Porogarama nshasha y’umusi w’iteraniro ridasanzwe
Muri iyi misi hari amakuru menshi yerekeye ukuntu twobungabunga umutima wacu ukagumana amagara meza, kugira ngo turushirize kunezererwa ubuzima kandi turambe. Umutima wacu w’ikigereranyo wowo, birarushirije kuba ibihambaye ko ugira amagara meza. Ese rero ukuntu umutwe-shimikiro wa porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe izotangura muri Nyakanga 2003 ubereye! Uvuga ngo: “Dukorere Yehova n’umutima wacu wose” (1 Ngo. 28:9). Twokwitega kuzohigira iki?
Umucungezi w’umuzunguruko azoca irya n’ino ikiganiro kivuga ngo: “Dufashe abandi bakorere Yehova n’umutima uhimbawe”. Ibiganiro vyo kubaza ibibazo bizoshira ahabona umunezero uva ku gutsimbataza ugushimishwa no ku kurongorera inyigisho za Bibiliya abantu bipfuza gukorera Yehova. Abitavye iryo teraniro bose nta nkeka ko bazohumurizwa kandi bakaremeshwa n’insiguro ya mbere y’umushikirizansiguro w’umushitsi ivuga ngo: “Tuzigame imitima yacu mw’isi idurumbanye”. Ikiringo co mu gitondo kizosozerwa n’insiguro y’ibatisimu.
Ku muhingamo, ikiganiro kivuga ngo “Tugire umutima wo gufasha”, kizokwihweza ukuntu dushobora gusahiriza abandi. Abavyeyi bokora iki kugira bakingire imitima y’abana babo utwosho twonona kandi babafashe kwiyegereza Yehova? Ikiganiro kivuga ngo “Nufashe abana bawe banezerererwe Yehova”, kizotugira inama ngirakamaro congere cerekane ukuntu ivyo bishobora gukorwa.
Twoba turiko turungukira ku ntunganyo iyo ari yo yose Yehova ashiraho kugira ngo umutima wacu w’ikigereranyo ugume ufise amagara meza kandi ukomeye? Insiguro ya nyuma y’umushikirizansiguro w’umushitsi ivuga ngo “Tugume dukorera Yehova n’umutima wacu wose”, izokwibanda ku mice ine nyamukuru ya porogarama yo kwibungabunga mu vy’impwemu. Ni umwanya ungana iki n’akigoro kangana iki duhebera isengesho rivuye ku mutima, ukwiga Ijambo ry’Imana, ukwamamaza n’umwete be n’ukwifatanya n’abandi bakirisu? Hoba hari umuce dukwiye kuryohora muri iyo?
Yehova atera akamo ati: “Shira umutima [wawe] ku gutozwa indero nziza, n’amatwi yawe ku majambo y’ubgenge” (Imig. 23:12). Guhera ubu, nutunganye kuzokwitaba uwo musi w’inyigisho zishingiye ku Vyanditswe zimara akanyota. Niwabigira gutyo, bizogukomeza ugume ukorera Yehova n’umutima wawe wose kandi ufise umutima uhimbawe.