Igice ca 4: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
Kwereka abatohoji uburyo bwo gutegura
1 Umutohoji asoma icigwa imbere y’uko inyigisho iba, agaca akarongo ku nyishu kandi akiyumvira ukuntu azozivuga mu majambo yiwe bwite, akenshi aratera imbere ningoga mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo, inyigisho ya Bibiliya idahorereza imaze gutanguzwa neza, nimutegurire hamwe n’uwo mutohoji icigwa kanaka kugira ngo umwereke ingene umuntu abigenza. Ku batohoji batari bake, vyoba ngirakamaro muteguriye hamwe ikigabane cose canke icigwa cose.
2 Guca umurongo ku nyishu no kugira utwo wanditse: Nusigure uburyo bwo gutora inyishu zidomako z’ibibazo vyanditswe. Niwereke nya mutohoji agatabu kawe canke igitabu cawe ukoresha mu gihe c’inyigisho, waciyemwo akarongo musi y’amajambo canke imvugo nyamukuru gusa. Uko murimbura ayo mayagwa, hari aho uwo mutohoji yoshima kukwigana, agaca akarongo mu gatabu kiwe canke mu gitabu ciwe musi y’ibikenewe gusa bizomufasha kwibuka inyishu (Luka 6:40). Numusabe rero kwishura mu majambo yiwe bwite. Ivyo bizogufasha kubona aho ageza mu gutahura ayo mayagwa.
3 Gusuzuma yitonze ivyanditswe vyatanzwe bitasubiwemwo mu majambo ni ikintu gihambaye kiri mu vyo umutohoji agira mu gihe ategura inyigisho (Ivyak. 17:11). Numufashe kubona ko icanditswe cose casubiwemwo hari iciyumviro kanaka gishigikira muri iyo ngingo. Numwereke uburyo bwo kugira utwo yiyandikiye ku mubari w’agatabu canke igitabu yigamwo. Mufashe kugumiza mu muzirikanyi ivy’uko Bibiliya ari yo shimikiro ry’ivyo ariko ariga. Muremeshe gukoresha cane mu nsasanuro atanga mu gihe c’inyigisho, ivyanditswe vyasubiwemwo.
4 Guca ku masonga be n’isubiramwo: Imbere y’uko nya mutohoji atangura gutegura mu buryo bwimbitse amayagwa yo kwiga, vyomubera ngirakamaro aciye ku masonga ico cigwa. Numwereke ko ashobora guca ku masonga ayo mayagwa mu gusuzuma muri make umutwe-shimikiro w’ikigabane, udutwe dutoyi be n’amafoto canke amashusho. Numusigurire ko imbere y’uko arangiza ivyo ariko arategura, vyoba biranga ubukerebutsi afashe akanya agasubiramwo ivyiyumviro nyamukuru vyerekanywe muri ico cigwa, kumbure mu gukoresha rwa ruzitiro rurimwo ibibazo vy’isubiramwo nimba ruhari. Ukwo gusubiramwo kuzomufasha kwibuka nya mayagwa.
5 Kwereka umutohoji uburyo bwo kwitegurira neza inyigisho yiwe bizomufasha gutanga insasanuro z’ingirakamaro ku makoraniro y’ishengero. Bizomufasha no gutsimbataza utumenyero two kwiga tuzomugirira akamaro mu gihe kirekire inyigisho yiwe ya Bibiliya imaze kurangira.