‘Nukore Wivuye Inyuma’ mu Busuku Bwawe
1 Igihe dusomye yuko intumwa Paulo yakora amahema ari i Korinto, twoshobora gushika ku ciyumviro c’uko ico gikorwa cagabanya akaryo yari afise ko kwamamaza. Ariko rero, mu Vyakozwe 18:5 havuga hati: “Paulo [“atangura gukora yivuye inyuma yigisha,” NW] ijambo ry’Imana, ashingira intahe Abayuda yuko Yesu ari we Kristo.” Ni kuki Paulo yakora yivuye inyuma mu gikorwa co kwamamaza? Naho nyene benshi bari bamaze gucika abizera i Korinto, Umukama yaremeje yuko hari hakiri abantu benshi bogizwe abigishwa muri ico gisagara. (Ivyakozwe 18:8-11) Twoba dufise imvo nk’iyo nyene yo gukora twivuye inyuma mu busuku bwacu? Egome. Abandi bantu benshi barashobora kuboneka kandi bakigishwa ukuri.
2 Numare Umwanya Munini Kuruta mu Murimo Muri Ndamukiza: Birashoboka ko intumbero yawe ari iyo kuguma ukora wivuye inyuma mu kwamamaza inkuru nziza ku kwezi ku kwezi. Mugabo amezi amwamwe araturonsa mu buryo budasanzwe akaryo ko “gukora twivuye inyuma” muri ico gikorwa. Ayo mezi arimwo ukwezi kwa Ndamukiza, kukaba ari co gihe gihambaye c’ikiringo c’Icibutso. Uko ivyawe vyifashe kwoba kwogukundira ko ukora ubutsimvyi bw’ugufasha canke ko wongerereza akigoro mu busuku muri kuno kwezi? Abamamaji benshi bariko bakora gutyo bararonka imihezagiro myinshi. (2 Kor. 9:6) Nimba uriko urakora ivyo ushoboye vyose, niwibuke ko Yehova ahimbarwa n’umurimo ukorana ubugingo bwawe bwose. (Luka 21:2-4) Uko ivyawe vyoba vyifashe kwose, nugire intumbero yo “gukora wivuye inyuma” mu busuku bwawe muri uku kwezi kwa Ndamukiza. Ntiwibagire kandi gutanga raporo yawe y’umurimo wo mu ndimiro ku mpera y’ukwezi, kugira ngo akigoro kawe kazoshirwe hamwe n’ak’abandi basavyi ba Yehova.
3 Nugendere Abantu Bashasha Bitavye Icibutso: Mu mwaka uheze mu bihugu bitanu bikukira ishami ryacu, abantu 98.077 baritavye Icibutso. Igitigiri cose hamwe c’abitavye Icibutso muri uyu mwaka ntikiramenyekana. Yamara rero, amaraporo yerekana yuko hashobora kuzobaho “ivyimburwa” vyinshi bimwe bitanganje. (Mat. 9:37, 38) Ku bw’ico, nutunganye ivy’uko wogendera abashimishijwe bakitaba Icibutso kugira ngo ubafashe mu vy’impwemu. Mu gihe woteba kugendera abantu mwene abo vyoshobora gutuma ‘wa Mubi aza agasahura ijambo ry’ubwami ryabibwe mu mitima yabo.’ (Mat. 13:19) Kubagendera udatebaganye bizokwerekana yuko vy’ukuri ‘ukora wivuye inyuma’ mu busuku bwawe.
4 Nubandanye Gufasha Abahororokewe: Muri Ruhuhuma akigoro kadasanzwe karatanguye kugirwa kugira ngo abahororokewe bafashwe. Nimba hariho abo abakurambere bataragendera ka bungere, bakwiye gutunganya ivy’ukubagendera imbere cane yuko ukwezi kwa Ndamukiza kurangira. Abakurambere bazokwihatira kumenya imvo nyamukuru y’ingorane umuntu afise n’uburyo bwiza kuruta bwo kumufasha ngo asubire gusukurira Yehova ashirutse ubute. Iyo mfashanyo iranga urukundo yerekana yuko abakurambere bafatana uburemere ibanga ryabo bwa bungere baragira “ubusho bg’Imana.” (1 Pet. 5:2; Ivyak. 20:28) Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1993, urupapuro 31-32, uratanga inama nziza cane abakurambere bashobora gukoresha igihe bitwararika imwe yose mu ngorane zitanu zikunda gushika, abahororokewe boba bariko bahangana na zo. Kukaba nkako, bamwebamwe biracashoboka ko basubira kuvyurirwa umutima wo gukora bashirutse ubute mu busuku bwo mu ndimiro muri uku kwezi kwa Ndamukiza.
5 Nufashe Benshi Gucika Abamamaji Batarabatizwa: Abana bawe boba barakwije ibisabwa ngo babe abamamaji bashasha b’inkuru nziza? Bite hoho ku bandi mwigana Bibiliya? Nimba abantu mwene abo abakurambere barabemeye, ubwo ukwezi kwa Ndamukiza ntikwobabera igihe ciza cane co gutangura kwamamaza? Nimba umuntu ariko aratera imbere kandi akaba yarize ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? n’igitabu Ubumenyi, arashobora kubandanya inyigisho ya Bibiliya mu gitabu ca kabiri. Ico gitabu gishobora kuba La Bible: Parole de Dieu ou des hommes?, igitabu La paix véritable, canke igitabu Abahurikiye Hamwe mu Gusenga. Intumbero yawe n’ugufasha umutohoji gushikira ugutahura kurushirije kw’ukuri, agakwiza ibisabwa kugira ngo abe umwamamaji atarabatizwa, maze agacika Icabona ca Yehova yiyeguye kandi yabatijwe.—Ef. 3:17-19; 1 Tim. 1:12; 1 Pet. 3:21.
6 Ukwama witwararika vy’ukuri abatohoji bawe ba Bibiliya, mu nyuma birashobora kubafasha ukuri bakakugira ukwabo. Icabona umwe yahuye n’abubakanye babiri bageze mu zabukuru kandi baremera kwiga Bibiliya bimwe bivuye ku mutima. Mugabo abo bubakanye barasibije inyigisho indwi zitatu zikurikirana. Amaherezo inyigisho yaratangujwe. Inyuma yaho, abo bubakanye barahagaritse inyigisho hafi indwi imwimwe yose yakurikiye. Ariko rero mu nyuma umugore yarateye imbere gushika aho ashika ku kubatizwa. Wa muvukanyi yibuka ibi: “Uwo mugore amaze kubatizwa, yarakoroye amosozi y’umunezero, ivyo na vyo bituma jewe n’umugore wanje dukorora amosozi y’umunezero.” Egome, ‘gukora wivuye inyuma’ mu murimo wo kwamamaza inkuru nziza bizana umunezero mwinshi!
7 Ubuhanuzi bwa Bibiliya hamwe n’ibishika mw’isi vyerekana ko tubayeho mu gihe ca nyuma c’imisi y’iherezo. Iki ni co gihe abasavyi b’Imana bose bakeneye ‘gukora bivuye inyuma’ mu kumenyesha abandi inkuru nziza. Intumwa Paulo iradukura amazinda yuko ubutame nk’ubwo “butari ubw’ubusa [na gato] mu Mwami.”—1 Kor. 15:58.