ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/00 rup. 3-4
  • Ndamukiza—Igihe co Kugirira Ishaka Ibikorwa Vyiza!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ndamukiza—Igihe co Kugirira Ishaka Ibikorwa Vyiza!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Ndamukiza 2000 Twoshobora Kukugira Ukwezi Kwacu Ntangere?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Tube abanyamwete mu gukora ivyiza!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyibukijwe Vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ndamukiza—Igihe co ‘Gukora Tugatama no Kwihata’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 4/00 rup. 3-4

Ndamukiza—Igihe co Kugirira Ishaka Ibikorwa Vyiza!

1 Uko inkuruma yegereza akarere kabamwo abantu, ni ko ivy’ugukenera kuburira abantu ivy’iyo ngeramizi yegereje biba ivyihutirwa. Uko iyo nkuruma irushiriza kuza iregereza, ni ko nya mburizi zitegerezwa gushimika. Kubera iki? Kubera ubuzima buri ku manga! Abantu bamwebamwe boshobora kuba batumvise izo mburizi imbere y’igihe. Abandi boshobora kuba baravyumvise ariko bakabifata minenegwe. Ivyo ni ko biri no ku mburizi z’Imana twashinzwe ibanga ryo kwumvikanisha imbere yuko “agashururu” k’uburake bugororotse bw’Imana gakuraho amakanda yose y’isi mbi. (Imig. 10:25) Ubuzima budahera bw’abantu amamiliyoni n’amamiliyoni buri ku manga. Iyo mburizi itegerezwa kwumvikanishwa! Dutegerezwa kugirira ‘ishaka ibikorwa vyiza.’—Tito 2:11-14.

2 Mu kiringo c’imyaka mirongo, abasavyi ba Yehova baravyuriwe umutima wo gutuma igihe c’Icibutso kiba igihe co kugira ishaka ridasanzwe mu gikorwa. Mu mpeshi yo mu 1939, ikimenyeshamakuru Informateur, ari co cabaye integuza y’Igikorwa Dukorera Ubwami, caratanze iyi ndemesho: “Kubera igihe c’impeshi kiriko kiraza, hakaza n’ikirere ciza, dukwiye kwitega ko amasaha yo mu ndimiro yiyongerako kabiri ku bamamaji [b’ishengero], n’umwanya abatsimvyi bamara bakora ukongerekana bimwe biboneka. Ndamukiza ni ukwezi gufise imisi y’Iyinga itanu. Gufise n’iya Gatandatu itanu. Nutume uwa Gatandatu wose be n’uw’Iyinga wose wo muri Ndamukiza uba . . . umwanya udasanzwe wo gushinga intahe.” Iryo ni ryo hangiro abavukanyi bari bishingiye ubu hakaba haciye imyaka 60! Muri uno mwaka, co kimwe no mu mwaka w’1939, ukwezi kwa Ndamukiza gufise amawikendi atanu yuzuye. None utegekanya ibiki muri ukwo kwezi? Ni uduki wanditse ku Kirangamisi cawe ku bw’ukwezi kwa Ndamukiza 2000? Nutegekanye kugira uruhara ruri n’ico ruvuze mu bikorwa vyiza uri kumwe n’abandi basavyi ba Yehova muri ukwo kwezi kudasanzwe kwo kunyarutsa ibikorwa vyo mu buryo bw’impwemu.

3 Ivyo Twizigiye Gushitsa: Umusi uhambaye kuruta wo muri uyu mwaka w’2000 ushika muri ukwo kwezi. Ni igenekerezo rya 19 Ndamukiza, aho tuzokwibuka urupfu rwa Yezu. Nimuze tugire utwigoro tudasanzwe two gutumira abantu benshi bashoboka ngo baze ku Cibutso. Nk’uko twari twagiriwe inama mu kwezi guheze, nugire urutonde rw’abo bose boshobora kwitaba Icibutso hanyuma usuzume ko ata we wibagiye. Mu bo utumira hakwiye kuba harimwo abamamaji bose bahororokewe mu gikorwa, abatohoji ba Bibiliya, abo usubira kugendera, abigeze kuba biga Bibiliya, abo mukorana, abo mwigana, ababanyi, abo mu muryango, hamwe n’abandi muzinanyi. Mbega abo ushaka ko bacitaba boba bafise ikizobunguruza? Nimba ataco bafise, woshobora kugira ico ubasahirizamwo ubitumwe n’urukundo? Ku mugoroba uberako Icibutso, twese hamwe tuzoba dufise agateka ko gutuma abo bacitavye bumva ko bisanze. Icibutso kirangiye, turashobora kubandanya gufasha mu vy’impwemu vya mwene abo bantu bashimishijwe.

4 Kugirira ‘ishaka ibikorwa vyiza’ mu misi y’imbere y’Icibutso n’inyuma yaco ni uburyo bwiza bwo kwereka Yehova yuko dukenguruka vy’ukuri ibintu vyose yadukoreye. Abenshi muri twebwe tuzoshobora kwongerereza utwigoro twacu mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Niba uriko urakora ubutsimvyi bwo gufasha, uzoshima gukora uko ushoboye kwose kugira ngo umare amasaha 50 canke arenga mu gikorwa. (Mat. 5:37) Nugume wumiye ku rutonde rwawe watanguranye mu ntango z’ukwezi. (Umus. 3:1; 1 Kor. 14:40) Abasigaye muri twebwe nidukore uko dushoboye kugira ngo dufate mu mugongo abatsimvyi bose, mu kubaremesha no mu gukorana na bo mu ndimiro. (Gereranya na 2 Abami 10:15, 16.) Tubivye n’umwete mwinshi muri Ndamukiza, turashobora kwitega umunezero mwinshi be n’umuhezagiro biva kuri Yehova. (Mal. 3:10) Kumbure ivyo bizoba nk’ugutera intambwe yo kubandanya gukora ubutsimvyi bwo gufasha canke yo gukora ubutsimvyi bw’intahorereza. Ese akaguvu ko mu vy’impwemu tuzoronka muri Ndamukiza koshishikara kagatuma turoranirwa no mu mezi akurikira, mu gihe tubandanya kuba abamamaji b’Ubwami badahorereza!

5 Nta gukeka ko uku kwezi abasavyi ba Yehova ibihumbi n’ibihumbi bazogutanguzamwo inyigisho za Bibiliya ziyongereye zo ku muhana. Woshima kuyitanguza? Nusenge mu buryo butomoye usaba inyigisho, hanyuma ukore uhuje n’amasengesho yawe. Urashobora kwemera udakeka yuko Yehova azoshima ugusaba imfashanyo kwawe guciye bugufi kugira uronke umuntu w’umutima nziraburyarya wigisha.—1 Yoh. 3:22.

6 Ngubu uburyo bwo kwegera abantu bwakoreshejwe mu ndimiro buraroranirwa cane mu gutanguza ibiyago. Utangura mu kubaza uti: “Woba wiyumvira yuko ubukazi bwose bugirwa mu mashure ya Leta bwoba buterwa n’ivyo amadayimoni akora canke vyoba biterwa n’ukubura kw’indero ya kivyeyi?” Numureke yishure. Igihe uwo muntu avuze ngo “buterwa n’ivyo amadayimoni akora,” nusome Ivyahishuriwe 12:9, 12 hanyuma werekane uruhara rwa Shetani mu vy’ugukorereza uruhagarara muri iyi si. Maze nuzingurure agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ku cigwa ca 4 hanyuma ubaze nimba uwo muntu arigera yibaza iyo Shetani yaje ava. Bandaniriza ku gusoma mwongera muganira ingingo zibiri za mbere. Nimba uwo muntu yishuye ko “ukubura kw’indero ya kivyeyi” ari yo mvo ituma haba ubukazi mu mashure, soma 2 Timoteyo 3:1-3 hanyuma werekane ibintu bishobora kuba bigira ico biterereye kuri iyo ngorane. Maze nuzingurure agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ku cigwa c’8, usome ingingo ya 5 hanyuma mubandanye ikiyago. Nimba ushobora gutanga isango uzogarukirako, woshobora kuba uriko uracira inzira inyigisho ya Bibiliya idahorereza wogirana n’uwo muntu. Mu gihe ugarutse kumugendera, numubaze ko yoba azi uwundi muntu uwo ari we wese yoshobora gushimishwa no kwumva ivyo ariko ariga.

7 Ubundi buryo bwo kuba abagirira ‘ishaka ibikorwa vyiza’ muri Ndamukiza ni ukugira uruhara mu buryo butandukanye bwo kwamamaza inkuru nziza. Woba umaze kwiyumvira ivyerekeye ugushinga intahe mu busitani canke aho bahagarika imiduga? Ku bituro vy’amabisi? Canke woshima kugerageza gushinga intahe ukoresheje telefone, ku nzira, canke mu karere k’abadandaza? Ni kuki utoshira mu ngiro ivyo vyiyumviro muri uku kwezi? Yehova azogufasha gushikira ugushira amanga gukenewe. (Ivyak. 4:31; 1 Tes. 2:2b) Kumbure urashobora guhana isango n’umutsimvyi canke umwamamaji azi utuntu n’utundi ryo gukorana na we muri iyo mice y’ubusuku.

8 Uwipfuza wese kwongerereza umugabane wiwe mu gikorwa co gushinga intahe azoshima kugira uruhara mu gushinga intahe akaryo kizanye. Kenshi na kenshi usanga bisaba gusa ukwinjiza umuntu mu kiyago mu buryo bwa kigenzi. Nuvyure gusa ikibazo gikunda gushimisha abantu, kumbure ukoresheje uburyo bwerekanywe mu ngingo ya 6. Niwihate kugira ngo ukoreshe neza n’akanya na gatoyi kohava gapfa ubusa. Erega “amate mabi ni ayagiye gusa.” Ni kuki tutoboneraho akaryo ko gukoresha n’iminuta itanu yoyo, cumi canke cumi n’itanu, mu gushinga intahe akaryo kizanye.

9 Igihe co Kwiyumvira: Ongera wibuke ibintu bikomakomeye vyashikirijwe muri ya daramu yo kw’Iteraniro ry’Intara ryo mu mwaka uheze ryavuga ngo “Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana.” Iyo daramu, iyari itaziriwe ngo Nidushime Iragi Twahawe ry’Ivy’Imana, yaratumye twiyumvira twitonze ivyerekeye itandukaniro ryari hagati ya Yakobo na Esau. Esau yavuga yuko ashima ibintu vy’impwemu co kimwe na Yakobo, ariko ibikorwa vya Esau ntibivyerekane. (Ita. 25:29-34) Ese ukuntu ari imburizi ikomeye kuri twebwe! Nka kumwe kwa Yakobo, nimuze tube abiteguriye kugwa tuvyuka, turwana urugamba kugira turonke umuhezagiro wa Yehova. (Ita. 32:24-29) Ni kuki tutokoresha ukwezi kwa Ndamukiza hamwe n’ayandi mezi akurikira kugira ngo tuvyukirize umwete wacu, ntitwigere dufata minenegwe iragi ryacu ry’ivy’Imana ry’igitangaza?

10 “Umusi uhambaye w[a Yehova] uri hafi; uri hafi kand’urihuta.” (Zef. 1:14) Inkuru nziza y’Ubwami itegerezwa kwumvikanishwa. Ubuzima buri ku manga! Ese uku kwezi kwogaragara ko ari umuhezagiro udasanzwe ku basavyi ba Yehova bose, uko twerekana twunze ubumwe yuko turi abagirira ‘ishaka ibikorwa vyiza.’

[Uruzitiro ku rup. 4]

Ivyibukijwe Vyerekeye Icibutso

Ihimbazwa ry’Icibutso uyu mwaka rihurirana n’uwa Gatatu igenekerezo rya 19 Ndamukiza. Abakurambere bakwiye kwitwararika ibi bintu bikurikira:

◼ Mu gushinga igihe iryo koraniro rizoberako, murarabe neza ibimenyetso ntibizotemberezwe imbere y’uko izuba rirenga.

◼ Umuntu wese, dushizemwo n’uwuzoshikiriza insiguro, akwiye kumenyeshwa isaha iryo himbaza rizoberako n’ahantu rizobera.

◼ Umukate be n’umuvinyu bibereye bikwiye kuba vyabonetse kandi vyateguwe.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1985, urupapuro rw’19.

◼ Amasahani, ibirahuri, akameza be n’igitambara c’imeza bibereye bikwiye kuba vyazanywe ku ngoro bigashirwa mu kibanza cavyo hakiri kare.

◼ Ingoro y’Ubwami canke ikindi kibanza c’iryo koraniro bikwiye kuba vyasukuwe bikanozwa imbere y’igihe.

◼ Abashinzwe kwakira abantu n’ugutembereza ibimenyetso bakwiye gucagurwa kandi bagasigurirwa hakiri kare ivyerekeye ibikorwa bashinzwe hamwe n’uburyo bubereye bw’ukubirangura.

◼ Hakwiye kugira ibiringanizwa kugira ngo nimba hari abo mu basizwe bamugaye canke badashoboye kuhashika babashire ibimenyetso.

◼ Igihe hari amashengero menshi azosangira Ingoro y’Ubwami imwe, ibintu bikwiye kuyoborwa neza hagati y’ayo mashengero kugira ngo birinde umurundano udakenewe hagati y’imirongo y’aho abantu bicara canke mu bwinjiriro bw’Ingoro, ku mubari w’amayira y’abahita, n’ahahagarikwa imiduga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika