ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/08 rup. 1
  • Turiko turatembagaza ibintu bihamangiye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turiko turatembagaza ibintu bihamangiye
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Wemera Uvyemerera Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nukoreshe “inkota y’impwemu” ubigiranye ubuhanga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ubuzima Inyuma yo Gupfa—Abantu Bavyemerako Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Urafise Uburenganzira bwo Kwemera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 7/08 rup. 1

Turiko turatembagaza ibintu bihamangiye

1 Shetani aramaze ibinjana n’ibindi azimiza imitima n’imizirikanyi vy’abantu benshi akoresheje inyigisho z’ikinyoma n’uruhendo. Yarakwiragije inyigisho z’ikinyoma nk’izijanye n’Ubutatu, ukudapfa kw’ubugingo be n’umuriro udahera. Arakorereza agatima ko gukekeranya ku bijanye n’uko hariho Umuremyi be no ku bijanye n’uko Bibiliya ari iy’ukuri. Ukwishimira ibara ry’urukoba be n’ukwiratira igihugu ni izindi ntambamyi zikomeye zibuza abantu kwemera ukuri. (2 Kor. 4:4) Dushobora gute gutembagaza mwene izo nyigisho zihamangiye?—2 Kor. 10:4, 5.

2 Harajamwo n’inyiyumvo: Inyigisho zijanye n’ivy’Imana umuntu aba amaze igihe kirekire yemera akenshi ziragira ikintu kinini zikoze ku nyiyumvo ziwe zigera kure. Hari abo usanga bemeye inyigisho zitari zo kuva mu bwana. Kugira ngo dufashe abantu nk’abo, turakeneye kuvuga mu buryo bwerekana ko twubahiriza ukuntu babona ibintu.—1 Pet. 3:15.

3 Turashobora kugaragariza icubahiro bene abo bantu mu kubareka bagasigura ivyo bemera be n’igituma bavyemera. (Yak. 1:19) Kumbure bumira ku nyigisho yuko ubugingo budapfa kubera ko babuze ababo bakunda kandi bakaba bashashaye gusubira kubabona. Canke boshobora kuba bahimbaza imisi mikuru kubera ko bashimishwa n’uko bibaha uturyo two guhurira hamwe n’abo mu muryango wabo. Gutega yompi ivyo bavuga bizodufasha gutahura inyiyumvo zabo vyongere bidufashe kubishura mu buryo ngirakamaro.—Imig. 16:23.

4 Twigane Yezu: Yezu yaraduhaye akarorero keza cane igihe yishura ibibazo vyari bibajijwe n’umugabo w’umuhanga mu vy’Itegeko. Yezu ntiyatanze inyishu zidomako, izo uwo mugabo yari gushobora kutemera kubera inyigisho yakunda cane. Aho kubigenza gutyo, Yezu yerekeje ku Vyanditswe hanyuma amusaba guserura ukuntu we abona ibintu, maze aramufasha kuzirikana akoresheje ikigereranyo.—Luka 10:25-37.

5 Inyigisho z’ikinyoma zijanye n’ivy’Imana abantu bumirako, ntaho zisa zisana n’Ijambo ry’Imana. (Heb. 4:12) Turondeye gushikira imitima y’abatwumviriza tubigiranye ukwihangana, turashobora kubafasha kwamirira kure ibinyoma, gutyo bakemera ukuri gushobora kubagira abidegemvya.—Yoh. 8:32.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika