Porogarama Nshasha y’Umusi w’Iteraniro Ridasanzwe
Porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe itangura muri Nyakanga 1999 ifise umutwe uvuga uti: ‘Nidusese Ibintu vy’i Bwina vy’Imana.’ (1 Kor. 2:10, NW) Ni ibintu vy’agaciro ibihe tuzohigira?
Abantu benshi igihe bariko bararondera ubumenyi, ntibezwa umutima n’ivyo bubura. Bibiliya iraduha ingoga, nk’uko bizokwerekanwa n’umucungezi w’umuzunguruko mu gihimba azoshikiriza gifise umutwe uvuga ngo “Gusesa mw’Ijambo ry’Imana Bireza Umutima.” Umushikirizansiguro w’umushitsi azokwerekana isano riri hagati yo gutohoza ibintu vy’i bwina vy’Imana no kwamamaza inkuru nziza, igihe azoba ariko araca irya n’ino ikibazo kigira giti: “Kwamamaza Ubwami Ubibona Gute?”
Abavyeyi bashobora gute gufasha abana babo kwimba bagashika i bwina bw’Ijambo ry’Imana? Inama ngirakimazi zizotangwa mu gihimba kivuga giti: “Niwigishe Ijambo ry’Imana Abana Bawe.” Urwaruka Rukirisu ruroshwa mu buryo bwiza mu kwifatanya n’abahumuye mu vy’umutima bo mw’ishengero. Uturorero tw’ukuntu ivyo bigira ivyiza bibakorako tuzoshimikwako mu gihimba kigira giti: “Urwaruka Rwigira ku Bakuze.”
Ni kuki muri iki gihe dukwiye kuronderana ubwira ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu buhishijwe? Yehova ni we ahishura amabanga. Umushikirizansiguro w’umushitsi azosigura ivyo Yehova yahishuye mu bihe vya kera no mu bihe vya none mu nsiguro ivuga ngo “Yehova Arahishura Buhorobuhoro Ibintu vy’i Bwina.” Ivyo bizokomeza umwiyemezo wacu wo kubandanya ‘gusesa ibintu vy’i bwina vy’Imana.’
Nutegekanye ubu kuryitaba. Abipfuza kugereranya ukwiyegurira Yehova kwabo mu kubatizwa bakwiye kubimenyesha umucungezi muhagarikizi mu maguru masha. Icipfuzo gikomeye dufise co gushakashaka mw’Ijambo ry’Imana kizokomezwa n’ivyo tuzokwumva. Ntuzocikwe rero n’uwo musi udasanzwe w’inyigisho y’Imana!