vyeranda ari co kintu kibereye umuntu yokora. Uwitwa Marc avuga ati: “Biroroshe yuko umuntu areka ibisamaza bikamubuza gusoma Bibiliya no kwiyigisha. Vyasavye ko ntura amasengesho menshi nkongera nkagira utwigoro twinshi kugira ngo ntume ugusoma Bibiliya ku musi ku musi kiba kimwe mu vyo nama nkora.”

Wokora iki kugira ngo urushirize guha agaciro Ijambo ry’Imana ryanditse ari ryo Bibiliya? Ushobora gute guhimbarwa no kuyisoma? Rimbura ivyiyumviro bikurikira.

Imigambi wokwishingira be n’ukuntu woyishikako

Igihe usoma Bibiliya nubijanishe n’isengesho kandi ntiwangaze umuzirikanyi. Nusabe Yehova agufashe kurushiriza kwumva ushashaye kwiga Ijambo ryiwe. Numwinginge yugurure umuzirikanyi wawe n’umutima wawe kugira ngo urushirize gutahura ubukerebutsi bwiwe. (Zab. 119:​34) Utabigize gutyo, kwiga Bibiliya ntivyoteba gucika ikintu ukora mu buryo bwo guheza umwuga, kandi woshobora kwumva utipfuza kubandanya. Uwitwa Lynn avuga ati: “Birashika ngasoma nihutagiza maze simbone ivyiyumviro bishimishije. Akenshi, sintahura neza ivyiyumviro nyamukuru. Ariko rero, ndasenga nsaba ukwigumya, kandi ivyo biramfasha kutangaza umuzirikanyi.”

Nuhe agaciro ivyo wiga. Niwibuke yuko gutahura ukuri kwo muri Bibiliya no kugushira mu ngiro bishobora gutuma uronka ubuzima. Ku bw’ivyo, nugire akigoro kavuye ku mutima kugira ngo urondere ivyiyumviro ngirakamaro maze ubishire mu ngiro. Uwitwa Chris avuga ati: “Igihe ndiko ndasoma Bibiliya, ndarondera ivyiyumviro vyomfasha kumenya inyifato zitabereye mfise be n’imvo zitabereye nkorana ibintu. Biranduhurira iyo mbonye ingene Bibiliya hamwe n’ibisohokayandikiro vyacu vyinshi birimwo amakuru angirira akamaro, naho nyene abavyanditse batigeze bamenya.”

Niwishingire imigambi ushobora gushikako. Nugerageze kwiga ikintu gishasha ku bijanye n’abantu bavugwa muri Bibiliya. Urashobora kuronka amakuru ashimishije yerekeye benshi muri bo mu kuraba mu gitabu Étude perspicace des Écritures canke Index des Publications Watch Tower. Uko urushiriza kumenya abagabo n’abagore bavugwa muri Bibiliya ukabona ko ari abantu babayeho koko bafise kamere be n’inyiyumvo, ni ko uzorushiriza kugira ico ubigiyeko.

Nurondere uburyo bushasha bwo kuzirikana ku Vyanditswe. (Ivyak. 17:​2, 3) Uwitwa Sophia yiga afise iyo ntumbero. Avuga ati: “Icipfuzo canje ni ukwiga uburyo bushasha bwo gufasha abantu kuzirikana kugira ndabukoreshe mu busuku ndangura no mu bindi bihe, gutyo nshobore kuvuga mu buryo butomoye ivyerekeye ukuri kwo muri Bibiliya. Umunara w’Inderetsi ni igikoresho ciza cane cogufasha kubishikako.”​​—⁠2 Tim. 2:​15.

Nuse n’uwubona mu bwenge inkuru zo muri Bibiliya. Mu Baheburayo 4:​12 hagira hati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima.” Igihe uriko urasoma Ivyanditswe, numere nk’uwubona mu bwenge ibivugwa mu butumwa bw’Imana mu kwiha ishusho y’ivyo abantu bavugwa muri Bibiliya bǎriko barabona. Nugerageze kwumva ivyo bǎriko barumva no kwiyumva nk’uko bǎriko bariyumva. Nuhuze ivyabashikiye n’ibintu binaka biriko biragushikira mu buzima. Nugire ico wigiye ku kuntu bavyifashemwo. Ivyo bizotuma urushiriza gutahura no kwibuka inkuru zo muri Bibiliya.

Nutebe ku vyanditswe bigoye no ku nsobanuro zavyo kugira ngo ubitahure neza. Igihe cose wiyigisha, nufate umwanya uhagije. Woshobora guhura n’ibibazo bishimishije cane bisaba ko ubigirira ubushakashatsi bwiyongereye. Nurondere insobanuro z’amajambo utamenyereye, wihweze amayagwa y’inyongera ari amaja inyuma muri Bibiliya wongere usuzume amarabiro yo mu nkingi ziri muri Bibiliya. Uko urushiriza gutahura ivyo usoma no kubishira mu ngiro, ni ko uzorushiriza guhimbarwa n’Ijambo ry’Imana ryanditse. Uzoshobora rero kuvuga nk’uko umwanditsi wa Zaburi yavuze, uwagize ati: “Ivyibutsa vyawe [ni ukuvuga vya Yehova] nabifashe nk’ikintu nigabira gushika igihe kitagira urugero, kuko ari vyo mwigino w’umutima wanje.”​​—⁠Zab. 119:​111.

Niwirinde kwiyigisha wihutagiza. Nugire ibitegereka mu bijanye n’umwanya utegekanya gukoresha mu kwiyigisha. Ntukoreshe umwanya mwinshi cane mu kwiyigisha ngo usange ata mwanya usigaranye wo gutegura amakoraniro y’ishengero. Uwitwa Raquel avuga ati: “Akatari gake ndiyumvamwo yuko ivyiyumviro vyanje bitari hamwe ku buryo ntashobora kwitunira ku vyo mba ndiko ndasoma. Ni co gituma mbona yuko ibiringo bigufibigufi vyo kwiyigisha bingirira akamaro. Ivyo biringo biramfasha kwungukira cane ku kwiyigisha kwanje.” Chris yiyemerera ati: “Igihe mbona ko ndiko ndiyigisha nihutagiza, ijwi ryanje ryo mu mutima rirambuza amahoro kubera ko ata kintu kinini nsigarana. Akenshi usanga ayo mayagwa atankora ku mutima.” Ku bw’ivyo rero, nufate umwanya uhagije.

Nurushirize gucambirwa ijambo ry’Imana. Intumwa Petero yavuze ati: “Nka kurya kw’inzoya zikivuka, nimurondere gucambirwa amata atavanze ya rya jambo, kugira ngo biciye kuri yo mukure mushikire ubukiriro.” (1 Pet. 2:2) Abana b’inzoya si ngombwa ngo barondere gucambirwa amata. Iyo nyiyumvo irizana. Mugabo Ivyanditswe biremera icese yuko tubwirizwa gucambirwa ijambo ry’Imana. Niwaza urasoma urupapuro rumwe gusa rwa Bibiliya buri musi, ntuzoteba gutsimbataza iyo nyiyumvo. Ibishobora kuba vyaboneka ko bigoye mu ntango ntibizoteba kuguhimbara.

Nuzirikane imirongo yo mu Vyanditswe. Kuzirikana ivyo usoma ni ikindi kintu gituma uhungukira cane. Ivyo bizogufasha kubona isano riri hagati y’ibintu vy’impwemu uzoba watohoje. Ntuzoteba kuronka ubukerebutsi bwinshi buva ku Mana bwogereranywa n’utubuyenge, ubwo na bwo bukaba ari itunga rihimbaye.​​—⁠Zab. 19:​14; Imig. 3:3.

Umwanya utari uw’impfagusa

Bisaba akigoro kugira ngo ugume ufise utumenyero twiza two kwiyigisha, mugabo imihezagiro uhakura ntigira uko ingana. Ivyo biratuma urushiriza gutahura Ivyanditswe. (Heb. 5:​12-​14) Ugutahura n’ubukerebutsi ukura mu Vyanditswe vyahumetswe biratuma ugira agahimbare, umunezero n’amahoro. Ubukerebutsi dusanga mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe ni “igiti c’ubuzima” ku babucakira maze bakabushira mu ngiro.​​—⁠Imig. 3:​13-​18.

Kwiga Ijambo ry’Imana mu buryo bwimbitse birashobora gutuma ugira umutima utegera. (Imig. 15:​14) Ivyo bizogufasha gutanga impanuro zivuye ku mutima zishingiye cane kuri Bibiliya. Niwemera kuyoborwa n’ivyo usoma mu Vyanditswe no mu bisohokayandikiro vya wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” igihe urondera gufata ingingo, Ijambo rya Yehova ryahumetswe rizotuma wumva uruhuriwe kandi ufise amahoro. (Mat. 24:​45) Uzorushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza, urushirize kubona ko ibintu bizogenda neza wongere ube umuntu yitwararika ivy’impwemu. Vyongeye, ikintu cose ukora kijanye n’ubucuti ufitaniye n’Imana kizokunda.​​—⁠Zab. 1:​2, 3.

Umutima wuzuye urukundo ukunda Imana uzotuma ubwira abandi ibijanye n’ukwizera kwawe. Ivyo na vyo nyene birashobora kukugirira akamaro cane. Uwitwa Sophia arihatira kwibuka no gukoresha ivyanditswe bitandukanye kugira ngo akwegere ivyiyumviro vy’abo asanga ku mihana maze atume ubusuku bwa gikirisu arangura bugira ico buvuyemwo kandi buba ubushimishije. Avuga ati: “Kubona ukuntu abantu bakira amajambo avuye muri Bibiliya usanga biteye umunezero cane.”

Ariko rero inyungu ihambaye kuruta izindi zose wironkera kubera uhimbarwa n’Ijambo ry’Imana, ni uko ugiranira na Yehova ubucuti somambike. Kwiyigisha Bibiliya biratuma ushobora kumenya ingingo mfatirwako ziwe ukongera ugatahura urukundo rwiwe, ugutanga kwa cane kwiwe be n’ubutungane bwiwe. Nta kindi kintu wokora coza gihambaye canke kimara akanyota kuruta ico. Niwige Ijambo ry’Imana uricokeremwo. Umwanya ukoresha muri ubwo buryo ntuba ubaye impfagusa.​​—⁠Zab. 19:​7-​11.

[Uruzitiro/​Amafoto ku rup. 5]

GUSOMA IJAMBO RY’IMANA: IMIGAMBI WOKWISHINGIRA

▪ Igihe usoma Bibiliya nubijanishe n’isengesho kandi ntiwangaze umuzirikanyi.

▪ Nuhe agaciro ivyo wiga.

▪ Niwishingire imigambi ushobora gushikako.

▪ Nurondere uburyo bushasha bwo kuzirikana ku Vyanditswe.

▪ Nuse n’uwubona mu bwenge inkuru zo muri Bibiliya.

▪ Numare umwanya ku vyanditswe bigoye no ku nsobanuro zavyo kugira ngo ubitahure neza.

▪ Niwirinde kwiyigisha wihutagiza.

▪ Nurushirize gucambirwa ijambo ry’Imana.

▪ Nuzirikane imirongo yo mu Vyanditswe.

[Ifoto ku rup. 4]

Igihe uriko urasoma inkuru yo muri Bibiliya, nugerageze kumera nk’uwibona uri mu bintu biriko biravugwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika